lundi, 28 mars 2022 17:33 Écrit par  Umukuru wa CNDD

IJAMBO LEONARUDO NYANGOMA, UMUKURU WA CNDD, ASHIKIRIJE ABAGIZE KOMITE NYOBOZI YA CNDD KU WA 27 NTWARANTE 2022.

Bagumyabanga mugize Komite nshingwabikorwa y’Umugambwe CNDD,
Bagumyabanga murongoye abandi mu ntara no mu makomine
Bagumyabanga murongoye umuhari w’abagumyabuntu FFD
Bagumyabanga murongoye umuhari w’urwaruka JPD-INTEBUTSI
Bagumyabanga muserukira CNDD mu bindi bihugu

Munkundire imbere ya vyose, mbanze kubaramutsa Amahoro, Iteka n’Iterambere n’umutima wuzuye urukundo atari urwo agahemo.
Nibaza yuko hatararengerana kwipfurizanya umwaka mwiza mushasha, ari na co gituma, nsubiye kubipfuriza mwese, umwaka mwiza muhire mushasha wa 2022. Muze muwugiremwo amagara meza, imigisha, amahoro n’iterambere mu ngo zanyu, eka n'igihugu cacu kibonereho kuva mu magume ya Poritike n’ubukene bw’agakengereza, gisubire kuramutswe Amahoro, Demokarasi n’iterambere, n’ugushinga icumu mu mashinga !
Ndabahaye kandi ikaze, mwebwe mwese mwazindutse umutwenzi mukitaba iri koraniro rya Komite Nyobozi y’umugambwe. Mukaba muzi yuko, Komite Nyobozi, ari urwego ruhambaye cane mu gufata ingingo havuye Ikoraniro kaminuza.

1. Bagumyabanga, Bagumyabuntu mwese,
Mumaze imisi mwumva Umukuru w’igihugu ingene yama yashikirije imigambi yo gusubiza igihugu mu nzira y’amajambere, mu nzira y’amahoro, mu nzira y’ubumwe, mu nzira yubahiriza agateka ka muntu, ari yo nkingi ya demokarasi. Ni vyiza kandi turabishima, ariko imvugo ikwiye kujana n’ingiro. Kuko mu mihingo myishi y’igihugu turumva iminiho y’abanyagihugu.

Birababaza kwamwa twumvise yuko Uburundi buri kw’isonga ry’ibihugu vyazingamitswe n’ubukene bw’agakengereza, n’inzara y’inzeragiza; kw’isonga ry’ibihugu vyamunzwe n’ibiturire, ugasanga itunga ry’igihugu ryarangiriye mu mipfuko y’abantu bari ku rushi. Ibiciro vy’ibidandazwa vya nkenerwa vya misi yose bikaba umurengera kandi imishahara ikaba isigaye ari intica ntikize, ubona n’uko n’uduce twahora tuja turiyongere ku mwaka twahagaritswe. Ntawutavyibonera kw’isoko, agasukari, agaceri, inyobwa, ibitoro n’imboneka rimwe; abana barangiza amashure, nka bose nta kazi baronka, ni abashomeri, bagaca baja kwicarana n’abavyeyi i muhira. Amasosiyete ya Reta yotumye ubwigenge bw’igihugu bushinga imizi agahingura ivyo dukeneye vya misi yose nka yose yaragurishijwe batabajije n’abanyagihugu, twovuga nka ONAPHA, COTEBU, VERUNDI, Ikivuko ca Bujumbura n’ayandi. Ayataragurishwa na yo nka ONATEL, aho abakozi bayo basigaye bakora badahembwa, canke SOSUMO, asa n’ayariko arahomba.
Ivyo vyose rero bigatuma Abarundi benshi bihebura, ugasanga ntibagifise kwizera kazoza kabo. Noneho vyunyutse muri iyi misi.
Nk’iyi ngingo iheruka yo kubuza mu gisagara ca Bujumbura amakinga, amapikipiki n’utubajaji gushika aho vyahora bishika turayiyamirije twivuye inyuma. Kuko ibuza abanyagihugu batobato n’ababayabaye kwiyungunganya, eka no kuri bose mbere kwiyunguruza kuko bose badafise amafaranga yo kuriha imodokari za tagisi, noneho ntizishika hose. Vyongeye ibiciro vy’ibisumwa bica bibandanya biduga, abafise imitahe mitomito ntibashobre kubandanya biyungunganya mu rudandazwa rwabo rwari rubatungiye imiryango. Aho ntituvuze abanyeshure mu gutonda kw’ishure canke abakozi mu gutonda ku kazi!

2. Uko biri kwose, ntitwihebure, tuzoteba twogorora. Igihugu cacu gifise itunga ryinshi kama. Ubwa mbere gifise abanyagihugu bakunda ibikorwa cane, imvura irwa ku mwaka amezi umunani, gifise isi ndimwa imera cane, gifise agataka kuzuye ubutare nk’inzahabu, Nikeri, Koltan, amabuye y’agaciro n’ibindi. Gifise amazi menshi y’umusarara, imitumba yose itemba imigezi. Kugira iryo tunga Imana yaduhaye riteze imbere abanyagihugu, umugambwe wacu uzoronka akanya ko kunonosora imigambi usanganywe kugira igihugu kive mu kaga. Tuzoronka akanya ko kuyica irya n’ino maze dusubire tuyimenyeshe abanyagihugu, baduhunde amajwi.

3. Iyo migambi tuvuga rero dushobora kuyirangura igihe turi ku butegetsi. Bisaba yuko tuzoba twatsinze amatora yo mu 2025. Ayo matora na yo kugira tuyatsinde ni uko tuzoba dufise umugambwe washinze imizi kuva ku mitumba no mu makaritiye gushika hejuru, umugambwe ufise inzego zo hasi no hejuru zikora zitiziganya, umugambwe ufise uburyo, wagiye uraziganiriza amatora uko ukwezi gutashe, umugambwe ufise abanywayi isinzi, mu rwaruka, mu bakenyezi, mu banyakazi, mu banyamyuga, mu borozi n’abarimyi. Umugambwe ufise imigambi izofasha abanyagihugu gutorera umuti za ngorane z’ubukene, iz’ubushomeri n’izindi.

Ni co gituma twabatumiye muri iri koraniro rya Komite Nyobozi, kugira ngo, turavye ibihe tugezemwo, duhinyanyure ingingo zimwezimwe zo mu mategeko ngenderwako, kugira ntizize zitubere intambamyi mu bikorwa vyo gutsimbataza umugambwe. Muraja kandi kwemeza abagize Komite nshingwabikorwa tuja kubashikiriza, kwemeza kandi abagize Komite y’igenzura muza gushikirizwa n’Umukuru w’iyo komite, nk’uko bisanzwe bitegekanijwe n’amategeko ngenderwako yacu, na canecane mu ngingo yayo ya 50, iha ubwo bubasha Komite Nyobozi.
Iyo komite nshingwabikorwa rero akaba ari yo igiye gushira mu ngiro rwa rupapuro rw’inzira rwo kuva mu 2021 gushika mu 2025. Urwo rupapuro rugizwe n’ingingo nyinshi kandi zigiye mu ngiro nta nkeka instinzi ya CNDD mu matora yo mu 2025 iragaragara, izoba ari kashi, maze tuze tubereke ubudasa.

4. Ni na co gituma nagomba ndabibutse muri make imigambi nyamukuru izodushikana ku ntsinzi, igisata ku gisata:

4.1. Mu gisata kijejwe kumenyekanisha umugambwe mu gihugu no gushwabura abanywanyi benshi. Muraritswe kunagura inzego z’umugambwe kuva ku rwego rwa komine gushika ku rwego rw’intara. Inzego z’umugambwe ni zo moteri canke umutima w’umugambwe. Ico gikorwa kizokurikirwa n’amakoraniro mu makomine atandukanye, mu ntumbero yo gushiraho inzego zitorewe n’abagumyabanga mu mugambwe no mu mihari ikomoka ku mugambwe. Ni ngombwa ico gikorwa kizobe carangiye uyu mwaka wa 2022. Ni ngombwa kandi komine yose igire igitabu co kwandikamwo abanywanyi b’umugambwe.

4.2. Mu gisata kijejwe ikigega n’ibikoresho vy’umugambwe muhamagariwe ibi:
-Intara yose itegerezwa kwugurura ikonte y’umugambwe mu kwezi kwa kane. Twumvikane, umunywanyi asanzwe ata kazi afise aterere 1000 ku kwezi, vyanse basi aterere 500, uwufise akazi canke ubutunzi aterere n’imiburiburi 2000 ku kwezi. Iyo ntererano yogaburwamwo ibice bibiri: igice co kurangura ibikorwa vya misi yose n’igice c’integabizoza kizokoreshwa mu matora yimirije.
-Kwugurura ingoro z’umugambwe mu ntara 5 canke zose
-Kugwiza no kubungabunga ibikoresho vy’umugambwe

4.3.Igisata kijejwe iterambere, kikaba gisabwa kuba catanguje ikoperative n’imiburiburi zibiri z’akarorero, imwe mu gisagara ca Bujumbura, iyindi mu ntara hagati.
-Gutegura no gutanga inyigisho zerekeye amakoperative n’ukwiyungunganya.
-Kunonosora igikorwa co kwigisha abanyagihugu gusoma no kwandika no gukingira ibidukikije

4.4. Igisata kijejwe ivyo guhanahana amakuru. Kizotegura inyigisho z’umugambwe kizohora gisohora mw’Ikete rya CNDD, rigasohoka nka rimwe mu kwezi. Gisabwe kandi kuremesha imbuga ngurukanabumenyi z’umugambwe nka Facebook, Twitter canke urubuga rukuru ngurukanabumenyi, bita urubuga mvajuru rwa CNDD. Ico gisata gisabwe kandi gukora ivyigwa vyo gutanguza iradiyo na Tereviziyo vy’umugambwe, amatora azogere dufise radio na Tereviziyo vyacu.

4.5. Igisata kijejwe inyigisho mu mugambwe
Inyigisho za poritike zifise intumbero y’ugutuma abanywanyi bagira ubumenyi, ubuhinga, agatima n’akarangamutima bituma bagira agatima ko gukunda igihugu na Afirika. Igisata rero kijejwe izo nyigisho cotanguza ivyigwa vya mbere mu kwezi kw’indwi, uyu mwaka ukazorangira hari imboneza z’umugambwe 50 zakurikiranye ivyo vyigwa vya poritike

4.6. Igisata kijejwe imigenderanire n’amakungu : Ico gisata kijejwe kurondera no kugwiza incuti mu makungu, yaba imigambwe n’amashirahamwe dusangiye ivyiyumviro canke amareta, mu ntumbero yo kugira abagenzi benshi dushobora gufadikanya urugamba rwo kugwanira no gutsimbataza demokarasi, ivyiyumviro vya gisosiyariste n’ubumwe bwa Afirika

4.7. Igisata cerekeye imico kama n’inkino : Ico gisata gifise intumbero yo kugarukira imico kama, akaranga k’igihugu cacu na Afirika tutibagiye guteza imbere inkino, kwinonora imitsi no guharanira agateka ka muntu.

4.8. Igisata kijejwe ivyo amategeko n’intwaro mu mugambwe: Gukurikirana no gutunganya ibikorwa vyo mu ngoro y’umugambwe, kuraba yuko amategeko ngenderwako y’umugambwe n’ayayakomokako ajanye n’ibihe. Kwegeranya amategeko ahambaye y’igihugu na mpuzamakungu umugambwe ukunda kwisunga mu guharanira urugamba rwa demokarasi : amategego agenga imigambwe, Ibwirizwa Shingiro, amategeko agenga amatora, ayagenga amakomine…..Kwigisha amategeko ngenderwako y’umugambwe, kwigisha amategeko amwe amwe mpuzamakungu.

4.9. Abagumyabuntu bahurikiye muri FFD : Intumbero nyamukuru Abagumyabuntu bazokwisunga ni iyo guharanira agateka ka muntu na canecane ak’abakenyezi n’abana, gukingira ibidukikije, tutibagiye gutabarana, no gufatana mu nda, tutibagiye kubahura, kujinjibura abakenyezi kugira bijukire poritike. Uyu mwaka, ico gisata cotunganya icigwa co gushinga isandugu yo gufashanya no gutabarana mu mugambwe. Ni ngombwa FFD ishinge inzego mu gihugu cose

4.10. Urwaruka ruhurikiye muri JPD : Nk’uko tubizi, kw’isi yose urwaruka rwamye ari imboneza mw’ihinduka ry’ibintu mu bihugu vyose.
Intumbero nyamukuru ni guha indero n’inyigisho urwaruka kugira rukure rufise ingendo runtu, imico kama myiza y’Uburundi na Afirika, Demokarasi no gufatana mu nda. Twohera mu gushinga inzego za JPD mu mashure canecane ya kaminuza no mu ma Lycées, tutibagiye urwo rwaruka usanga rwarahejeje amashure ariko ata kazi rufise. Koba rero n’akaryo keza ko kubigisha ibijanye n’ukwiyungunganya, kugira bashobore kwibeshaho badashera.

5. Bagumyabanga, Bagumyabuntu namwe Ntebutsi
Mu misi iheze, kuva mu mpera z’umwaka wa 2021, mwarumvise yuko hari bamwe muri twebwe bagumutse, barondera no gusenyura inzego z’umugambwe. Mu vyo bitwaza, bavuga yuko ivyiyumviro vyabo twoba twabifashe minenerwe. Mu bisanzwe, ntawoja ngaho ngo avuge yuko ata ngorane zigeze mu mugambwe canke ingorane zigiye guherengetera burundu. Ingorane ntizizokwigera zibura, kandi nta rugamba twoba turimwo igihe tutohura n’ingorane n’imwe. Izo na zo twovuga yuko ziri kubiri : hari ingorane zituruka indani mu mugambwe, hakaba n’izindi zituruka hanze, tuvuge zishobora guterwa n’ubutegetsi canke iyindi migambwe. Ingorane rero iyo zadutse, na canecane izituruka hagati, ni kuzicarira mu manama y’inzego tukazitorera umuti muri izo nzego nyene tutiriwe turazishira hejuru mu bakeba, na kare barayamaze bati “Uwutema urwiwe bamutiza umuhoro”. Uko ni ko amategeko ngenderwako yacu abivuga mu ngingo ya 13. Iyo ngingo mu gace kayo ka gatatu, ivuga yuko umugumyabanga wese afise uburenganzira bwo: « Gushikiriza ivyiyumviro vyiwe mu mwidegemvyo mu nzego z’umugambwe ku biraba ubuzima bw’Umugambwe, ingene igihugu kirongowe hamwe na poritike yose muri rusangi ». Abo bagumutsi rero, izo ngorane bitwaza ntibigeze bazizana mu nzego barimwo z’umugambwe. Ariko, bamaze gusohora mw’ibarabara urwandiko bise ikete ryuguruye, twaratunganije inama ya Komite nshingwabikorwa, kandi n’abo bagumutsi barayitavye. Iyo nama yarabiyamirije, irongera irabahanura, irabereka amakosa bagize, izi yuko bazokwihanura. Budakeye na kabiri iyo nama ibaye, baciye batumako abamenyeshamakuru, baca batangaza yuko bakomboye inzego z’umugambwe. Muca mwumva rero ko iyo yari “kudeta”, ya ngendo twasezerera kuva mu 1993. Mu maguru masha twaciye dutumako iyindi nama yagutse ya Komite Nshingwabikorwa, ica ifata ingingo zo kwirukana burundu mu mugambwe abari kw’isonga muri ubwo buhemu.

6. Bagumyabanga mwese,
Imbere yo gusozera rino jambo ry’uno musi, nashaka nsubire kubashimira ku butwari mwerekanye mukanka kuja ku mohe y’abo bahemu. Mwarerekanye ko muri abagumyabanga babushitse koko, mu kwima amatwi abataye umurongo, bagashaka guta abandi mu rudubi mbere no guta umugambwe mu kaga. Turabashimiye ko mwerekanye umutima rugabo, umutima w’ugukunda umugambwe n’igihugu. Birababaje kubona ko abari binamuye bagashaka gukora kudeta mu mugambwe bari basanzwe bafise amabanga ahambaye anaborohereza guserura ikibabakiye ku mutima ata nkomanzi. Uko biri kwose, twebwe turemera yuko muri abo hari abihenze canke bahenzwe kubera imvo zitandukanye, vyongeye ntidushaka abava mu mugambwe, ahubwo dushaka abinjira ku bwinshi, ari na ho umugambwe ukomera. Abazokwihanura muri abo bagumutsi ni kubakira, tukabacira inkoni ngufi twsisunze amategeko ngenderwako y’Umugambwe. Uwuri hafi y’umwe canke uwundi, muraganira na bo. Mu bisanzwe bari barayamaze bati, “Ikibi si ugutemba, ikibi ni ukugumayo ukanka kuvyuka”.

Mu kurangiza, ndabasavye mwese bagenzi dusangiye urugamba rwo guharanira no gutsimbataza demokarasi, mukure amaboko mu mpuzu, twigishe umugambwe wacu kuko nta yindi nzira isigaye. Erega nta we musiganya, musinziriye ngo bizokwikora canke ngo hariho abandi babikora, mwokwimbura ingonera, kandi barayamaze bati: uwutambana na mu keba ntakubita urugohe. Dufise abanyagihugu bakunda ibikorwa kandi bafise disipirine, urwaruka rwinshi rw’inkerebutsi. Nta cotubuza gutsinda amatora yo mu 2025 maze tukaronka ikete ry’inzira ducamwo mu gushayura igihugu no gushira mu ngiro ya migambi yacu: dusezere ubukene, dusezere inzara, dusezere ugukumirana, dusezere ubushomeri, dusezere igiturire, uguturatuzwa n’ibindi ....
Ni hahangame Uburundi, Ni hahangame Afirika, Ni hahangame umugambwe CNDD.
Tugire amahoro, Iteka n’iterambere!

Ku bwa Komite Nshingwabikorwa
Leonarudo Nyangoma, Perezida.

Les dernières actus


Déclarations
Mupfasoni Ntibwirizwa Bernadette umutambukanyi w’umuhisi Ndarubagiye Leonce, muryango usigwa na Leonce Ndarubagiye Ncuti, Bagenzi, Bavandimwe ...
En savoir plus
Déclarations
Le président du parti CNDD, l’Honorable Léonard NYANGOMA a une profonde affliction d’annoncer le décès du Secrétaire Général de ...
En savoir plus
Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, 1. Munkundire ntangure kubaramutsa ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINEcontact@dup-international.org communiqué de presse Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par ...
En savoir plus
Prev Next