3. Muti umuzi none gute ? Mw’ijambo rimwe Venansi ya UMUNTU, umuntu w’impuhwe nyishi cane, umuntu w’ikigongwe.
Mu mibano, Venansi yari umurezi, yitayeho abandi no kwiyibagira akiyibagira. Umurezi mwiza, ubibonera ku kuntu yareze abana biwe, barize amashure barayamara, na zakaminuza barazirangiza, yarabitangiye cane atibagiye abasigaye mu Burundi yarihira amashure. Ivyo akabigira nk’uko mwa vyumvise yaciye mu bihe bigoye cane vy’ubuzima, kwama yahunze agashika kane, ava aha aja harya.
Venansi yari umuntu akunda abantu canecane bafashanya, batabarana, afise abagenzi benshi, muravyibonera n’ingene mwaje kumuherekeza muri isinzi ry’abantu. Yari n’umuntu aryosha ikiyago, azi kujajura, irungu rimwumvise ryaca ritemaguza, yari kimararungu. Umuntu kandi yitaho cane akaranga n’imico kama vy’Uburundi n’Afrika. Umushingantahe yitonda cane, Yivugira make akarangura vyinshi. Mw’ijambo rimwe yari UMUNTU.
4. Mu vyo igihugu. Canecane muri poritike. Vyaragaragaye ko yari umuntu yakunda igihugu ciwe camwibarutse.
Muri poritike yarakoze vyinshi kandi akoresheje uburyo bwiwe. Venansi ari mu bambere binjiye mu mihari n’imigambwe yaharanira agateka ka muntu na DEMOKARASI mu myaka ishira 1980, yinjiye muri MPD ukivuka mu 1988, yinjira mu muhari CNDD ukivuka mu 1994, arinze aryamira ukuboko kw’abagabo atarava kw’izima, aho benshi usanga barataye umurongo. Yabaye inserukarukamvye ku rugamba rwo guhabuza demokarasi mu Burundi.
5. Umukunzi wacu Venansi, asize umuryango ugizwe n’Umutambukanyi
wiwe Suzane, abana bane n’abuzukuru babiri na papa wabo Bolivar. Nsavye rero mwese incuti n’abagenzi ko mwobandanya kuremesha mudahengeshanya umuryango wa BAZAHABABAZA Venansi, kanatsinda incuti canke umugenzi uyibonera mu bihe bigoye nk’ibi. Tukaba tubashimiye cane kuba mwaratubaye hafi kuva mzee Venansi aryamiye ukuboko kw’abagabo. Twongeye gusaba umuryango wa BAZAHABABAZA Venansi namwe ncuti bagenzi biwe ko mwokwigumya, maze mwihangane, ntitwihebure Venansi erega asubiye iyo yavuye yitavye umuhamagaro w’imana, ubu yicaranye na basokuru. Azotuvugira ku mana iyo yagiye. Imana na ba Sokuru imwakire. Murakoze
Igenekerezo rya 10 Kigarama 2022
Leonarudo NYANGOMA, umukuru wa CNDD