dimanche, 08 janvier 2023 13:59 Écrit par  CNDD

Ubutumwa bwo guhoza umuryango w’umuhisi BAZAHABABAZA Venansi, bushikirijwe na Leonardo NYANGOMA, Umukuru w’Umugambwe CNDD

Muryango usigwa na BAZAHABABAZA VENANSI, Ncuti, Bagenzi, Bavandimwe bacu mwese mukoraniye hano, kuri uno musi w’igenekerezo rya 10/12/2022. Nk’uko mubizi, turi mu gihe c’umubabaro n’agahinda, muri uyu muhango wo guherekeza umugenzi, umuvukanyi, incuti yacu BAZAHABABAZA Venansi se w’ibibondo twabuze tutanka kw’igenekerezo rya 30/ 11/22

1. Kw’izina ry’umugambwe CNDD, kw’izina ry’umuryango no kw’izina ryanje nyene, ndahojeje umuryango wabuze, nkabasaba kwigumya muri ibi bihe bigoye cane, naho bitoroshe, turazi neza yuko ahavuye umushingantahe w’ijunja n’ijambo nka Venansi hasigaye ikinogo kinini cane, kuko yari kirumara mu muryango. Mboneyeho kandi guhoza abanywanyi bose b’umugambwe CNDD, kuko umugambwe urabuze umunywanyi akomeye cane w’inararibonye muri segisiyo yo mu Bunelux.

2. Umushingantahe Venansi turiko turaherekeza muri iyi mihango, jewe natanguye kumumenya akiri muto cane ari mu mwaka w’umunani nanje ndi mu mwaka w’icumi na kabiri, mu kiza c’1972 yahungiye mu Rwanda, twasubiye kubonana aja ari umugabo mu 1993 ahungutse, yaje kundaba mu biro vy’ubushikiranganji nari ndongoye, yaciye aronka akazi nyene muri ubwo bushikiranganji. Yari umuntu yitonda atavugira hejuru kandi mucapa kazi. Muri uyo mwaka nyene Venansi yasubiye guhunga, nanje nyene ndahunga inyuma y’igandagurwa rya prezida Ndadaye Melchior. Vanansi twasubiye guhura mu myaka ya 2000 mu Bubiligi, yari umunywanyi akomeye mu muhari CNDD kuva ukivuka mu 1994, yaciye yakirwa segisiyo yo muri Benelux.
Mu nyuma, urugo rwiwe rwaranshimishije kugera aho ndamusaba umugeni, abana bacu Berta na Bolivar barubakana, twe na Venansi tuba tubaye bamwana, maze ubumwe bw’imiryango yacu buratsimbatara, Venansi agiye rero tumaze kuronka utwuzukuru tubiri : Elikiya na Kesia.

Tuzokwama tumwibuka mu buzima bwacu ku ngendo yiwe nziza haba mu mibano, haba muri poritike. Yari koko intwari mu muryango, mu kibano no mu vyo igihugu.

3. Muti umuzi none gute ? Mw’ijambo rimwe Venansi ya UMUNTU, umuntu w’impuhwe nyishi cane, umuntu w’ikigongwe.
Mu mibano, Venansi yari umurezi, yitayeho abandi no kwiyibagira akiyibagira. Umurezi mwiza, ubibonera ku kuntu yareze abana biwe, barize amashure barayamara, na zakaminuza barazirangiza, yarabitangiye cane atibagiye abasigaye mu Burundi yarihira amashure. Ivyo akabigira nk’uko mwa vyumvise yaciye mu bihe bigoye cane vy’ubuzima, kwama yahunze agashika kane, ava aha aja harya.
Venansi yari umuntu akunda abantu canecane bafashanya, batabarana, afise abagenzi benshi, muravyibonera n’ingene mwaje kumuherekeza muri isinzi ry’abantu. Yari n’umuntu aryosha ikiyago, azi kujajura, irungu rimwumvise ryaca ritemaguza, yari kimararungu. Umuntu kandi yitaho cane akaranga n’imico kama vy’Uburundi n’Afrika. Umushingantahe yitonda cane, Yivugira make akarangura vyinshi. Mw’ijambo rimwe yari UMUNTU.

4. Mu vyo igihugu. Canecane muri poritike. Vyaragaragaye ko yari umuntu yakunda igihugu ciwe camwibarutse.
Muri poritike yarakoze vyinshi kandi akoresheje uburyo bwiwe. Venansi ari mu bambere binjiye mu mihari n’imigambwe yaharanira agateka ka muntu na DEMOKARASI mu myaka ishira 1980, yinjiye muri MPD ukivuka mu 1988, yinjira mu muhari CNDD ukivuka mu 1994, arinze aryamira ukuboko kw’abagabo atarava kw’izima, aho benshi usanga barataye umurongo. Yabaye inserukarukamvye ku rugamba rwo guhabuza demokarasi mu Burundi.

5. Umukunzi wacu Venansi, asize umuryango ugizwe n’Umutambukanyi
wiwe Suzane, abana bane n’abuzukuru babiri na papa wabo Bolivar. Nsavye rero mwese incuti n’abagenzi ko mwobandanya kuremesha mudahengeshanya umuryango wa BAZAHABABAZA Venansi, kanatsinda incuti canke umugenzi uyibonera mu bihe bigoye nk’ibi. Tukaba tubashimiye cane kuba mwaratubaye hafi kuva mzee Venansi aryamiye ukuboko kw’abagabo. Twongeye gusaba umuryango wa BAZAHABABAZA Venansi namwe ncuti bagenzi biwe ko mwokwigumya, maze mwihangane, ntitwihebure Venansi erega asubiye iyo yavuye yitavye umuhamagaro w’imana, ubu yicaranye na basokuru. Azotuvugira ku mana iyo yagiye. Imana na ba Sokuru imwakire. Murakoze
Igenekerezo rya 10 Kigarama 2022

Leonarudo NYANGOMA, umukuru wa CNDD