Muti ivyaranze iyo ntwaro ni ibihe?
Reka tubivuge mu nca make kuko uwobidonda ntiyoronka aho abikwiza, ibitabu n’ibindi vyokwuzura. Mwagiye murabikurikirana. Turetse amajambo y’ibitutsi n’ukwifatira mu gahanga abarundi n’amakungu, haravuzwe n’amajambo asa n’indoto, ngo amahoro ni rya nawe, tutibagiwe ukudusiga inkore ku maso ngo ejo ni heza, n’ibindi ... Ivyo vyo ntawutovyipfuza, ariko, nk’uko muvyibonera, haba mu vya poritike, mu vy’imibano canke mu vy’ubutunzi, igihugu cacu kigeze habi cane, kigeze aho umwansi ashaka, kiri mu manga, kuyurira bizosaba ingazi ndende cane, ariko birashoboka, nta kinanira benegihugu bacitumye, igikuru ni ishaka, na ryo ririho.
Mu vya poritike
-Ayo mahoro Reta iririmba asigaye ari umugani. Ntawohisha umwotsi inzu iriko irasha, umutekano mu Burundi uri kure nk'ukwezi, kubera uhungabanywa n'inzego zijejwe gukingira abanyagihugu zitumwe na Reta y'inyomekerano. Ubu n’iyo umutegetsi agomba kurengana, umutekano wa bose urahungabana, amabarabara akugarwa, ukamengo ni intambara iteye. Inzego z'umutekano zarasambuwe, caba igisoda, urwego rw'igiporisi canke urw'iperereza, zose zegamiye umugambwe uri ku butegetsi. Abakekwa muri izo nzego ko batemera amabi n'amahano Reta ikorera abanyagihugu na bo, baratotezwa canke bakicwa, abandi bagahunga. Noneho kuva Reta ya Nkurunziza igiye ku butegetsi mu 2005, yaciye ishinga wa murwi witwa Imbonerakure, usigaye ndetse wigenza nk'uwasubiriye izo nzego, eka na musitanteri canke buramatari, usanga ataco azivugana kuko zishigikiwe ku buryo ziri hejuru y’ubutegetsi bwose. Noneho Reta iheruka kwemeza mu mategeko yayo yuko uyo murwi w'imbonerakure ubaye urundi rwego rw'igisoda, ivyo bikaba vyakozwe n'akagagazo kenshi muri uku kwezi nyene kwa Kigarama.
-Iyi Reta irangwa kandi n’ingendo yo kudusubiza mu ntwaro y’umugambwe umwe, harimwo mbere no kutugarukana mu macakubiri y'amoko n'agatumba. Maze icuka kibi ca poritike aho kugabanuka kigaguma ciyongera, inkurikizi mbi zikaba umurengera, duhereye k’ukubura umutekano.
Ingaruka mbi zo ukubura umutekabo na zo ni nyinshi cane : Uyu mwaka nyene ugiye kurangira, abantu barenga 1000 barishwe bunyamaswa, abandi nk’abo nyene baranyuruzwa, abantu barenga 8000 bagorewe mu mabohero, abarenga 330.000 barataye izabo bahungira mu bindi bihugu na canecane mu bihugu bibanyi. Hafi abarundi barenga 10.000 barahunga ku kwezi ku kwezi, haba ku mvo z’umutekano, haba ku mvo z’ubukene bwugarije abanyagihugu n’inzara izura inzara. Ariko ntikibuza yuko Reta iguma ikora kw'itama abarundi bahunze, ngo nibatahuke. Igihugu rero cacu gisigaye kimeze nk’ inzu niniya cane y’ibohero, nta muntu agishobora kuryogora ngo yubahuke kudoma urutoke ku bitagenda neza, abigize, aricwa canke agapfungwa. Iyindi ngaruka mbi cane y'ivyo, ni uko abarundi bamwebamwe, kugira bivune umwansi nyamukuru asigaye ari Reta, baratangaje yuko bashizeho imihari y'igisoda kugira bivune intwaro igeramiye Abarundi n'Uburundi, ivyo bigatuma umutekano w'abanyagihugu uguma uhungabana, Reta ikaca ibigira urwitwazo mu gutoteza abanyagihugu canecane abagwanije ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza.
Mu vy’imigenderanire n'amakungu
-Igihugu cacu gisigaye cirebanga, gisigaye ari itukisha mu makungu, Reta yirirwa irashwana n'ibihugu vyahora bifise imigenderanire myiza n'igihugu cacu canecane ivy'i Burayi, tutibagiwe n’ibihugu bibanyi nk’Urwanda. Reta ya Nkurunziza ntaco icibanga, isigaye ihonyanga indangu umurango, ingingo zihambaye zafashwe n'amashirahamwe mpuzamakungu nk’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika UA canke Ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Imaze iminsi isomborotsa igihugu kibanyi c'Urwanda, mu ntumbero yo guhisha ingorane yo nyene yazanye mu gihugu, ishaka kuvyegeka ku Rwanda. Ubu na ho yatandukiriye igihugu ca Kongo. Mwarumvise yuko mw'iyinga riheze, Reta yarungitse ingabo hakurya ya Rusizi, itabisezeranye n'igihugu ca Kongo, none amakuru twumva ni uko abasoda b'abarundi bari kumwe n'imbonerakure bahatikiriye.
Kubera mu gihugu ata mahoro aharangwa, nta ngenzi zikigendera Uburundi, ibihugu vyinshi n'amashirahambwe mpuzamakungu vyarahagaritse imfashanyo vyahora bifashisha Uburundi, kubera butagishoboye kwishura imyenda. Abubatse amahoteri barajumarariwe, amafaranga y’agaciro atuma turonka ibidandazwa vyo hanze ubu kuyaronka ni nk’ukurondera umuzi w’ibuye. Ariko ntibibuza ko Reta yihaya ivuga ngo Uburundi burigenga, burishoboye ! Bakibagira yuko ba sokuru bayamaze bati « Inyakamwe inyaga imwe, kandi ngo « Umutwe w’umwe wifasha gusara ntiwifasha gusaba » !
Mu vy’imibano
-Mu gihugu hari ubukene butagira uko buvugwa, burangwa n'inzara izura inzara, haba ku bakozi ba Reta, haba ku bikorera utwabo tutavuze abirimizi, kubera yuko uburimyi n'ubworozi vyatitutse cane. Umuntu ararima ntiyimbura, abandi kubera inzara baca baza kwisoromera, kandi ntaho umunyagihugu yitwara kuko nta butungane bukiriho. Turamaze kwumva ko hari n'abavyeyi basigaye bata abana babo mw'ibarabara kubera batagishobora kuronka ico babagaburira. Abandi na bo bakikora mu nda nk'uko biheruka kuba muri komine Songa aho umuvyeyi yikora mu nda, akagandagura abana biwe, yicura ngo ni abasuma bariko barasoroma imirima yiwe.
Ubwo bukene bw'agakengereza, iyo mishahara y'intica ntikize iguma itituka, abarangiza amashure nta kazi baronka, abanyagihugu barenga 60 % bari mu bushomeri, ivyo vyose bigatuma abantu benshi ubu bayayuka mu mitwe, bakagira ingwara zo mu mitwe, ziterwa no kwihebura, no kutizera kazoza kabo. Abandi barata izabo bagahunga, biravugwa yuko mu ntara ya Kirundo imiryango irenga 400, imaze guhungira inzara mu bihugu bibanyi.
-Ivy’indero mu mashure nta co tukivuga, bimwe vyo kwiga ku buntu bisigaye ari umugani, abana barenga 80.000 barabuze amasomero bigiramwo kubera wa mugambi wa « Fondamantal » Reta yatanguza gihuruduka nk’uko yama yabigize.
-Ku bijanye n'amagara y'abantu, twovuga yuko ubukene ari yo ndwara ya mbere, bugatuma umuntu yandura n'izindi ndwara nyinshi. Wa mugambi wo kuvura abana ku buntu canke abagore bibungeze wari mwiza ariko kubera guta ibintu mu rudubi n’ukwikura ku bagenzi, wakwamye.
Mu vy’ubutunzi
-Ubutunzi bw-igihugu bwaratitutse cane, ikimenyamenya ni ibiciro vy'ivyankenerwa vya minsi yose biguma biduga, ikiro kimwe c'ibiharage mu mwaka umwe caduze incuro zirenga zibiri . Kirundo yari inyuma y’ibindi yahora kuri F 600, igeze kuri F 1500, umuceri ugereranye wari kuri F 1000, ubu ugeze kuri F 1500 !, Ntituvuze ibirayi, ibijumpu, amateke yabaye umuzi w’ibuye canke ibigori ikiro cahora kuri F700, ubu kigeze kuri 1500 !, n’ibindi n’ibindi… Ariko ngo « ejo ni heza » ! . Kuva aho isoko nkuru ya Bujumbura ituririwe bikaba akamizwe n’inda y’ingoma nko ku yandi mabi yose bose bazi ariko ntihagire uwuricira hasi, urudandazwa hagati mu gihugu rwarasubiye inyuma cane, ndetse abadandaza n'amasosiyete menshi akaba yarugaye, canke yarahagaritse imirimo yayo, kubera bakora batunguka, canke, abategetsi bama babambura utwo badandaje, bikunyurwa n'ikori n'amatagisi vyabaye umurengera. N’abiyungunganya bakoresheje amakinga « tagisivero », ngo nibagure amakoti y’akazi kuri F 12.000, mu nyuma ngo ni bashireko iparati ya F8000 ataho vyakabonetse kuko iparati isabwa gusa ku vyunguruza bifise imoteri. Bari mu gusaba iparati ku wugenda n’amaguru. Ariko na vyo nyene ntibiri kure kuko nk’ababa mu bisagara twumva ngo bari mu gusabwa ikarata y’ukuba mu gisagara. Aho ntihavuzwe abakozi bo mu gikoni, bategerezwa kugira ikarata y’ukuba mw’ishirahamwe ku nguvu batanze F7000 !!! Vyunyutse gusumba rya kori ry’umutwe Bagaza yari yafuse ! Umwimbu w'ikawa Uburundi bwahora bushora hanze, bukaronka n'amahera y’agaciro yo hanze, waragabanutse cane hafi ku bice 55 %. Ivyo vyose vyarunyuwe kandi no guhagarika urudandazwa hagati y'Urwanda n'Uburundi. Aho ntituvuze, ubusuma bukorwa n'abategetsi, busigaye ari ubunyonyezi. Amasosiyete ya Reta yahora asahiriza abanyagihugu nka yose barayagurishije, bimirije kugurisha isosiyete y'amazi n'umuyagankuba Regidezo na SOSUMO. Abahinga bavuga ko ibiciro vyabaye umurengera kugeza aho umunyagihugu atagishobora kuriha ibintu vya nkenerwa vya mbere mu buzima, nta munyagihugu agisubira kunywa amazi meza. Uwavuze ati tuzohava dusanga n’impwemu duhema bazigurishije ntiyarira busema !
Mu ncamake, ubutunzi bw’igihugu bwarasubiye inyuma nk’ibirenge, ubirabira kw’ifararnga ryacu n’uko ibintu bisigaye bigurwa, utumye umuntu kw’isoko, agaruka uko yagiye ugatangura kwibaza ko atoba yakwivye…
Hokorwa iki none kugira Uburundi buve mu manga burimwo ?
Naho bavuga ngo ntawuhomera iyiyonka, nticotubuza ko dusubira kwibutsa abategetsi na canecane uwurongoye Reta ihari, uko yaje kwose, na kare ngo uwutosora ifuku yamiza akatsi mu jisho.
Ica mbere coco turasubiye gusaba iyo Reta y’inyomekerano ko yohagarika ubwicanyi n’itotezwa ry’abanyagihugu batavuga rumwe na yo.
Ica kabiri, turasavye dushimitse ko iyo Reta irekura ata guhigimanga kandi mu maguru masha abo bose bapfungiwe ivyiyumviro vyabo abo ari bo bose.
Ica Gatatu, iyo Reta isabwe kwemera mu maguru masha ibiganiro n’imigambwe itavuga rumwe na yo ku bibazo vyose nkoramutima, vyaba ivy’umutekano, imibano, ubutunzi no kwubahiriza amategeko na canecane Ibwirizwa Shingiro n'Amasezerano y'i Arusha, kugira mu gihugu hagaruke ituze.Twebwe nyene Abarundi turashobora gutorera umuti ibibazo vyacu, naho umuhuza yahora abihagarikiye aheruka kwidohora mu mabanga yari yashinzwe n'akarere. Ivyo vyarashobotse no mu bindi bihugu vyagize ingorane nk'izacu.
Muti none ivyo birashoboka ?
Hari aboba bibaza yuko ivyo bishoboka, birashoboka, ariko ntacikora, vyose bituvako, kandi nta munyamahanga azobidukorera, inguvu zikwiye abarundi barazifise zo guhindura ubutegetsi. Maze Uburundi bugasubira kuramutswa amahoro na demokarasi.
Nk’uko mubizi, kuva mu myaka ya 1990, Abarundi barerekanye ko bazi gutandukanya icatsi n’ururo. Ni na co gituma baviriye hasi rimwe bakarahira bakarengwa ko batazosubira kwemera gutwarwa n’intwaro z’igikenye zigizwe n’abategetsi b’abomekerano, ikitavuzwe co ni ugusubira mu ntwaro y’umugambwe umwe.
Kuva Uburundi bubayeho, ni ubwa mbere tubona ko Abarundi bo mu bwoko bwose, mu ntara zose, mu madini yose, abakenyezi n’abagabo, abahurikiye mu mashirahamwe atandukanye, urwaruka, eka bose baja hamwe kugira bagarukire demokarasi n’agateka kabo. Izo nguvu n'ishaka bizogondoza Reta y’inyomekerano, ikava mu kibanza irimwo kuko kirayiroka. Izo nguvu ni zo zikwiye kwitunganya neza kugira, Nkurunziza n’akarwi kiwe, babishaka batabishaka, mu biganiro ntasubirizwa havemwo ukugarukana icuka ciza n’ituze mu gihugu cacu, igihugu kije ku nzira y’ukwiteza imbere nk’ibindi.
Bagumyabanga, Bagumyabuntu, Ntebutsi,
Namwe Barundi, Barundikazi mwese mukunda ingendo ya demokarasi twaharaniye kuva kera,
Ko turiko turipfurizanya umwaka mushasha muhire, ntitworandira cane kuri iyo ngendo y’intwaro yishize ku butegetsi ku nguvu. Turabe imbere, tubone kure, turabe mu nca make ivyo twokora muri uyu mwaka, mu kiringo ca hafi mbere n’ica kure kugira dusezerere intwaro nk'iyo.
Ihangiro rikuru, ni gukora ibishoboka vyose kugira Igihugu cacu gisubire kurangwa n’intwaro ya demokarasi twagwaniye kuva kera, abanyagihugu bishire bizane, baje mu migambwe no mu mashirahamwe bipfuza ata gitsure, baje ku bikorwa aho kumenyerezwa gutega amashi.
Kubw’ivyo, dusubire tugorore amaboko, ntitudebukirwe gutsimbataza umugambwe wacu, inzego zose tubandanye kuzitsimbataza ntizihungabane. Tuzokomeza rero canecane inyigisho z’uburyo bwose, ibijanye na poritike, tudasize inyuma ibijanye n’ukwiteza imbere. Tuzoshimikira twivuye inyuma ku rwaruka, rwo Burundi bw’ubu n’ubw’ejo, na kare ngo izija guhona zihera mu ruhongore.
Ikindi gihambaye, twokwibukanya, ni ugushira inguvu zacu dufise hamwe n’abandi, tukagira urunani rw’intamenwa mu guharanira kugarukana ingendo ya demokarasi n’iterambere ry’abanyagihugu bose ata mwana n’ikinono.
Barunzi, Barundikazi,
Mugusozera twosezerana ibi
Uyu mwaka mushasha wa 2017 dutanguye rero, twovuga ko naho tuwutanguye mu magume, tuwugire umwaka wo guhabuza demokarasi, umwaka wo kuzuka, gushikana abarundi ku ntsinzi ya demokarasi burundu, demokarasi ishingiye kw’isabikanywa ata wandya wangura ry’itunga ry’igihugu n’intwaro ibereye, ari na yo ituma bose bashobora kwiteza imbere, kuko n’imitima yabo iba itekanye idakebaguzwa, Reta na yo, aho guhereza uburyo mu kwikingira no gusigara ibona abanyagihugu bose nk’abansi, ikitaho kubaja imbere no kubafata mu mugongo mu migambi yabo.
Turasubiye rero gutera akamo no kurarika abarundi bose bo mu moko yose, mu ntara zose no mu mirimo yose y’igihugu na canecane urwaruka ko batosinzira umukondorazosi, na kare ngo uwutambana na mukeba ntakubita urugohe; bagarukire demokarasi n’agateka kabo, kuko iyi ntwaro iriho ubu kuva mu 2005 ifise umugambi uhambaye w’ukugota abanyagihugu kugeza aho n’uwahora ariryogora ahinduka ntirumveko, kubera iterabwoba n’ubukene butagira urugero bumwugarije. Muravyibonera namwe, ko ubu, abahabwa bakagira ijambo, ari bamwe ba “ndiyobwana”, “ntirumveko”, “ganza sabwa wewe wampaye”, “urigumira ku ngoma imyaka na mirere upfe gutabara inda yanje gusa”... Ivyo twari twarabisezereye kuri Ndadaye batagicisha mu kanwa. Ariko ingendo ya demokarasi ituma bamwe n’abandi bahinduka, bakazana ibishasha, ivyiza bakabikomeza, ibigoramye bikagororwa kuko nk’uko mubizi “Ntawitosora, umuntu atosorwa n’uwundi”, kandi nta mumarayika dufise kuri iyi si yacu!
Tukaba mbere, twatoye icivugo c’uyu mwaka dufatiye ku guhuza inguvu za bene Burundi bose, urwaruka tutarusize inyuma kuko ari rwo Burundi bw’ubu n’ejo, dusimbe imanga. Ico civugo rero ni : « Guhamagarira abanyagihugu bose kurwanya no gutsinda intwaro y’igikenye, kugira dushobore kuva mu bukene, turandurane n’imizi igiturire n’ukunyuruza amatungo y’igihugu, maze igihugu gisubire mu ngendo ya demokarasi no kugira iteka mu makungu, mu ncamake : dusimbe imanga».
Nkaba nongeye kubipfuriza umwaka mushasha wa 2017 muhire, amagara meza n’ishaka ritigera ritezura, kuko na kare ngo “Akagumye bagumako”.
Ni tugire Amahoro, Iteka n’Iterambere.
Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 30 Kigarama 2016
Ku bw’Umugambwe CNDD,
Leonarudo Nyangoma,
Umukuru w’Umugambwe.

