samedi, 24 septembre 2016 09:16 Écrit par  Léonard Nyangoma

IJAMBO LEONARUDO NYANGOMA, UMUKURU W’UMUGAMBWE CNDD, ASHIKIRIJE ABAGUMYABANGA N’ABARUNDI BOSE KW’IGENEKEREZO RYA 24 NYAKANGA 2016, KW’ISABUKURU YA 22, CNDD ISHINZWE

Version audio cliquer ici

Bagumyabanga,
Barundi, Barundikazi mwese,

Ndabaramukije amahoro, iteka n’iterambere!

Ubwa mbere na mbere nagomba kubatura mwese indamutso y’urukundo n’ukubipfuriza amahoro, iteka n’iterambere mu banyu no mu gihugu cacu. Nagomba kandi ndabasabe, kuri iyi sabukuru itwibutsa aho imyaka 22 irangiye dushinze CNDD, ariko tukayibuka mu gihe demokarasi igeramiwe cane mu gihugu cacu, tubonereho akaryo ko gusubiza agatima impembero, maze turabe iyo tuvuye, aho tugeze, n’uko dukwiye kuvyifatamwo. Kukaba nkako, nta kibababaje kingana n’ukumungwa n’indwara, hanyuma ntuyivuze, canke naho ukagera aho wihebura, uti nta kundi reka ndindire umunsi wa rwo.

Aho rero ni ho igihugu cacu kigeze. Ubukene n’inzara burugarije igihugu n’abanyagihugu, nta wukiryogora atari uwuhayagiza umugambwe wihagiye ubutegetsi, abandi bose bakaca bitwa abansi b’igihugu, mbere bakaca bakwa uburenganzira bwabo bw’ubwenegihugu, kuko utari muri uwo mugambwe ataco ufise ubaza, ikitavuzwe co ni ugusaba akazi, ariko abo nyene bihagiye ubutegetsi bakiyamira mu minsi mikuru bahuma amaso abanyagihugu ngo ntibabone akaga babasutsemwo uko kangana.
Muti none tuvuye he, dushitse he, tuja he?

Bagumyabanga mwese, Barundi Barundikazi,

1. Hari kw’igenekerezo rya 24 z’ukwezi kwa Nyakanga umwaka wa 1994, igihe Abarundi bahurikiye mu migambwe myishi, abandi ku giti cabo bakorana, bakiyungunganya bagashinga umuhari CNDD, ari wo Inama y’Igihugu Igwanira Demokarasi, kugira irongore urugamba rwo guhabuza demokarasi, yishimikije igisoda cawo FDD-Intagoheka, naho mu nyuma baciye babivangavanga, ari na ho mubona twasubiye mu ntwaro z’igisoda. Iyo demokarasi rero yari ihejeje kunigirwa mu menshi mu kugandagura umukuru w’igihugu Melikiyoro Ndadaye Abarundi benshi bari bahejeje kwitorera. Umuhari CNDD, kuva ukivuka, waciye wiyemeza kuremesha urwo rugamba rwo guhabuza demokarasi, abawugize baritanga batiziganya, n’Abarundi isinzi barawuhurumbira, imikangara y’imisore n’inkumi bawuha ubuzima bwabo ata guhigimanga, bati na kare wanka guhebera amaraso yawe igihugu, akanyobwa n’imbwa. Ntivyari vyoroshe na gato. Eka nk’uko babivuga, Ntihari aho gutuma umwana. Ivyo vyose bakabigira kugira Abarundi bashikire intahe n’ijambo, bisanzure mu migambwe no mu mashirahamwe bishakiye aho kuzigitirirwa mu mugambwe umwe, maze Uburundi buvavanure n’intwaro z’ivyaduka, ata kindi kiziraza ishinga atari kunyonora no gukandamiza abanyagihugu. Murazi ko twahavuye tugondoza abaterekwa ingendo ya demokarasi, gushika aho abahora bagwana bemera bakicarana, bakaja mu biganiro gushika aho batera ibikumu ku masezerano y’amahoro hariya i Arusha muri Tanzaniya.

Naho rero dusa n’abasubiye ku ntwaro y’umugambwe umwe,twokwemeza ata guhigimanga ko CNDD yagwanye kandi igatahukana intsinzi, abarundi bose bategerezwa guteramira kugira ngo ntigende akagirire barorera: Abarundi baragize intambwe nini mu nzira ya demokarasi no gusubira kubana neza, badakebana bapfa ubwoko canke intara bavukamwo be n’ubundi bubegito buzingamika amajambere y’igihugu n’abanyagihugu. Si agaseseshwa rumuri, uku guserura ivyiyumviro ata kurya umunwa, ata bwoba, ukwo kudakingira ikibaba abasahura itunga ry’igihugu canke kutemera gutwarwa bunyamaswa, naho biriko birasubira inyuma, ntimwibaze ngo vyarizanye. Haba namba. Ivyo Abarundi benshi barabihabiye batako baravyigura kandi n’ubu bakiriko. Ivyo ni vyo rero twaharaniye iyi myaka 22 yose iheze CNDD ishinzwe, ari naho tutokwigera twirengangiza kwibuka uyo munsi. Nta wuyobewe ko ba sesankuyoze bagerageje kenshi kudutesha urugamba rwa demokarasi, ariko twarigumyeko. Turavye aho igihugu n’ingendo ya demokarasi twaharaniye kuva kera bigeze, vyagaragaye ko abahavuye biyitirira urwo rugamba, ico baharanira yari amaronko n’ivyubahiro gusa. N’ubu rero ijambo n’umugambi vya CNDD ni vya bindi: mwame maso, ubona ko n’amaradiyo n’ibinyamakuru bitemera kuvuga amarongerano ya Reta gusa, baciye babiturira. Ariko ivyo vyarasizwe, uwihenda ni uwibaza ngo bizosubira inyuma.

Barundi, Barundikazi, namwe Bagumyabanga mwese,

2. Twarabivuze turabinoganza kandi n’ubu tukiriko: imyaka 11 Reta ya CNDD-FDD imaze ku butegetsi, hariho ibimenyetso vyinshi vyerekana ko intwaro y’igikenye n’agahotoro yasubiye gushinga imizi mu gihugu, demokarasi mwaharaniye benshi bakayigura, iriko iragenda amazimayonga. Reka mbere tubacire ku mayange bimwebimwe, tutabaye mvugirakuyamara yaciweko umugani, kugira noneho ntibabandanye babahuma amaso, babasiga inkore ku maso ngo turi mw’iteka n’itekane kandi bariko barimira ku rwiri, kuko icateye umudugararo kitatorewe umuti.
-Guhonyanga Ibwirizwa shingiro n'Amasezerano y'i Arusha kandi ari vyo mutima w'igihugu. Ivyo vyakurikiwe no kwishira ku butegetsi ku nguvu kuva muri Ndamukiza 2015.

-Gusubiriza inzego z'umutekano umurwi ubutegetsi bwahaye ibigwanisho, wiswe Imbonrakure, mbere bikaba vyigaragaza henshi ko izo mbonerakure ziri hejuru y’abategetsi nka ba musitanteri eka na ba buramatari! Kwitwaza igisoda mu gutwara, ingendo yo gutorera umuti ibibazo ku nguvu, gukoresha urwego rw’igiporisi mu gutoteza no mu gupfunga, ndetse no kwica abatiyumvira kumwe n’umugambwe uri ku butegetsi na canecane abo bose biyamirije ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza. Uburorero twofata ni abantu bahizwe bunyamaswa mu za Muyinga, Bujumbura n’ahandi, bamwe bagatabwa mu mvuto abandi bagacishwa ku buhomba, nka bamwe batabwa muri Ruvubu. Ni ivyo mwibonera namwe: muri aya mezi 15 gusa aheze, inganda zaratikiye, amaraporo ataho yegamiye avuga abaharurwa mu 500 banizwe bunyamaswa, ariko bararenga 1500 , abandi baranyurujwe hakabura irengero ryabo, abandi isinzi bavundiye mu mabohero birirwa barakubitwa, abantu baharurwa mu 300.000 barataye izabo bahungira mu bihugu bibanyi no mu vya kure ku babishoboye. Bivugwa ko Uburundi busigaye ari ibohero rinini, kuko ntawugishobora kugoborora ururimi ngo adome urutoke ku bitagenda neza, uryogoye baca bakuraha. Ntitwiriwe turagaruka ku mahano bakoreye abanyagihugu kuva bagishikiriye ubutegetsi, muribuka mwese rya rementanya bakorera abahoze bayobora igihugu ngo bagomba gutembagaza ubutegetsi, abandi tukangazwa, ubona ko na wa muhanuzi mufasha w’umukuru w’igihugu, karuhariwe mu binyoma no mu marementanya, yadutse akandika ngo na Nyangoma yari azi ivyo vyo gutembagaza ubutegetsi. Ng’uwugutuka ntagutorera koko, ivyo ntitwonabirondogorako cane! Ejo bundi naho yarinamuye ngo Nyangoma nta n’ubushobozi na bumwe agifise guhera n’i Arusha, ngo iyo Cndd-fdd itajayo nta mahoro yari gupfa yarabonetse. Akibagira ko ari twebwe nyene twatanguje ivyo biganiro i Sante Ejidiyo mu butariyano. Noneho uyo avuga ivyo atazi, ntazi n'ingene CNDD yashinzwe.
Muramubwira muti koko “uwukize isemu yibagira icamwirukana”!...
-Gufata ubutegetsi nk’uko atari itunga rya bose: mwese murabona ko ari akamaramaza. Ibuke ya ndege yahora irerura umukuru w’igihugu yagurishwa bidaciye mu matageko, ku mahera ari munsi y’igice c’ikiguzi cayo, bakishirira mu mifuko yabo imiriyaridi zirenga zitanu. Ayo mahera yari akwiye kugira Uburundi bushobore kunagura ihinguriro ry’impuzu COTEBU ryagira ryugarwe ico gihe, ni ukuvuga ko hari abakozi bashika 2000 baciye baja mw’ibarabara bari batunze imiryango yabo y’abantu barenga 10000, ubaye urareka inyungu igihugu cahora kihakura. Ikibabaje rero ni uko abo bategetsi bagize ubusuma ubuhizi bigamvye bavuga ngo iyo ndege no kuyitanga gusa bari kubigira kubera batowe; murumva ko bamaze kwishira hejuru y’amategeko bitwaje ko batowe. Ubusuma bwabaye ubuhizi, amasosiyete yose ya Reta baragurishije, ikivuko c'igihugu, … Isoko nkuru y'i Bujumbura yari nk’umutima w’igihugu baraturira. Icukurwa ry'ubutare ribera mu gipfungu. Kubera ibihugu vyahora bifasha Uburundi vyagabanuye imfashanyo biturutse kuri iyo ntwaro nyene ataco yibanga, ubukene mu gihugu bwabaye ndanse, kuronka utw’umuntu afungura na rimwe ku munsi ni Mana mpa ku banyagihugu benshi, ariko n’abagerageza kwiyungunganya bakirirwa barashwiragwizwa nk’abo bakenyezi canke abandi bantu batobato batembereza utuntu kugira baronke n’akarasiyo.
-Gufata amategeko nk’uko ata n’umwe ashobora kugendura abayafata, ivangwa ry’amatungo ya Reta n’ay’umugambwe uri ku butegetsi, akamenyero k’uwo mugambwe ko gushaka gutegeka ibigirwa mu nzego z’igihugu zose, kutitaho ivyiyumviro binegura ivyo Reta iriko irakora hamwe n’agasuzuguro ata n’isoni biyiteye.

-Ugukoresha ikinyoma n’amatangazo bitagira mvura. Imyaka Reta ya CNDD-FDD imaze ku butegetsi, ni imyaka y’ibiturire n'ubusuma bwabaye ubuhizi; ni imyaka y'ubwicanyi, ni kandi ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, harimwo ubwishime n’amanyama menshi atuma bica bagakiza ico bashaka. Ni imyaka Uburundi bwahomvye ibintu vyinshi, Ubutunzi bw’igihugu n’ingendo ya demokarasi bisubira inyuma nk’ibirenge, kugeza mbere n’aho amakungu atanguye kuduharira ivomo; ari naho abanyagihugu benshi, mbere n’abitwa ngo bari mu mugambwe uri ku butegetsi bibaza ukuntu tuzova muri ako kaga.

Barundi barundikazi, Bagumyabanga mwese, ncuti za CNDD,

3. Umwe wese muri mwebwe aho ari aribaza icokorwa kugira igihugu kive mu kaga kirimwo. Ku bw’umugambwe CNDD, twihweje ivyiyumviro vya benshi, kuko twarabumvirije turatega yompi n’Abarundi batari bake, ingingo zihutirwa kugira igihugu ntikigwe mw’isanganya ziriho kandi zirarashe:
-Hategerezwa guhagarikwa ubwicanyi bwimonogoje mu gihugu
-Kubohora abo bose bapfungiwe ivya poritike na canecane abo bose bazize ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza giteye kubiri n’Amasezerano y’i Arusha yari yatugarukaniye amahoro, n’Ibwirizwa Shingiro. Ico kiringo akaba ari co nkwezi y’akarambaraye bizotugora cane kuvamwo.
-Reta yishizeho ku nguvu ireke gukwega amaguru, maze yitabe ibiganiro ata ata guhigimanga kuko na yo nyene iraboshwe naho itagomba kuvyemera, akarorero ni uko Uwiyita Umukuru w’igihugu atakirenga irembo, mbere n’iyo agomba gufata inzira, amabarabara akugarwa, abanyagihugu bakabirukana kare babahamagarira gukoma amashi. Hategerezwa rero kuboneka ibimenyetso bihambaye vyerekana ko intwaro iri mu Burundi muri kino kiringo yikebutse kugira Uburundi busubire kuja mw'ituze. Ivyo biganiro na vyo bitegerzwa gushimikira ku bibazo nkoramutima nko gusubiramwo amategeko amwamwe mu ntumbero yo gutsimbataza demokarasi mu Burundi, ibibazo vy'ubutungane, ubutunzi, umutekano n'intwaro, gushiraho inzego mfatakibanza zitegura zigatunganya amatora, zizigiwe n'abarundi bose kubera bazibonamwo, ari na ho mbere n’impunzi zigorewe mu mahanga, mbere n’abanyeporitike n’abo bose bipfuza kw’igihugu cabo cosubira ku nzira y’amajambere, bose botahuka, igihugu kigasubira kuba nyabagendwa, abantu bakisanzura. Ivyo bikozwe, nta nkeka ko amatora azotegurwa hari ituze mu gihugu, kandi ata wandya wangura. Bitagenze uko igihugu kizoguma gitemba kija mu manga amakungu arorera.
-Abanyagihugu na cane cane abagumyabanga, mukwiye kurikanura mugahagurukira rimwe mukiyamiriza abo bose bariko baranigira mu menshi demokarasi mwagwaniye mukararira rubunda n’inzara mu nda. Ntimwibaze ngo hari Umuzungu canke abanyamahaga bandi bazobikora atari mwebwe nyene; mwoba mwibagiye ko amazi masabano atamara imvyiro.

4. Bagumyabanga, Barundi, Barundikazi;

Birababaje kubona twibuka iyi sabukuru y’imyaka 22 umuhari CNDD ushinnzwe, turi mu bihe

Ni co gituma tubateye akamo mwese aho muri kugira mugume kw’ibanga, mumere magabo mukomeze umugambwe wanyu CNDD, munagure inzego kuva hasi gushika hejuru. Turasubiriye kubararika, noneho ni umurimo mwitumo, mwanke mwankirize intwaro yubakiye ku busuma n’igikenye tutavuze ukutibanga agateka ka zina muntu kugeza aho ukwica umuntu bisigaye umengo ni ukwica akanyegeri. Iyo ntwaro ntaho itaniye n’izahahora twari twiyugumuye, mbere mu bitari bike ikanazisumvya ububisha, ntimwemere na gato ko baguma babahuma amaso bababwira ivyiyumviro vyataye igihe vy’amacakubiri ayo ari yo yose, yaba ayo agatumba basigaye bitwaza cane ubu kandi twari twarabisezereye, ay’ubwoko, bavuga ngo muragabe “intwaro y’abatutsi igira igaruke, nk’uko iy’ubu bemeza ko ari iy’abahutu. Ni akamaramaza. Kandi iyo ngendo ikamira mu coze abo bose boba bagifise agatima k’amacakubiri y’amoko n’imigambwe, hakagaruka vya vyiyumviro ngo umuhutu atwaye iki kiringo, igikurikira gitwage n’umututsi! Ntaho tuzoba twaravuye ngo turore. Ayo mamiriyaridi basahuye ntibayasahuriye ubwoko kanaka canke intara kanaka, abarundi bose bo mu ntara zose baguye ruswi, bugarijwe n’ubukene n’umutekano muke.
Mwamize ku mutima ko igihugu ari icanyu, Uburundi si ibiti, inzuzi canke amabuye ni wewe wa munyeshure, ni wewe wa murimyi, wewe mworozi canke munyakazi. Mumenye ko ata munyamahanga azoza kubigura. Uruhara rwo guharanira igihugu cacu ni twebwe vyega, kandi ngo “Uwubandwa ni we abanda urugi”.

Umugambwe CNDD rero urasubiye kwemanga indangu umurango ko utazotezura ku rugamba rwo guharanira demokarasi. Ni ngombwa dutuze amasiha asohoke mu kigega ca Reta, ni ngombwa ubutegetsi bw’igikenye cishimikije umugambwe umwe ntibusubire kwiganza mu Burundi.

Turasavye rero mwese abagumyabanga mube imboneza muri urwo rugamba. Turasavye Abarundi bose, abanyamahanga bakunda Uburundi bahagurukire rimwe twanke ko Uburundi buguma butemba buja mu manga tubona. Atari aho imigambi twiyemeje muzi yoteza imbere igihugu ntizoja mu ngiro. Tukaba dukeneye ko igihugu gisubira mw’ituze kugira dusubire tuyinoganze, tuyigishe, abarundi basubire ku ntambwe y’ugushobora gutora koko umugambwe ufise imigambi yabanyuze.

5. Bagumyabanga namwe Barundi mwese mukunda iviyumviro dukunda gushikiriza, mu kurangiza, nagomba nshimire abagumyabanga bose kuko muri ibi bihe mwagumije ibanga, mwaririnze icoza kibavangura, turazi ko babagerageje kugira mute umurongo ariko mukabankira, murariryumako; na kare, ngo “Uheza kugoka ibigori bikera”. Bitebe bitebuke, turogorora, na kare nta mvura idahita.
Mboneyeho ndetse n’akaryo ko kubasaba ngo mukomeze ubumwe hagati yanyu, mushwabura n’abandi benshi bicuza kubona barakurikiye uwo mugambwe uri ku butegetsi bakaba bamaze kwicuza babonye iyo uriko urajana igihugu. Abo na bo ni benshi, bashaka ko twosubira kwunga urunani , tutavuze abandi bo hirya no hino bagomba kudufasha gukomeza urugamba CNDD yishinze kuva ikivuka, ku wa 24 Nyakanga 1994.
Tubasavye rero ko mwokwama mushira imbere imigambi y’iterambere muri demokarasi, abarundi basubire kwiruhutsa, intsinzi ya demokarasi twari tumaze gushikako ntisubire inyuma nk’ibirenge turorera.

Ni harambe umugambwe CNDD, abagumyabanga, Abarundi n’Abarundikazi bakunda demokarasi n’Uburundi.
Ni harambe Uburundi buharanira agateka n’ukugira ijambo mu makungu, bwinganzure abagomba kubuhagarara ku gakanu iyo boturuka hose!
Nti Ni mugire Amahoro, Iteka n’Iterambere, n’ukwibuka iyo sabukuru mushira imbere gutera imbere nk’umuzinga mu nzira ya Demokarasi twaharaniye kuva kera!

Kubwo Umugambwe CNDD,

Leonarudo NYANGOMA,

Umukuru w’umugambwe

Les dernières actus


Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, 1. Munkundire ntangure kubaramutsa ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINEcontact@dup-international.org communiqué de presse Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
  Après le coup d’État au Niger, la France se retrouve dans une impasse. En tant que mouvement transnational regroupant des organisations ...
En savoir plus
Prev Next