dimanche, 06 juillet 2014 14:01

IKETE N° 07/14: Ubutumwa Leonarudo Nyangoma, Umukuru w’umugambwe CNDD, ashikirije imboneza z’abagumyabanga b’umugambwe CNDD-FDD

Kubera ko muzi neza ko agakete ukandikirwa n'umukunzi kandi kenshi akakarungikana uwugukunda, tukarungikanye abo tuzi batugamburukira ningoga, na bo akaba ari abagumyabanga ba CNDD ; harimwo intebutsi za JPD, tutibagiye abagumyabuntu ba FFD. Ni na bo mbere ntanguye kuramutsa n'igishika cinshi nti ni Tugire amahoro n'agateka kuri bose !
Munkundire rero nk'uko mwamye mugamburuka, munshikanire ubu butumwa kuri bene wacu bo muri CNDD-FDD.

 Mboneza z'abagumyabanga ba CNDD-FDD

Ntanguye kubaramutsa. Si kenshi nahora ndabigira kuko ndubaha kandi nkubahiriza imigambwe yose n'abari muri yo. Ariko kandi, iyo mbonye igihugu kiriko kiragwa mw'isanganya, kenshi bitumwe n'abari kw'isonga ry'ubutegetsi bw'igihugu, sinshobora kwihangana. Ni ngombwa ndabakebure, naho boba ari abakeba mu vya poritike. Twarabigize tugwanya umugambwe Uprona, twarabigize turiko turahasha abari bahejeje kwiha inkumbi bagashaka kuvuguruza abarundi, bari bahejeje kwitorera Umukuru w'igihugu cabo mu mwaka wa1993. Twarabigize kandi turabishitsa naho havuye haduka izindi ngorane, ari na zo ziriko zirazana aya mabi n'amagume mwese mubona. Ayo na yo ni aya y'ubukene, n'inzara vyasinzikaje abanyagihugu, aha rero ntituvuze ubusuma n'ubwicanyi vyigize ndanse mu gihugu, ayo mahano yose akaba atumwa canecane n'uko intwaro ya Nkurunziza ititaho ineza n'iterambere vy'igihugu n'abanyagihugu bose.

Muti none ko muzi turi mu mugambwe uri kubutegetsi, mutwandikiye mushaka iki ? Mudushakako iki ? Benshi muri mwebwe twari kumwe muri izo ngamba. Ico twaharanira mwese murakizi : kwari ukugarukana demokarasi mu gihugu. Twashaka ko hoba intwaro ikura abanyagihugu mu buja, mu migozi, mu gacinyizo, mu bukene. Twashaka intwaro itegura kazoza k'Uburundi n'abarundi. Twashaka intwaro igendera ikongera ikisunga ivyiyumviro birashe, abarundi bakabaho babona iyo bariko baraja, bagashobora no kugaragaza akababaro canke akanyamuneza biciye mu myiyerekano canke mu zindi nzira zemewe n'amategeko adahotora agateka ka muntu. Ihangiro rero nyamukuru n'uko Abarundi mu gihugu cabo bumva ko bikukiye, bishira bakizana, bakagira ijambo, nta kintu kibi nko kuniganwa ijambo. Ntibasubire gutotezwa no guhigwa buhongo n'intwaro yategerezwa kubakingira no kububahiriza. Igihugu kizotera imbere ari uko abarundi bose bugurutse mu mitwe no mu mitima yabo, ni naho bazogira ishaka n'inguvu vyo guhangana n'ibibazo biri ngaha mu gihugu cacu, ibibazo kenshi biva ngaha nyene, ibindi bigaturuka mu mahanga.

Bagumyabanga b'umugambwe CNDD-FDD,

Igituma rero tubandikira, ni ukubereka ubwa mbere ko naho tutari kumwe mu mugambwe, ata ngorane n'imwe dufitaniye n'abagumyabanga benshi b'umugambwe CNDD-FDD bacibuka kandi bazi neza ico twaharanira. Birya vy'uko uwo mudasangiye umugambwe acika umwansi, ni ukubirengera no kubigwanya twivuye inyuma. Ni uwo mutima wo kunywanisha abantu utumye ndabandikira. Ibi ndabiganira si ivyo ku munwa gusa, bivuye ku mutima. N'ejo, n'ejo bundi, uzomenya ko naka ari umugenzi, umukunzi, igihe yubahuka kugukebura akama yakubwiye ukuri, adasigiririza. Kandi burya abarundi barayamaze bati, « Nyakubura ikimuhanura, ni we nyakubura ikimuhamba ».

Ikindi kandi: Mwese murabona aho igihugu kigeze. Murabona ko igihugu kiri mu mayira abiri. Abarundi benshi baratekewe n'ubwoba, ntibabona kazoza kabo. Henshi abarundi birigwa baricana, bapfa ubusa, bateranijwe n'abantu botegerejwe kubuzuriza, bakabumvikanisha. Abo bantu ba gateranya bameze nk'amabingira. Kandi bama bari mu ntwaro zose. Bari no mu bwoko bwose. Bari mu ntara zose. Bari ngaha mu Burundi, kandi no mu bindi bihugu vyo mu mahanga barimwo. Musanga mbere mwene abo bantu ari akagwi gatoya cane, kakihereza ubutegetsi, kakabutwara bwose, kakabwaka abanyagihugu. Iyo rero ibintu bimeze gutyo, kandi koko mu gihugu cacu ubu ni ko bimeze, igihugu nta gisivya kiragwa mw'isanganya. None, murashobora kwemera ko ibintu bibandanya gutyo? Turazi neza ko benshi mutavyemera namba. Kuko na mwebwe benshi ubu muri mu bwoba. Muri ntibuca, ntibuca. Mwaratuntuye ku mutima. Amakosa akorwa murayabona, arababaza, arabatera agahinda, bamwe mugashima kuba ba sindabibazwa, mukagira nk'abatabibona, abandi bakabishigikira, abandi bakabigaya, ariko ntibaronke inguvu n'ishaka ry'ukuvyiyamiriza kuko mutinya ko bashora n'uguca babica, mugatinya kandi ko babakura mu vyicaro babahaye, kandi ata handi mwokura ivyo mufungura, mwebwe n'abana banyu, ata handi mwokura uburaro n'uburamuko. Kandi rimwe na rimwe, mu gihugu gikenye nk'iki cacu birashobora kwumvikana, ariko kubitiza agatima impembero!

Bagumyabanga b'umugambwe CNDD-FDD,

Ibigora bigora abagabo. Ariko kandi nta kamaro k'ukuba umugabo ni iryo. Ntibihesha icubahiro, ntibihesha iteka. Ntivyubaka igihugu. Biragisambura kuko ni mwebwe mwategerezwa kubera umuco abandi. Iyo rero umuco ugiye, haca haba umwiza. Mutegerezwa rero kubandanya kubera urumuri abandi. Ni na co gituma rero tubandikiye, tubasaba ko mwoba umuco koko, kugira tugwanye ubwa kabiri twivuye inyuma akagwi k'abategetsi bitwa ngo muri kumwe, kariko karashungururira igihugu cacu mu manga, nimba kitaja carayikorokeyemwo. Nta kintu na kimwe gituma abantu birigwa baricwa bahorwa imigambwe barimwo. Nta kintu na kimwe gituma abantu bapfungwa agashinyaguro. Ngira namwe aho mugeza amaso, murabona yuko iyi ntwaro ya Nkurunziza isigaye isumvya ububisha intwaro z'igikenye twari twaragwanije zitwaza intara, ubwoko n'ubundi bukunzi bw'inda. Nk'akarorero ka vuba, Ni nde yosigura igituma umutama Petero Karavera Mbonimpa ashirwa mu buroko? Aho gutabwa mu Mpimba n'intwaro yitwa ko iharanira demokarasi, urya Mutama ni we yohamagawe mu ba mbere gutora ibidari n'ubushimwe Umukuru w'igihugu yirirwa aratanga!

Twashaka rero kubasaba ko mwokora uko mushoboye kugira ivyo bikorwa bigayitse vya bamwe mu bo mwita ngo murasangiye umugambwe mufashe bije ahabona. Twashaka kubasaba ko mwovyiyamiriza ata gushidikanya no guhigimanga, kuko bitebe bitebuka bizota igihugu mu kaga. Ni mureke kwemera ko igihugu kigwa mw'isanganya mubibona. Ni mube abagabo koko, igihugu camye gitabagwa n'abagabo, ntimwemere kuba utugabo ni iryo. Bavuga bati "Agasozi k'amarere kahiye abagabo babona"

Muti none twobigenza gute?

Ubwa mbere murazi ko abari kw'isonga ry'ubutegetsi bamwebamwe bameze nk'amabingira. Naho boba babanotorerako, amatungo yose aherera mu mipfuko yabo. Kwubaka igihugu si ukwubaka amazu, si uguhiganwa mu kuduza amagorofa y'akataraboneka. Kwubaka igihugu ni kugitunganiriza umugambi urashe, ukawumvisha abanyagihugu, bakawukurikira bakawuhurumbira. Nta mugambi wo kwica, gukumira canke gutoteza abandi wubaka. Ubutegetsi bushimikiye ku mugambwe umwe mu gihugu ntaho bugishikana. Uburorero bwinshi murabuzi, kandi mwarabubonye. Ni na co gituma ibikorwa vy'ugutoteza iyindi migambwe, canke ukuyicamwo ubunywenywe ari bibi cane, bikagira ingaruka mbi mu gihugu cose. Ubutegetsi bugendera kuri demokarasi bwama na ntaryo bukora uko bushoboye kwose kugira ngo imigambwe ifise ivyiyumviro bitandukanye ikore ku mugaragaro, mu mwidegemvyo, kuko mu vy'ukuri iyo migambwe iratuma ubutegetsi butijajara , bukagira ico butinya, maze bukaguma ku murongo. Aha mu gihugu cacu uko bimeze muri ibi bihe, uwo mudasangiye umugambwe asigaye yitwa umwansi w'ukwica. Ivyo rero ni muhaguruke mubigwanye, ata gukebaguzwa. Kubigwanya na kwo ni ubwa mbere kuvyiyamiriza. Hanyuma ni Uguhaguruka mukigisha demokarasi ishimikiye ku migambwe myinshi kandi mukabigendera. Mubigendere ku buryo barya bashaka kutugarukana mu ntwaro zataye igihe basigara bamaramara, na bo babone ko batera ibipfunsi bidashika. Urwo rugamba, ni mwemere murugwane. Kuko ni urugamba rw'iteka.

Mwigishe kandi amatora, atari ay'ugusubira kwimika umugambwe usanzwe utwara, kuko amatora ari ikiringo nta ngere c'uguha amanota abatware, canke imigambwe barimwo. Ni ikiringo co kubashimira canke c'ukubagayira. Turabasavye ico kiringo ntikibajane canke ngo mugipfishe ubusa. Ibi bintu vy'ugutoteza umurundi mwene wanyu mwonse rimwe, vy'ugutoteza iyindi migambwe, vyo gusahura ata kinya ubutunzi bw'igihugu, abarundi bagasigara bifumbereje, ibi bintu vy'ugushaka kuguma ku butegetsi imyaka na mirere, Ibwirizwa Shingiro n'Amasezerano y'i Arusha bihonyanzwe, ibi bintu vya ka mwana wa mama na mpinga yanje , usanga hari intara zigezweho izindi zikibagirwa nkuko umengo ayandi ma provensi ari mu kindi gihugu atari Uburundi, ibi bintu vyo kuvyura amacakubiri y'amoko yariko ararangira, ibi bintu, bagabo ba mama, harageze ko mutabandanya kubisabirako, kuko n'abigeze kubikorerako ntivyabereye. Haguruke rero muvyiyamirize mutarya umunwa, mushengeze ako kagwi gashaka gufatira amaboko imugongo abarundi.

Kandi, nta nkeka mubikoze uko, abarundi benshi bazobashimira, bongere na bo bagire uruhara rwotuma ibintu bihinduka ku neza ya bose. Murafise uruhara runini muri kazoza k'igihugu, kaba kabi canke keza. Koresha inguvu mufise, mugondoze intwaro ya Nkurunziza yumvirize akamo k'abarundi n'amakungu, yemere kwicarana n'abo bitavuga rumwe, bicare baganire ibibazo biraje ishinga igihugu cacu, maze twitegurire amatora twese dutekanye, umutima uri mu nda! Twabidondaguye, reka tubisubire, ni ibi vyo gutoteza abatavuga rumwe n'ubutegetsi, kubafata no kubapfungira ubusa, gusambura iyindi migambwe. Umvisha Nkurunziza ahagarike ubwicanyi, areke kunyanyagiza inkoho mu gihugu, areke kwuhurira urwaruka ngo ni "imbonerakure" gutoteza abandi n'ukwisuka mu vy'abajejwe umutekano. Kuko, bitebe bitebuke, bizomuhumira. Mwumvishe arekure abo bose yapfungiye ubusa, abaziza ivyiyumviro vyabo, ahagarike imanza zo gukurikirana abanyeporitike. Yemere kuganira n'iyo migambwe batavuga rumwe, kugira bategure amatora, imitima iri hamwe, izo nkoho zinyagara mu gihugu zandurwe, yemere ko n'amabwirizwa yose ashobora kubera intambamyi ya demokarasi asubirwamwo. Atemeye impanuro muzomuha, twibaza ko mwoca mumusezerera, na kare igihe kirageze. Nta na kimwe azoba acishoboza be n'akarwi kiwe; na kare abakurambere barayamaze bati " Kananira abagabo ntiyimye". Nimugarukire igihugu mutuze amasiha mu kigega ca Reta. Vyongeye, ntimuze mwibagire kwibutsa Nkurunziza yuko ikiringo ciwe kigira kabiri kizorangira umwaka uza, iginekerezo rya 26 Myandagaro 2015, ko ico gihe kigeze yokinjura akagenda akiri mwiza, kandi abimenyeshe abarundi uyu mwaka nyene. Ni arekere abandi, muri demokarasi ni ko bigenda, kuko si umwami, abitoza mu mugambwe wiwe ntibabuze, maze bahiganwe n'abo mu yindi migambwe.

Aka kamo ntitukabateye tuvuga ngo injira mu mugambwe CNDD turongoye naho ari nawo wabonkeje. Ntituvuze kandi ngo ntimuwinjiremwo. Ahubwo Karibu. Muri abasangwa kandi muzoba mwisanze. Aka kamo tukabateye tubasaba ko aho mwoba muri hose, mwoguma mugendera ingendo y'urupfasoni, ingendo runtu, ntimwemere kuba imashini zo kwica abantu mwaremwe kumwe mw'ishusho ry'Imana. Gwanire demokarasi, igishe abanyagihugu gukundana n'uguharanira na ntaryo ineza y'igihugu. Aka kamo ntitugateye imboneza gusa z'umugambwe CNDD-FDD, tugateye n'abandi bagumyabanga bose b'umugambwe wanyu n'uwacu, eka mbere n'abandi bahurikiye mu runani ADC-IKIBIRI canke mu yindi migambwe itari muri urwo runani. Aka kamo tugateye abarundi bose bemera demokarasi bo mu bwoko bwose: abahutu, abatutsi n' abatwa, bemera ko abarundi bangana, bazi ko ubwoko ataribwo bubi, ahubwo ko ububi ari ubutegetsi bw'abo ba "mpemayuzuye", bigaruriye ubutunzi bwose bw'igihugu. Tugateye abantu bose bazi ko ata ntara mbi ibaho, nta n'umwe muri twese yasavye kuvukira mu ntara kanaka, intara zose zirafise abantu benshi bemera bakagendera demokarasi n'abandi bari ku rushi ba "sesankuyoze". Mu myaka iheze twagwanije umugambwe UPRONA warimwo akagwi k'abantu bahenda abandi ngo batwarira ubwoko bwabo. N'ubu tuzobandanya tugwanya ivyiyumviro vy'amacakubiri ayo ari yo yose mu mugambwe wose uzoba ushize ku butegetsi imburakimazi n'aho uzoba umugambwe wacu. Tukabateye twipfuza ko amatora twimirije yoba mu mutekano, ariko canecane agategurwa mu mutekano, mu mwidegemvyo . Ivyo na vyo si barya banyonyezi bazobigira canke ngo babidufashemwo. Ni twebwe twese dutegerezwa guhaguruka, duhereye kuri mwebwe muri mu mugambwe uri ku butegetsi, abandi bo, na canecane abari mu migambwe ihurikiye mu runani ADC-Ikibiri, bavyiteguriye kuva kera, hasigaye gusa ko ifirimbi y'amatora ivuga.

Ni Tugire amahoro, n'agateka kuri bose!

Leonarudo NYANGOMA

Umukuru w'umugambwe CNDD

Mukakaro 2014