dimanche, 08 janvier 2023 13:02 Écrit par  CNDD

IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUKURU W’UMUGAMBWE CNDD, Leonardo NYANGOMA, RYO KWIPFURIZA ABARUNDI UMWAKA MWIZA MUSHASHA WA 2023

Bagumyabanga ba CNDD
Bagumyabuntu ba FFD
Namwe Ntebutsi za JPD
Barundi,
Barundikazi,
Bagenzi mwese, ncuti za CNDD,

Nk’uko tumaze kubigira ingendo, munkundire ndabature indamutso y’urukundo ivuye ku mutima nti: Nimusangwe amahoro, iteka, itekane n’iterambere kuri bose!

Muri ibi bihe rero turiko turasozera umwaka wa 2022, tukaba tugiye kwinjira mu wundi mwaka mushasha wa 2023, nagira, kw’izina ry’umugambwe wacu CNDD, ku ry’umuryango wanje, eka no kw’izina ryanje nyene, ndabipfurize mwese, Inweri nziza cane n’Umwaka mwiza muhire mushasha wa 2023! Muze muwugiremwo amagara meza, amahoro n’iterambere mu ngo zanyu, eka no mu gihugu cacu, n’aho tuzi igihugu kiri mu bihe bigoye, na canecane vy’ubukene bw’agakengereza!

Bagumyabanga mwese, Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Umugambwe wacu CNDD;
Nk’uko tumaze kubigira umugenzo kandi, mw’ijambo nk’iri ryo kwipfurizanya umwaka mushasha mwiza, twama twirimbuye mu gukubitiza akajisho aho umuntu ageze, na canecane ivy’igihugu cacu, tukaboneraho gutereza amaso imbere, kuri kazoza kacu. Munkundire rero, tubice ku mayange.

1.Turazi yuko uwu mwaka urangiye, eka kuva mu 2005, ko ku bijanye n’ubuzima bw’abarundi ahanini, ibintu biguma vyunyuka; haba mu vy’imibano, ubutunzi canke ivya poritike y’igihugu. Ibi na vyo bikaba bifise ingaruka mbi ku buzima bw’igihugu n’abanyagihugu. Twogaruka ku turorero dukeya gusa. Nko mu vy’ubutunzi bw’igihugu, ubusuma bwabaye ubunyonyezi, kandi n’umukuru w’igihugu ntasiba kubisemerera. Mwibuke imiriyaridi 54 zanyurujwe zari zigenewe kwubaka urugomero mu ntara ya Bubanza. Urwo rugomero rwofasha mu kuvomera imirima no gutanga umuyagankuba. Ubukene bw’agakengereza nk’uko twamaze kubivuga, ni bwo busigaye bwigize ndanse mu gihugu; ikibabaza kigasonga, ukabona amagorofa aduzwa hirya no hino, Imiduga y’amajipe y’akataraboneka iwacu, urutavanako rw’imiduga nk’iyo ireruye abategetsi, ugereranije ibitoro gusa inywa mu rugendo rumwe, bikaba vyokwubaka nk’ibitaro. Ariko abakozi ba Reta bagasabwa gutubika uwa vubi! Ikindi gisonga, ukumva abategetsi baririmba ngo uburimyi n’ubworozi vyarateye imbere cane. Uburimyi bwotera imbere gute tubona ibiciro vy’imfungurwa biduga ku musi ku musi, mu mwaka umwe gusa ugasanga vyigwijije nka 2!Tuvuge nk’ikiro c’umuceri umwe ubayabaye kigeze ku 3500, ibiharage bimwe bita vya Kirundo, ugize Imana ukabironka, biteye ku 3000! Ikiro c’Ibigori ku 2000! Nta ho vyakabonetse! Ifumbire, co kimwe n’ivyo vya nkenerwa nyamukuru, bakabuza n’uko vyova hanze kandi babona ko mu gihugu ata mwimbu ukwiye ngo abanyagihugu babironke! Aho rero abanyagihugu batubitse uwa vubi; n’iminsi mikuru nk’iyi y’Inweri n’ukwigina umwaka mushasha, aho kare wasanga hose bakeye mu maso bagira bati si twe tuzobona harashitse ngo tunezerwe, igashika nka bose baganya ico bazokwihereza mu muryango!

Ubuzima rero bwaratitutse kuko nta mwimbu wotuma ubutunzi bw’igihugu butera imbere uriho, utubonetse na two tugaherera mu mipfuko y’akagwi gatoyi, irabire namwe ingene ifranga ryacu riguma rita agaciro. Kukaba nka ko, Uburundi buharurwa kw’isonga ry’ibihugu vyose vyo kw’isi bikenye gusumba ibindi. Amatohoza yerekeye ingene abantu babaho yerekana ko abarundi barenga ibice 70% bari munsi y’uko umukene asanzwe abaho, bisobanura ko benshi turi ico bita mu kirundi “abafafara”, mu gihe benshi baronka utwo bahendesha umunwa rimwe gusa ku munsi, batazi n’ikizorirenza bukeye! Hafi ibice 80% vy’abarundi bageze kuronka akazi, na canecane urwaruka, barashomereye. Ni co gituma mwirirwa murumva yuko urwaruka rwacu rwaheze rwangarira mu bihugu bibanyi canke mu bihugu vya kure nk’ivyo Abarabu na Serbiya, ndetse hakaba hasigaye hari n’amasosiyete asomba urwaruka arurungika hanze, ayo masosiyete akaronka inyungu z’umurengera. Ako ni agahombe cane kuko itunga rya mbere ku gihugu cose ni abanyagihugu na canecane urwaruka.

2. Mu vy’imibano; nko mu gisata c’indero ibintu vyarayangaye, kubera ko ubutegetsi bufise ingendo y’uguhindagura ibintu bitabanje kwigwa neza, na canecane abo vyega ubwa mbere, nk’amasendika y’abarimu n’abahinga mu vy’indero babanje kubigishwako inama; n’aho ubwo butegetsi buguma bwihaya kumwe kwa wa mugani w’igikere, ngo “abana biga ku buntu”, bisigaye vyigaragaza ko abo bana b’Uburundi bw’ejo “biga ubusa, bakigira ubusa” kuko n’iyo barangije amashure ata n’akazi baronka, akanovera k’inyigisho kakaba karatitutse ku rugero ruteye ubwoba, bose basemerera.

3. Mu vya poritike, ico twovuga giteye ubwoba kandi kizotuma dusubira inyuma mu ntwaro ya demokarasi, ni uko umugambwe uri ku butegetsi ugomba kwigira nk’umugambwe umwe rudende, ugafatira amaboko imugongo imigambwe itavuga rumwe na wo, Abarundi bose batemeye gushigikira ububisha ukorera abanyagihugu bagahirwa buhongo, ikitavuzwe ngo ugiye gusaba iki na kiriya utari muri uwo mugambwe. Abategetsi barishize hejuru y’amabwirizwa n’amategeko. Ariko igihambaye kandi kiduteye iteka, ni uko abarundi bamaze kumenya ingene basubiriza mu nkoko ubutegetsi nk’ubwo, ingendo ya demokarasi n’uguharanira agateka kabo ikaba imaze kubanyura. Barayamaze rero bati “Burira ntibutera ku mpeshi”.

4. Muti none twovyifatamwo gute?

1° Muri uwu mwaka mushasha wa 2023, twokomeza ibikorwa vyose vyotuma ibintu bihinduka kugira Uburundi bugaruke mu nzira ya demokarasi, buve mu mwijima bugaruke mu muco, kandi birashoboka. Vyongeye , uwubandwa ni we abanda urugi. Ntawe dusiganya ngo azoza kubikora avuye hanze, nta munyamahanga azoza kubohoza abarundi. Kandi ga, urwo ni urugamba rutegerezwa gukorwa mu nzira y’amahoro.

2° Ivyo bisaba kwitanga cane, kuko ntacizana. Umwe wese muri twebwe arafise uruhara rwo gusanura iyo nzu ya demokarasi. Bikaba mbere bitanga umwizero ukuntu abanyagihugu bose barikanuye. Yaba rero amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, yaba imigambwe itari ku butegetsi, eka ndetse n’abanywanyi benshi bari mu mugambwe uri ku butegesti barashaka ko ibintu bihinduka. Umukuru w’igihugu agabanye kwidodomba gusa, afate ingingo ruhasha zo gutuza ubusuma burundu, atangaze uko amezi atatu atashe amahera yagarukanye mu kigega ca Reta. Turindiriye yuko mu mpera z’uyu mwaka atangaza ko amaze kugarukana nk’imiriyaridi 100. Aratohoza neza ingene umuhisi Prezida Magufuri wa Tanzaniya yabigenza, mu mezi atandatu gusa yari amaze kugarukana mu kigega ca Reta imiriyardi 2000 vy’amashilingi.

3° Umukuru w’igihugu tumusavye ko imvugo ijana n’ingiro. Igiturire, isesagurwa n’ubunyonyezi bw’amatungo y’igihugu bitegerezwa kugwanywa bimwe biboneka. Nk’isesagurwa ry’amatungo y’igihugu, nahere mu kugabanya uruherekerane rw’amamodoka anywa ibitoro biteye ubwoba hamwe n’imisi mikuru y’urutavanako. Nihatohozwe ahavuye iryo tunga rirenze urugero ry’amazu n’amagorofa na Reta idashobora kwubaka, n’ibindi. Asesanguye nko mu rudandazwa rw’ubutare, ntiyoburayo n’imiriyoni 100 z’amadorari, ni ukuvuga hafi imiriyaridi 400 z’amarundi. Amahera arenga imiliyardi 15 yanyurujwe mw’igurishwa rya Falcon 50 ntitwigeze twumva ko yagarutse mu kigega ca Reta. Vyaravuzwe yuko muri 2016, amahera yaramaze gusahurwa n’abategetsi yarenga imiliyardi 1500 (imiliyoni 500 USD).

5. Mu vy’ukuri rero, nta butegetsi na bumwe kuri iyi si, bushobora guhangana n’abanyagihugu, igihe abanyagihugu bamaze kumenya ko ari bo babutanga kandi bashobora kubwaka uwo wese aza yigira akagaramaruganda ashaka gusubiza inyuma demokarasi. Ivyo twarabibonye mu bihugu vya Burkina Faso, Misiri, muri Senegare, mu Burundi iwacu, muri Afrika y’epfo ya Mandela, muri Amerika y’epfo n’ahandi. Uburundi si izinga, n’uwudafise inka arabona aho zirisha.

6. Ni co gituma, ku neza y’Uburundi n’Abarundi, nsubiye gukebura abategetsi b’iki gihe ko bokwikebuka, bagahindura ingendo bakareka gukoresha ubutegetsi nk’ico umusuma yasahuye. Ni bashire ubwoba, bareke abanyagihugu bisanzure nk’uko babiharaniye. Mwibuke yuko hari benshi cane biguze igihugu, nta gusubira inyuma nk’ibirenge. Abo banyagihugu bakeneye kurongorwa bafise uburenganzira bwabo bwose, uwo bazoshima ni we bazoha ubutegetsi ata gitsure, ata gahotoro, ata manyanga; kuva imbere y’amatora, mu gihe cayo, n’inyuma yayo.

7. Turakeneye ibimenyetso bigaragara bijanye n’ukugarukana icuka ciza mu gihugu. Kuko ni ho iterambere nyakuri rishoboka. Ivyo tukazobibona igihe Reta izorekura abo bose bapfungiwe ubusa, na canecane abapfunzwe hafatiwe ku vyiyumviro vyabo vya poritike no gufuta imanza za ngondagonde; noneho na Sentare y’Ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu Buseruko EAC yaraciye inzira, mu gusohora ingingo yerekana yuko Manda ya gatatu y’umukuru w’igihugu mu 2015 kwabaye uguhonyanga Ibwirizwa Shingiro. Bigenze uko, nta nkeka, ntibizoba nkenerwa gusubira kurungika hanze intumwa mu makambi y’impunzi. Igihe amahoro ariho, impunzi zizobimenya, zitahire mu gihugu c’amavukiro, kuko akuzuye ntikamurikwa.

8. Mu kurangiza iri jambo ry’ukwipfurizanya umwaka mushasha muhire, nagira nsubire gusaba nshimitse ko Umugambwe wacu CNDD wokwamiza ku muzirikanyi akaranga kawo, ko kuba imboneza mu rugamba rwo gutsimbataza Demokarasi mu Burundi. Ku bw’ivyo, birakenewe cane gukomeza inzego zawo mu gihugu cose. Abagize inzego z’umugambwe bose eka n’abanywanyi, ni ngombwa bashinge bongere bijukire amashirahamwe y’iterambere na canecane amakoperative kugira bivane mu bukene, basangire amakuru biciye mu kinyamakuru cabo IKETE RYA CNDD hamwe no ku ngoro z’umugambwe zitegerezwa gushingwa ku nzego z’intara, amakomine n’imitumba, bijukire inyigisho za poritike kugira bashobore gutegura imitego yose yotuma demokarasi izingama, bamenye gutandukanya icatsi n’ururo.

Abagumyabanga ba CNDD biyungunganye begeranye intererano y’umugambwe kugira bashobore gushira mu ngiro iyo migambi yose.

Dusavye kandi ko, urwaruka, nk’uko bimeze mu makungu, rwoba imboneza muri urwo rugamba rwo kugarukira demokarasi igeramiwe. Uyu mwaka mushasha ni ngombwa urangire urwaruka rubona neza kazoza keza karwo. Twiyemeje kurufata mu mugongo mu kururonsa ivyo vyose bikenewe kugira ruhagurukire rimwe maze Abarundi bateramire kandi batsimbataze intwaro ya demokarasi twaharaniye kuva kera. Ikigwanisho ca mbere gihambaye gusumvya ibindi vyose ni inyigisho. Ni ngombwa ko mu vyo dukora vyose, duha umuco urwaruka kugira rubone neza, iyo dushaka kuja. Na ho si ahandi ni kwubaka Uburundi buzira akarenganyo, ugukumirana na canecane hafatiwe ku migambwe, intara canke amoko, Uburundi buzira ibiturire, burangwa n’agateka n’ubuntu, Uburundi abana biga neza bakamenya, bagafungura neza bagahaga, Uburundi butotahaye, Uburundi buzirana n’intwaro z’igikenye n’ugukumirana. Nugusubiza Uburundi intahe yo kwikukira koko kandi nta kigwanisho na kimwe gishobora gutsinda ivyiyumviro bishigikiwe n’abanyagihugu. Abandi bakwiye gufatwa mu mugongo uko bishoboka kwose ni Abakenyezi kandi tukaba tubashimiye cane ku kuntu berekana ishaka bafise mu muhari wabo w’Abagumyabuntu FFD.

Ndangije nsubira kubipfuriza umwaka muhire wa 2023. Uze urangire Uburundi bwagarutse mu nzira y’amahoro na demokarasi, abarundi twese tukaroranirwa mu kazi, mu gihugu no mu bitubeshaho mu miryango yacu!

Ni hahangame Uburundi, Ni hahangame Afrika n’umugambwe CNDD.

Umukuru w’Umugambwe CNDD

Umushingamateka Leonarudo Nyangoma

Les dernières actus


Déclarations
Mupfasoni Ntibwirizwa Bernadette umutambukanyi w’umuhisi Ndarubagiye Leonce, muryango usigwa na Leonce Ndarubagiye Ncuti, Bagenzi, Bavandimwe ...
En savoir plus
Déclarations
Le président du parti CNDD, l’Honorable Léonard NYANGOMA a une profonde affliction d’annoncer le décès du Secrétaire Général de ...
En savoir plus
Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, 1. Munkundire ntangure kubaramutsa ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINEcontact@dup-international.org communiqué de presse Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par ...
En savoir plus
Prev Next