lundi, 25 septembre 2017 20:33 Écrit par  CNDD

IJAMBO UMUKURU W’UMUGAMBWE CNDD, L. NYANGOMA, ASHIKIRIJE ABAGUMYABANGA N’ABARUNDI BOSE KUWA 24 NYAKANGA 2017, ISABUKURU IGIRA 23 Ya CNDD

    Bagumyabanga, Bagumyabuntu namwe Ntebutsi za CNDD
    Barundi, Barundikazi,

    Ndabaramukije amahoro, iteka n’iterambere.

    1. Umuhari CNDD, n’ishami ryawo rya gisirikare FDD, twawushinze kw’igenekerezo rya 24 Nyakanga 1994.
    Ico gihe, hari haheze hafi umwaka umwe, umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior abanyagihugu bari bitoreye agandaguwe. Ko rero, turamutse duhimbaza isabukuru, igira 23 Umuhari CNDD ushinzwe, nagomba mbanze mwese kubatura, indamutso yuzuye urukundo, nongera ndabamenyesha ko nkomeye, kandi ko, umutima n'urukundo mfitiye igihugu cacu na mwebwe nyene, bitahindutse n’intete.

    2. Twabonye isi n’ijuru bifatanye, abanyagihugu babuze ayo bacira n’ayo bamira, Umukuru w'Igihugu bari bitoreye agandagurirwa bunyamaswa, mw'ikambi y'igisirikare comukingiye. Ni ho rero, twebwe twari twaragendanye na Ndadaye, tukaba twari tunajejwe kwigisha umugambwe, baca badusaba ko, twoja imbere abanyagihugu kugira, tugarurire igihugu mu nzira y’amahoro na demokarasi.

    Nta yindi nzira yari isigaye, twaciye twiyungunganya hamwe n'abandi, bari banyuzwe n'inzira ya demokarasi, turashinga uwo muhari CNDD, n'ishami ryawo ry'igisirikare FDD-Intagoheka, kuko n’abakera bayamaze bati, « Karahara mu ruganda ntibacura », kandi ngo, « Ivyanse mu maguru ushira mu mashi ».
    Twararonse imisore n’inkumi, turatangura urugamba. Ntivyari vyoroshe namba, mbere hakaba n’abagiye baratwiyonkorako, bakurikiza iyo nzira nyene twariko turagwanya, yuko igisirikare kitokwivanga mu vya poritike, ari bo b’abo mubona bihagiye ubutegetsi, bakabumatararako, babanje guhonyanga Ibwirizwa Shingiro n'Amasezerano y'amahoro y'i Arusha, kandi ari yo yatumye n’iyo ntambara ihagarara, bakaboneraho gushika ku butegetsi. Ni ho bayamaze bati, uwukize isemu yibagira icarimuteye !

    3. Intumbero yacu rero, kwari uguhagarika ubwicanyi, kugarukana amahoro, no kugarukana demokarasi Abarundi bari bitoreye mu Burundi. Twararemesheje urugamba, kugeza aho igisirikare ca Reta twanyinyurana, catevye kikagondozwa kikabona ko, ata yindi nzira atari ukwicara hamwe, tukaganira ingene ibintu vyosubira mu buryo. Harabaye rero ibiganiro i Roma mu Butariyano, kuva mu 1995 gushika mu 1997, ari vyo vyatumye, haba birya vyabereye i Arusha muri Tanzaniya, maze turashika ku Masezerano y'amahoro yitiriwe ay’i Arusha nyene, hakaba hari kw'igenekerezo rya 28 Myandagaro 2000.

    4. Kuri iyi sabukuru igira 23, hashinzwe umuhari CNDD n’ishami ryawo rya gisirikire FDD-Intagoheka, ni n’akaryo rero ko, gutereza amaso inyuma, tukaraba iyo twavuye, aho tugeze n’iyo tuja. Mbe irya ntumbero y’urugamba rwo guhabuza demokarasi, muzi ishingiye ku kwubahiriza agateka ka muntu, kureka abanyagihugu bakidegemvya, mu migambwe myishi ata gahato, ata mwana n’ikinono ku vy’igihugu vyose, kubisikanya ku butegetsi mu biringo vyashinzwe biciye mu matora agirwa ata gitsure, ku mugaragaro kandi mu mwidegemvyo, umuntu aravye aho tugeze ntimubona ko biteye agahinda !

    5. Aba kera bari barayamaze bati, « Igiti ntikigukora mu jisho kabiri ». Ariko birababaje ko, kwa gukumira abandi, kwa kwigungirako ubutegetsi, kwa gutoteza, kwa kutemera ivyiyumviro vy’abandi mu migambwe myinshi, mu nca make ya ngendo ya demokarasi abarundi bitorera, igashimangirwa n’amasezerano y’i Arusha, igeze ahanyerera, mbere ubu uwutari mu mugambwe wihagiye ubutegetsi, akaba afatwa kandi yitwa ku mugaragaro ngo ni « umwansi w’igihugu ». None ga bagomba abarundi bemere gusubira ku ntwaro y’umugambwe umwe ko, tubona n’ibibanza vyose bigenewe bose, haba ku mabarabara, ku masoko, ku mashure, hose bahakikuje uturimbi, mbere bikaba ari ibirimbi vy’umugambwe wihagiye ubutegetsi ! Ba sokuru barayamaze bati, « Akataretse kaba gasema », ariko kandi ngo, « ibigiye inama bigira Imana », nimba abihagiye ubutegetsi batabibona, bariko baratujana mu nkomane, aho bizotugora cane kuvayo.

    6. Nimurabe namwe ingene ubu igihugu cacu, gisigaye ari agatinyashengero, dusigaye twizibirako nk’ifuku, abategetsi bahenda abanyagihugu ngo turikwije, kandi aho ibihe bigeze, ata nyamwigendako agishobora kuba kuri iyi si !

    7. Birababaje rero, kubona duhimbaza iyi sabukuru igira 23 hashinzwe Umuhari CNDD n’ishami ryawo rya gisirikare FDD-Intagoheka, ibintu bisa n’uko urwo rugamba, ntaco rwigishije bamwe twavuga, baciye basukiranya ibintu, bikaba uruvangi, igisikare kikavanga n’ivya poritike, ari naho mbere mutotangazwa n’uko mubona rwa rwaruka rw’Imbonerakure, ubu rwamaze kurengera n’ubutegetsi, mu mvugo no mu ngiro, rukabandanya amatwara yo gusubirira ubutungane, n’inzego z’ukwivuna abansi hamwe n’iz’umutekano. Ivyo rero ni ugutakaza bimwe bikomeye, intumbero y’urugamba rwa CNDD.

    8. Umugambwe wacu CNDD rero, wemerewe gukora ku mugaragaro kw'igenekerezo rya 23 Nzero 2005, hasigaye amezi ane gusa ngo, amatora abe. Aho rero twari tumaze ikiringo c’imyaka ibiri yose, dusavye kwemererwa. Mu vyo amategeko avuga, nta mugambwe usaba kwemererwa, ngo harenge amezi abiri ubutegetsi butarawurekurira, ngo ukore ku mugaragaro. CNDD rero bawuhotoye kubera ko, bawutinya. Abaje mu nyuma bafise amazina y’urusobangane, arimwo izina CNDD nk’uko twabivuze, bakaba ari na bamwe bari batwiyonkoyeko, baremerewe imbere ya CNDD kandi bari bazi ko, ivyo bitabaho mu mategeko agenga imigambwe. N'aho rero twaronse umwanya muto, twarirutse hirya no hino mu gihugu, kugira ngo turemeshe inzego, zihurikiyemwo abagumyabanga. Twaremeye, mbere turaja no mu matora yo muri Rusama 2005. Muri iryo higanwa, twarashoboye gutahukana, ikibanza ca kane ku migambwe 35 yari yagiye mu mahiganwa, turashobora kuja mu Nama Nshingamateka no mu Nama Nkenguzamateka. Ivyo rero vyarerekanye ko, CNDD ikomeye, canecane ko abatugiye imbere bakoresheje, iterabwoba n’uburyo bwa Reta mu kwiyamamaza. Ubusuma bwarabayemwo tutibagiye kugura imitima y'abantu. Twaremeye ivyavuyemwo, mu ntumbero yo kunywanisha abarundi, no kugarukana amahoro n'ituze mu gihugu.

    9. Nkaba mboneyeho akaryo keza ko, gushimira nivuye inyuma; abo bose bitanze batiziganya, mbere hakaba hari n’abahasize ubuzima bwabo. Mu kubibuka n’ukubaha iteka, nobasaba ko, tumara umunuta mu gacerere tubibuka.

    10. Intambwe twari twashitseko gushika mu 2005, yari intambwe ishimishije cane. Iyo ikivi kibandaniriza, aho cari kigeze ico gihe, Umurundi aba yishira akizana, aba ashikiriza iciyumviro ntagihorwe, akaja mu mugambwe, canke mw’ishirahamwe yishakiye, ata gahato, ubutunzi bw’igihugu bugasabikanywa kuri bose, uba mu mugambwe watsinze amatora, canke uba mu wundi, kuko muri Demokarasi nta mwana n’ikinono.

    11. Bagumyabanga ba CNDD, Banyagihugu mwese, Abarundi barakunda kuvuga bati, Iminsi irasa ntingana. Turamutse duhimbaza iyi Sabukuru, mu bihe bigoye cane vy’igihugu, bisa n’uko Reta y’inyomekerano yishize ku butegetsi biciye mu nguvu, ishaka kudusubiza mu bihe bisa n’ivyo mu 1994, ibanje kutunyaga demokarasi mwaharaniye, benshi bakanayigura. Reta ya CNDD-FDD n’abo bacuditse, ishaka kutugarukana mu ntwaro z’umukazo, zimwe twasezerera kuva mu 1993. Ivyo rero ntibikiri agaseseshwarumuri, vyarigaragaje kuva uyo mugambwe, ugiye ku butegetsi muri 2005, birunyuka kuva mu mwaka wa 2015, Iyo Reta yaruriye igiti kiturirwa mu guhonyanga Amasezerano y'i Arusha n'Ibwirizwa Shingiro riyakomokako.

    12. Ingaruka z’ivyo, ziramaze kurenga urugero. Abantu benshi baricwa, kenshi bazira ko batayoboka Umugambwe wihagiye ubutegetsi, nk’abarenga 2000 dufatiye gusa kuva mu 2015, bivuye kuri ca kiringo, ntitwiriwe turavuga abatabwa mu nzuzi, canke mu biyaga, abandi nabo batabwa mu mvuto, abanyuruzwa izuba riva, nk’ejo bundi sambiri z’igitondo abantu barorera hakabura gitabara, ababasize bakayanyaga bagahunga , ubu bararenga 450 000. Bikaba binateye agahinda kwumva, ibiherutse kuba muri Kongo, aho impunzi zirenga 37 zagandaguwe ataco zizira, abandi barenga 200 bagakomeretswa. Tuboneyeho akaryo, ko gutera ivyatsi iryo bara dusaba dushimitse amatohoza mpuzamakungu.

    13.Bagumyabanga, Barundi, Barundikazi,
    naho baguma bihaya, ngo igihugu kirangwa n'amahoro n'iterambere, ntawovuga amahano n’amabi Reta ya CNDD-FDD n’imigambwe bacuditse, iriko irakorera abanyagihugu ngo ayamare. Tuvyihweje neza, igihugu kigeze aho umwansi ashaka, gifatiwe amaboko imugongo n’akarwi k’intahaga, akarwi k’abasuma b’ikomvyo, bose babona ko, ari ba karuhariwe. N’itunga kama rigenda tubona, kuko ata kindi kibaraza ishinga atari ukwikundwakaza, ku bihugu vyobashigikira, ubona ko vyinshi biguma biduharira ivomo. Nta mahera y’agaciro akiza mu gihugu, ivyo bigatuma ubuzima bw’abanyagihugu bwunyuka, ubona ko, benshi baronka utwo bacisha ku munwa, rimwe gusa ku munsi.

    14. Mu vy’ukuri rero , nk’uko Umuganwa atari umugani, incungu y’Uburundi Rwagasore yabivuze, “Ahatari ubutegetsi nyabwo, nta mahoro, nta terambere rishoboka…” Ni na co gituma, dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose, kugira tubandanye ishaka, ryo guhabuza demokarasi twahabiye kuva kera, kugira igihugu cacu kive mu kaga kirimwo, ntihagire abadebukirwa, akagumye bagumako.

    15. Bagumyabanga, Barundi, Barundikazi,
    twebwe turemera amahoro, turemera demokarasi, ari na co gituma twebwe tubona ko, igihugu gishobora kugaruka mu nzira y’amahoro n’umutekano biciye mu biganiro, hagati ya Reta n'abo bitavuga rumwe. Ivyo biganiro, si twebwe gusa tubona ko bikenewe, muramaze imyaka mwumva amakungu, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi, Amashengero, Abarundi, abavyeyi bose mu gihugu, nta kindi basaba atari uko, Reta yicarana n'abo bitavuga rumwe maze bagatorera umuti, ibibazo nkoramutima biraje ishinga abarundi n’Uburundi, muri ibi bihe.

    16. Ivyo biganiro na vyo, bizoshimikira ku bibazo bijanye n’amategeko, ubutungane, inzego zimwezimwe z’igihugu, umutekano, ubutunzi n’intwaro yoca ibishira mu ngiro, kugira amatora azokurikira akorwe mw'ituze, kandi ata wandya wangura. Kandi iyo Reta yoreka kuguma idadaza, ikemera ata guhigimanga ivyo biganiro, vyotanga icizere, icuka kikaboneraho gutangura kuba ciza, mbere wobona n’impunzi zitangura guhunguka ku bwinshi.

    17. Kugira ivyo biganiro bigende neza, kandi, ni uko hogirwa ibishoboka vyose, kugira imitima y’abanyagihugu isubire hamwe, abanyororo b’ivya poritike bakarekurwa, hagahagarikwa itotezwa ry'abanywanyi b'imigambwe itari ku butegetsi, gupfungurura no gufasha amaradiyo yaturiwe na Reta , guhagarika itotezwa ry'amashirahamwa adaharanira ivyicaro vya poritike, kuvavanura na poritike yo kuvangura imigambwe.

    18. Birababaje kubona twibuka iyi sabukuru igira 23, umuhari CNDD ushinzwe, turi mu bihe umunyagihugu asigaye atinya mugenzi we, umwizero mu bajejejwe umutekano, no mu bucamanza ukagabanuka ku munsi ku munsi, kunyuruzwa riva, gusanga ibiziga bireremba mu nzuzi, kugeza n’aho usanga ikiziga kiboheweko, ibuye kigatabwa ibwina mu kiyaga! Ntawari akeneye gusubira mu bihe nk’ivyo, twarimwo igihe twatanguza urugamba rwo guhabuza demokarasi.
    19. Ni co gituma, tubateye akamo mwese aho muri, kugira mugume kw’ibanga, mumere magabo mukomeze umugambwe CNDD n’inzego zawo, kuva ku mutumba, kw’ikomini, ku ntara no kugeza ku rwego rw’igihugu. Maze tugwize abanywanyi, kuko benshi basigaye bavuga bati ntituvyemera ariko, ntitukigira aho tuvugira. Ntimwigere mwemera ko, babahuma amaso bababwira ivyiyumviro vyataye igihe vy’amacakubiri, ayo ari yo yose, yaba ayo agatumba basigaye bitwaza cane ubu, kandi twari twarabisezereye, ay’ubwoko canke mbere no, guhatira abantu kuja mw’idini ry’umuryango w’uwutwaza iguhugu igikenye, kugira ngo abantu barabe ko bobonwa ryiza. Ntitwanse gusenga, ariko twame twibuka kutitiranya ivy’Imana n’ivya poritike, kuko Uburundi ata dini na rimwe, bwegamiye nk’uko ingingo ya mbere, y’Ibwirizwa Shingiro ribivuga.

    Mwamize ku mutima ko igihugu ari icanyu, tukaba dusubiye kubibutsa ko, Uburundi atari ibiti, inzuzi canke amabuye gusa. Uburundi ni wewe wa munyeshure, ni wewe wa murimyi, ni wewe mworozi canke umwirimizi ni wewe wa munyakazi. Mumenye ko ata munyamahanga azoza kubigura. Uruhara rwo guharanira igihugu cacu, ni twebwe vyega, kandi ngo “Uwubandwa ni we abanda urugi”.

    Umugambwe CNDD urasubiye, kwemanga indangu umurango ko, utazotezura ku rugamba rwo guharanira demokarasi. Turasavye rero mwese abagumyabanga, mube imboneza muri urwo rugamba. Turasavye Abarundi bose, mbere n’abanyamahanga bakunda Uburundi, ko twohagurukira rimwe tukanka ko, Uburundi buguma butemba buja mu manga tubona.

    Naho turi mu bihe bigoye, uwuramutse amahoro arakeneye kubaho, gufungura, kwikiza inyota tutibagiye ukwiteza imbere n’uguteza imbere igihugu. Ni na co gituma dusubiye, kubararika nk’uko twama twabibabwiye, ko mwokomeza umugambwe, mu kanagura inzego zawo, mukijukira ibikorwa vyo kwiteza imbere aho muba, na canecane biciye mu kuja hamwe n’abandi, mu makoperative; kuko na kare ngo, inyakamwe inyaga imwe. Twirinde ingendo yo, kurindira gutega amashi nk’uko iyo Reta y’inyomekerano, igomba ko, abanyagihugu bose bayikomera amashi, ikabamenyereza kubanyenyagizamwo ikiro c’umuceri, aho gushiraho poritike, ituma umwe wese ashobora kuvyironkera.

    20. Bagumyabanga namwe Barundi mwese, mukunda ivyiyumviro dukunda gushikiriza, mu kurangiza nagomba nshimire nivuye inyuma abagumyabanga mwese, kuko mwagumije ibanga muri ibi bihe bitoroshe, mukirinda icoza kubavangura. Turazi ko babagerageje kugira mute umurongo, ariko mukabankira, murariryamako na kare, ngo “Uheza kugoka ibigori bikera”. Bitebe bitebuke, ngo nta mvura idahita. Mboneyeho n’akaryo ko, kubasaba ngo mukomeze ubumwe hagati yanyu, mushwabura n’abandi benshi bicuza kubona barakurikiye, uwo mugambwe uri ku butegetsi bakaba bamaze kwicuza, babonye iyo uriko urajana igihugu. Abo na bo ni benshi, bashaka ko, dusubira gufashanya urugamba, tutavuze abandi bo hirya no hino, bagomba kudufasha gukomeza CNDD kugira twubake nk’uko twabigize kuva ku wa 24 Nyakanga 1994, maze ababishoboye mwibuke iyi sabukuru musangira akarwa, muzirikana uko twoshayura igihugu cacu na Demokarasi twaharaniye kuva kera.

    Ni harambe umugambwe CNDD, abagumyabanga, Abarundi n’Abarundikazi bakunda demokarasi n’Uburundi;

    Ni harambe Uburundi buharanira agateka n’izina ryabwo mu makungu, bwinganzure abagomba kubuhagarara ku gakanu iyo boturuka hose;
    Nti Ni mugire Amahoro, Iteka n’Iterambere!

    Ku bw’Umugambwe CNDD,

    Leonarudo NYANGOMA

    Umukuru w’Umugambwe

    Les dernières actus

    
    Déclarations
    Bagumyabanga, Bagumyabuntu namwe Ntebutsi za CNDDBarundi, Barundikazi, Ndabaramukije amahoro, iteka n’iterambere. 1. Umuhari CNDD, ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Le parti CNDD vient d’apprendre l’invalidation de la dernière élection présidentielle du 8 août 2017 au Kenya par la Cour Suprême de ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Déclaration de la Commission Afrique du Parti de Gauche Le Burundi connaît une crise sans précédent depuis l’arrivée au pouvoir en 2005 ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    Barundi,Barundikazi,Bagumyabanga ba CNDD, Mu myaka ishira 1960, ni ho ibihugu vyinshi vya Afrika vyasubira guhabuza intahe yavyo yo kwikukira, vyari ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    Le Burundi célèbre ce 1er juillet 2017 son 55ème anniversaire d’indépendance. Comme ses prédécesseurs et autres dictateurs, le président ...
    En savoir plus
    Prev Next