×

Avertissement

JUser::_load : impossible de charger l'utilisateur ayant l'ID 993
samedi, 13 juin 2015 13:48 Écrit par 

Ijambo Leonardo Nyangoma ashikirije abarundi ryo kwiyamiriza amatora muri ibi bihe vy'intureka mu Burundi yasomborokejwe na Petero Nkurunziza n'ubutegetsi bwiwe

Barundi Barundikazi
bavukanyi mwese.

1. Ndabaramukije . Tumaze imyaka 10 twikoreye inkono ishushe, iyo nayo si iyindi ni intwaro ya Nkuruniza n'umugambwe wiwe, intwaro yaranzwe n'ubwicanyi, intwaro yagize ubusuma ubuhizi, ubube gito n'ibindi, intwaro yashize abarundi mu bukene n'ubushomeri biteye agahinda. Harageze rero ko iyo nkono tuyitura, kandi nta nkeka turayishira hasi neza bavyemeye tukavyumvikana, baramutse banse naho, tuyiture hasi ishake imeneke. Igikenewe nyamukuru ubu n'uko hageze ko ituvako.

2. Barundi, Barundikazi, nagomba ntangurire kubashimira mwese na cane cane urwaruka rwahagurukiye rimwe rugashwara amabarabara,rukarahira rukarengwa ruti ntituzoyavamwo tutituye iyo nkono ishushe, tutiganzuye intwaro y'agahotoro, tudasohoye amasiha mu kigega ca Reta.
Kubera ikibi iyo ntwaro yakoreye abarundi, Nkurunziza yarahiye ati simvako ntagize iyindi manda ya gatatu, kandi si iyo gusa akaba agomba no kuzokwiyongera n'iyakane kuko azoca ahindura ibwirizwa shingiro, akishiriraho gutwara ubuzima bwiwe bwose. Muribuka ko avuga ngo azohava Yezu Kristu agarutse. Yezu Kristu tubandanije dushira inguvu hamwe, haraho n'ejo yogaruka.
Ko Nkurunziza we, yivugira kwari icayi ,dutegerezwa kumubaza ko ayo maraso y'abarundi ariko arasesa ari co cayi ciwe ! Ntidushobora kumukundira ko abandanya anywa amaraso y'abana b'Abarundi, nateshwa ate, kuko twamuhanuye akadutera akagere n'akagagazo kenshi.

3.Ubu Nkurunziza n'umugambwe wiwe basya batazambaye ngo bakoreshe amatora y'uruhendo Ariko nkuko muvyibonera, ibi bihe s'ivyo amatora, nta matora ashoboka igihe abarundi isinzi bariko barahungira mu bindi bihugu, abandi bakicwa canke bagakomereka bazira guharanira ukuri na demokarasi. Nta matora ashoboka kuko ntiyateguwe neza n'umurwi CENI abarundi bose biyumvamwo, akaba yateguwe na ca gikoresho c'ubutegetsi caraye kisambutse, na kare nta kindi yateguye atari kwiba amatora urukombamazi.
Irya sentare nayo yitwa ko yokubahiriza ibwirizwa shingiro isigaye ari urwego rw'umugambwe uri ku butegetsi , ntaho vyigeze ko umukinyi w'umupira akina akongera akaba umuhagarikizi w'urukino, canke umucamanza yicira urubanza rubi, ntavyo dushobora gusabirako. Nta matora ashoboka mu gihugu gisa n'ikiri mu ngwano kubera imbonerakure ibihumbi n'ibihumbi zitwaje ibigwanisho zashwaye imitumba yose mu gihugu hagati eka no mu makaritiye mu bisigara, zica , zikora iterabwoba kurabo bose banse kwinjira mu mugambwe uri ku butegetsi. Ninazo zatumye abantu barenga 150 000 bata izabo bagahungira mu bihugu bibanyi. Nta matora ashoboka, igihe umwizero hagati y'abanyagihugu utera ugabanuka, igihe indongozi zimwe z'imigambwe itari ku butegetsi zihigwa buhongo, igihe amaradio yose yavugira abanyagihugu amwe bayugaye ayandi agaturirwa. Gushora abanyagihugu mu matora ibi bihe vy'intureka mu gihugu ni kubagurisha, ni kubaroha,kandi ntavyo tuzokwemera. Muraraba neza aho hose batunganije amatora mu gihugu kirimwo uruhagarara, vyavuyemwo ingwano z'urutavanako, aho ni muri za Iraki, Libia nahandi.

4. Kubwizo mvo, abarundi benshi ntibatahura ivyatumye abantu bamwe bamwe n'imigambwe imwe imwe bajuragiza abanyagihugu mu kwiyandikisha kuzohiganira urwego rw'umukuru w'igihugu, bakemera guhiganwa na Nkurunziza kandi yarakuwe mw'ihiganwa n'amabwirizwa y'Uburundi amubuza kwitoza ubugira gatatu. Hari abanyagihugu benshi rero bibaza yuko abo bantu bemeye guhiganwa na Nkuruniza yuko hari amasezerano boba baragiraniye nawe mu mpisho tutazi, ariko bizobatekurukana, akamaramaza ni uko bamwe bahoze ari abakuru b'igihugu, abandi nabo bari bariyamirije ubusuma bwabaye muri 2010, baranayavamwo, none ubu hahindutse iki ko tubona ubusuma bwakoreshejwe muri 2010 ubu babugwije na cumi ? Igihe ntikirarenga ntawutihenda barashobora kuva ibuzimu bakaja i buntu bagasokora. Turasavye dushimitse abo bose biyandikishije kwitoza ku nzego zose, bace aho baciye bagende mu biro vya CENI indangu umurango, abakozi ba CENI babasubize dosiye zabo zose batanze igihe biyandikisha . Turateye akamo abarundi bose, ntihazogire numwe yitaba ayo matora y'ubusuma ya Nkurunziza, muramureke atambe yirorera nkuko abimenyereye.

5. Tumaze rero kubona amatora adashoboka, dutegerezwa kwiga ingene tuzoyategura tubanje gushiraho ikiringo mfatakibanza gikwiye kugira ituze rigaruke mu gihugu. Iki kiringo mfatakibanza si ico amagaburanyama nkuko ubutegetsi bukunda kubidumisha, ahubwo niyo nzira yonyene dusigaranye izogaruka icuka ciza mugihugu no kutuvana mu buja. Ico kiringo kirakenewe kuko imbere ya vyose, tuzobanza kugarukana umutekano mu gihugu, gusubiza agateka abarundi, mu gushobora kuronka ivyo banywa n'ivyo bafungura. Ivyo bizotuma dushobora gutegura amatora mu mwidegemvyo, twashizeho CENI na Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro bihurijweko n'abarundi bose. Bizotuma tuja mu matora twitonze, atawandya wa ngura, mu matora azira igitsure n'agahotoro. Mubona ubu butegetsi burasa abamanitse amaboko, butagira ikinya mu guhonyanga amasezerano y'Arusha n'ibwirizwa shingiro, ubutegetsi butumva impanuro nimwe bwodutegurira amatora nyabaki ?
Ivyo navyo bizoshoboka, kandi birashoboka igihe Nkuruniza n'ubutegetsi bwiwe bituvuyeko, bikaja iruhande. Urukiza rwacu n'ukuguma twiyamiriza ibibi vyiwe n'intwaro yiwe gushika ataye akegura, tugambararire iyo Reta y'abambuzi n'imburakimazi, gushika itembagare, twivane mu buja. Akagumye bagumako.
Dukomere ku gateka kacu n'akigihugu cacu, kandi tugume dufatanye mu nda, twirinde inyosha mbi z'amacakubiri y'amoko ubutegetsi burondera kutugarukanamwo, kanatsinda umwansi wacu si ubwoko canke intara kanaka, n'ubutegetsi bwa Nkurunziza.

Tugire amahoro, iteka n'iterambere
Igenekerezo ryo kuwa 12 Ruheshi 2015

Leonardo Nyangoma
Umukuru wa CNDD

Les dernières actus


Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, 1. Munkundire ntangure kubaramutsa ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINEcontact@dup-international.org communiqué de presse Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
  Après le coup d’État au Niger, la France se retrouve dans une impasse. En tant que mouvement transnational regroupant des organisations ...
En savoir plus
Prev Next