jeudi, 23 février 2023 10:25 Écrit par  CNDD

Ubutumwa bwo guhoza umuryango w’umuhisi SENDEGEYA Chritian, bushikirijwe na Leonarudo NYANGOMA, Umukuru w’Umugambwe CNDD

Muryango usigwa na SENDEGEYA Chritian, Ncuti, Bagenzi, Bavandimwe bacu mwese mukoraniye hano, kuri uno musi w’igenekerezo rya 11/02/2023. Nk’uko mubizi, turi mu gihe c’umubabaro n’agahinda, muri uyu muhango wo guherekeza umugenzi twagendanye tutagenzanya, umuvukanyi, incuti yacu SENDEGEYA Chritian se w’ibibondo twabuze tutanka kw’igenekerezo rya 23/ 01/23

1. Kw’izina ry’umugambwe CNDD, kw’izina ry’umuryango no kw’izina ryanje nyene, ndahojeje umuryango wabuze, nkabasaba kwigumya muri ibi bihe bigoye cane, naho bitoroshe, turazi neza yuko ahavuye umushingantahe w’igihagararo nka SENDEGEYA hasigaye ikinogo kinini cane, kuko yari ruremesha mu rugo no mu bagenzi. Mboneyeho kandi guhoza abanywanyi bose b’umugambwe CNDD,eka abo bose baharaniye demokarasi mu Burundi, benshi barazi ko yabaye mu bambere bashinze umuhari CNDD.

2. Umushingantahe SENDEGEYA turiko turaherekeza muri iyi mihango, jewe twamenyanye kuva mu mwaka wa 1991, ico gihe yakora mu Rumonge. Yarakunda kuza mu biganiro vy’ishirahamwe ryambere mu Burundi riharanira agateka ka muntu ITEKA. Ico gihe umugambwe FRODEBU wari ugikorera mu rufuri. SENDEGEYA afashe Ijambo, abari mu nama bose barahaguruka kuraba uyo muntu w’umwihevyi, kuko ntiyaniganwa ijambo kandi ntiyihanganira akarenganyo n’agaciyizo vyari vyiganje mu gihugu ico gihe. Yama yadomye urutoke ku bibi vyose ubutegetsi bw’ico gihe bwama bwakoreye abanyagihugu. Twama twiteze yuko inama irangiye baca bamufata bakamuta mu mvuto nk’uko babikorera abanywanyi b’imigambwe yakorera mu rufuri , twaratinya yuko bazohava bamuta mu mvuto nk’uko babigize umuhisi Prezida NDADAYE muri 1988. Abategetsi bari basigaye batinya gupfunga abanywanyi ba Frodebu b’ijunja nka SENDEGEYA ? Kuko bari barabonye yuko ipfungwa rya prezida NDADAYE riri mu vyatumye uyo mugambwe umenyekana mu gihugu cose no mu makungu. SENDEGEYA rero yari intwari ruremesha ngabo, inserukarukamvye. Ninaco gituma muri CNDD twakunda kumutazira Rwabugiri, umwami w’u Rwanda yarinda cane, yararwanye gushika aho yigarurira akarere nka kose k’ibiyaga binini.

SENDEGEYA rero asize izina, ninaco gituma tuzokwama tumwibuka mu buzima bwacu ku butwari bwiwe n’umutima wiwe wuzuye urukundo n’impuhwe nyishi, yarafitiye canecane abantu batobato ba nyarucari haba mu mibano, haba muri poritike. Yari koko intwari mu muryango, mu kibano no mu vyo igihugu.

3. Muti umuzi none gute ? Mu majambo make, SENDEGEYA yari akundana cane, yagutumiye yaguherezako twose, yari umuntu kandi w’umutima mwiza w’ikigongwe. Mw’ijambo rimwe yari RUKUNDO
Ntawe yirengagiza ngo ni muto, ashitse i muhira mu Kayanza, yarakunda kuganira n’abanyagihugu cane , agasangira nabo urwarwa, ivyeri yaca abiheba. Si umuntu yahahamira amaronko canke ivyicaro, yama yashize imbere ineza ya bose.
Aho yicaye canke ahagaze mu bandi, yama afise inkuru ziryoshe kandi ziremesha zikongera zikaba ngira akamaro.
Ni umuntu yitaho cane imigenzo y’ikirundi, akaranga n’imico vy’abarundi

4. Mu vyo igihugu. Canecane muri poritike.
Nk’uko twamaze kubivuga, SENDEGEYA ni umuntu yitangiye igihugu camwibarutse. Jewe namumenyeye muri wa muhari Ligue ITEKA. Tumenyana neza yamaze kwinjira muri Frodebu, imbere y’aho yaganira cane n’umuhisi NDIKUMWAMI Richard. Ni we yamuhetse mu mugambwe , Richard yama yabitubariye ko afise umunywanyi azogira uruhara runini mu gushikana Frodebu ku nstinzi. Kuva mu 1990 yaja ari muri Frodebu. Murumva yuko ari mu Bantu bambere bitanze, mu guharanira no guhabuza demokarasi n’agateka ka muntu.

Ni naco gituma, yari yatowe mu mugambwe kuba icegera c’uwarajejwe kwigisha no kumenyekanisha umugambwe mu gihugu cose, uyo nawe yari jewe. Tutiriwe turabirandirako, SENDEGEYA ari mu bambere batumye umugambwe Frodebu w’emerwa. Yari intwari, umwihevyi arinda cane, inserukarukamvye. Ico gihe umututsi yubahuka kwinjira muri Frodebu, ubutegetsi bwaramutoteza gusumvya n’abahutu, yaca afatwa nk’igicibwa. Impera yuko kwitanga kwiwe yabaye intsinzi igaragara ya Frodebu ku wambere Ruheshi 1993.

Mu nyuma Prezida NDADAYE yamuushinze amabanga yo kuba icegera c’uwurongoye iperereza. Vyongeye imbere yaho abanyagihugu bo mu Kayanza baramwiyumvamwo cane baramugomwa , bamutora kuba umushingamateka muri iyo ntara, maze dutsindira intebe 6 kuri ndwi muri iyo ntara, kandi yahiganwa n’abahutu bo muri Uprona, ivyo bikatwereka yuko Abarundi ata macakubiri y’amoko barimwo, bizanwa n’abashaka kubikamisha, kubigira ikiraro co gushikira ubutegetsi no kubwigungana. Mu vyamuranze harimwo canecane kwama yatugabishije, yarafise inkuru nyishi y’uko hariko harategurwa Kudeta. Mu nama twarimwo na Prezida NDADAYE ku mugoroba hari ku musi wa kabiri buca Kudeta iba, SENDEGEYA yaratumenyesheje yuko abasoda baganguye, bagazwe, kandi yuko ku musi wa gatatu ntagisivya bazomanuka gutembagaza Reta, kandi ni ko vyagenze .

Kudeta imaze kuba umukuru w’igihugu NDADAYE Melchior yagandaguwe, niho aba Frodebu benshi barenga 90 % Badutuma bati NYANGOMA na SENDEGEYA, ni muce aho mwaciye mu kwigisha umugambwe twiganzure ubutegetsi bw’igikenye. SENDEGEYA rero yabaye mu bambere bashinze CNDD, ndetse mbere akaba yari n’icegera canje muri uyo muhari, wagwaniye ihabuzwa rya demokarasi mu Burundi. Hari n’intumwa mubo twahorana zadusanze mu mwaka wa 1994 iyo twari, badusaba ngo duhagarike urugamba maze baduhe ivyicaro tunume. Ico gihe SENDEGEYA yaja ari icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, izo ntumwa zamwemereye kuba umukuru w’inama nshingamateka, nanje ngo nihitiremwo ambassade ngomba. SENDEGEYA yarabaguruye, ati ahubwo ni muze kudufasha urugamba, twamaze no kubacira isemo, ati twebwe ntituriko tugwanira ivyicaro, turiko tugwanira akateka ka mu ntu no guhabuza demokarasi. Nanje nababwiye ko ngomba kwigumira hafi y’igihugu, ndabasaba consulat y’i Bukavu. Barayinyima.
SENDEGEYA rero ni umuntu twagendanye tudahemana, twaragirajanye ingendo nyishi mu bihugu vyinshi vyo muri Afrika, tugiye ku rondera uburyo bwo kuduza ikivi ku rugamba. SENDEGEYA rero muri make, twari tuzinanyi muri vyinshi, yari umuvukanyi kuri jewe. Nabageruriye bikeya, kuko mvuze vyose hokenerwa igitabo cose.

5. Umuvukanyi wacu SENDEGEYA, asize umuryango wagutse, umutambukanyi wiwe Radegonde nyina w’abana batandatu bose bariko baragera mu rugero, asize kandi n’abuzukuru, abakwe n’abakazana. Murumva yuko asize izina ntibagiranwa mu bagenzi, mu gihugu no mu makungu. Nawe Mutambukanyi wa SENDEGEYA Radegonde, iyo tuganiriye ndumva yuko uremye, ubu ni we mugabo mu rugo, kandi warashoboye kuremesha abana muri ibi bihe bigoye cane. Turashimiye rero mwese incuti n’abagenzi mwabaye hafi umuryango wa SENDEGEYA, murawuremesha gushika uno musi. Ariko ntimworambirwa mubandanye ico gikorwa co kuremesha uyo muryango, kanatsinda incuti canke umugenzi umubonera mu bihe bigoye nk’ibi.
Nawe Radegonde n’abana, incuti n’abagenzi mureme, mwihangane. SENDEGEYA mu vyo ukuri, imana ya ba sokuru yamuhamagaye, kandi ntiyari kubagambararira yitavye umuhamagaro wa ba sokuru n’imana, ubu yicaranye na ba sokuru n’imana. Ndazi ko azotuvugira neza ku mana na ba sokuru . Imana ya Sokuru imwakire. Murakoze

Igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2023.
Leonarudo NYANGOMA, umukuru wa CNDD

Les dernières actus


Déclarations
Mupfasoni Ntibwirizwa Bernadette umutambukanyi w’umuhisi Ndarubagiye Leonce, muryango usigwa na Leonce Ndarubagiye Ncuti, Bagenzi, Bavandimwe ...
En savoir plus
Déclarations
Le président du parti CNDD, l’Honorable Léonard NYANGOMA a une profonde affliction d’annoncer le décès du Secrétaire Général de ...
En savoir plus
Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, 1. Munkundire ntangure kubaramutsa ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINEcontact@dup-international.org communiqué de presse Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par ...
En savoir plus
Prev Next