mercredi, 02 janvier 2019 13:33 Écrit par  CNDD

IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUKURU WA CNDD, NYANGOMA RYO KWIPFURIZA ABARUNDI UMWAKA MWIZA MUSHASHA WA 2019

Bagumyabanga ba CNDD
Bagumyabuntu ba FFD
Namwe Ntebutsi za JPD
Barundi,
Barundikazi,
Bagenzi mwese, ncuti za CNDD,

Ubwa mbere na mbere, nagomba kubatura indamutso, y’urukundo ivuye ku mutima: Nti nimusangwe amahoro, iteka, itekane n’iterambere kuri bose!

Muri ibi bihe vyo gusozera umwaka, n’ugutangura umushasha, nagira rero, kw’izina ry’umugambwe wacu CNDD, ku ry’umuryango wanje, no kw’izina ryanje nyene, ndabipfurize mwese, Inweri nziza cane, n’umwaka mwiza muhire mushasha wa 2019. Muze muwugiremwo amagara meza, amahoro n’iterambere, mu ngo zanyu, eka no mu gihugu cacu, muri Afrika no kw’isi yose !
Bagumyabanga mwese, Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Umugambwe wacu CNDD,
Muri ibi bihe nyene, vy’ukwipfurizanya umwaka mushasha mwiza, ntawosiga inyuma kwirimbura, no gukubitiza akajisho aho umuntu ageze, haba mu buryo abayeho, ku giti ciwe, canke mu rugo, tutibagiye ivy’ igihugu cacu. Maze tukaboneraho, gutereza amaso imbere, kuri kazoza kacu, ka hafi mbere n’aka kure.

Munkundire rero, tubice ku mayange.
1. Ba sokuru ni bo bayamaze bati, “Inda woyibaza uwayirayeko, vyongeye bati “Amagara aca mu kanwa”. Twese twipfuza kubaho tugononokewe, turi mu gihugu umuntu yishira akizana, aserura ivyiyumviro vyiwe adakebaguzwa, mu kubanza kuraba abo bari kumwe, akaja mw’idini yitoreye, mw’ishirahamwe canke mu mugambwe yipfuza, ata gahato. Mu ncamake, mu gihugu agateka ka muntu kubahirizwa n’intwaro iba ihari, maze n’abanyagihugu bose bakavyigishwa, bakabigendera. Mu ntwaro zimaze kuboneka kuri iyi si, intwaro ya Demokarasi, ni yo ishira imbere iyo ngendo. Ni na yo Nyenicubahiro Ndadaye Melikiyoro yazize, akatubera incungu ya Demokarasi. Amaze kugandagurwa n’abaterekwa iyo ntwaro, ni co cadutumye tuvira hasi rimwe, mbere tugatanguza urugamba ruhambaye, rw’iteka ntangere ku gihugu cacu no mu makungu, ata yindi ntumbero twari dufise, atari uguhabuza iyo ntwaro, ya Demokarasi yari igomba kunigirwa mu menshi.

2. Ba sokuru barongeye bati “Uwukize isemu yibagira icamwirukana”! Twatanguye iri jambo rihambaye tuvuga tuti, ni igihe ciza c’ukwirimbura, ego cane, utwo twibutsa turahuye cane, n’ivy’iki gihe turimwo.

3. Bagumyabanga mwese, Barundi Barundikazi, nimukubitize agatima impembero, murabe ingene intwaro ya Demokarasi twaharaniye igeze ahatemba. Abantu isinzi barahasize ubuzima, bagira bati abazosigara n’abazokwaruka mu nyuma, bazogire bati, harabaye intwari ku rugamba! Ngo “Icerekwa ni ikibona, na yo ikibwirwa ni icumva”. Ubwo ya ntwaro ya demokarasi irangwa n’imigambwe myinshi, irangwa no gusabikanya itunga ry’igihugu ata wandya wo ngura, hari uwutabona ko nyabuna , twasubiye mu ntwaro ya gahotoro irangwa n’umugambwe umwe rudende, mbere uwo mugambwe nyene ukigira akagaramarugamba, kugeza aho uwutavuze ko ari muri wo, aca afatwa nk’umwansi w’igihugu. Wagira ngo urashikirije, ijambo ryo gukebura, canke rinyuranye n’iry’umutegetsi, bagaca “bagukorerako”, nk’uko iryo jambo risigaye, rifatwa nk’irisanzwe mu gihugu cacu! Mbega “abo bagukorerako” ni ba nde? Mbe hari uwusumvya ubwenegihugu abandi? Murahagabira, kandi ugukebura Reta, ugucisha urwevu abanyagihugu, n’ukwama twahagarariye Demokarasi, ni co twiyemeje kuva kera.

4. Muti ivyo gusabikanya ivy’igihugu vyo bite? Igiturire n’ugusesagura ubutunzi bw’igihugu bigeze he? Mu ncamake, amazi yaramaze kurenga inkombe, ivyo ntibikitri agaseseshwarumuri, habe na gato!

5. Reka dutange uturorero dukeyi gusa. Mwitegereze inyifato y’abatware uhereye hejuru nyene. Na kare ngo “Umwera co kimwe n’umwijima, uva ibukuru ugakwira hose”. Harura izo modokari, zama inyuma y’umutegetsi kanaka, eka n’aho yoba umuntu asanzwe, afise amabanga kanaka, muri wa mugambwe twavuga. Ugerageze ugereranye ibitoro biturirwa, ku rugendo rumwe gusa, n’aho twovuga mu gisagara gusa, tutaravuga ingendo zo mu gihugu hagati, aho haca hasohoka, uburyo budaharuritse bwa ya mafranga y’urugendo, n’ibindi… Harura imisi mikuru y’urutavanako, aho ntituravuga ko, yose ari ukwiyamamaza kw’imisi yose, kwa wa mugambwe nyene, hakoreshejwe uburyo n’amafaranga y’igihugu, bakubise ijisho abanywanyi nka batatu gusa b’iyindi migambwe bicaye hamwe, baca babirukako ngo bakoze inama ata ruhusha… Ni ibara ku mutemere; mu gihugu bavuga ko Ibwirizwa shingiro ryemera imigambwe myinshi. “Kari akarimi”. Rero mama impararo ni kwinjira ingoro z’uwo mugambwe, zubakwa n’amafaranga y’umurengera, mu matongo y’abanyagihugu canke y’igihugu, ata muzibukiro utanzwe; kubaka ivyibutso vy’uwo mugambwe nyene aho uciye hose, haba ku masoko, ku masanganzira, imbere y’aho umuntu yokwishiriye akabutike, canke akahanda utuntu, ngo arabe ko yohakura icororirenza, eka ku bibanza vyose, n’imbere y’ibitaro, tutaravuga imbere y’inyubakwa rusangi, zaba iz’ubutegetsi canke izindi, hadasizwe inyuma, n’imbere y’amashure... No ku ntwaro y’umugambwe Uprona, urwo rugero ntibari bwarushikeko! Aha ntitwavuze ubusuma bwabaye ubunyonyezi, nko kugurisha amasosiyete ya Reta, kunyuruza itunga ry’igihugu, bakaritahiriza mu ma banki yo hanze, mwarumvise yuko na SOSUMO bagira bayicishe ku munwa, umunyagihugu mutomuto azoba asezeranye n’agasukari, baragurishije ikivuko, baragurishije COTEBU n’ayandi mahinguriro menshi, Isoko nkuru ya Bujumbura baraturiye. ubu mutaravye neza n’impwemu muhema bazozigurisha….Ntitwiriwe turavuga amakori n’amatagisi vy’umurengera canke amahera batoza ku nguvu abanyagihugu ngo y’amatora yabo, gushika naho bayatoza n’abanyeshure. Amatungo yandi y’igihugu birirwa barayasesagura, mu minsi mikuru yo kwinjira inyubakwa umurengera, ata n’uwuzi iyo amafaranga yo kuzubaka ava.

6. Ariko naho Abarundi bari mu makuba, nagomba nshimire nivuye inyuma bimwe bivuye ku mutima, Abarundi benshi babandanya begendera ubumwe, baragerageje kubateranya bafatiye kuvyo amoko canecane, murabankira, bafatiye kuvyo intara muti cira birarura. Ndabasavye nshimitse muryumeko, mugume mufatanye munda, kuko ahari ubumwe hamota ubuntu n’urukundo, ahari amacakubiri hanuka agasu, insaku n’urwanko.

7. Hinge mbere duce twibuka ,Umuganwa atari umugani, Rwagasore Rudoviko, yaharaniye intahe y’ukwikukira n’Ubumwe bw’Abarundi akayigura, yadukuyeko abakoloni bita “ba zana amagi zana amasoro”… Aho bigeze ubu, ni “zana inka za kijambere, zana intama, zana impene, zana n’inkoko”, na yo abavuga “amagi n’amasoro” womengo ntibari bazi iyo ava!

8. Bagumyabanga mwese, Barundi barundikazi, Twese bitugeze ahantu! Mbere n’abitwa ngo bari muri uwo mugambwe nyene, wababereye umuzigo w’amabuye, canke inkono ishushe ku mutwe, ni ivy’ukuri bararushe. Bararushe, ng’iki gihe ciza co gukubitiza amaso i Bweru tugarure akenge. Kandi Abarundi, jewe,ndabizigiye, ndabemera cane. Baramaze kuvyerekana kenshi, barazi ingene biyugumura intwaro z’agacinyizo. Abarundi barerekanye ubutwari bwabo, kuva kera ku mwami, baragwanije umwarabu Rumariza n’ingabo ziwe baramutsinda kuri Mwezi Gisabo, nta murundi n’umwe ingabo za Rumariza zashoboye kunyuruza ngo, aje kubabera umuja nk’uko vyagenze mu yindi mihingo y’Afrika, mu matora yo mu 1961 Abarundi bariganzuye intwaro Mbirigi za gikoloni, mu matora yo muri 1993,abarundi barikuyeko intwaro z’igikenye, batora demokarasi. Mwame maso, bamaze imisi bamenyereza abarundi bamwebamwe, babasinziriza ngo bararonse “indongozi yamaho”, murahamerera magabo! Ngo haguhura n’uwumaze, kuborerwa n’ubutegetsi, wohura n’uwaborerwe kanyanga, we zirateba zikamuvako, akenge kagaruka, agasubira kuba umuntu asanzwe.

9. Hari uwitwa Bokasa, mu gihugu ca Centre Afrique, canke Idi Amini mu Buganda bari bigize “Umwami w’abami” mu duhugu tutari na tunini cane, abo hambere murazi ingene, babogojwe ku butegetsi. Mbe mwoba muzi ko, n’ibihugu rutura kandi bifise uburinganire, butuma ukoresha indege mu ngendo, zo mu gihugu hagati, ko bifise Umugwa mukuru umwe, igihugu citirirwa, aho gusesagura, uburyo bw’igihugu ngo, Uburundi ni bugire imigwa mikuru ibiri; n’uwugira gatatu mbere barawunuganugwa mu ntamatama!...Ivyo bizotuma imiryango y’abakozi bababayabaye itatana nka bimwe vyo gushwiragiza urudavagi abigisha,

10. Kare bavuga ngo “Amaso ya benshi yiza kwambara”. None n’aho abarundi benshi badasiba gusemerera, bica mu gutwi kumwe, bigaserukira mu kundi. Ngo ni bwo bugabo, ngo nibwo buhizi, kandi ari ubutindi, ngo ni ko kwikukira, kandi ba Sokuru barayamaze, bati “agasozi kari amarere kahiye basemererera, barorera”!

11. Muti none, tugeze he, tuzobivamwo gute, tuzokwogorora gute?
Inzira si nyinshi namba, kandi ntimurondere umuhoro uri mu kwaha. Dukovye ariho, ntidusubire muri ivyo bihe vyaduhekuye, bikadusigamwo imvune nini, tutari bwakire neza. Ariko kandi twibutse, abo baborewe n’ubutegetsi, ko n’aho “Uwukize isemu yibagira icamwirukana”, nibageze aho, bareke gukwegera abarundi muri ako kaga, n’aho bita abandi ko ari “inyankaburundi”… Erega n’uwutaciye ku ntebe y’ishure, arazi yuko “Mu bihe bisa, ibituma bisa vyama bizana ingaruka zisa”… Mu kinyamazuru bavuga ngo “Dans les mêmes conditions de température et de pression, les mêmes causes produisent toujours les mêmes effets”….

12. Mu kuva kuri uwo mumanuko, udusubiza inyuma nk’ibirenge, twavuze kandi tubisubiremwo tuti “inzira si nyinshi”. Ah’ubona abahisi Mwalimu Nyerere na Mandela, bari badufashije cane, mu gushika ku Masezerarno y’amahoro n’ukunywanisha abarundi y’i Arusha. Bamaze kwibagira ko, ari ayo masezerano nyene abagejeje aho bari ubu, baciye bayata nk’akanuka. Rero mama ngo, bahindutse ibihangange, mu vyo gutorera umuti ivyasinzikaje abarundi ariko bibagiye ko, ibiganiro ari yo nzira twiyemeje gukurikiza, maze bata kure ingendo yaciwe n’ayo masezerano. Turasubiye gutera akamo Nkurunziza, ave mu kinyegero, aje ahabona, yitabe ibiganiro arivyo vyonyene bizozana ituze n’amahoro mu gihugu, tumusavye kandi ahagarike, inyifato n’imvugo zose z’amacakubiri bidusubiza inyuma. Ntarindire ko, kubera gushegeshwa n’intwaro z’agahotoro,hagira abarundi bakoresha inguvu, mu kwikurako ubutegetsi bwigize akagaramaruganda, bwigize suri ivu.

13. Bagumyabanga ba CNDD, mukomeze umugambwe wacu CNDD, muzirikana ingendo n’ihangiro vyawo.
Turafise, kandi twama twagerageje gukwiza, mu banywanyi inyigisho n’imigambi vy’umugambwe wacu CNDD. Ndasubiye gusaba nshimitse nti, Nimubikwize mu banywanyi, no mu gihugu cose. Twarasohoye ico twise “Urupapuro rw’inzira rwa CNDD 2017-2019”, rurimwo imigambi 69. Uko bizogenda kwose, badadika, bagira nte, dutegerezwa kwitunganya kugira ngo, ni yo hagera igihe amatora akaba, turabe ingene twotuma igihugu cacu, kiva mu kaga kirimwo. Twagerageje gutanga, uturorero dukeyi dukora ku mutima, w’uwo ari we wese, yaba umugumyabanga w’umugambwe wacu,; yaba rero n’uwundi munyagihugu wese, yipfuza kwiruhutsa, ati “Ashiiii!” Nimuze mwese tugire urunani rwo guharanira, no gutsimbataza ingendo ya demokarasi, izirana n’amabi twadondaguye, n’ayandi tutorangiza kudonda.

14. Mu nyuma, kandi tuboneyeho n’akaryo, ko gushimira ishirahamwe BLTP rihora rifasha, mu gutanga inyigisho ngenderwako zitandukanye, kuko inyigisho ziri mu migambi ihambaye, Umugambwe wacu ushingiyeko, twarasohoye, dufatiye ku migambi yacu ipfunyapfunyiwe, muri urwo rupapuro rw’inzira nyene, igitabu cerekeye “Indinganizo ngenderwako” mu kinyamazuru bita “Planification stratégique”.

15. Ivyo vyose, ni ibikoresho bihambaye ndabahamagariye nshimitse, guhanahana uko, bishoboka kwose, kwigishanya no, kubishira mu ngiro. Tubishize mu ngiro, twoshika ku ntumbero, igihugu na twebwe twese tukogorora, ata wandya wangura, ata mwana n’ikinono, igiturire n’ukwikunda bigatuzwa, abashizwe imbere kurongora igihugu, bakarazwa ishinga n’uguteza imbere abanyagihugu, aho kubanyaga n’ukubarirako utwo babiriye akuya.
Muri urwo rupapuro rw’inzira rero, ihangiro nyamukuru ni rya rindi: “Umugambwe wacu CNDD ufise intumbero yo gushinga imizi no kumenyekana mu gihugu cose mbere no mu makungu ; kugira uruhara ruhambaye mu nani z’imigambwe zishobora gushingwa ; kugira uruhara ruhambaye mu buzima bw’igihugu, kugira twitegurire ivyoshika vyose mu bijanye na poritike, na canecane mu biganiro vyotunganywa, no mu matora azotunganywa mu myaka iri imbere ».

16. Muri iri jambo ryo, kwipfurizanya umwaka mwiza mushasha, nagomba kandi gushimikira, ku bikorwa bijanye n’ukurondera, uburyo bwerekeye amafaranga, ibintu n’ibikoresho. Kuko ngo « Karahara mu ruganda ntibacura ». Nkaba mbere mboneyeho, n’ugushimira cane abama bitanga, na canecane kugira dushobore kuriha aho Umugambwe wacu ukorera, mu ngoro yo ku rwego rw’Igihugu, imbere yuko twiyubakira rwacu. Ngo « Gira aho uba wubahwe ». Nimusubire rero musome munyurwe n’imigambi iri ku nomero ya 27 na 28, muri rwa rupapuro rw’inzira. Ruri mu gifaransa no, mu Kirundi.

17. Umugambwe ufise abanywanyi bavyumva, uba ufise n’ubutunzi. Ntihagire abatana ikivi abandi, burya ngo « isorosoro rigwirira iyo rirora ». Nitwabikora twese , ntawe vyovuna, kandi mwobona, ivyo twipfuza tubishikako. Ibi vyiyumviro n’iyi ngendo, twaharaniye kuva kera, kandi n’ubu ntituzotezura, twobishikako, tukabitsimbataza kuko abanyagihugu benshi banyuzwe, bakaduhunda amajwi, ingendo yacu ni yayindi : Demokaras,,Agateka n’iterambere, ni vyo vyoca bishimikirwako, mu burongozi bw’igihugu. Tugasimba imanga, igihugu na demokarasi ntibibandanye, bisubira inyuma nk’ibirenge tubona. Ingendo, ya gikoroni n‘agacinyizo, ya « zana amashashi mezameza, intama n’inkoko, n’udufaranga twose mufise mu mipfuko », tubisezerere, ubutagisubira inyuma.
Ni kuri uwo mutumiro, n’umwizero nsozerereyeko iri jambo ry’ukubipfuriza, Umwaka mushasha muhire wa 2019, nti Nitugire - Amahoro, Iteka n’Iterambere - kuri bose !
Nihahangame Uburundi, Nihatsimbatare kandi hahangame umugambwe wacu CNDD.

Umukuru w’Umugambwe CNDD

Umushingamateka Leonarudo Nyangoma

Les dernières actus


Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, 1. Munkundire ntangure kubaramutsa ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINEcontact@dup-international.org communiqué de presse Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
  Après le coup d’État au Niger, la France se retrouve dans une impasse. En tant que mouvement transnational regroupant des organisations ...
En savoir plus
Prev Next