Muryango usigwa na SENDEGEYA Chritian, Ncuti, Bagenzi, Bavandimwe bacu mwese mukoraniye hano, kuri uno musi w’igenekerezo rya 11/02/2023. Nk’uko mubizi, turi mu gihe c’umubabaro n’agahinda, muri uyu muhango wo guherekeza umugenzi twagendanye tutagenzanya, umuvukanyi, incuti yacu SENDEGEYA Chritian se w’ibibondo twabuze tutanka kw’igenekerezo rya 23/ 01/23
1. Kw’izina ry’umugambwe CNDD, kw’izina ry’umuryango no kw’izina ryanje nyene, ndahojeje umuryango wabuze, nkabasaba kwigumya muri ibi bihe bigoye cane, naho bitoroshe, turazi neza yuko ahavuye umushingantahe w’igihagararo nka SENDEGEYA hasigaye ikinogo kinini cane, kuko yari ruremesha mu rugo no mu bagenzi. Mboneyeho kandi guhoza abanywanyi bose b’umugambwe CNDD,eka abo bose baharaniye demokarasi mu Burundi, benshi barazi ko yabaye mu bambere bashinze umuhari CNDD.
2. Umushingantahe SENDEGEYA turiko turaherekeza muri iyi mihango, jewe twamenyanye kuva mu mwaka wa 1991, ico gihe yakora mu Rumonge. Yarakunda kuza mu biganiro vy’ishirahamwe ryambere mu Burundi riharanira agateka ka muntu ITEKA. Ico gihe umugambwe FRODEBU wari ugikorera mu rufuri. SENDEGEYA afashe Ijambo, abari mu nama bose barahaguruka kuraba uyo muntu w’umwihevyi, kuko ntiyaniganwa ijambo kandi ntiyihanganira akarenganyo n’agaciyizo vyari vyiganje mu gihugu ico gihe. Yama yadomye urutoke ku bibi vyose ubutegetsi bw’ico gihe bwama bwakoreye abanyagihugu. Twama twiteze yuko inama irangiye baca bamufata bakamuta mu mvuto nk’uko babikorera abanywanyi b’imigambwe yakorera mu rufuri , twaratinya yuko bazohava bamuta mu mvuto nk’uko babigize umuhisi Prezida NDADAYE muri 1988. Abategetsi bari basigaye batinya gupfunga abanywanyi ba Frodebu b’ijunja nka SENDEGEYA ? Kuko bari barabonye yuko ipfungwa rya prezida NDADAYE riri mu vyatumye uyo mugambwe umenyekana mu gihugu cose no mu makungu. SENDEGEYA rero yari intwari ruremesha ngabo, inserukarukamvye. Ninaco gituma muri CNDD twakunda kumutazira Rwabugiri, umwami w’u Rwanda yarinda cane, yararwanye gushika aho yigarurira akarere nka kose k’ibiyaga binini.
Bagumyabanga ba CNDD
Bagumyabuntu ba FFD
Namwe Ntebutsi za JPD
Barundi,
Barundikazi,
Bagenzi mwese, ncuti za CNDD,
Nk’uko tumaze kubigira ingendo, munkundire ndabature indamutso y’urukundo ivuye ku mutima nti: Nimusangwe amahoro, iteka, itekane n’iterambere kuri bose!
Muri ibi bihe rero turiko turasozera umwaka wa 2022, tukaba tugiye kwinjira mu wundi mwaka mushasha wa 2023, nagira, kw’izina ry’umugambwe wacu CNDD, ku ry’umuryango wanje, eka no kw’izina ryanje nyene, ndabipfurize mwese, Inweri nziza cane n’Umwaka mwiza muhire mushasha wa 2023! Muze muwugiremwo amagara meza, amahoro n’iterambere mu ngo zanyu, eka no mu gihugu cacu, n’aho tuzi igihugu kiri mu bihe bigoye, na canecane vy’ubukene bw’agakengereza!
Bagumyabanga mwese, Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Umugambwe wacu CNDD;
Nk’uko tumaze kubigira umugenzo kandi, mw’ijambo nk’iri ryo kwipfurizanya umwaka mushasha mwiza, twama twirimbuye mu gukubitiza akajisho aho umuntu ageze, na canecane ivy’igihugu cacu, tukaboneraho gutereza amaso imbere, kuri kazoza kacu. Munkundire rero, tubice ku mayange.
1.Turazi yuko uwu mwaka urangiye, eka kuva mu 2005, ko ku bijanye n’ubuzima bw’abarundi ahanini, ibintu biguma vyunyuka; haba mu vy’imibano, ubutunzi canke ivya poritike y’igihugu. Ibi na vyo bikaba bifise ingaruka mbi ku buzima bw’igihugu n’abanyagihugu. Twogaruka ku turorero dukeya gusa. Nko mu vy’ubutunzi bw’igihugu, ubusuma bwabaye ubunyonyezi, kandi n’umukuru w’igihugu ntasiba kubisemerera. Mwibuke imiriyaridi 54 zanyurujwe zari zigenewe kwubaka urugomero mu ntara ya Bubanza. Urwo rugomero rwofasha mu kuvomera imirima no gutanga umuyagankuba. Ubukene bw’agakengereza nk’uko twamaze kubivuga, ni bwo busigaye bwigize ndanse mu gihugu; ikibabaza kigasonga, ukabona amagorofa aduzwa hirya no hino, Imiduga y’amajipe y’akataraboneka iwacu, urutavanako rw’imiduga nk’iyo ireruye abategetsi, ugereranije ibitoro gusa inywa mu rugendo rumwe, bikaba vyokwubaka nk’ibitaro. Ariko abakozi ba Reta bagasabwa gutubika uwa vubi! Ikindi gisonga, ukumva abategetsi baririmba ngo uburimyi n’ubworozi vyarateye imbere cane. Uburimyi bwotera imbere gute tubona ibiciro vy’imfungurwa biduga ku musi ku musi, mu mwaka umwe gusa ugasanga vyigwijije nka 2!Tuvuge nk’ikiro c’umuceri umwe ubayabaye kigeze ku 3500, ibiharage bimwe bita vya Kirundo, ugize Imana ukabironka, biteye ku 3000! Ikiro c’Ibigori ku 2000! Nta ho vyakabonetse! Ifumbire, co kimwe n’ivyo vya nkenerwa nyamukuru, bakabuza n’uko vyova hanze kandi babona ko mu gihugu ata mwimbu ukwiye ngo abanyagihugu babironke! Aho rero abanyagihugu batubitse uwa vubi; n’iminsi mikuru nk’iyi y’Inweri n’ukwigina umwaka mushasha, aho kare wasanga hose bakeye mu maso bagira bati si twe tuzobona harashitse ngo tunezerwe, igashika nka bose baganya ico bazokwihereza mu muryango!
Isabukuru y’imyaka 28 CNDD ishinzwe
Bagumyabanga,
Barundi, Barundikazi mwese,
Ndabaramukije amahoro, iteka n’iterambere!
1. Kuri uyu musi uri hejuru, igenekerezo rya 24 Nyakanga 2022, turamutse duhimbaza isabukuru igira 28 Umuhari CNDD ushinzwe, nagomba mbanze kubatura mwese indamutso yuzuye urukundo rwinshi nongere ndabamenyeshe ko nkomeye, umutima n'urukundo ndabafitiye bitahindutse.
2. Bagumyabanga, Barundi, Barundikazi dusangiye ugupfa no gukira, uyu musi, imyaka 28 irarangiye CNDD ivutse, ni ukuvuga, umwana yavutse ico gihe atahuye n'ingorane yararangije kaminuza, hari n'abavutse ico gihe bamaze kwubaka izabo. Ariko muri kahise k’igihugu iyo myaka si ikirenga. Ivyo bikavuga yuko urugendo rukiri rurerure rwo guharanira Demokarasi, Iteka, kugira igihugu cacu gitere imbere. Iyi sabukuru rero ije mu bihe bigoye, igihugu kikiri mu magume atagira uko avugwa y’ubukene, ubushomeri, ubusuma bwabaye ubunyonyezi. Aho rero ntituvuze kubura ivya nkenerwa vya misi yose, n’ibibonetse ugasanga ibiciro ari umurengera, agasukari canke ibitoro, n’ukwiyunguruza. Bigaca vyunyurwa n’uko baciye bafatira amaboko imigongo abanyagihugu, canecane nko mu gisagara ca Bujumbura, aho babujije amakinga, amamoto n’ubutukutu gushika aho bwahora bushika kandi vyorohereza bose, harimwo mbere n’abo bitwa ko bifise kuko n’abakozi babo bategerezwa kuja kw’isoko. N’aho rero twavuze ko hari ubukene ntangere, ntibibuza yuko inzu z’amagorofa ziduga nk’ibizinu mu gihe Reta ipanze ibiro ikoreramwo.
3. Uyu munsi rero si umunsi usanzwe, kuko imyaka 28 ntiwumve si mike, ni ikiringo umuntu canke igihugu gishobora kuba caranguye ibikorwa bitari bike. Ni co gituma mwompa akanya tugasubira tukibukanya ihangiro nyamukuru ryatumye dushinga CNDD, kuko benshi, na canecane mu rwaruka, ivyo babizi nk'umugani, nka kahise. Barakunda kubaza bakuru babo ico twagwanira? umwansi wacu yari nde? Twashitse kuki? Haracariho inzitizi z'ico twaharanira? Hokorwa iki kugira ziranduranwe n'imizi burundu imbere y'amatora yo muri 2025 mbere n’inyuma yaho
Bagumyabanga mugize Komite nshingwabikorwa y’Umugambwe CNDD,
Bagumyabanga murongoye abandi mu ntara no mu makomine
Bagumyabanga murongoye umuhari w’abagumyabuntu FFD
Bagumyabanga murongoye umuhari w’urwaruka JPD-INTEBUTSI
Bagumyabanga muserukira CNDD mu bindi bihugu
Munkundire imbere ya vyose, mbanze kubaramutsa Amahoro, Iteka n’Iterambere n’umutima wuzuye urukundo atari urwo agahemo.
Nibaza yuko hatararengerana kwipfurizanya umwaka mwiza mushasha, ari na co gituma, nsubiye kubipfuriza mwese, umwaka mwiza muhire mushasha wa 2022. Muze muwugiremwo amagara meza, imigisha, amahoro n’iterambere mu ngo zanyu, eka n'igihugu cacu kibonereho kuva mu magume ya Poritike n’ubukene bw’agakengereza, gisubire kuramutswe Amahoro, Demokarasi n’iterambere, n’ugushinga icumu mu mashinga !
Ndabahaye kandi ikaze, mwebwe mwese mwazindutse umutwenzi mukitaba iri koraniro rya Komite Nyobozi y’umugambwe. Mukaba muzi yuko, Komite Nyobozi, ari urwego ruhambaye cane mu gufata ingingo havuye Ikoraniro kaminuza.
1. Bagumyabanga, Bagumyabuntu mwese,
Mumaze imisi mwumva Umukuru w’igihugu ingene yama yashikirije imigambi yo gusubiza igihugu mu nzira y’amajambere, mu nzira y’amahoro, mu nzira y’ubumwe, mu nzira yubahiriza agateka ka muntu, ari yo nkingi ya demokarasi. Ni vyiza kandi turabishima, ariko imvugo ikwiye kujana n’ingiro. Kuko mu mihingo myishi y’igihugu turumva iminiho y’abanyagihugu.
Birababaza kwamwa twumvise yuko Uburundi buri kw’isonga ry’ibihugu vyazingamitswe n’ubukene bw’agakengereza, n’inzara y’inzeragiza; kw’isonga ry’ibihugu vyamunzwe n’ibiturire, ugasanga itunga ry’igihugu ryarangiriye mu mipfuko y’abantu bari ku rushi. Ibiciro vy’ibidandazwa vya nkenerwa vya misi yose bikaba umurengera kandi imishahara ikaba isigaye ari intica ntikize, ubona n’uko n’uduce twahora tuja turiyongere ku mwaka twahagaritswe. Ntawutavyibonera kw’isoko, agasukari, agaceri, inyobwa, ibitoro n’imboneka rimwe; abana barangiza amashure, nka bose nta kazi baronka, ni abashomeri, bagaca baja kwicarana n’abavyeyi i muhira. Amasosiyete ya Reta yotumye ubwigenge bw’igihugu bushinga imizi agahingura ivyo dukeneye vya misi yose nka yose yaragurishijwe batabajije n’abanyagihugu, twovuga nka ONAPHA, COTEBU, VERUNDI, Ikivuko ca Bujumbura n’ayandi. Ayataragurishwa na yo nka ONATEL, aho abakozi bayo basigaye bakora badahembwa, canke SOSUMO, asa n’ayariko arahomba.
Ivyo vyose rero bigatuma Abarundi benshi bihebura, ugasanga ntibagifise kwizera kazoza kabo. Noneho vyunyutse muri iyi misi.
Nk’iyi ngingo iheruka yo kubuza mu gisagara ca Bujumbura amakinga, amapikipiki n’utubajaji gushika aho vyahora bishika turayiyamirije twivuye inyuma. Kuko ibuza abanyagihugu batobato n’ababayabaye kwiyungunganya, eka no kuri bose mbere kwiyunguruza kuko bose badafise amafaranga yo kuriha imodokari za tagisi, noneho ntizishika hose. Vyongeye ibiciro vy’ibisumwa bica bibandanya biduga, abafise imitahe mitomito ntibashobre kubandanya biyungunganya mu rudandazwa rwabo rwari rubatungiye imiryango. Aho ntituvuze abanyeshure mu gutonda kw’ishure canke abakozi mu gutonda ku kazi!
Les membres du parti CNDD établis dans les quatre coins du monde ont accueilli avec indignation et stupéfaction la tentative de coup de force contre les organes dirigeants et du président du CNDD, le camarade Honorable Léonard Nyangoma.
Les militants du CNDD basés à l’extérieur du pays s’inscrivent en faux contre cette pratique rétrograde, opportuniste et anti démocratique. En effet, l’histoire aura montré à suffisance que les pratiques de coup de force n’ont pour résultat que de créer des querelles inutiles et dissensions au sein des formations politiques d’une part et au sein du peuple d’autre part.
Après analyse de la situation les militants du CNDD basés à l’étranger déclarent ce qui suit :
1. Les militants du CNDD évoluant à l’étranger réfutent le coup de force et réitère son soutien indéfectible Président du parti CNDD, le camarade Léonard Nyangoma et à tous les organes du parti ;
2. Les militants du parti CNDD évoluant à l’étranger saluent les mesures prises par le comité exécutif contre les insurgés et recommandent que les instigateurs du putsch soient identifiés et sanctionnés conformément les prescriptions légales régissant le parti ;
Depuis le mois de juin 2021, le gouvernement burundais s’est arrogé le droit de s’adonner à des destructions massives et systématique des maisons situées le long des routes nationales reliant les provinces du pays, les boulevards, les avenues, les rues et ruelles des quartiers grandes villes et des chefs lieux de provinces et des communes.
Toutes les opérations sont supervisées par le gigantesque ministère de l’Intérieur, de la Sécurité publique et du Développement, dirigé par Gervais Ndirakobuca qui entend combattre les constructions anarchiques observées dans les différente s villes du pays.
Bagumyabanga ba CNDD
Bagumyabuntu ba FFD
Namwe Ntebutsi za JPD
Barundi,
Barundikazi,
Bagenzi mwese, ncuti za CNDD,
Ntanguye kubaramutsa n’igishika cinshi, hamwe n’inkumbu mfise ku mutima nti Nimusangwe amahoro, urweze n’imigisha mu banyu no mu vyanyu. Nimusangwe iteka, itekane n’iterambere muri demokarasi.
2. Nk’uko rero twamaze kubigira umugenzo, muri ibi bihe vy’ukurangiza umwaka twinjira mu wundi, ntitwotangwa gufata aka kanya keza ko kubipfuriza mwese iyo muva mukagera, kurangiza neza umwaka wa 2020, maze mutangurane umushasha wa 2021 mu mahoro. Maze uyu mwaka mushasha uzobabere uw’amagara meza, ingoga nyinshi n’iterambere mu banyu no mu vyanyu! N’aho turi mu bukene buzura inzara, ndabipfurije mwese rero gusanganira n’uguhimbaza umwaka mushasha mu rweze n’amahoro, mwiginane kandi musangire ivyo mufise mudakebaguzwa, mugamije n’ukuwuranguramwo imigambi ikomeye, na canecane guteramira demokarasi twahabiye, benshi cane bakayigura ubuzima bwabo, kugira ntitunyererane turorera.
Bagumyabanga mwese, Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Umugambwe wacu CNDD,
Iryo jambo ry’uguteramira n’ugutsimbataza Demokarasi ni nkoramutima kuri twebwe. Ata demokarasi igihugu kirasubira inyuma nk’ibirenge, kuko na ba sogokuru barayamaze bati Ishiga rimwe ntiryarika. Bati wobwira uwumva.
Mu gihe rero c’ukurangiza umwaka, harabaho ukwirimbura; ugusubiza agatima impembero, haba ku buzima bw’umuntu umwumwe, haba mu muryango wiwe, mw’ishirahamwe ryose yoba arimwo canke umugambwe, tudasize inyuma ivy’igihugu cose.
Des soldats maliens acclamés par la population sur la place de l'Indépendance, mardi à Bamako. Photo Stringer. AFP
Les Faits.
1. Le parti CNDD suit avec une attention soutenue l'évolution de la crise politique malienne depuis 2010 grâce au parti frère panafricain, SADI dirigé par l'infatigable combattant pour la liberté le camarade Omar Mariko qui a joué un rôle moteur et historique dans le renversement du dictateur Moussa Traoré en 1991, lui-même tombeur du héros de l'indépendance, le panafricain et progressiste Modibo Kéita.
2. Depuis le 5 juin 2020, Le parti CNDD observe que le peuple malien a franchi une étape décisive et inéluctable par la création d'un vaste rassemblement de toutes les forces vives de la nation tant politiques que civiles, à savoir le Mouvement du 5 juin-Rassemblement des Forces Patriotiques du Mali (M5-RFP) , un mouvement qui incarne les aspirations du peuple malien contre la dictature imposée par les institutions mal élues dont le président corrompu Ibrahim Boubakar Heïta (IBK).
3. Ces aspirations populaires sont traduites dans ce que le M5-RFP a appelé: La Charte de Transition Politique pour la Reconstruction du Mali: "La transition politique se donnera comme objectif l'avènement de la 4ème République, la gestion rigoureuse des biens de l’État et la résolution rapide des crises sociales et de la crise multidimensionnelle. Elle permet d'associer toutes les sensibilités sociales politiques , syndicales et culturelles à la gestion du Mali"
B. La position du parti CNDD
4. Le parti CNDD soutient sans réserve la lutte inlassable et héroïque que mène le peuple malien rassemblé dans le M5-RFP. C'est un combat juste et légitime qui pourrait inspirer les autres peuples africains en vue de la libération totale de l'Afrique et partant pour construire une Afrique Libre et indépendante dans toutes les dimensions politiques, économiques ,sociales et culturelles et enfin réaliser le rêve d’une Afrique Unie des pères fondateurs des indépendances africaines tels Kwame Nkrumah, Modibo Keita, Patrice Lumumba, Nasser, Rwagasore Louis du Burundi Etc.
5. Le CNDD demande aux forces armées maliennes de se tenir organiquement aux côtés du peuple malien rassemblé au sein du M5-RFP pour une transition telle que décrite dans la charte de transition.
6. Le parti CNDD met en garde toute puissance régionale ou internationale qui chercherait à freiner le mouvement révolutionnaire incarné par le M5-RFP.
7. Le parti CNDD recommande à toutes les organisations progressistes et panafricaines du monde entier de manifester leur solidarité indéfectible au M5-RFP.
8. Le parti CNDD demande à l'Union Africaine et à la communauté internationale de soutenir la mise en application de la charte de transition du M5-RFP pour la construction d'un nouvel État malien souverain et républicain.
Vivent le vaillant peuple malien et ses dignes forces armées.
Vive la solidarité internationale
Fait à Bujumbura le 20 août 2020
Pour le parti CNDD
Léonard Nyangoma
1. Le parti CNDD suit avec attention les changements de façade en cours à la tête du pouvoir monolithique intervenus depuis le 18 juin 2020. Ces changements consacrent le maintient au pouvoir d'un parti unique qui contrôle seul sans partage tous les rouages de l’État depuis l'année 2005.
2. Comme le peuple burundais a pu le constater ces derniers mois , ces changements n'ont pas respecté les procédures démocratiques, raison pour laquelle toutes les institutions qui en sont issues de la base au sommet sont sous le contrôle total d'un seul parti sans autre forme de contre-pouvoir.
3. Pour toutes ces raisons, le parti CNDD n’attend rien de ces pseudo-changements dans le mode de gestion de l’État. De surcroît, le nouveau président lors de la prestation de serment s'est ouvertement inscrit dans la logique de gestion obscurantiste et calamiteuse du pouvoir de son prédécesseur. Il a même déclaré qu'il s'inspirera largement de ses méthodes et de son programme.
4. Le CNDD a toutefois repéré dans le discours du nouveau président quelques projets porteurs d'un peu d'espoir et qui semblent s'inspirer du programme du parti CNDD. il s'agit notamment de l'attention qu'il a porté à l'amélioration des conditions de vie des retraités, de la valorisation du Kirundi, notre langue nationale et celle de la culture burundaise, de même que le soutien à la recherche scientifique.
Umugambwe CNDD umenyesheje ibi bikurikira kw’ibisikanya ry’ubutegetsi ryaraye ribaye mu Burundi :
1. Umugambwe CNDD umaze imisi ukurikirana ihinduka ry’ubutegetsi ryari ryiharijwe n’umugambwe umwe rudende uri ku butegetsi. Iryo hinduka ryagumije ku butegetsi umugambwe usanzwe wihagiye ubutegetsi kuva mu mwaka wa 2005
2. Iryo hinduka nk’uko Abarundi benshi babibonye ntiryabaye mu nzira ya demokarasi, arico gituma inzego zose zizoba zigizwe n’umugambwe umwe atacamira.
3. Kubw’izo mvo, umugambwe CNDD nta cizere kinini witeze kuri iryo hinduka na rirya umukuru w’igihugu mushasha, we nyene mw’ijambo yashikirije ahejeje kurahira yivugiye yuko azobandaniriza ku migambi yahahora.
4. Ariko naho bimeze uko muri iryo jambo umukuru w’igihugu mushasha yarashikirije imigambi imwe imwe yadushimishije kandi asa n’iyo yabuye mu migambi y’umugambwe CNDD. Muri iyo twovuga nko kwitaho abakukuruke mu kongereza agashara kabo, nko kugarukira ururimi rwacu rw’ikirundi, akaranga n’imico kama, gufata mu mugongo ubushakashatsi……