mercredi, 29 juin 2022 08:07 Écrit par  CNDD

Ubutumwa bwo guhoza umuryango w’umuhisi HAKIZIMANA JEAN BOSCO, bushikirijwe na Leonarudo NYANGOMA, Umukuru w’Umugambwe CNDD

Muryango usigwa na HAKIZIMANA JEAN BOSCO, Ncuti, Bagenzi, Bavandimwe bacu mwese mukoraniye hano, kuri uno musi w’igenekerezo rya 28/06/2022. Nk’uko mubizi, turi mu gihe c’umubabaro n’agahinda, muri uyu muhango wo guherekeza umugenzi, umuvukanyi, incuti yacu HAKIZIMANA JEAN BOSCO twabuze tutannka kw’igenekerezo rya 26/ 05/22

1. Kw’izina ry’umugambwe CNDD, no kw’izina ryanje nyene, ndahojeje umuryango wabuze, nkabasaba kwigumya muri ibi bihe bigoye cane, naho bitoroshe, turazi neza yuko ahavuye umushingantahe w’ijunja n’ijambo nka BOSCO hasigaye ikinogo kinini cane, kuko yari kirumara mu muryango. Mboneyeho kandi guhoza abanywanyi bose b’umugambwe CNDD, kuko umugambwe urabuze inkingi ikomeye cane.

2. Umushingantahe BOSCO turiko turaherekeza muri iyi mihango, turavye ivyo yakoreye igihugu camwibarutse, kandi atiriwe aravugira hejuru ngo amenyekane, ntiyari umuntu asanzwe, yari umuntu yivugira make agakora vyinshi. Ni naco gituma tuzokwama tumwibuka mu buzima bwacu ku ngendo yiwe nziza haba mu mibano, haba muri poritike, l mbere no ku rugamba rwo guharanira no guhabuza demokarasi mu Burundi. Yari koko intwari mu muryango, mu kibano no mu vyo igihugu.

3. Mu mibano, HAKIZIMANA J BOSCO yari umuvyeyi w’abana benshi. Yarafashije abatari bake mu buzima bwabo mu kubahanura no kubaterera ivyiyumviro, eka mbere no mu bindi baba bakeneye. Abamwituye bose yarabigoreye ukwo ashoboye. Ku Giti ciwe, abana benshi barashoboye kwiga amashure haba mu gihugu canke hanze ; kandi irembo ryiwe ryama ryuguruye. Arinze aganuka agifise abana iwe kuko ntiyigeze adebukirwa. Yari umuntu kandi aryosha ikiyago, aho ari ntawamugirana irungu, yama riko aritwengwatwengera n’umutima w’igishika cinshi cane.

4. Muri poritike yarakoze vyinshi kandi akoresheje uburyo bwiwe. Ndibuka nk’igihe twariko turaharanira umuzo wa demokarasi mu mugambwe FRODEBU, BOSCO yabaye mu bambere bashinze uyo mugambwe. Ico abantu benshi bamwibukirako ni irya mitaka twambara mu kwiyamamaza, ni we yayirondera, ndibuka ko yigeze kugura imitaka yuzuye ifusu nzima. Inyuma y’intsinzi, umukuru w’igihugu NDADAYE MELCHIOR yaramuteye iteka, amushinga amabanga ahambaye, yo kurereka abo bose bafise akatima ko kunyonyeza ikigega ca Reta, kandi yaramaze gushengeza abatari bake. Mu rugamba rwo guhabuza demokarari muri CNDD rwasaba uburyo bwinshi cane, BOSCO tumushira muri batatu bambere batanze uburyo bwo gutanguza urugamba, icabura cose, Bosco yaca yigora akakirondera. Ndibuka yuko n’ivuriro twashoboye gutanguza i Mkware muri Tanzania ryakira imbabare zo mu ngwano ari BOSCO yaryuguruje, ngira nta waciye ku rugamba rw’umuheto atamuzi. Ntawodondagura ngo amare ivyo BOSCO yakoreye igihugu ngo abimare.

Umuvukanyi wacu tubuze ntiyigeze agira inda nyango canke ateranye abantu. Ikitavuzwe co ni gusotora abandi. HAKIZIMANA Jean Bosco rero yari yarubatse urugo, akaba asize umuryango ugizwe n’umutambukanyi wiwe Alice NDORICIMPA be n’abana babiri aribo KANYAMUNEZA Rachelle na KOMERA-MUGISHA Bélise hamwe n’umuryango wa SAHIRI Célestin, papa wa BOSCO. Nkaba nsavye abagenzi, incuti mwese mwogarukira ku muryango wa HAKIZIMANA JEAN BOSCO . Maze mukawuremesha mudahengeshanya Twongeye gusaba umuryango wa HAKIZIMANA BOSCO namwe ncuti bagenzi biwe ko mwokwigumya, maze mwihangane. Imana imwakire mu bwami bwayo

Igenekerezo rya 28 Ruheshi 2022
Leonarudo NYANGOMA, umukuru wa CNDD

Les dernières actus


Déclarations
Mupfasoni Ntibwirizwa Bernadette umutambukanyi w’umuhisi Ndarubagiye Leonce, muryango usigwa na Leonce Ndarubagiye Ncuti, Bagenzi, Bavandimwe ...
En savoir plus
Déclarations
Le président du parti CNDD, l’Honorable Léonard NYANGOMA a une profonde affliction d’annoncer le décès du Secrétaire Général de ...
En savoir plus
Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, 1. Munkundire ntangure kubaramutsa ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINEcontact@dup-international.org communiqué de presse Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par ...
En savoir plus
Prev Next