mercredi, 01 mai 2019 20:23 Écrit par  Leonardo Nyangoma

Ijambo rishikirijwe na Leonardo Nyangoma, umukuru w’umugambwe CNDD, ku munsi mpuzamakungu wahariwe akazi n'abakozi kw’isi.

    Barundi
    Barundikazi
    Banyakazi ,
    Namwe mutagira akazi,

    Ndabaramukije amahoro, iteka n’iterambere !
    Munkundire dusubire twibukanye gatoya, ibituma umusi mpuzamakungu wahariwe akazi n’abakozi kw’isi, wama wahimbajwe itariki ya mbere Rusama.

    1. Uyu musi si umusi mukuru usanzwe, ni umusi w'ukwibuka abantu, abanyakazi benshi batakaje ubuzima bwabo, bariko baragwanya agacinyizo, bakorerwa n'abakoresha babo, baba abantu ku giti cabo, canke Reta. Ako gacinyizo kari gahagaze canecane, ku masaha y'umurengera abanyakazi bakora ku musi, henshi yararenga 16 ; abakozi bagahembwa intica ntikiza, abakenyezi bakora ijoro n'umutaga, n'abana b'imicuko barimwo. Akaja nk’ako, ko gufata nabi abakozi, ari bo banyagihugu, ntikari i Buraya canke Amerika gusa, kari no mu bihugu vyari mu ntwaro za gikoroni.

    2. Imbere y’intwaro za gikoroni, Abanyafirika benshi baragizwe abaja, abakoroni babatwara ku nguvu kuja kubarimira, no gucukura ubutare muri Amerika. Muri abo, benshi cane, imiriyoni n’imiriyoni barahasize agatwe. Ivyo ni vyo vyatungishije, ibihugu vy’i Buraya na Amerika. Ariko n’ubu, ibikorwa bigayitse nk’ivyo biracabandanya, mu bihugu vyinshi canecane muri Afirika, bihagarikiwe na ya masosiyete mpuzamakungu, bita « multinationales ». Ngira muramaze kwumva amahano akorerwa abakenyezi, canke abana, mu bikorwa vyo gucukura ubutare nk’aho, hakurya mu gihugu ca Kongo… Amahera umurengera avuye muri ubwo butare, igice kinini gitwarwa n’ayo masosiyete mpuzamakungu, ayasigaye aherera mu mipfuko y’akagwi k’abantu bari ku rushi. Deniza Nkurunziza yabise « abarundarundanya amatungo ». Maze bakayanyegeza, mu mabanki yo hanze, ayandi bakayimbira mu mazu yabo, kurya muheruka kuvyumva muri Sudani, aho basanze mu nyubakwa y’uwahoze ari umukuru w’igihugu, imiriyoni 130 z’amadolari y’amanyamerika. Ayandi ni, ivyo bizu vy’amagorofa mubona hirya no hino mu bisagara, canke ku mpinga z’imisozi, na Reta ari Reta idashobora kwiyubakira ! Uko ni ko barya imitsi abakozi, bakanunuza igihugu cotunze abanyagihugu baco bose, kurya kw’inyondwi canke uruguhe rununuza amaraso y’inka.

    3. Ku wa mbere Rusama 1886, ni ho abakozi biha amabarabara, kugira bagaragaze akababaro kabo, hariya i Chicago, mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ico gihe, Reta yabashuhuriyeko abaporisi, maze birara mu banyagihugu, abantu benshi barahasiga agatwe. Uyu musi rero, ni umusi mu bihugu vyinshi, abakozi bigina intsinzi bashitseko, mu kworoherezwa mu buzima bwabo nko: kuduza imishahara, kuvurwa ku buntu, kugabanura amasaha y'umurengera ku kazi, kubunguruza bagiye ku kazi, kugabanura ikori ku bakozi batobato, gufuta ubugererwa, gufata mu mugongo abarimyi n'aborozi, mu kugabanura ibiciro vy'ibikoreshwa mu ndimo nko kubaronsa amase, kubigisha ubuhinga bwo kurima, no kworora kijambere, tutibagiye kubaronsa imbuto zirobanuye, gukwiza umuyagankuba n'amazi meza ku banyagihugu, kwigisha abana ku buntu gushika iyo biyumva, kugwanya ubushomeri n'ibindi. Abakozi n’abanyakazi, ni bo bagiye imbere y’abandi banyagihugu, mu guharanira ukwikukira kw’ibihugu vy’Afrika

    .

    4. Ivyo rero ni vyo abakozi bigina, kandi bashaka kugabisha abo bose bampemayuzuye, bashaka kugumiza abanyagihugu mu buja, na bo bujuje inda zabo, abandi bipfumbereje. Ngo Uwutambana na mukeba, ntakubita urugohe. Uyu musi rero, si umusi wo gutambira abategetsi, ni umusi nyabuna wo kwibutsa, yuko ibibi abategetsi bariko baradukorera, badateshejwe ngo bate, bazoruhira kuvyishura. Kwibutsa kandi ko, no mu bindi bihugu abacinyiza abanyagihugu, batsinzwe n'abo banyagihugu nyene, bafatanye mu nda, kuko burya ngo Inyakamwe inyaga imwe. Abanyagihugu bagiye hamwe, inguvu zabo ntizikangwa ibikoho canke za burende.

    5. Ng’aha iwacu, muri kahise, na canecane ku ntwaro za Gikoroni, agacinyizo k'abanyagihu, mu kubakoresha babahemba intica ntikize karigeze. ikiro c'ibiterwa njabukamazi nk'ikawa, ipampa, icayi, n’ibindi bakabigura intica ntikize. Ku ntwaro z'icami, abanyagihugu nka, bose batobato bari abagererwa, umwanya munini baba bariko bakorera ba sebuja, canke abarongozi babo, bagahembwa ingero idashobora no kumara umwana inzara. Ariko akamaramaza, ni ivyo turiko turabona iki gihe vyitwa ngo, turi mu ntwaro za demokarasi, zategerezwa kurangwa n'isabikanywa ry'itunga ry'igihugu, ata wandya wangura. Ni na co gituma rero, uyu musi wahariwe akazi n'abakozi, ari isango rihambaye cane. Si umusi rero wo, kwiyereka no kuvyinira canke gutambira abategetsi babombotse inda ngaha iwacu, mbere n'ahandi henshi, ni isango ryo kwibutsa akababaro, amagorwa abakozi bo mu Burundi bagowe, benshi ndetse bakaba ari abashomeri, mu ntumbero yo kubakebura no kubagabisha, kuko abo babombotse inda, ni bo nkomoko y'ayo mahano turimwo.

    6. Uyu musi rero uhuriranye n’uko abarundi benshi muri rusangi, na canecane abakozi, tutavuze abashomeri, abirimizi, bugarijwe n'ubukene butagira izina, bitewe n'abategetsi bazingamitse ubutunzi bw'igihugu, mu busuma, bwabaye ubunyonyezi, mu kwizibirira nk'ifuku, kandi ata gihugu na kimwe gishobora kuvuga ngo kirikwije. Aba kera ni bo bayamaze bati Intabarirwa ibarirwa n’uko amaso atukuye.

    7. Uyu musi mukuru w’abakozi ushitse kandi, mu gihe hari impunzi zababa ibihumbi amajana atanu, zikwiragiye kw'isi yose na canecane, ngaha mu karere Uburundi burimwo. Izo mpunzi, zari zisanzwe na zo nyene, ari abakozi imbere yuko bangazwa, n’ubutegetsi bubi buhari ubu.

    8. Vyongeye, uyu musi ushitse abanyakazi, canecane ba Reta, basigaye bahembwa intica ntikize kubera imishahara yatitutse, mbere na ka gashirukabute ko ku mwaka ku mwaka bita « annales », kakaba karahagaritswe ku gahotoro. Ibiciro vy'ibintu, vya nkenerwa, kugira ngo umuntu abeho, yongere agire amagara meza, nk'imfungurwa, imiti, uburaro, kwiyunguruza... vyarabaye umurengera. Ehe raba mu mwaka umwe gusa, nk’igiciro c'umuceri, ibiharage, ubududu n’ibindi caduze muri rusangi, incuro zibiri canke zirenga. Nk’ikiro c’ubududu, ibiharage, usanga caduze incuro nka zibiri! Ariko Nkurunziza akirirwa arihayagiza ngo, ejo ni heza, ngo n’aho amakungu, atodufasha, twebwe turishoboye. Ntagire n’akagongwe ko, kwaka ku kwezi ku kwezi F2000 umutagisivero, canke kumutegeka kugura iparati ya F8000, ata na hamwe iparati itegekanijwe, gushirwa kw’ikinga. N’ibindi n’ibindi, tutarinze kudonda. Amatagisi yarabaye umurengera, bikaba vyunyuwe n’ugutoza abanyagihugu ku nguvu, ico bise intererano y’amatora kugeza naho, bayatoza abanyeshure ! Agashahara abakozi ba Reta baronka, ntigashobora n’ukuriha inzu baba bapanze, ku buryo benshi babayeho ku Mana, kumwe nyene bavuga ngo, ntawumenye igitunga inyongori.

    9. Ako karenganyo abakozi, bagirirwa ng’aha mu Burundi, kunyuwe n’uko, ubutegetsi buhari ubu, butanga ubuzi kuri nkunzi, ata bibazo bibanje gukorwa, kugira akazi karangurwe, n'abagashoboye, mbere n’iyo nkunzi ikaba itegerezwa kuba, iri mu mugambwe uri ku butegetsi, aho umuntu atakimenya, gutandukanya ivya Reta, n’ivy’uwo mugambwe nyene, wigize akagaramaruganda mu Burundi. Ubu hoho, vyunyuwe n’ibi vyo gutatanya imiryango bivuye, kuri ibi vyo kwimurira ihutihuti umurwa mukuru w’igihugu i Gitega.

    Barundi, Barundikazi, Banyakazi mwese,

    10. Kuva aho Petero Nkurunziza, yihagiye ubutegetsi, nta mukozi n’umwe acubahuka kuryogora, kubera yuko amasendika abushitse, yahora yubahuka kuvugira abakozi, yose barayasambuye maze abari bayarongoye benshi, abatahasize ubuzima, barahunze. Reta ica yishiriraho, amasendika ya seniryo. Ntawugikura ururimi mu kanwa, ahandi hoho yohasiga agatwe. Ikitavuzwe coco, ni kuja mw'ibarabara, kugaragaza akababaro. Mwarabonye, igihe abanyagihugu isinzi, biha amabarabara mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, ingene bafashwe bunyamaswa, bariko biyamiriza manda ya gatatu ya Nkurunziza, ata kindi igamije, atari gucinyiza abarundi n'abarundikazi, manda yo guhishira ibibi, ubusuma n’ubwicanyi. Ivyo Reta ya Nkurunziza, iriko irakorera abarundi, na canecane abakozi n'abashomeri, bitebe bitebuke azobibazwa.

    11. Uyu musi rero wa mbere Rusama 2019, ni ukwibuka intwari z'abarundi, canecane mu rwaruka n'abakenyezi bahasize agatwe n'ubu bakiriko, ata kindi bazira, atari ugaharanira ineza y'abarundi n’agateka kabo. Kwibutsa abategetsi kandi, yuko intwari n'ubu zagwiriranye, zitazotezura Reta y'igikeneye, itatuvuye ku mutwe.

    12. Kuva aho akagwi ka Nkurunziza kihagiye ubutegetsi, abanyeshure, ari bo bakozi b’ejo, barahaboneye amakuba, kubera iyo ntwaro, isanzwe izirana n'abakozi b'inkerebutsi,kandi b'incabwenge. Reta, aho kwongereza agafashanyo kahora gahabwa abanyeshure, bo muri za kaminuza yaragafuse, muzi namwe ingene igihugu cacu gikenye, abakozi benshi b'incabwenge, canke b'abahinga. Mu bihugu bitari bike kw'isi, abana b'igihugu biga ku buntu, kuva mu ya zero, gushika barangize kaminuza. Reta yose yisoneye, umugambi ishira imbere, ni kiremwa muntu, na canecane kwigisha abana bose b'igihugu. Ivyo ni vyo, bituma demokarasi itsimbatara, n'isabikanywa ry'ubutunzi rishoboka.

    13. Tubivuge tubisubire, iyo Reta y'icaduka yarananiwe no gukingira, abakozi bakorera amasosiyete yigenga, ahonyanga uko ashatse, amategeko agenga akazi, abatari bake, bafise amatati n’abakoresha babo, ntibakironka aho bitura.

    14. Umugambwe CNDD, urahagaritswe umutima, n’ukuntu Reta iguma iduza ibiciro, ku musi ku musi. Isukari, igitoro, inyobwa n'imfungurwa, biguma biduga, ku musi ku musi, maze abakozi bakabura uko batunga imiryango yabo. Ni isoni kubona ibiharuro vyerekana ko, mu kwezi kumwe gusa, ivyo kurya bishobora kuduga, ku bice birenga 20%. Kuvuga ngo, ubu mu Burundi ni amahoro, ni nyabagendwa, ni nk’ukugereranya umutekano wo, mw’itongo ry’abapfuye, ngo ni sawa nta gakacira… Abanyagihugu bapfiriye hejuru, ata n’uwucubahuka kuryogora !

    Banyakazi namwe bashomeri mwese, Barundi, Barundikazi,

    15. Umugambwe wacu CNDD, uratewe amakenga, n’inyifato y’ubutegetsi bwa Nkurunziza, bubandanya gusambura amashirahamwe y’abakozi, ari na yo yobafashije, gushikiriza ivyiyumviro. Ico kikaba ari kimwe, mu biranga intwaro z’igitugu mw’isi. Amashirahamwe ahari, usanga ata nguvu afise zo, kuvugira abakozi, kubera abakuru bayo, baca bashaka kwumvira uwo mugambwe, gusumba ababatumye.

    16. Umugamwe CNDD, urateye ivyatsi imigambi yose igayitse ya Reta ya Nkurunziza, yo gutoteza abakozi, harimwo n’abadandaza, basanzwe ari abakozi binjiriza Reta, amafaranga menshi. Abadandaza batari bake, kuva mu mwaka wa 2010, barayanyaze bahungira mu bihugu vya Zambia, Malawi, Mozambike na Afrika y’epfo. Vyarunyutse kuva aho isoko nkuru ya Bujumbura ituririwe kandi, n’aho ata matohoza yagizwe, benshi bagira bati « Ntawuyoberwa uwamwiciye » !...Bitebe bitebuke azoja ahagaragara.

    17. Izo ngorane harimo n’ubushomeri n’ubukene bwarenze igipimo, zunyuwe n’igurishwa ridatomoye, ry’amasosiyete ya Reta. Ayo masosiyete kandi, mumenye ko ari ayanyu. Ni mwebwe nyene mwasohoye imitahe yo, kuyashinga mu makori mutanga. None ayo masosiyete nka yose barayagurishije, bayagurisha intica ntikize babanje kuyanyonyeza, akagurishwa ari no mu guhenuka nka za Onatel, Regideso n’izindi ubu zigeze ahamanuka. Izo bamaze gucisha ku wepfo rero ni : COTEBU, ONAPHA, amabanke menshi, OCIBU… Amatwi adusumira na za SOSUMO, ONATEL, OTB bagiye kuzigurisha ; Regideso na yo, nk’uko twamaze kubivuga irageramiwe cane. Muraraba neza, n’impwemu muhema bazozigurisha. Ikitavuzwe coco, ni uko ubutare n’agataka bamaze kubigurisha ku masosiyete mpuzamakungu. Amakoperative yari atunze abanyagihugu bacukura ubutare barayigaruriye hariya mu Cibitoke n’i Muyinga,

    Muti none hakorwe iki ?

    Uburundi ni agahugu gatoya, ariko gafise itunga ryinshi : itunga rya mbere ni abanyagihugu bakunda ibikorwa cane, ngira muri Afrika nzima, baza kw’isonga. Uburundi bufise itunga kama ryinshi cane, imvura ikwiye, amazi meza y’umusarara n’isi imera, ubutare bwinshi cane kandi butandukanye n’ibindi. Iryo tunga rirasesagurwa, irindi rigaherera mu mipfuko, y’akagwi k’abantu bari ku rushi, biziziye ubutegetsi. Bamwe Deniza Nkurunziza yita « Abarundarundanya », kandi murundikazi avuga abo azi neza ! Hamwe bogarukana amahera n’ubutunzi bamaze gusahura igihugu, nta nkeka, ingorane nyishi mu gihugu zogabanuka, n’imishahara ikongerezwa, abana bakiga ku buntu koko, kandi baronka ivya ngombwa, bakavugwa ku buntu koko. Kuko aho bigeze ubu, ababishoboye, nabo bakaba bari ku rushi, kugira bavugwe neza baja, canke babanza kuja ku Muganga yikorera utwiwe. Mwarigeze kwumva yuko umugabo wa Deniza Nkurunziza, ari we Rundarunda wa mbere, yanyegeje muri Panama imiriyoni 465 z’ama Ero, ayo rero ni ayamenyekanye. Ayataramenyekana asumba ayo incuro gatanu.

    1. Harageze rero, nimba hatariko hararengerana, ko abarundi bose bahagurukira rimwe, bagasezera intwaro z’agacinyizo nk’uko babigize mu 1993, maze dushinge intwaro yitayeho mwebwe abakozi, intwaro ibitaho atari iyo kubasambura n’ukubanyonyeza. Muti gute ?

    2. Korakoraneko mushigikire umugambwe CNDD wamye uharanira ineza y’abakozi, kandi wiyemeje imigambi nk’iyi ikurikira yo gushayura Uburundi: Kugwanya no gutsinda inzara, ibiturire, ubukene, ubushomeri, mu myaka itanu ukazosanga igihugu kimaze kuhagarara neza, gifise n’ijunja mu makungu; Kugabanura canke gufuta amakori amwamwe arya imitsi abanyagihugu canecane batobato; Gushinga no kugwiza amahinguriro atanga akazi ; Kugira poritike y’amasoko ntanganguvu izotanga ku bice 50% vy’abanyagihugu amazi meza n’umuyagankuba mu myaka 5 ; Kurangura umugambi w’ukwigisha bose gusoma n’ukwandika mu myaka itanu hanyuma tugarukire indero mu mashure kugira ngo ahinduke koko igikoresho kijana kw’iterambere ; Kugira poritike yerekeye amagara y’abantu itanga uburenganzira ku bantu bose bwo kwivuza uko bibereye; Kworohereza abakenyezi mu bikorwa vya misi yose; Kugira poritike y’uburaro ku buryo umurundi wese aronka uburaro bwiza ku giciro kibayabaye ; Gusezerera ukudahana n’ugusubiza ubwigenge ubutungane; Gusubiza agateka n’ijambo imigambwe, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike na canecane amasendika y’abakozi, abarimyi n’aborozi n’abanyamyuga n’ayagwanya ibiturire, maze igiturire gisigare ari indahiro mu Burundi; Kunonosora no gutorera inyishu ibibazo vy’amatongo no gutunganya neza umugambi w’ibigwati ; Kugarukana ubutagisubira inyuma amahoro n’umutekano mu mihingo yose y’igihugu no gufuta imigwi yitwaje ibigwanisho; Gutorera inyishu ibereye kandi irama ingorane z’impunzi, abahunguka, abateshejwe izabo n’abasinzikajwe n’ivyago; Guhiga no kugarukana mu kigega ca Reta itunga ryanyurujwe n’abategetsi; Kugarukira Amasezerano y’i Arusha n’Ibwirizwa Shingiro riyakomokako; Gusubiza umutamana Uburundi n’ishusho nziza mu makungu ; Kunagura akaranga k’abarundi n’Uburundi n’imico kama, Kwunga urunani n’ibihugu vyo muri Afrika bishaka kwubaka Reta zunze ubumwe bw’Afrika zubahiriza abakozi n’akazi. Iyo migambi ntizoja mu ngiro mu gihe tutavavanuye n’intwaro yiziziwe na bampemayuzuye, bamenyereye kurya n’ukurundarunda ivyo batabiriye akuya. Shigikira rero CNDD, ifise abanywanyi n’imboneza zizirana n’akagaye n’akarenganyo, mbere tukaba twiteze cane kugira inani n’amashirahamwe n’imigambwe yanyuzwe, koko n’ingendo yo gukorera n’ukuzamura abanyagihugu bose twese hamwe n’igihugu cacu, tukagira amahoro yuzuye, Iteka n’Iterambere nk’uko ari indamukanyo yacu.

    Mu kurangiza, nagira nsubire kubipfuriza umusi mukuru mwiza. Uwo musi uhambaye ku bakozi, ubabere akandi karyo keza ko, kurimbura aho agateka kanyu kageze, kugira ntitureke ngo intambwe ya demokarasi twaharaniye kuva kera, ari yo yubahiriza akazi n’abakozi, ngo igende isubira inyuma nk’ibirenge. Ngo Icerekwa ni ikibona, ikibarirwa na co ni icumva. Gomba ufatire gusa kuri ivyo vyibutso, vy’Umugambwe wihagiye ubutegetsi usanga aho ari ho hose : ku masoko, ku bitaro, ku masangazira yose… Ni ikimenyetso kitabesha ko, abo bategetsi barazwa ishinga n’ukudusubiza mu ntwaro y’umukazo, y’umugambwe umwe twagwanije, benshi cane bakahasiga ubuzima. Rero, Umugani w’incungu ya Demokarasi, Nyakwigendera Melikiyoro Ndadaye ati « Nabagwanya Demokarasi barayikeneye », Abo bita aba DD na bo nyene, basa n’abagoswe, ntibaherezeyo umutwe, twese hamwe haguruka duhabuze ico twagwaniye, na canecane kuva Ndadaye agandaguwe !

    Nti Nitugire amahoro, iteka n’iterambere !

    Umukuru w’Umugambwe CNDD,

    Leonarudo NYANGOMA.

    Les dernières actus

    
    Déclarations
    Barundi ,Barundikazi,Bagumyabanga ba CNDD, Ntanguye kubaramutsa Amahoro, Iteka n’Iterambere, ndabipfuriza n’umusi mukuru mwiza ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    La participation des femmes burundaises  aux différentes institutions publiques connaît une très grande disparité des femmes par rapport aux ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Après avoir mené une campagne phénoménale et sociale, le Parti du Travail de Belgique (PTB) confirme sa progression partout dans le pays, avec ...
    En savoir plus
    Déclarations
    A. Les faits. 1. En date du 15 mai 2019, la justice burundaise inféodée à l’oligarchie au pouvoir à Bujumbura a annoncé la saisie des ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    Barundi, BarundikaziWorkers and you who are joblessI greet you peace, dignity and prosperity!Let us please remind ourselves of why there has been a ...
    En savoir plus
    Prev Next