samedi, 29 novembre 2014 11:54

Bujumbura : Inama ya CNDD muri komine Bwiza.

Ku musi w'Imana igenekerezo rya 23/11/2914, Umugambwe CNDD wari uramukanye inama muri komine Bwiza mu gisagara ca Bujumbura, iyo nama yitabwe n'abantu amajana abiri na mirongo itanu, yatanguye igihe c'isaha umunani n'igice, ikaba yatanguriye ku ndirimbo zihayagiza Igihugu n'umugambwe.

Mw'ijambo ryiwe ry'ikaze, uwuserukira Umugambwe muri iyo komine Camarade Nimubona Janvier yagarutse ahakuru ku kibazo kijanye n'umutekano aho muri iyo komine harangwa n'ubwoba, ubusuma hamwe n'ubwicanyi bivugwa aho mu Bwiza. Yamenyesheje kandi ko biteguriye amatora, ko n'abayacungera biteguye. Akaba yaciye atera akamo ko kuzinduka kwiyandikisha ku bwinshi. Hakurikiye ijambo ry'uwurongoye umugambwe mu Gisagara ca Bujumbura camarade Manirakiza Jean Baptiste, akaba yasavye abitavye inama ko bokwitegurira gutsinda amatora babicishije mu gushinga inzego kuva kuri karitiye hamwe n'ugukomeza urunani ADC-IKIBIRI. Uwundi yafashe ijambo n'umunyamabanga mukuru w'urwego rw'urwaruka camarade Niyubahwe Jean Marie. Akaba yashimikiye ku kutazokwihanganira ukwitoza ubugura gatatu kwa Président  Petero Nkurunziza.

Ijambo nyamukuru ry'uwo musi ryashikirijwe n'uwahagarariye komite nkuru y'umugambwe camarade Habarugira Guillaume, akaba imbere y'uko aduga kw'ijambo yabanje gusaba abari aho ko bogira umunota w'agacerere wo kwibuka abanywanyi ba ADC-IKIBIRI bagandaguwe n'abavundiye mu busho butandukanye. Yatanguye gushikiriza abari aho ibiriko bikorwa n'urunani ADC-IKIBIRI cane cane ibibazo bijanye n'umu candidat n'intonde zimwe ko bahejeje kubipfundika no kuvyumvikanako burundu. Yaragurutse kandi ku kibazo c'inyifato y'imbonerakure hamwe n'abapolisi n'abajejwe intwaro bamwe bamwe baburabuza imigambwe itavugarumwe n'ubutegetsi, yashikirije kandi ko ari ngombwa ko abanyeporitike bagaruka ku rupapuro rw'inzira rwateweko igikumu mu kwezi kwa gatatu 2013 mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene rwashizwe mu ngiro. Yamenyesheje kandi ko bagiye gusaba ko horungikwa umurwi mvamakungu wogutohoza kw'itangwa ry'ibirwanisho ku mbonerakure. Yongeye amenyesha abitavvye inama ko urunani ADC-IKIBRI rwandikiye CENI rusaba ko iyandikwa ry'abazotora ryokungururizwa inyuma kuko haboneka itangwa ry'ikarata karangamuntu bidaciye mu muco, kandi ko umurwi CENI udahengeshanya kwerekana ko ukorera mu kwaha kw'ubutegetsi, ariko naho biri uko, yasavye ko bosidukana n'iyonka kwiyandikisha kugira bitegurire gusezera ubutegetsi bwa CNDD-FDD.

Inyuma y'iryo jambo hakurikiwe intererano n'ibibazo vy'abitavye iyo nama bakaba barashimye ivyahavugiwe, na cane cane ibijanye n'ibikorwa vya ADC-IKIBIRI, bongera bibutsa ko ataguhirahira ngo bahindure izina rya ADC-ikibiri kuko kwoba ari ukujuragiza abanywanyi. Barabakeje abateguye iyo nama, bakipfuza ko n'ahandi ibikorwa nk'ivyo vyotunganywa.

Mu bibazo vyabajijwe ahakuru kwari ukumenya igihe kizigenza w'Umugambwe azogarukira mu gihugu kugira yitegurire amatora, barabajije kandi ico korwa mu gihe umutekano woguma utituka. Mu nyishu zatanzwe, ni uko ari ukubikurikiranira haf,i umugambwe ukazoza uratanga intumbero igihe cose bizoba bikenewe. Inama yagiye kurangira igihe c'isaha cumi n'iminota mirongo itanu n'itatu, ikabayasozerewe n'indirimbo zihayagiza igihugu n'umugambwe mu kanyamuneza nta ngere.

Les derniers articles sur le CNDD au quotidien


Provinces
Sous la direction du camarade Gratien Nizigama, Secrétaire Général adjoint du parti CNDD, trente personnes du comité exécutif du parti CNDD et ...
En savoir plus
Provinces
Ku musi w'Imana igenekerezo rya 23/11/2914, Umugambwe CNDD wari uramukanye inama muri komine Bwiza mu gisagara ca Bujumbura, iyo nama yitabwe ...
En savoir plus
Provinces
Les représentants provinciaux du parti CNDD se sont réunis dans la permanence nationale du parti CNDD sise à Bujumbura dans le cadre des réunions ...
En savoir plus
Provinces
Cinquante six personnes des différentes structures du parti CNDD à Bururi et trois autres du comité exécutif se sont rassemblées autour de ...
En savoir plus
Provinces
Sous l'invitation de l'ONG «Burundi Leadership Training Program», BLTP en sigle, trente cinq membres du parti CNDD, dont 7 du comité exécutif, ...
En savoir plus
Prev Next