dimanche, 23 octobre 2016 21:03 Écrit par 

IJAMBO NYANGOMA ASHIKIRIJE KW’IGENEKEREZO RYA 21 GITUGUTU 2016, KW’ISABUKURU IGIRA 23 PREZIDA NDADAYE AGANDAGUWE

    Barundi, Barundikazi mwese
    Bagumyabanga ba CNDD,
    Ncuti z’Uburundi,

    1. Haheze iyinga rimwe gusa twibutse isabukuru igira 55 y’igandagurwa ry’Umuganwa Rudoviko Rwagasore, incungu y’ukwikukira kw’igihugu cacu. Kuri uno munsi uri hejuru na ho, kw‘igenekerezo rya 21 Gitugutu 2016, twongeye kwifatanya n'Abarundi bose, kw’isabukuru igira 23, twibuka igandagurwa rya Prezida Ndadaye Melikiyoro, incungu ya demokarasi mu Burundi.
    2. Hari Abarundi batari bake, bama bibaza yuko ukwezi kwa Gitugutu, kwoba ari ukwezi kw‘amahano ku gihugu cacu, ndetse no ku rugero rwa Afrika nzima. Muribuka yuko muri uku kwezi kwa Gitugutu nyene, mu 1965, hagandaguwe abanyagihugu n'abanyaporitike benshi, gushika n'ubu akaba ata n‘itohoza ryigeze rikorwa kuri ubwo bwicanyi bwahekuye Abarundi n’Uburundi. Abanyagihugu bo mu gihugu ca Burkina Faso, eka n'Abanyafirika benshi, bama bibuka intwari yaharanira ukwikukira n'iterambere vy'igihugu ciwe na Afrika yose, Thomas Sankara, yagandaguwe na we kw‘igenekerezo rya 15 Gitungutu 1987. Iyo ntwari yari yaratahuye neza wa mugani w’ikirundi uvuga ngo "Uwutigaburira ntiyigaba". Afadikanije n'abanyagihugu, yararwanije inzara mu gihugu ciwe Burkina Faso atako arayitsinda mu myaka itatu gusa, muzi neza yuko uburinganire bw'ico gihugu, ibice 70% ari ubugaragwa, imvura igwa amezi atatu gusa ku mwaka.
    3. Twatanguye twibaza tuti ukwezi kwa Gitugutu kwoba kwatubereye umuvumo, ariko, ivyo ntitwobijako, no mu bindi bihe vy'umwaka, isi yaragiye irabura intwari z‘ijunja zimeze nk'incungu ya Damokarasi mu Burundi, Ndadaye Melikiyoro. Aha twokwibuka nk’igandagurwa bunyamaswa rya Salvador Allende, yari Umukuru w’igihugu ca Chili muri Amerika y’epfo ku wa 11 Nyakanga 1973 canke irya Patrice Lumumba ku wa 17 Nzero 1961.
    4. Mu bihe nk'ibi rero, ni vyiza ko twibuka intwari nk’izo, mu ntumbero y’ukumenya icaziranga kugira tugendere iragi badusigaranye na canecane Urwaruka, rwo Burundi bw’ejo. Eka n’abakuze, na canecane abajejwe ivy’igihugu, ntibakwiye kwama babigira ururirimbo ku munwa gusa, bibuka izo ncungu, ariko iragi ryabo bakarihonyanga imbona nkubone, ikitavuzwe co ni ugusubiza agatima impembero ngo bazirikane icatumye Izo ntwari zigandagurwa.
    5. Nkako, hari kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu 1993, Ndadaye Melikiyoro, Umukuru w’igihugu wa mbere mu mateka y’Uburundi yari yitorewe n’abanyagihugu, amaze amezi atatu gusa ashikiriye ubutegetsi, mu mutwenzi nko mu masaha umunani y'ijoro, ni ho akarwi k'abasoda katumwe n'intagondwa zari ziziye ubutegetsi, ziterekwa demokarasi na gato, kateye ku kirimba c’Umukuru w’igihugu, karamukubagura kugeza kamugandagure bunyamaswa mw’ikambi y’igisoda, ari yo mu bisanzwe yategerezwa kumukingira. Kaca kagandagura muri iryo joro nyene n’Umukuru w’Inama Nshingamateka, Karibwami Pontien, ari we mu bisanzwe asubirira vy’imfatakibanza Umukuru w’igihugu nk’igihe yoba atagishobora kuyobora igihugu kandi atararangiza ikiringo yatorewe, Icegera c’Umukuru w’Inama nshingamateka, Gilles Bimazubute, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Ndayikeza Juvénal, Umukuru w’Urwego rw’iperereza, Ndikumwami Richard, Umupfasoni wa Ntibantunganya, Zebiya kuko bari babuze Ntibantunganya Sylvestre, ico gihe yari umushikiranganji w’imigenderanire; eka na twebwe twese mu bari bahejeje kuzezwa amabanga ahambaye y’igihugu, nta n’umwe bagomba gusigaza, sinzi ingene Imana yahaturokoye. Bikaca bigaragara ko intumbero y’ako karwi kw’ari ukunigira mu menshi Demokarasi twari twaraharaniye ata maraso arinze guseseka, babanje kuyica umutwe! Maze igihugu kija mu kaga katagira uko kovugwa, abajejwe umutekano birara mu bonse rimwe, na bo nyene bamaze gusimbanirako ata camira, inganda ziratikira, Igihugu cose cuzura amaborogo.
    6. Iyoba wa Mugwi w’ukumenya ukuri n’ukurekurirana wari wategekanijwe n'amasezeranno y'i Arusha wobishoboye, naho bagomba kuyafuta, wotohoje ivyabaye koko, intahe zigasasa, kahise kacu kabi kakamenyekana kugira abariho n’abazovuka bamenye ko hariho “KIRAZIRA”. Ariko, ntaworeka kugira amakenga ku kugene uwo mugwi uzoshobora gushika ku ntumbero, kuko mu bihugu vyose, akagwi kihagiye ubutegetsi iyo kamaze kwokerwa n’intahe, nta kindi bivyara atari ibi mubona vy’ukwidohora mu bandi ngo ni ubuhizi, ngo baravuye mu masezerano y’i Roma yashizeho Sentare mpanavyaha mpuzamakungu, ivyo bigasongera isibe mu kubandanya ya nzira y’ukwizibirirako nk’ifuku mu gahena…. Mbe ni kubera iki imyaka cumi yose ako karwi kamaze ku butegetsi kadidohoye muri iyo sentare mpuamakungu? Ubu kiyotsa iki? Ubu na ho ngo ibiganiro biheruka kugirwa n'abagize ako karwi vyasavye ko amasezerano y’i Arusha afutwa, akajana n’Ibwirizwa Shingiro ryayakomotseko. None mubona tuva he tukaja he? Bariko batujana mu manga no mumwijima, Ndadaye yari yatuvanyemwo.
    7. Barundi, Barundikazi,
      Mw’ijambo ry’uyu munsi, nk’uko twatanguye tubivuga, twagomba twibuke incungu yacu ya demokarasi, Ndadaye Melikiyoro, tuzirikana ico yari yaraharaniye, twibaza icatumye agandagurwa, ivyakurikiye, aho tugeze, na none dukubitize agatima impembero, turabe ingene twokwogorora igihugu ntigitabagare turorera. N’uwugomba kuvyirengagiza, aravyibonera iyo arungikanye umukozi kw’isoko inoti y’ibihumbi icumi. Wogira ngo yayakwivye. Agakopo kamwe k’itomati gasigaye kagurwa ayahora agura ikiro c’umuceri ibintu bikigendeka. Reka dusimbize.
    8. Ba sokuru ni bo bayamaze bati, “Uwukize isemu yibagira icamwirukana”. Ariko kandi ngo “Inka ibagwa uko iyindi yabazwe”. Mu yandi majambo, tugerageje guhindura ukuri kudahinyuzwa kuvugwa mu majambo y’igifaransa, bavuga bati “Mu bihe bisa, Ibirere bisa, no mu bushuhe bungana, ibituma ibintu bihinduka, vyama bivyara ibintu bisa”. Dufatiye ku gihugu, ni ukuvuga ngo, “Ivyama bitera umudurumbanyo vyama ari vyabindi”. Erega na Micombero yagiye bavuga ngo ntawundi yotwara Uburundi! Ngo “Maza meza yazanye amajambere” ni ko bamuhayagiza.... Ariko ukwigumiza ku butegetsi ubuzima bwose, ukamengo atari wewe nta wundi yotwara igihugu, ivyo vyama bivyara icuka kibi n’akaga mu vya poritike, imibano n’ubutunzi bigatabagara. N’ukuba waratowe rero, ntibivuga ko uca wigira akagaramaruganda. Mumenye ko na Hitler wo mu Budagi, ari kw'isonga ry'abasomborokeje intambara bavuga ko ari ya kabiri y’isi yose, yari yatowe hafi ijana kw’ijana!
    9. Ntawobideha, Abanyagihugu bamaze gushegeshwa n’intwaro z’agahotoro, ugukumirana, ukwakwa ijambo, n’ayandi mabi tutarinze kudonda aranga intwaro nk’izo, barateba bakadundubirwa, bagahaguruka bakaziyamiriza. Wawundi ati “uwuri n’ugutwi ni yumve”, kandi ngo utinya ingwe, ntutinya iyakwinjiranye…
    10. Mwene izo ntwaro rero ikiziranga, zama zirondera icitwazo zohendesha abanyagihugu kugira bagume bazikomera amashi. Zitifadikije ubwoko, zifadikiza intara, umugambwe, ibikorwa vy’iterambere nk’uko abandi batobikora, eka mbere ngo n’ukwikukira kw’igihugu, n’ibindi.
    11. Barundi, Barundikazi,
      Imboneza ikaba n’intwari, ari yo ncungu ya demokarasi twibuka uyu munsi, ntitwodonda ivyamuranga ngo tugire aho tubikwiza muri iri jambo. Munkundire tubice ku masonga gusa.
      Ndadaye yari umuntu yazobereye mu vya poritike, akamenya imvugo akoresha hamwe n’ingene akora kugira arongore urugamba rw’ukwibohora kw’abanyagihugu. Yari afise ubwenge bwo kubona kure, eka yari azi kwumviriza n’ugutahura ingorane za bagenziwe basangiye urugamba. Kubera ko yazirana n’ukuba seniryo, yaranka akarenganyo aho gaturutse hose. Ni na vyo vyatumye atabwa mu mvuto inyuma y’ikiza ca Ntega na Marangara, akamarayo amezi atatu yose. Yarazwa ishinga n’ukubona Uburundi bushasha, Uburundi bushingiye kuri demokarasi ibohora inguvu z’abanyagihugu, igihugu kigatera imbere, aho abenegihugu bose baronka akazi ata wandya wangura, igihugu cigenga koko, kitama kiriko kiratega amashi, ariko kandi kikabana neza na bose, ubona ko “inyakamwe inyaga imwe”. Kukaba nkako, Ndadaye yari azi ko urugamba rw’ukubohoza abanyagihugu rudakorwa n’umuntu umwe. Yakunda gukorana n’abandi, akabona ko ibikeneye guhinduka vyose kugira turonke Uburundi bushasha bizova ku ruhara rwa bose ata nume asigaye inyuma.
    12. Ibi rero turabishikiriza, tukabishimangira kugira canecane, abihagiye ubutegetsi iki gihe mu Burundi n'ahandi, bumvirize, bashobore no kwikebuka, bave ibuzimu baje i buntu; kuko nta butegetsi bw'igikenye tuzi aho tugeza amaso bwigeze burama canke ngo butsinde abanyagihugu mu gihe babuhagurukiye. Igihugu nticokomeza gitabagara, amakungu n‘abanyagihugu basemerera bati ganira n’abo mutavuga rumwe, ako karwi kihagiye ubutegetsi kakaguma kica amatwi.
    13. Barundi, Barundikazi, rwaruka Burundi bw’ejo,
      Mw'ijambo Ndadaye yashikirije ahejeje gushikira ubutegetsi yavuze ati: “Abarundi mwaraye mwitorereye mu mahoro, ata musunikano, Umukuru w'igihugu ngo azobarongore muri iyi myaka itanu iri imbere, Uburundi bushasha, burangwa n'amahoro kuri bose, burangwa n'agateka atari agahemo, burangwa n'ubumwe bushimikiye ku butungane, ku gusabikanya, ku kwihangananira, ku kungana kw'abanyagihugu bose imbere y'amategeko...”. Muri iryo jambo nkoramutima yaravuze kandi ko hadatsinze umuntu canke umugambwe. Yarerekanye ko atazokwihanganira abo bose ku ntwaro yiwe boba bafise agatima ko kwihorahorana.
    14. Ariko kandi, Nyenicubahiro Ndadaye Melikiyoro yari azi kw’ashobora kwicwa nk’uko yari yarabitwibwiriye imbere yuko amatora aba. Hagisigaye nk’umwaka ngo amatora abe yaratwibwiriye ati: : “Aka karwi kiziziye ku butegetsi bizokagora kwemera guheba ivyicaro vyako ngo ni uko koba gatsinzwe mu matora gusa, kandi ivyo ni vyo biranga intwaro zose z’agahotoro, kuko bishika gake cane ngo mwene izo ntwaro zemere ihinduka mu mahoro”. Ni ko vyagenze.
    15. Ikibabaje giteye n’agahinda ni uko izo ntwaro z’agahotoro twari tuzi ko dusezeye ubutakigaruka ari zo twagarutsemwo. Ni ivyo mwibonera namwe aho Uburundi bugeze muri ibi bihe. Ico gihe rero, nta kindi cari gisigaye, kuko ntitwashobora gusubira inyuma, dufise abanyagihugu inyuma yacu, badusaba kubandanya tuja imbere. Kanatsinda na twebwe, uyo murimo wo kubohoza abanyagihugu twari twamaze kuwiyemeza.
    16. Ni ho rero abanyagihugu bahaguruka bakaremesha urugamba, kugeza aho haheze imyaka yababa icumi, ka karwi kagondozwa kakaja mu biganiro vyo kurabira hamwe ingene amahoro yogaruka mu gihugu cacu. Ni ho hatangura ibiganiro mu mpisho hagati y’intwaro y’ico gihe n’umuhari CNDD twari turongoye hariya i Roma, mu nyuma bibandaniriza i Arusha ku mugaragaro, birateba bivamwo Amasezerano y’amahoro no kunywanisha Abarundi. Ari yo bita amasezerano ya Arusha. Ayo Masezerano y’i Arusha, ni yo yatumye hagaruka mu burundi intwaro yitorewe n’abanyagihugu, ikaba yarabaye mu matora yo muri 2005. Ariko rero uyu munsi ayo masezerano ageze aho umwasi ashaka, biturutse kuri abo nyene ayo Masezerano yatumye bashika ku butegetsi, ariko bagaca bibagira iyo bavuye, kumwe ba sokuru bayamara bati “Uwukize isemu yibagira icamwirukana”!
    17. Barundi, Barundikazi,
      Uwihagiye ubutegetsi aciye kubiri n’ayo masezerano nyene n’Ibwirizwa Shingiro riyakomokako, ari we Nkurunziza, akunda kwivugira ngo hariho “intumva”. Ariko akibagira ko ari we nyene aba ariko arivuga. Eka namwe ni muzirikane aho abarundi n’amakungu bamuhanuriye akigira sindabibazwa, akica amatwi.
    18. Ikibabaje kuruta ni uko aguma agomba kwongereza akariro ka wa mugera w’amacakubiri y’amoko twariko turasezera, mwama muvyiyumvira mu mvugo ziwe n’iz’akarwi kamushigikiye. Ariko yihora ubusa, ivyari imagera vyarageruye, Abarundi bararahiye bararengwa, bati ntidushobora kwemera gusubira inyuma mu mwijima w’amacakubiri n‘aho yatugejeje, dukurikira umuco w’ubumwe bwamye buranga ba sokuru.
    19. Ni na co gituma twagomba kubwira uwo wese aciyumvira ko hari intwaro yokwishimikiza ubwoko canke intara yorama, tuti “Cira birarura”. Abarundi ntibarota basubira kuva kw’iragi rya Demokarasi Ndadaye yabasigaranye. Ikumira iryo ari ryo ryose, ryaba irifatiye ku migambwe, ku moko, ku ntara, canke ku bundi bubegito ubwo ari bwose, ntirikironka aho rishingira. Twishimikije umutima twarazwe na Nyakwigendera Ndadaye Melikiyoro, twibuka kuri iyi sabukuru y’igandagurwa ryiwe igira 23, duhamagariye abarundi bose gukura hasi bagahagararira gutsimbataza intwaro ya demokarasi mu gihugu cacu, nayo ikazokomeza intahe yo kwikukira nyakuri. Kuko Ukwikukira na Demokarasi ni magiranire.
    20. Ku rwaruka rw’ubu rero n’uruzoza mu nyuma, inguvu zose igihugu gifise, ntitudohoke na rimwe kw’ibanga ry’ugutsimbataza urugamba rwa demokarasi Ndadaye yaharaniye, nk’uko Rwagasore yaharaniye ukwikukira kw’Uburundi. Izo ncungu zatumye dushika ku ntambwe y’ukwishira n’ukwizana kw’abanyagihugu itagisubira inyuma tuzereke ko zitapfiriye ubusa.
    21. Tubivuge tubisubire, ntimuryame umukondorazosi, kuko ibiganiro bivugwa vyo guhuma amaso abanyagihugu n'amakungu, bibera mu mugambwe umwe birasinziriza abanyagihugu, abatavuga rumwe n’uwo mugambwe, bafatwa nk'abansi b’igihugu, ari na co gituma nk’igihano co gupfa Ndadaye yatanguriyeko gufuta, kuko amasentare kenshi yihenda agacira urubanza rwo gupfa umuntu atakigaruka. Muri ivyo biganiro vy'amafuti twavuze rero, hakaba havugwa ngo ico gihano ni kigaruke, bakibagira kumbure ko gishobora guhera no kuri abo nyene bakigarukanye. Kandi noneho mu ngiro n'ingendo yabo, uravye abantu birirwa barisasira ata nuwo baciriye urubanza, ico gihano barakigarukanye. Ivya ba "mbangamatwi" vyari vyimonogoje, umuntu agatabwa mu busho bw’iperereza, ari na bwo Ndadaye yihutiye kwugara mbere agahindura n’izina n’intumbero ry’urwego rw’igendereza, murabona ko vyasubiye gusasirwa indava. Ubu bose barinubana, rero data ngo uyu canke uriya ntari mu co bita "système", ni ukuvuga abari mu mugambwe wihagiye ubutegetsi n’abawushigikiye, eka n’abari muri "système" ugasanga ari ukwinubana n’ugucimbana gusa. Abarundi turarushe, ariko kandi bituvako!
    22. Ni rwo rugamba CNDD n'Abarundi benshi biyemeje, kugira biyamirize kw’inzira ya Demokarasi Ndadaye yaturaze isubira inyuma nk’ibirenge, Abarundi tubona.
      Dutegerezwa kurigumako kugira dushike ku zindi ntambwe. Ivyo na vyo, abatagomba ingimba, akaba ata handi bica atari mu biganiro vy’ukuri, ni ukuvuga hagati y’ako karwi n’abagashigikiye n’abo batavuga rumwe kandi ni ko muri demokarasi bigenda, co kimwe no kw’isi yose igihe igihugu caguye mu kaga.
      Ndadaye aguma ari urumuri rwacu, incungu ya demokarasi mu Burundi mbere no kuri Afrika yose.
    23. Ndangije nsubira kwifatanya n’abariko barabura ababo bazira intwaro y’agahotoro ya Nkurunziza, ndabasaba kwihangana no kurya umutima amenyo, ntibihebure ngo twese tugende akagirire.
    24. N’abo bose baguma basasirira bakemera kuba ba ntirumveko, canke ba mpemukendamuke, ivyo Ndadaye yama yiyamirije mu guhamagarira abarundi bose ati "Kanura, kanura burakeye, gororoka", Dutegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ngo habe ibiganiro bihuza abarundi, kugirango iyo ngendo ya Nkurunziza yigize ikinani ihagarare ubu nyene, Abarundi tugaruke mu mahoro no mu ntwaro ya Demokarasi. Kandi ntiturindire ngo ni amakungu azoza kudukorera ivyo tutishoboreye naho imfashanyo yabo atawoyirengagiza. Mu gihe co kuri Ndadaye amakungu ntaco yadufashije, ariko nticabujije ko dushika ku ntsinzi muzi ya demokarasi, n'ubu akaba ari yo tugenderako ubutagisubirinyuma. Abarundi mwese, ako karwi ntikabahende, ngo mwiyake ijambo mwaronse rivuye kure.
    25. Incungu zacu zo kwikukira na Demokarasi vy’uburundi, no muri Afrika nzima zitubere akarorero. Natwe twiyemeje kwama tugendera iryo ragi izo ncungu zacu zaturaze.
      Ni tugire amahoro, dukomeze urugamba rwo guhabuza demokarasi twunze urunani rw’intamenwa.


    Ni hahangame demokarasi mu Burundi, ari ryo ragi rya Ndadaye. Ni hahangame Republika y‘Uburundi

    Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 21/10/2016

    Ku bw'Umugambwe CNDD,

    NYANGOMA Leonarudo,

    Umukuru wa CNDD.

     

    Les dernières actus

    
    Communiqués
    Ce 5 décembre 2019, le parti CNDD a appris avec grande tristesse le décès du camarade Dr NDIKUMANA Jean, militant de la première heure du CNDD. ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Diagne Fodé Roland Sous les coups d'une propagande bien huilée de l'Occident impérialiste en déclin règne chez beaucoup d'Africains la peur ...
    En savoir plus
    Déclarations
    Le parti CNDD du Burundi, indigné par des actes de violences ces derniers jours perpétrés contre des ressortissants étrangers en République ...
    En savoir plus
    Communiqués
    Après l’annonce du calendrier électoral par la CENI, en date du 14 juin 2019, le Parti Conseil National pour la Défense de la Démocratie ...
    En savoir plus
    Déclarations
    Barundi ,Barundikazi,Bagumyabanga ba CNDD, Ntanguye kubaramutsa Amahoro, Iteka n’Iterambere, ndabipfuriza n’umusi mukuru mwiza ...
    En savoir plus
    Prev Next