2. Ku boba batari bamuzi, nagomba mu majambo makeya twibukanye Leonce uwo ari we, intwari ku rugamba rwo guhabuza Demokarasi.
Leonce Ndarubagiye muri Reta ya Prezida NDADAYE yari Buramatari w'intara ya Muramvya. Inyuma y'igandagurwa ry'umukuru w'igihugu Leonce yahungiye i Nairobi mu gihugu ca Kenya. Novuga yuko ari muri b’icumi bambere batanguje CNDD, umuhari ufise ishami rya gisoda wari ugamije guhabuza demokarasi yari ihejeje gucibwa umutwe ku wa 21 Gitugutu 1993, igihe abansi b’igihugu bagandagura umukuru w’igihugu, prezida Ndadaye Melchior, abarundi isinzi bari bahejeje kwitorera ata gahato. Leonce rero twaragendanye imyaka myishi ari umunyamabanga mwishikira wanje gushika 2005 , yaciye aja muri CNDD FDD. Ariko ntamajambo mabi yigeze atuvugako yo gucafuza umugambwe. Yahavuye aba umushingamateka muri EALA, vyaranatunejereje rwose. Mu biganiro vyo kugarukana Amahoro mu Burundi haba i Roma canke Arusha twaba turi kumwe, canke nkamutuma wenyene, ni we yama arongoye umurwi waserukira CNDD muri ivyo biganiro. Ni nawe yatanguye kugenda mu biganiro vyabereye mu mpisho i Roma, bihagarikiwe n’ishirahamwe Saint Egidio Yarazi ibintu vyinshi yiboneye kubera yarakuze kudusumba ku buryo i Arusha muri komisiyo yambere yerekeye inkomoko y’indyane zasinzikaje Uburundi zifatiye ku moko canecane twovuga yuko 90% y'ivyanditswe kuri ico kigabane ariwe yavyanditse. Muri rusangi kubera ivyo ibiganiro Umuhari CNDD wari waramaze kubimenyera kuva i Roma, ivyiyumviro vyinshi vyagiye mu masezerano y’i Arusha vyashikirijwe na CNDD. Leonce rero twarajanye mu ngendo nyishi twagize igihe c’urugamba, abakuru b’ibihugu batwakiriye twaba turi kumwe, novuga Prezida Mwalimu Nyerere, Prezida Mkapa, Prezida Moy wa Kenya, Prezida Mandela n’abandi nka Mobutu… Ndibuka yuko gihe twaggira urugendo mu Budagi tugiye gusigura ikibazo c’Uburundi, imbere ya komisiyo y’inama nshingamateka ijejwe imigenderanire, Leonce twari kumwe ni we yavuga ikidagi. Yavuga indimi ndwi neza cane atadidinganya. Narasavye yuko Abadagi bakwiye kudufasha kubera turiko duharanira demokarasi nk’uko nabo babigize, hambere haheze. Hari umwe muri iyo nama yaciye atwihereranya atubwiza ukuri ntazopfa nibagiye. Yatubwiye ati : « Mbe n’inde yababwiye yuko abazungu banezwe demokarasi iwanyu, ico bakeneye ni burya butare buri mu kuzimu karere iwanyu na canecane i Congo ».
3. Leonce Ndarubagiye Yaranditse igitabu mu ndimi z’igifransa no mucongereza cafashije cane mu gusigurira abanyamahanga inkomoko z’indyane zifatiye ku moko mu Burundi. Ntawamuhaririza ngo amutsinde. Abaporona i Arusha baramukurira inkofero, yama ariko arabigisha.
Leonce Ndarubagiye, rero yari umuntu afise igishika cinshi cane, akundana, atanga ivyo afise ndetse akaniyibagira. Yarafise indero runtu, umuntu yifata ruto cane, umugira kigongwe n’impuhwe nyishi. Yarafise impano yo kumviriza abandi , akama ari hafi kugira atabare uwoba agize ingorane. Muri kumwe na Leonce nta rungu washobora kugira kuko yama afise inkuru nshasha kandi zitwenza, yari kimararungu. Mu migani nibuka, uwo yahora aducira watwenza cane wari : « ntakwicarana n’umutigito w’inkono wo kwicarana na nyeneyo ».
Nawe Bernadette n’abana, incuti n’abagenzi mureme, mwihangane. Ndarubagiye nta nkeka imana ya ba sokuru yamuhamagaye, kandi ntiyari kubagambararira yitavye umuhamagaro wa ba sokuru n’imana, ubu yicaranye na ba sokuru n’imana. Ndazi ko azotuvugira neza ku mana na ba sokuru . Imana yaba Sokuru imwakire mu bwami bwayo. Murakoze.
Igenekerezo rya 13 Munyonyo 2024
.
Leonarudo NYANGOMA, umukuru wa CNDD