Ikete rya CNDD

 Bujumbura, ku wa 28 Kigarama 2014

Kw'igenekerezo rya 28 Kigarama 2014, Umugambwe CNDD waratunganije Ikoraniro kaminuza ridasanzwe mu ntumbero y'ukwisunga Ibwirizwa rigenga imigambwe muri iki gihe. Nkako, n'aho mwese muzi ko « Urunani rw'abaharanira demokarasi n'ihinduka ADC-Ikibiri » rwari rwashinzwe hisunzwe Ibwirizwa Shingiro kuva habaye ubusuma bw'ikomvyo mu matora yo mu 2010, iryo bwirizwa rigenga imigambwe ryaje mu nyuma ritegeka ko kugira Urunani rwemererwe gukora ku mugaragaro, imigambwe irugize ibanza kuvyemeza biciye mw'ikoraniro Kaminuza.
Kubera rero ko iryo Koraniro ritumirwamwo abaserukira abandi gusa bava mu ntara no mu makomine yose y'igihugu, hatibagiwe imihari ikomoka ku mugambwe, muri iri Kete, twashimye gushikiriza Abagumyabanga n'Abarundi bose Ijambo ry'inkoramutima, Umukuru w'Umugambwe yashikirije kuri uwo munsi avuga ati :

                                                                                                                   Bujumbura, ku wa 24 Nyakanga 2014

Abagumyabanga ni benshi baguma babaza ko ata rindi Kete rya CNDD rirashohoka kuva iriheruka ryo muri Mukakaro, aho abagumyabanga batumwa gukebura benewabo bari mu mugambwe uri ku butegetsi, na wo ukaba wiyonkoye kuri CNDD nk'uko bose babizi. Ba sokuru ni bo bayamaze bati « Ukwiba ingoma ntibigoye nk'ukuronka aho uyivugiriza n'ukumenya kuyitamba » !

Kubera ko muzi neza ko agakete ukandikirwa n'umukunzi kandi kenshi akakarungikana uwugukunda, tukarungikanye abo tuzi batugamburukira ningoga, na bo akaba ari abagumyabanga ba CNDD ; harimwo intebutsi za JPD, tutibagiye abagumyabuntu ba FFD. Ni na bo mbere ntanguye kuramutsa n'igishika cinshi nti ni Tugire amahoro n'agateka kuri bose !
Munkundire rero nk'uko mwamye mugamburuka, munshikanire ubu butumwa kuri bene wacu bo muri CNDD-FDD.