Actualités http://cndd-burundi.com Fri, 29 Mar 2024 05:32:56 +0000 fr-fr IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUKURU W’UMUGAMBWE CNDD, Leonarudo NYANGOMA RYO KWIPFURIZA ABARUNDI UMWAKA MWIZA MUSHASHA WA 2024 http://cndd-burundi.com/actualites/declarations/957-ijambo-umukuru-cndd-umwaka-mwiza-mushasha-2024 http://cndd-burundi.com/actualites/declarations/957-ijambo-umukuru-cndd-umwaka-mwiza-mushasha-2024 IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUKURU W’UMUGAMBWE CNDD, Leonarudo NYANGOMA RYO KWIPFURIZA ABARUNDI UMWAKA MWIZA MUSHASHA  WA 2024

Bagumyabanga ba CNDD
Bagumyabuntu ba FFD
Namwe Ntebutsi za JPD
Barundi,
Barundikazi,
Bagenzi mwese, ncuti za CNDD,

1. Munkundire ntangure kubaramutsa n’urukundo rwinshi hamwe n’inkumbu mfise ku mutima nti Nimusangwe iteka, itekane n’iterambere muri demokarasi.

2. Murazi yuko tumaze kubigira umugenzo mu bihe nk’ibi vyo gusozera umwaka twinjira mu wundi. Turafata akanya ko kubipfuriza mwese iyo muva mukagera, kurangiza neza umwaka wa 2023, maze mutangurane umushasha wa 2024 mu mahoro. Uyu mwaka mushasha uzobabere uw’amagara meza, ingoga nyinshi n’iterambere mu banyu no mu vyanyu! N’aho turi mu mu ngorane nyinshi zitagira urupimo, ubukene butagira izina, inzara izura inzara, ubushomeri umengo ni akaranda, umutekano udashemeye... Ndabipfurije mwese rero gusanganira n’uguhimbaza umwaka mushasha mu rweze no mu mahoro. Mwiginane kandi musangire ivyo mufise mudakebaguzwa, mugamije n’ukuwuranguramwo imigambi ikomeye, na canecane kwitegurira amatora yimirije muri 2025 ; tuze dutahukane intsinzi ya Demokarasi nk’uko twabigize mu 1993. Maze dushire mu ngiro imigambi itomoye ya CNDD, tubereke ubudasa. Turabararitse rero mwame maso, na kare ngo Uwutambana na mukeba ntakubita urugohe. Mufise amabanga ahambaye yo guteramira demokarasi twahabiye kuva kera, benshi cane bakayigura ubuzima bwabo, kugira ntitunyererane turorera.

3.Bagumyabanga mwese, Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Umugambwe wacu CNDD,
Mu gihe rero c’ukurangiza umwaka, harabaho ukwirimbura; ugusubiza agatima impembero, haba ku bw’umuntu umwumwe, haba mu muryango wiwe, mw’ishirahamwe ryose yoba arimwo canke umugambwe, tudasize inyuma ivy’igihugu cose.
Ko turi mu mugambwe wamye ushira imbere imibereho myiza y’abanyagihgu na canecane batobato, umugambwe uharanira demokarasi y’ukuri atari ivyo akarimi, umugambwe wemera yuko itunga ry’igihugu ritegerezwa gusabikanywa ata wandya wangura: umunyagihugu wese akaba ashobora kwivuza, kurungika abana kw’ishure bakiga gushika iyo biyumva, kuronka uburaro bubereye, abanyagihugu bakaba bashobora gufungura neza, ubukene n’ubushomeri bigasezererwa, amashirahamwe yose na canecane ayaharanira agateka ka muntu, yaba amasendika, akaba ashobora gukora mu mwidegemvyo. Iyo ikaba ari yo ngendo yerekana koko yuko mu gihugu hari demokarasi.

Aha tworabira hamwe canecane ibituma Demokarasi iriko irasubira inyuma nk’ibirenge mu gihugu cacu.


Uwu mwaka rero wa 2023 urangiye, waranzwe n’ibintu vyinshi bituma ubuzima bw’igihugu n’abanyagihugu butituka bigasubiza inyuma Demokarasi. Ibikurubikuru twovuga ni nk’ibi: ubusuma bwabaye nk’ubuhizi mu gihugu, kubura amafaranga mvamakungu, igurishwa ry’amasosiyete ya Reta, kugena Umugwi ujejwe gutegura no gutunganya amatora ugaragara neza ko ata bwigenge na butoyi ufise imbere y’umugambwe wihagiye ubutegetsi ; ubushomeri n’ubukene biguma vyiyongera.

1°Ubusuma bwabaye nk’ubuhizi. Mu vy’ukuri abanyagihugu benshi bari bashimye ingingo Umukuru w’igihugu yafashe yo kurwanya ubusuma ahereye ku bategetsi bo hejuru nk’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere. Ariko n’ubu Abarundi baracafise amakenga. Baribaza ibituma uyo yahoze ari umushikiranganji wa mbere ataburanye mu ntahe y’icese Abarundi bakumva ingene yiregura, bakamenya amahera yasahuye ingene angana, abo bafadikanya n’iyo yayanyegeje. Kandi biragaragara yuko hari abandi ba karuhariwe mu bunyonyezi, nk’abasahuye amahera yari agenewe kwubaka urugomero rw’umuyankuba i Bubanza. Ni kuki gushika n’ubu abategetsi badashaka kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro mu kwerekana ubutunzi bafise bacinjira mu mabanga ahambaye n’igihe bayavuyemwo. Mbe bamwe Denise, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yise ‘’abarundarundunya’’ ko badafatwa? Amafaranga yavuye muri ya mabuye y’agaciro yacukuwe i Gakara yarengeye hehe? Izo nzu z’amagorofa na Reta idashobora kwubaka zinyanyagiye hirya no hino ziri ku gatwe k’abantu bamwebamwe ko ata butungane bwigera bugira uwo bubibaza vyitwa ngo hariho Sentare irwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo y’igihugu.
Abanyagihugu baripfuza kumenya amahera yose amaze kunyonyezwa n’ayamaze gushika mu kigega ca Reta kuva mu mwaka wa 2005, eka mbere n’imbere y’aho.
Ku vyerekeye ugusesagura amatungo y’igihugu : ba sokuru ni bo bayamaze bati Umwera uva i bukuru ugakwira hose. Mu gihe ata gitoro kiba kiriho, Umukuru w’igihugu ntibimutera isoni guca mw’ibarabara wenyene n’umurongo w’imiduga mininiminini inywa igitoro cinshi nk’indege. Hagati aho bakabuza abenegihugu gupfuma bigira n’amakinga basi canke imoto hamwe na twa dutukutuku bitanywa ibitoro vyinshi ! Igikuru ni ukucungera ko bubahiriza amategeko y’ibarabara nk’umuvuduko. Kira noneho, nta wurenga imetero ijana atabonye umuporisi kw’ibarabara. Uburundi ntiburagera aho bwobuza abantu kugendera ku makinga. Ah’ubwo n’abategetsi bari bakwiye gutanga akarorero bakifata nk’uko igihugu kiri aho kugura amamodokari nk’ama ‘’V8’’ n’izindi no mu bihugu bitunze batubahuka kugura. Nibafatire akarorero ku babaye intwari nka Sankara n’abandi aho kwirirwa mu ndege zo hejuru n’izo hasi…Ikindi cosahiriza ku mafaranga mvamakungu, hari ingendo nyinshi z’umukuru w’igihugu yivira hasi kandi yotuma guserukirwa nk’uko benshi bama babigize mu ntumbero y’ukugabanya ikiguzi c’izo ngendo.
Muri ya ngendo yacu yo gukebura, ntitwogenda tudakebuye kandi gutanga akarorero keza kavuye hejuru ku bijanye n’inyambaro z’abakenyezi b’Abarundi, zibabera cane. Ejo hazokwaduka indyane mu ngo kuko umugabo adashoboye kwambika umukenyezi wiwe injabuka, canke na ho umukenyezi afatire ideni ico, kubera ko badatozwa kwifata uko igihugu kiba cifashe. Ngo Bibwirwa benshi…

2° Mu gihe c’ibibazo abashingamateka bashikiriza rero, umushikiranganji w’ivyo ubutunzi yaratangaje yuko ata mahera mvamakungu akwiye kugira Reta ishobore kugura ibintu vya nkenerwa biva hanze nk’imiti canke ibitoro. Nta gishasha yavuze, kuko FMI yarabivuze, tukibaza ibituma Reta ikwega amaguru mu kumenyesha abanyagihugu ingorane ifise. Vyerekana yuko ata mwimbu ukwiye mu gihugu nk’imfungurwa canke icayi, ikawa, ubutare, isukari, n’ibindi Reta canke abanyagihugu bafise bashobora gushora hanze kugira baronke ayo mafaranga mvamakungu, canke bahagarike kugura hanze ivyo dushobora kwihingurira. Ivyo bituma bwa bukene buguma bwiyongera, co kimwe n’ubushomeri. Mu gihe ata bitoro biboneka, abanyagihugu badashobora kuronka ikibunguruza, ni ngombwa ubutunzi bw’igihugu buzingame, ivy’imibano n’ibindi bigeramirwe. Abana mu mashure bakiga batubitse umukanda, abanyeshure muri kaminuza bakabura ka gafashanyo Reta yahora ibaha kugira bashobore kwiga neza, bafise uburaro, bashobora gufungura neza. Vyongeye, birababaje kubona Kaminuza y’igihugu idashobora kwakira n’ic’icumi c’abanyeshure baba batoye ca kibazo co kwinjira muri kaminuza. Ni agahombo gahambaye cane ku gihugu no ku Burundi bw’ejo kuko na kare ngo Izija guhona zihera mu ruhongore !

3° Amasosiyete atuma igihugu cigenga koko yaragurishijwe
Amwe nka ONAPHA yahingura imiti canke Ileteri yahingura amata zugawe kera imbere ya 2005. Izari zisigaye nka COTEBU yahingura impuzu, ikivuko c’i Bujumbura, OCIBU yafata mu mugongo abarimyi b’ikawa n’izindi zose zagurishijwe inyuma ya 2005 babanje kuzihomvya nk’uko bagomba kugira SOSUMO, Sosiyete yafata mu mugongo abarimyi b’ipampa n’izindi... Nkunda kuvuga nti ubwo butegetsi budahindutse n’impwemu duhema bazozigurisha. Ata masosiyete y’amahinguriro, ata muyagankuba nta kazi kaboneka, nta mwimbu uboneka wo gushora hanze kugira turonke ya mafranga mvamakungu. Muragabe, mu misi ya vuba, muzosanga na Regideso canke ONATEL bazicishije ku w’epfo.

4° Ubushomeri n’ubukene buguma bwiyongera. Ibimenyetso vyerekana ubukene ni vyinshi. Haheze imyaka igihugu cacu kiri mu bihugu bitanu vya nyuma bikenye kw’isi nzima. Mu gihugu kidafise amasosiyete y’amahinguriro gisasira indava ubukene kubera ko akazi kataboneka. Ifaranga ryacu rita agaciro kubera izo mvo. Imishahara igatituka, ugasanga nk’umupfuko w’isima wagurwa amafranga 1800 muri 2005, ubu ugurwa 40.000, ni ukuvuga ko ibiciro vyongerekanye akarenga 200%, imishahara na yo yagabanutse 1000%. Eka vyinshi ubibona ugiye kw’isoko aho ikilo c’umuceri kigeze kuri 4.000 cahora munsi ya 2.000 nta myaka ibiri ihaciye.
Ikindi kimenyetso kiranga ubukene, ni uko ibice 80% ry’urwaruka rurangiza amashure hafi, 80% ruri mu bushomeri butagira izina, ugasanga urwaruka rwacu arirwo nkingi y’iterambere rwahereye hanze mu bindi bihugu bibanyi canke vya kure. Ikibabaje kigasonga ugasanga hari n’amasosiyete azwi na Reta agurisha bamwe muri urwo rwaruka hanze mu bihugu vy’abarabu !

5° Umurwi ujejwe gutegura no gutunganya amatora yimirije.
Nk’uko mubizi, amatora ni kimwe mu biranga intwaro ya demokarasi. Ariko, kugira amatora agende neza, abanyagihugu bose bayiyumvemwo, ni uko amatora aba ahagarikiwe n’umugwi bose bizeye. Urya mugwi CENI twowugereranya n’umuhagarikizi w’umupira. Mu rukino rw’umupira hama hariho umuhagarikizi w’urukino, urya avuza ifirimbi igitsindo cinjiye bose bakacemera, canke habaye ikosa. Uwo muhagarikizi nta ruhande aba yegamiye, ntaba ava mu mugwi A canke B. Ariko twaratangaye twumvise ingene uyo mugwi CENI uheruka kugenwa dusanze abawugize nka bose bava mu mugambwe umwe uri ku butegetsi. Umugwi nk’uwo imbere yo kuwushinga vyoba vyiza habaye umwumvikano hagati y’abazokina, ni ukuvuga imigambwe izokwitaba amatora. Ndetse nk’uko vyagenze mu matora yo mu 1993, imigambwe yose izoja mu matora yoserukirwa muri uwo mugwi.

Ari co gituma dusavye yuko uyo mugwi wosubirwamwo, hanyuma imigambwe yose izoja mu matora igaserukirwa muri urya mugwi.
Bigenze uko, ayo matora yorangira ata gahigihigi kabayeho, bigatera iteka igihugu nk’uko twabibonye mu 1993, bigashimwa n’abanyagihugu benshi kiretse akagwi k’ingunge kaciye kiha ibara mu kugandagura umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior. Ivyo rero bishobora kudusubiza mu ntwaro y’umugambwe umwe rudende no kutwaka ijambo.
Tutarikanuye, umugambwe wihagiye ubutegetsi bwose, ufise ingendo yo kudusubiza mu ntwaro y’umugambwe umwe tuzi ingaruka zayo, kandi ugashira imbere akarwi k’abantu bari ku rushi bigungiyeko itunga nka ryose ry’igihugu. Aha rero, baba abiyumva mu mugambwe uri ku butegetsi, baba abatari muri wo, bamenye ko igihe Demokarasi isubiye inyuma, igihugu cose kihahombera, ishaka ry’ugushinga imigambi mu mwidegemvyo rikabura aho rifatira, maze igihugu aho gutera imbere kigasubira inyuma nk’ibirenge; kuko usanga hari akagwi kagomba kwigarurira ivy’igihugu cose. Ngo inda woyibarira uwayirayeko.
Ikindi cibonekeza cane ni uko abatwara kuva mu 2005 gushika ubu, bafise inyifato nk’abasoda bagize Kudeta, aho usanga isonga ry’ubutegetsi bwose riri mu minwe y’abasirikare. Eka ni murabe namwe Umukuru w’igihugu n’abamukikije gushika n’aho Umuyobozi mwishikira ajejwe ivy’igisivire ari umujenerari!

4.Bagumyabanga ba CNDD, Barundi mwese.
Izo ngorane twadondaguye zose, zirashabora kurangira, igikuru ni ishaka muri poritike hamwe n’imigambi itomoye. Iyo migambi tugiye kuyibashikiriza muri uyu mwaka wa 2024 buca utangura. Reta ya CNDD itegerezwa gutsinda inzara, ubusuma, ugusesagura, ubushomeri n’ubukene n’izindi ngorane zibangamiye igihugu mu myaka itanu. umugambwe CNDD ntuyaga amasigaracicaro, imvugo yama ijana n’ingiro. Ni co gituma mu matora yimirije mu 2025, turaritse abanyagihugu kudasubira kujuragirika, nuguha amajwi CNDD kugira dushayure igihugu kiri mu kaga, maze bibonere ubudasa.
Sinagomba kurandira cane muri iri jambo ry’ukwipfurizanya umwaka mushasha. Canecane mu mwirimburo, nashatse gukebura ubutegetsi, kuko nyamubura ikimuhanura ni we nyamubura ikimuhamba. Nashatse kandi kwibutsa ivyatumye dushinga uwu mugambwe CNDD, benshi bakahasiga ubuzima, ata kindi baharanira atari uguhabuza demokarasi, umwidegemvyo Iteka n’Iterambere kuri bose. Aho tugeze rero ni ukuyiteramira ntidusubirane inyuma nk’ibirenge. Tukaba rero twagomba kuriheraheza dusaba ibi bikurikira:

1°. Ku neza y’Uburundi n’abarundi, dusubiye gukebura abategetsi b’iki gihe, ko bokwama bibuka iyo twavuye, bakavavanura n’agatima ko gusubiza igihugu mu ntwaro y’umugambwe umwe rudende, birinde kandi n’agatima ko guhungabanya ubumwe bw’abarundi twarazwe na basokuru.

2°. Kugarukana umwuka mwiza n’ituze mu gihugu. Ivyo tukazobibona igihe Reta izorekura abo bose bapfungiwe ubusa, na canecane abapfunzwe hafatiwe ku vyiyumviro vyabo vya poritike. Muri ibi bihe, ivyo bizogaragara igihe Reta ishizeho umugwi CENI ujejwe gutunganya amatora, uhurikiyemwo imigambwe yose izokwitaba amatora, ukaca wicarira gushiraho ya yindi migwi yo mu ntara bose biyumvamwo. Inzitizi zose zibuza ihiganwa kuri bose nk’amafaranga y’umurengera asabwa abagomba kwitoza zitegerezwa kuvaho. Tuzobibona kandi igihe umukuru w’igihugu na Reta yiwe afashe abasuma bose na canecane barya banyonyeje igihugu n’ikigega ca Reta, akongera akama yatangaje buri kwezi amafranga yagarukanye mu kigega ca Reta. Bizogaragara kandi igihe ahagaritse igurishwa ry’amasosiyete ya Reta mwabiriye akuya, yongere asubize mu minwe ya Reta ayamaze kugurishwa yose kugira umwimbu mu gihugu wongerekane, ubushomeri n’ubukene birangire. Ivyo rero ategerezwa kubigaragarisha ishaka riboneka atari mu majambo gusa. Kuko Vyinshi, vyinshi cane ni amajambo gusa, canke ngo azovyikorera vyose kandi igihugu gifise abahinga bakwiye. Ahahinga rero, si ukuba uri mu mugambwe uri ku butegetsi.

3°.Dusavye Umukuru w’igihugu na Reta yiwe ko yokuraho inzitizi zose zibuza abahungiye mu mahanga gutahuka mu gihugu c’amavukiro, maze bose bafatwe kumwe, kuko nta nyagupfa na nyagukira, ivy’igihugu tubisabikanye vyose, mu bikorwa no mu mwimbu wavyo.

5. Ku vyerekeye umugambwe wacu CNDD,

1°. Dusubiye gufata akanya ko gukengurukira cane abagumyabanga ukuntu bakomeje bafatana mu nda, ntibahugumbwe, bagakomeza baharanira akarangamutima k’umugambwe wacu.

2°. Dusubiye kubasaba kurigumya. Muteramire ako karangamutima aho muri hose n’igihe mugiye mu nama zitandukanye.

3°. Igikorwa c’ugukomeza umugambwe, duhereye ku nzego zawo ni ico kwamizako, na canecane muri za ntara nshasha zitanu na ya makomine mashasha 42. Tutibagiye gutanga intererano kuko ni na ho dushobora kurangura ivyo twiyemeje biri muri rwa rupapuro rw’inzira gushika mu 2025, no gushinga ikigega tuzokwikorako mu matora ; vyunganiwe n’inyigisho twama twabashikirije. Maze uyu mwaka mushasha wa 2024 uze urangire twamaze gutanguza rya Shure y’umugambwe.

4°. Dusavye dushimitse ko Abagumyabanga ba CNDD bokwiyungunganya mu kwegeranya izo ntererano kugira dushobore gushira mu ngiro iyo migambi yose, tugumane n’igihagararo ciza mu gihugu no mu makungu. N’aho tuzi hari ubukene buzura inzara, burya isorosoro rigwirira iyo rirora. N’aho n’imiburiburi umugumyabanga wese yohebera icupa rimwe ku kwezi ku kwezi umugambwe, uravye uko tungana mu gihugu cose, ayo mafaranga ni menshi cane. Kenshi rero habura ishaka. Iryo na ryo ni karahara mu rugamba ntibacura. Abagumyabanga bose, tudasize inyuma abari mu mahanga, ako kamo dusavye cane ko bokwerekana ko bakumvise muri uyu mwaka tugiye gutangura.

5°. Nsubiye kandi kubararika kugira murushirizeho uyu mwaka mushasha wa 2024 kwijukira amashirahamwe yo kwiteza imbere na canecane amakoperative, gutyo muzokwikenura muronke n’ico muterera umugambwe.

6°. Nk’uko bimeze no mu makungu, urwaruka rwama ari imboneza mu guharanira no mu guteramira demokarasi. Tuzokwihatira kuremesha inyigisho zikenewe kugira urwaruka rwose ruce urwevu, ntihagire abohava barusinziriza kandi rumenye gutandukanya urwamfu n’ururo.

Twoba turagejeje ngaho, dukwiye kwiga uburyo bwose bushoboka bw’uguhanahana ivyiyumviro na canecane dukoresheje ubuhinga bwa none, ubuhinga ngurukanabumenyi, n’amaterefone ashobora gukoresha ubwo buhinga.
Ndangije nsubira kubipfuriza umwaka muhire wa 2024. Uze urangire Uburundi bwagize iyindi ntambwe mu gushira imbere na ntaryo ingendo ya demokarasi itandukanye cane n’intwaro y’igikenye y’umugambwe umwe, twongere dusubire kugira ijunja muri Afrika no mu makungu.

Ni hahangame Uburundi, Ni hahangame umugambwe CNDD – Tugire Amahoro – Iteka n’Iterambere!

Umukuru w’Umugambwe CNDD
Umushingamateka Leonarudo Nyangoma

]]>
Déclarations Thu, 18 Jan 2024 10:06:54 +0000
DÉCLARATION SUR LA TRAGIQUE ESCALADE EN COURS DU CONFLIT ISRAÉLO-PALESTINIEN http://cndd-burundi.com/actualites/actualites-internationales/956-declaration-tragedie-conflit-israelo-palestinien http://cndd-burundi.com/actualites/actualites-internationales/956-declaration-tragedie-conflit-israelo-palestinien DÉCLARATION SUR LA TRAGIQUE ESCALADE EN COURS DU CONFLIT ISRAÉLO-PALESTINIEN

En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, et engagé dans le juste combat pour l’unité politique de la souveraineté de l’Afrique à travers la création des Etats-Unis d’Afrique, la Dynamique Unitaire Panafricaine (DUP) suit avec attention et une profonde inquiétude la récente escalade du conflit israélo-palestinien avec cette nouvelle conflagration sanglante et déclare ce qui suit.

I. LES FAITS:

1. Trente ans après les accords d’Oslo (13 septembre 1993), la solution envisagée à deux états n’a plus guère de chances de se concrétiser. La bande de Gaza subit un implacable blocus, les difficultés des habitants de la Cisjordanie, soumis à des mesures ségrégatives, ne cessent de s’aggraver quels que soient les différents gouvernements israéliens qui poursuivent la même politique de soutien à la colonisation avec l’aide des Etats-Unis et leurs vassaux-alliés de l’Union Européenne.
Aujourd’hui 138 pays sur 193 reconnaissent l’Etat de Palestine comme Etat indépendant et le 29 novembre 2012, l'État de Palestine se voit accorder le statut d'État non membre observateur auprès de l'Organisation des Nations Unies.

2. La situation tragique actuelle résulte de l’occupation illégale des terres palestiniennes (en dépit des résolutions du Conseil de sécurité de l’ONU, N° 242 (1967) et 338 (1973) ), de l’expansion continue des colonies, ainsi que de l’oppression permanente du peuple palestinien à qui est nié toute humanité. Et qui vit aujourd’hui à Gaza, dans une prison à ciel ouvert, dans le plus grand ghetto du monde où près deux millions et demi de pauvres gens croupissent dans
un désespoir absolu. Dans cette Palestine assiégée, on est passé de la colonisation à l’apartheid.

3. Entre les pays arabes qui ne lèvent pas un doigt et cette soi-disant communauté internationale qui apporte son soutien hystérique au gouvernement israélien ayant des ministres ultra-orthodoxes messianiques et suprématistes, d’extrême droite, on ne peut attendre que du sang et des larmes. Et le concours de lâcheté n’a pas de limites. Sans parler de certains états africains docilement alignés sur l’impérialisme qui soutiennent l’état israélien dirigé par un gouvernement d’extrême droite.

II. POSITION DE LA DUP

La Dynamique Unitaire Panafricaine

1- Réitère son soutien inconditionnel au peuple palestinien dans cette quête d’une solution à deux états souverains et condamne toute pratique violant constamment le droit international, engage les peuples israélien et palestiniens à une entente pour vivre en bon voisinage,
2- Appelle tous les peuples africains, la diaspora et tous les afro descendants à manifester leur solidarité à l’égard du peuple palestinien,
3- Lance un ultime appel aux peuples africains à la solidarité avec tout peuple qui se bat pour se défaire de toute domination en vue de sa souveraineté,
4- Constate que le fond du problème réside dans le fait que justice n’a jamais été rendue au peuple palestinien,
5- Condamne sans ambages tous les massacres des populations civiles (des êtres humains avant toute autre considération) et exprime sa compassion et sa solidarité avec les familles meurtries et endeuillées,
6- Appelle à un cessez-le-feu immédiat, car attaché à l’amitié entre les peuples, la concorde universelle et demande à revenir sans conditions préalables à la table des négociations,
7- Condamne les propos haineux qui incitent « à dégommer physiquement » des responsables politiques français,
8- Exige la levée immédiate du blocus illégal de la bande de Gaza imposé par Israël.

Fait à Paris, le 17 Octobre 2023. Pour la DUP, La Coordination.

]]>
Actualités internationales Fri, 20 Oct 2023 15:12:54 +0000
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINE: Front anti-guerre sur le continent africain. http://cndd-burundi.com/actualites/actualites-internationales/955-dynamique-unitaire-panafricaine-front-anti-guerre-sur-le-continent-africain http://cndd-burundi.com/actualites/actualites-internationales/955-dynamique-unitaire-panafricaine-front-anti-guerre-sur-le-continent-africain DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINE: Front anti-guerre sur le continent africain.

DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINE
contact@dup-international.org

communiqué de presse

Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par le biais d’un coup d’Etat militaire le 26 juillet 2023, l’impérialisme international et ses agents de la CEDEAO ne savent plus où donner de la tête.
Très vite, il a instruit ses agents et marionnettes de la CEDEAO à prendre des mesures criminelles, illégitimes et cruelles contre le peuple nigérien. Ainsi, toutes les transactions financières sont bloquées ; l’importation de vivres et surtout de médicaments pour les enfants est interdite et toutes les frontières fermées, alors que le Niger est un pays enclavé qui n’a pas accès à la mer. De l’autre côté, l’impérialisme français qui a une base militaire contenant un contingent de près de 1500 soldats, avec des avions de combat, des drones tueurs etc., déclare sans détour qu’il est prêt à soutenir toute action militaire pouvant rétablir dans ses fonctions, l’agent Mohamed BAZOUM. Voilà pourquoi, en plus des mesures inhumaines énumérées plus haut, les pantins de la CEDEAO ont donné un ultimatum aux dirigeants nigériens en laissant entendre que si ces derniers ne s’exécutent pas, «tous les moyens seront utilisés contre eux.»

Désormais la réalité des faits est devenue aussi limpide que l’eau de roche.
Rappelons-nous : En 2011, dans un plan diabolique, l’impérialisme français et ses partenaires de l’OTAN ont décidé de renverser le régime du colonel Mouammar KADHAFI sous le couvert d’une révolte de sa population et avec l’objectif frelaté d’instaurer la démocratie en Libye. Le résultat aujourd’hui est connu de tous : Le leader libyen a été assassiné et la Libye totalement détruite.
L’arsenal militaire libyen a été éparpillé aux quatre coins du continent africain. A commencé alors une terrible aventure de reconquête coloniale du continent par terrorisme interposé.
Mais les impérialistes ont oublié un petit détail d’une importance qu’ils ne pouvaient pas soupçonner. Les peuples africains ne sont pas condamnés à être ad vitam aeternam les spectateurs de la domination et du pillage du continent. Le monde évolue et la jeunesse africaine a appris toutes les leçons des innombrables crimes contre les pays africains et leurs leaders nationalistes.
Les échecs répétés pendant plus de 10 ans des opérations Serval, Barkhane, Takuba et autre Sabre ont fini d’ouvrir définitivement les yeux de la jeunesse et des patriotes africains.

Lorsque les dirigeants de la CEDEAO affirment que toutes les options sont sur la table y compris la force (voir la déclaration du dictateur Béninois Patrice Talon), il faut comprendre qu’ils comptent sur les forces de la France pour agresser le peuple frère du Niger. La preuve en est, les diverses provocations mises en œuvre depuis là par l’impérialisme français. Refus de rapatrier son ambassadeur déclaré persona non grata au Niger, et surtout refus de s’exécuter à la suite de la rupture des accords militaires entrainant le départ de ses troupes militaires basées au Niger.

Le danger du déclenchement d’une guerre impérialiste contre le peuple frère du Niger et donc d’une conflagration générale de la sous-région voire de l’ensemble du continent, plane encore. La dernière résolution des Chefs d’Etat et de Gouvernement de la CEDEAO du 10 Août à Abuja avec " l'activation, le déploiement des forces en attente de la CEDEAO" et le renforcement des sanctions illégales et inhumaines contre le Niger, en indique les préparatifs, tout en renforçant les sanctions barbares, injustes et inhumaines contre le peuple frère du Niger.

Devant un si grand danger, devant autant de menaces, la Dynamique Unitaire Panafricaine, (DUP), fédération des structures de près de trente diasporas africaines ne saurait rester muette et spectatrice.

Voilà pourquoi la Dynamique Unitaire Panafricaine :

1) Salue la détermination du peuple nigérien face à l’adversité et aux sacrifices imposés par les dirigeants de la CEDEAO, d’une part, et la mobilisation de tous les peuples de la sous-région en solidarité avec les combats du peuple du Niger, y compris les institutions parlementaires et les forces populaires dans différents pays de la CEDEAO contre cette agression franco-Otan sous couvert de la CEDEAO en préparation.

2) Exhorte tous les patriotes panafricains et leurs structures de par le continent africain et tous les afro-descendants de par le monde à :
- Protester de diverses manières auprès des Ambassades de la France dans nos pays respectifs contre sa politique coloniale en Afrique dite francophone et particulièrement contre la guerre qu'elle mène contre le Niger et les autres pays du Sahel ;
- Demander le départ des bases militaires étrangères et particulièrement les bases militaires françaises du continent ;
- Exiger de tous les États la levée des sanctions illégales contre le peuple du Niger ;
- Constituer dans chaque pays des Comités de Solidarité avec le peuple frère du Niger en lutte contre l’agression impérialiste franco-Otan contre le Sahel.

3) Appelle à mettre en place dans les meilleurs délais un vaste front anti-guerre sur le continent africain.

NON à la guerre de reconquête coloniale programmée par les puissances impérialistes dans le vil dessein de mettre le continent africain à feux et à sang dans l’unique but de sauvegarder leurs intérêts stratégiques sur le continent.
La souveraineté totale pour les pays et les peuples africains, c’est maintenant !

VIVE LE FRONT ANTI-GUERRE DE RECONQUETE COLONIALE !

Fait à Paris le 14 septembre 2023
Pour la Dynamique Unitaire Panafricaine
La Coordination

CONFERENCE DE PRESSE

Une conférence de presse est programmée pour le samedi 07 octobre 2023 à partir de 10h, heure de Paris.

Samedi 07 octobre 2023
De 10h00 à 14h00
Bourse Centrale du Travail de Paris
Salle Eugène Pottier
3 rue du Château d’eau 75010 Paris

]]>
Actualités internationales Fri, 06 Oct 2023 17:24:09 +0000
Crise post-électorale au Gabon : le Gabon sera-t-il libre en 2023? « La Vérité rend libre » http://cndd-burundi.com/actualites/actualites-internationales/954-crise-post-electorale-gabon http://cndd-burundi.com/actualites/actualites-internationales/954-crise-post-electorale-gabon Crise post-électorale au Gabon : le Gabon sera-t-il libre en 2023? « La Vérité rend libre »

En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, et engagé dans le combat pour l’unité politique et la souveraineté de l’Afrique à travers la création des États Unis d’Afrique, la Dynamique Unitaire Panafricaine (DUP) suit avec attention et préoccupation les évènements qui se déroulent au Gabon, une des pièces maîtresses de la maffia françafricaine.

La DUP y reste attentive, et réitère son soutien ferme et entier au peuple gabonais en lutte pour sa liberté.
Fondé sur un régime qui s’est construit sur la violence institutionnelle, les brutalités contre les opposants et la prédation des ressources publiques, le Gabon des Bongo a toujours vécu sur une politique clientélaire de redistribution d'autant plus vissée que même les plus pauvres de la société nourrissaient un culte de la personnalité autour du chef, celui là-même qui les affamait et les humiliait.
La DUP ne confond pas un coup d’État comme c'est le cas au Gabon) même avec l'approbation d'une partie de la population et une insurrection populaire (comme celle survenue en Octobre 2014 au Burkina Faso.)
Une majorité de la population est évidemment soulagée par une fin de dictature héréditaire.

La DUP, tout en actant la fin de la toute-puissance du système d’Ali Bongo, reste prudente et extrêmement attentive quant à l’évolution de la situation, encourage les forces progressistes à poursuivre leur combat pour la dignité, la justice sociale, le respect des droits humains et la fin de l’impunité pour tous les crimes commis.
De ce qui précède, la DUP,

 Réitère son ferme soutien à l’opposition gabonaise, et lui réaffirme son appui indéfectible à poursuivre la lutte pour s’affranchir de la dictature des clans mafieux françafricains et de leurs protecteurs français,
 Appelle à une transition civile tout en restant circonspecte. La prudence est de mise,
 Condamne sans détour les ennemis impérialistes des peuples africains et leurs complices africains en général,
 Stigmatise et s’indigne de la désinformation tous azimuts des médias mainstream des puissances impérialistes.
 Montre du doigt l’hypocrisie et l’incohérence totales des institutions sous-régionales et continentales comme la CEMAC, l’UA et leurs parrains, véritables sangsues, qui se murent dans un silence assourdissant pendant que la présidentielle de 2023 au Gabon réemprunte les mêmes travers tortueux qui mènent à l’assassinat d’une partie du peuple gabonais,
 La DUP est pour l’émancipation des peuples africains par les voies démocratiques et pacifiques lorsqu’elles sont justes, incontestables, et unanimement reconnues parce que respectant les standards internationaux.

Paris, le 31 Août 2023
La Dynamique Unitaire Panafricaine
dynamiqueup@gmail.com.

]]>
Actualités internationales Wed, 06 Sep 2023 09:44:23 +0000
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINE (D.U.P) DÉCLARATION SUR LA CRISE POLITIQUE AU NIGER http://cndd-burundi.com/actualites/actualites-internationales/951-dynamique-unitaire-panafricaine-d-u-p-declaration-sur-la-crise-politique-au-niger http://cndd-burundi.com/actualites/actualites-internationales/951-dynamique-unitaire-panafricaine-d-u-p-declaration-sur-la-crise-politique-au-niger DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINE (D.U.P)  DÉCLARATION SUR LA CRISE POLITIQUE AU NIGER

 

Après le coup d’État au Niger, la France se retrouve dans une impasse.

En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la diaspora et de l’ensemble du continent, et engagé dans le combat pour la souveraineté et l’unité politique du continent à travers la création des États Unis d’Afrique, la Dynamique Unitaire Panafricaine (DUP) suit avec attention les évènements qui se déroulent au Niger avec les prises de positions des États de la région : à savoir le Mali, la Guinée, le Burkina Faso, l’Algérie et la Mauritanie.

1. N’ayant pu ni anticiper ni prévoir l’action des forces armées nigériennes, le pouvoir français hausse le ton et menace par le biais d’une CEDEAO inféodée aux intérêts impérialistes de l’occident arrogant et méprisant.

2. Incapable de comprendre et de prendre en considération les aspirations profondes des peuples africains en général et du peuple nigérien en particulier pour défendre leur dignité et souveraineté, l’ancienne puissance coloniale fait planer le risque d’une intervention militaire.

Simplement, Les temps ont changé, et les dirigeants français semblent ne pas l’avoir compris et restent prisonniers de leur paradigme suranné de domination coloniale des autres peuples.
3. Aujourd’hui, les Africains, les jeunes bien sûr, mais aussi un certain nombre de militaires, n’acceptent plus la présence sur leur territoire de bases militaires étrangères. C’est considéré comme un déni de souveraineté et même un affront, étant donné que la France est l’ancienne puissance coloniale. ». Ce rejet de la France impérialiste, exprimé parfois violemment depuis des années dans plusieurs pays anciennes colonies (au Mali, au Burkina Faso, au Niger, au Cameroun, au Togo, au Gabon, à Djibouti, mais aussi au Sénégal et au Tchad), dans des manifestations ou sur les réseaux sociaux est surtout le résultat d’une longue histoire d’ingérences, d’incompréhensions et d’humiliations , de connivence avec des dictatures sanguinaires qui constituent aujourd’hui un puissant levier de mobilisation, et qui font que le gouvernement de la France est aujourd’hui inaudible, quoi qu’il puisse dire.

4. La société civile, les mouvements citoyens et les organisations des femmes et des jeunes ont, depuis plus de deux ans, tiré la sonnette d’alarme sur les dérives autoritaires du régime nigérien sans aucune réaction.
Les organisations nigériennes dont le M62, une coalition d’associations de la société civile réclame depuis plusieurs mois le départ des troupes françaises, a appelé la junte à « conditionner toute évacuation des Européens au départ immédiat des forces étrangères militaires».
le Syndicat national des enseignants-chercheurs et chercheurs du supérieur (Snecs), majoritaire dans les universités du pays, a lui aussi soutenu le CNSP, tout en dénonçant « le partenariat loin d’être franc et sincère » de la France, accusée de vouloir « vassaliser » le Niger. Un constat partagé depuis plusieurs années par de nombreux chercheurs nigériens.
« Aujourd’hui, s’opposer à la France est gage de réussite pour des putschistes, et c’est particulièrement le cas au Niger »,

5. L’autre grave erreur de la France, qui a pendant des années ignoré la dérive autoritaire du régime. Durant les deux mandats de Mamadou Issoufou, l’opposition, la société civile et les ONG internationales n’ont cessé de dénoncer les atteintes à la liberté d’expression, les intimidations, les arrestations arbitraires et la répression de tous les mouvements sociaux.
Entre 2014 et 2022, l’association Tournons La Page a comptabilisé au moins 53 manifestations interdites et au moins 1 091 personnes arrêtées et détenues, les séjours en prison allant de quelques heures à 19 mois. Plusieurs scandales de corruption impliquant des proches de l’ancien président Mamadou Issoufou ont également éclaté durant ces années. Les élections étaient régulièrement contestées.

6. Il appartient aux nigériens et à leurs amis sincères de définir les contours de leur destin, de préserver leurs intérêts, de maîtriser la possession des biens de leurs matières premières (quitte à les nationaliser) et tout simplement d’être maîtres chez eux).

La DUP rappelle son soutien ferme et franc au peuple frère du Niger.
- Dénonce vigoureusement les menaces d'intervention militaire équivalant à une agression inacceptable contre le peuple nigérien,
- Condamne sans détour les ennemis impérialistes des peuples africains et leurs complices africains en général et les potentats de chefs d'Etat de la sous-région,
- Stigmatise et s’indigne de la désinformation tous azimuts des médias mainstreams des puissances impérialistes.
La DUP est pour l’émancipation des peuples africains par les voies démocratiques et pacifiques lorsqu’elles sont justes, incontestables, et unanimement reconnues.

Fait à Paris le 03 août 2023
Pour la Dynamique Unitaire Panafricaine,
Augusta EPANYA, Coordinatrice générale.

]]>
Actualités internationales Sun, 06 Aug 2023 07:33:36 +0000
Une réunion du parti CNDD perturbée par les autorités administratives de base et les militants-Imbonerakure en commune de Muha (mairie de Bujumbura). http://cndd-burundi.com/actualites/declarations/950-reunion-cndd-perturbee-imbonerakure-muha http://cndd-burundi.com/actualites/declarations/950-reunion-cndd-perturbee-imbonerakure-muha Une réunion du parti CNDD perturbée par les autorités administratives de base et les militants-Imbonerakure en commune de Muha (mairie de Bujumbura).

Les faits :

1. Une réunion ordinaire des militants du parti CNDD en commune Muha avait été prévue ce dimanche 16 juillet 2023. L’administrateur communal avait été informé par une correspondance du 11 juillet 2023.

2. Comme cela se fait pour d’autres partis dans de pareilles circonstances, les drapeaux du parti CNDD avaient été arborés dans les lieux où devait se tenir la réunion

3. Des malfaiteurs non identifiés, mais très probablement des Imbonerakure, se sont invités sur les lieux et saccagé le dispositif, emportant les drapeaux du parti pour ternir l’éclat de l’évènement et empêcher la tenue de cette réunion qui n’a finalement pas eu lieu.

4. Une délégation du CNDD est parvenue à rejoindre l’administrateur de la Commune Muha dans son propre bureau. Madame Dévote Ndayisenga, puisque c’est elle dont il s’agit, a laissé entendre que sur la liste des partis opérant dans son entité administrative, le CNDD n’y figurait pas, tout en affirmant connaitre l’existence du parti CNDD.

5. Par ailleurs, il a indiqué qu’il n’a jamais vu la correspondance l’informant de la tenue de la réunion, tout comme il a déclaré ne pas connaître la représentante du parti CNDD dans sa commune. Or, la lettre de nomination de cette militante du parti avait été déposée depuis longtemps par elle-même dans le secrétariat communal. Bien plus, avant le grave incident du 16 juillet, la représentante du parti CNDD avait été invitée à des réunions organisées par l’administrateur communal.

Le CNDD dénonce la brutalité et la démocratie de façade

1. Le CNDD dénonce et condamne la brutalité de certains militants du parti au pouvoir qui s’emploient à saper systématiquement les activités des autres partis, dont le CNDD que dirige l’honorable Léonard Nyangoma, ancien ministre de l’intérieur et figure historique de la lutte armée ayant débouchée aux négociations d’Arusha.

2. Le cas n’est pas isolé et ne peut être mis sur le compte d’initiatives personnelles des militants du parti au pouvoir. Et pour preuve : l’administration, pourtant informée et la police n’ont rien fait pour enquêter sur ce cas pour que les responsables soient punis conformément à la loi et remettent le matériel qui est toujours dans leurs mains.

3. Le CNDD est convaincu que les militants zélés du parti au pouvoir ne font qu’exécuter des directives venant ‘’ d’un haut’’, chantant la démocratie le jour, et enseignant la répression la nuit. Le CNDD dénonce donc cette démocratie de façade mise en scène pour tromper les partenaires et bailleurs internationaux.

4. Le CNDD appelle tous ces militants à rester sereins et déterminés, pour que leur parti continue son combat historique pour la démocratie, caractérisée notamment par le respect du pluralisme d’idée et des droits fondamentaux, dont celui de la libre expression.

Pour le Bureau Exécutif du CNDD

Nizigama Gratien

Le Secrétaire Général Adjoint du CNDD

]]>
Déclarations Thu, 27 Jul 2023 10:16:45 +0000
IJAMBO LEONARUDO NYANGOMA, UMUKURU WA CNDD ASHIKIRIJE ABARUNDI N'ABAGUMYABANGA BA CNDD KURI IYI SABUKURU IGIRA 61 UBURUNDI BWIKUKIYE http://cndd-burundi.com/actualites/declarations/949-ijambo-nyangoma-isabukuru-61-uburundi-bwikukiye http://cndd-burundi.com/actualites/declarations/949-ijambo-nyangoma-isabukuru-61-uburundi-bwikukiye IJAMBO LEONARUDO NYANGOMA, UMUKURU WA CNDD ASHIKIRIJE ABARUNDI N'ABAGUMYABANGA BA CNDD KURI IYI SABUKURU IGIRA 61 UBURUNDI BWIKUKIYE

Barundi ,
Barundikazi,
Bagumyabanga ba CNDD,

Ntanguye kubaramutsa Amahoro, Iteka n’Iterambere, ndabipfuriza n’umusi mukuru mwiza w’isabukuru igira 61 y’Ukwikukira kw’igihugu cacu!

Muti none Ijambo kwikukira risigura iki ?

• Kuri uyu musi uri hejuru, imyaka 61 irarangiye Uburundi bwikukiye, hari kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 1962. Muri ivyo bihe bishira imyaka ya 1960, ni naho kandi ibihugu vyinshi vyo muri Afrika vyashikira intahe yo kwikukira. Mu majambo twagiye turabashikiriza nk’aya mango, twaragiye turabasigurira ico iryo jambo ukwikukira risigura. N’ubu ntitworambirwa kubisubiramwo, reka tuvyibukanye gatoya gusa.

• Ukwikukira rero si ibendera canke ururirimbo vyo guhayagiza igihugu gusa. Twovuga ko igihugu kanaka cikukiye koko, igihe abanyagihugu bitunze, bashobora kuronka ibibatunga batabanje gusegerereza, canke gutega amashi: ni ukuvuga yuko baba bashobora gufungura ibikwiye bituma bagira amagara meza, bafise uburaro, bashobora kwivuza bose, bakiga bose gushika aho biyumva, ata numwe akumiriwe ku mvo izo ari zo zose.

• Ukwikukira, ni igihe abanyagihugu baba bafise akaranga kabo karangwa n'imico kama: ururimi ni idini vyabo, igihe koko biyemera, batemera kuganzwa n'abanyamahanga, bemera kugwanira igihugu cabo no kucigura bakacigura bibaye ngombwa. Ikindi cerekana ko igihugu cikukiye, abanyagihugu baba bafise ijambo, n'igihugu kikagira ijambo n'ijunja mu makungu. Ijambo rero ni ikintu gihambaye. Na demokarasi ntishobora gushinga imizi mu gihugu kitarikukira muri iyi nzira tuvuze, abanyagihugu batagira ijambo.

• Ibindi biranga ukwikukira ni umutima wo gukunda igihugu cabo abanyagihugu berekana mu mikorere yabo igihe cose. Ni ubumwe hagati y'abanyagihugu, hagati y'intara canke amoko aba akigize. Turashimikira kuri iki kibazo c'ubumwe hagati y'abanyagihugu, kuko ibihugu vyahoze birongoye intwaro z'igikoroni, vyarakoresheje cane amacakubiri canecane y'amoko kugira bitugumize mu bukoroni turiko turaryana. No ngaha mu Burundi murabizi ko babikoreyeko, kandi vyadusizemwo imvune n’ubu zitarahera neza.

• Mu vy’ukuri, imbere yuko abazungu baza, ibihugu vyinshi muri Afrika vyari bifise intahe yo kwikukira yuzuye, Uburundi, igihugu cacu cari igihugu cifashe, gifise imbibe. Abarundi bari bafise imico yabo, intambo zabo, ururimi rwabo, idini ryabo, bari bafise inganda zabo, maze bagacura ibikoresho bakeneye, bagahingura imiti n’ibindi. Ariko intwaro za gikoroni zaradusubije inyuma cane, ziratwambura ubutegetsi n’ubumwe hagati y’abarundi burahungabana, barabiba umugera w’amoko, mu bisanzwe abarundi bari babanye neza. Afrika yose barayigabanganije kurya kw’amagaburanyama bayicamwo uduhugu twinshi, ivyo vyose babikora kugira bagwize amasoko y’ivyo bahingura iwabo, bongere bagwize itunga ryabo mu gusahura itunga ry’ibihugu vyo muri Afrika.

• Mu myaka ishira 1960, ibihugu vyinshi vyarikuyeko intwaro za gikoroni, birikukira. Mu bihugu bitari bike, abanyagihugu babanje gufata umuheto barahangana n’ingabo z’abazungu imyaka itari mike, twovuga nka Angola, Zimbabwe, Afrika Yepfo, Algeria….

Intahe yo kwikukira abakoroni bafadikanije n’abategetsi barayisubiyeko budakeye na kabiri

• Ntibwakeye na kabiri, intahe yo kwikukira mu bihugu vyinshi vyo muri Afrika abakoroni barayisubiyeko. Muti gute ? Ubwa mbere hoho, twovuga yuko tutarikukira :
- Mu gihe Abanyagihugu benshi badashobora no gufungura nka kabiri ku musi;
- Mu gihe Indwara nka malaria zisinzikaza abanyagihugu birenze urugero, abishoboye bo nyene canke abategetsi banyonyeje ikigega ca Reta ari co c’abanyagihugu, ari bo gusa bashobora kuja kwivuza hanze;
- Mu gihe Indero n’inyigisho mu mashure vyatitutse, ugasanga abifise canke abo banyonyezi bari ku butegetsi, aho kwitaho indero y’abana b’abarundi bose, barungitse rwabo hanze. Ntawutazi yuko mu myaka yahera indero n’inyigisho mu mashure yo mu Burundi yari igeze ku rugero rw’ibihugu bavugako vyateye imbere;
- Mu gihe abana nka bose barangije amashure ata kazi baronka, n’uwukaronse agahembwa intica ntikize;
- Mu gihe ata mahoro n’umutekano birangwa mu gihugu bishemeye koko dufatiye ku maraporo y’amashirahamwe ataho yegamiye aharanira agateka ka munntu.. Mu gihe abategetsi iyo basohotse baherekezwa n’inteko ukamengo igihugu kiri mu ndwano. Aho ntiturinze kuvuga ko n’amabarabara aca yugarwa, abanyagihugu bose bagahinduka abansi, ntihagire agasubira gukacira, aho mu bisanzwe abanyagihugu bakomera amashi umukuru w’igihugu ariko ararengana mu karere baherereyemwo!
-Mu gihe Abarundi barenga inusu y’umuriyoni bataye izabo bagahungira mu bindi bihugu.
- Mu gihe umunyagihugu yaniganywe ijambo, uwugoboroye ururimi bagaca bacisha ku buhumba, abashingantahe na bo bakaba baratswe intahe, ataho vyakabonetse;
- Mu gihe Itunga ry’igihugu ryiziziwe n’akarwi k’abantu bari ku rushi, bamwe Deniza umutambukanyi w’umuhisi Nkurunziza yise kurundarundanya, ariko na we nyene akaba ari mu bagize ako kagwi. Ni na co gituma yanse no kudoma urutoke ku mazina y’abakagize. Ayo matungo y’igihugu bakaba bayatahirije mu ma banki y’ibihugu vya kure, ayandi bayanyegeje mu mazu.
- Mu gihe mu kwemeza amafaranga Reta izokoresha ku mwaka, amareta menshi yo muri Afrika abanza gusaba uruhusha ca kigega FMI;
- Mu gihe Ingoro y’amakoraniro b’ibihugu bigize ubumwe bw’Afrika yubatswe n’abanyamahanga;
- Mu gihe Ibice birenga 80% vy’amafranga Ishirahamwe ry’ubumwe vy’Afrika rikoresha ku mwaka, yose bayasega hanze. Wa wundi ati uwutigaburira ntiyigaba;
- Mu gihe N'abamenyereza b'imigwi y'umupira w'amaguru mu bihugu nka vyose muri Afrika usanga ari abazungu;
- Mu gihe tutiyemera ngo dukoreshe twongere duhe agaciro indimi zacu, akaranga n'imico kama vyacu;
- Mu gihe ata nganda dufise zo guhingura bikwiye ivyo dukenera mu buzima bwa misi yose : imiti, imfungurwa, impuzu n'ibindi, ibikoresho vyo mu nzu n'ivyo kwubaka;
- Mu gihe tudashobora kwishingira ibiguzi vy’ibiva mu mwimbu wacu nk'ikawa, icayi, ubutare n'ibindi...;
- Mu gihe ata masoko ntanganguvu dufise akwiye kugira turonke umuyangankuba wotuma igihugu giteza imbere amahinguriro n'ibindi bikorwa bitobito bitunze umunyagihugu;
- Mu gihe tudashobora guhingura umuheto wo kwirarira twebwe nyene muri Afirika, ingaruka mbi z'ivyo zikaba ari uko ibihugu vya rutura vyiha ububasha n'akagaye kenshi bwo gucungera umutekano mu bihugu vyinshi muri Afirika, bikavamwo n'urwitwazo rwo gushinga amakambi y'inteko mvamahanga mu bihugu vyacu;
- Mu gihe ibihugu vyacu vyama mu ruhagarara rw'indyane zifatiye ku moko canke ku turere. Muravyihweza neza, ingwano tubona hirya no hino zisinzikaje ibihugu vyikukiye vuba, haba muri Aziya canke Afrika na Amerika y'Epfo.
- Mu gihe kandi Ibihugu bikeya, n'abantu bari ku rushi kuri iyi si bigunganye ubutunzi nka bwose bw'isi nzima, abanyagihugu barimbura na bo bagasoroma aho batarimye !
Twari kudondagura n'ibindi bimenyetso vyinshi vyerekana ko tutarashikira intahe y’ukwikukira nyakuri. Twagomvye kubaha uturorero dukeya gusa, Kandi n’ivyo mwibonera

Ubu na ho muti none vyagenze gute kugira Afrika isubire mu ntwaro za Gikoroni ?

• Ica mbere hoho ni uko twobanza tugashimira ba Sokuru twamukako, kuko tuvyihweje muri kahise, Afrika yarababaye cane nubu ikiriko. Kuva ku gihe abazungu batugira abaja baratwaye ku nguvu abanyafrika barenga imiriyoni 100 no ku ntwaro za Gikoroni nta gahengwe baduhaye. Ariko, nimba twararokotse, ni uko hariho intwari z’abanyafrika zagwanije abazungu, ngaha iwacu umwami Mwezi yaragwanije Abadagi hafi imyaka umunani, yaheruka gutsinda abarabu ba Rumariza bari baje kutugira abaja.

Ingene abazungu batugumije mu ntwaro zagikoroni:

Kugira twikukire harabonetse intwari nka Nkrumah wo muri Ghana, Nyerere wo muri Tanzania, Lumumba w’i Kongo, Sekoutouré wo muri Guinée Conakry, Kenyata w’i Kenya, Rwagasore w’i Burundi n’abandi. Barihevye baratuja imbere mu guharanira ukwikukira. Hariho n’ibihugu vyari vyashikiriye intwaro ya Gisosiyarisite nka Cuba canke Ishirahamwe ry’ibihugu vyari bigize Repuburika zunze Ubumwe bwa Gisosiyarisite y’abasoviyete bita Uburusiya, barafashije cane Abanyafirika kwikurako intwaro za gikoroni. Kubera abazungu basanze muri Afrika hari ubutunzi kama bw’umurengera ata n’ahandi buri kuri iyi si, ni ukuvuga isi imera, ubutare buri ku rugero rw’ibice 60% kw’isi nzima, bataburonse ntibashobora gukora indege, ibigwanisho, izo mashini nyabwonko n’ibindi. Bakaba bamenyereye kubusahura ata n’imeya batanze. Ntibatevye baciye bagaruka baciye mu nzira zibiri kandi zose ari magiranire.

• Inzira ya mbere baciyemwo, barakoresheje inguvu ku rwenge baciye ku banyafrika nyene. Intwari nyinshi mu baharaniye ukwikukira canke uwo wese yubahutse kubandanya iryo ragi ryo kwikukira baramugandaguye. Muri abo twovuga nka Patrice Lumumba , Rwagasore, Ben Barka wo muri Maroc, Sankara muri Burkina Faso, Modibo Keito wo muri Mali, Amilicar Cabral wo muri Guinée Bisao, Khadafi wo muri Libiya, n’abandi. Abo batagandaguye barabatoteje canke barabapfunga imyaka y’umurengera nka Mandela, Bagbo wo muri Cote d’Ivoire. Abandi ni nka, Sekoutouré, Nkrumah, Nyerere wa Tanzania… Benshi mu bo bagandaguye canke bagiriwe kudeta basubirirwa na ba n’iryo nka Mobutu muri Kongo yasubiriye Patrice Lumumba, canke Ouatara muri Cote d’Ivoire . Kongo kikaba ari co gihugu ca mbere kw’isi gifise ubutunzi bwinshi kama. Muca mwumva ko biteye isoni uravye aho ico gihugu kigeze ubu, kuko giharurwa mu bihugu vya mbere vyugarijwe n’ubukene, n’ingwano z’urutavanako eka n’akajagari kadahera, kandi babigira nkana. Ikibi kibishe kandi abakoroni badukoreye, ni kuburagiza ishingwa rya Reta Zunze ubumwe bw’Afrika. Ibihugu vya Afrika bimwe vyagiye ku mohe y’abazungu, birarwanya vyivuye inyuma uyo mugambi, ari wo wonyene wari gutuma Afrika igira inguvu zo gukomeza intahe yo kwikukira. Kandi n’ubu bitagenze uko, Afrika izoguma mu buja n’ubukoroni. Uyo mugambi ni wo wonyene uzosubiza ijambo n’inguvu Afrika. Hageze gushinga ibiciro vy’umwimbu ibihugu vyose bikavuga rumwe ku giciro c’ikawa, Cacao, inzahabu, Coltan, n’ibindi.

• Inzira ya Kabiri ijanye n’iya mbere. Abategetsi benshi mu bihugu vyo muri Afrika bakora nk’abacangero b’abakoroni. Kenshi abakoroni ni bo baba babafashije gushikira ubutegetsi. Poritike kuri bo ni ingazi yo kurira mu kigega ca Reta c’abanyagihu. Ntimurabire kure, murabona yuko mu Burundi ubutegetsi buhari bwamunzwe n’ibiturire kuva hasi gushika hejuru. Amatungo yose y’igihugu mwabiriye akuya bayarunze mu mabanki yo hanze. Ntawutazi yuko Reta ya Nkurunziza yagurishije ubutare bwose n’agataka vy’igihugu. Amasosiyete ngaho y’abazungu ariko arimba ubutare ararenga 20. Ariko tukibaza irengero ry’amafaranga ava muri ubwo butare. Amasosiyete ya Reta nka yose baragurishije. Ayasigaye na yo nyene nka SOSUMO, REGIDESO, ONATEL canke OTB nta misi myishi agisigaje. Amabanki yose barayacishije ku w’epfo. inzahabu yari mu kigega ca Reta, bayiriye bagishika ku butegetsi muri 2005, murumva ko n’imbuto bayiriye. Ayo mareta rero afatanya n’amahanga mu kunyonyeza ubutunzi bw’ibihugu. Aho hakurya mu gihugu ca Kongo karadereye. Ico gihugu kuva cikukiye nta gahengwe kiragira. Ubu hoho bagisize mu kajagari kadahera bagaca bikika mu kiza. Ni co gituma mu gice ca Kongo cegereye Uburundi usanga huzuye ya masosiyete rutura arenga ijana, indege zirwa ku musi ku musi zije gusehura ubutare ni amajana ‘amajana. Mumenye neza yuko igihe cose Kongo itazoba iraronka amahoro, ni ukuvuga itazoba irikukira, nta mahoro, nta mutekano uzoboneka mu karere, nta Reta zunze ubumwe bw’Afrika zishobora gushingwa.

• Abakoroni kandi barafadikanije n’abategetsi bamwebamwe ba nsumirinda bo muri Afrika, barabandanya umugambi ugayitse wo kunyinyagura Afrika mu duce twinshi, babanje kuryanisha abanyagihugu. Vyarashitse muri Sudani, muri Libia, Mali, bakaba babifitiye umugambi no ku gihugu ca Kongo.

Muti none hokorwa iki kugira Afrika, Uburundi budasigaye inyuma kugira ibihugu vyacu vyikukire koko ?

• Twese tumenye neza yuko kwikukira nyakuri kw’Uburundi, kw’Afrika, atari igikorwa coroshe. Abansi barakaka, ariko vyongeye ubugabo burihabwa. Afrika ihanzwe amaso na benshi kandi ntivyari bibi, iyaba ari amaso ayironderera ineza. Ico gikorwa kandi nta muntu umwe nyamwigendako canke igihugu kimwe conyene covyishoboza. Ariko turizeye cane muri kazoza atari aka kera cane, kubera yuko muri ibi bihe tubona, tukumva hirya no hino abagwanashaka canecane mu rwaruka baharinira kwikukira kwa Afrika, bashaka ikibubahiriza aho bari hose mu makungu, bashaka Ifranga rimwe ry’Afrika, bashaka ko twubaka Reta zunze Ubumwe bw’Afrika nk’uko umuhisi Prezida Nkrumah yari yabiteguye imbere y’ishingwa rya OUA, maze bamwe mu bategetsi b’ibihugu vy’Afrika baja ku mohe y’abazungu b’abakoroni, baraburagiza uyo mugambi. Ivyo rero biri mu vyazingamitse Afrika gushika n’ubu.

• Ivyokorwa rero kugira hashingwe izo Reta Zunze Ubumwe bw’Afrika ni ibi :
-Ica mbere ni uko amashirahamwe yaba imigambwe, amasendika y’abanyakazi, amashirahamwe y’abirimizi n’aborozi, amashirahamwe y’urwaruka canke y’abakenyezi yiyumvamwo uwo mugambi haba ku rugero rw’igihugu cose, ku rugero rw’uturere no ku rugero rw’Afrika nzima. Maze ayo mashirahamwe akagira inani mu gihugu cose, mu turere dutandukanye no muri Afrika nzima.
-Ica kabiri cokorwa ni kwigisha abanyagihugu na canecane urwaruka kugira bamenye neza kahise ka Afrika, bamenye ko Afrika itamye ari iya nyuma muri vyose, yuko ahubwo yigeze kuba ari iya mbere muri vyose, mu vy’ubumenyi, mu biharuro, mu kubumbatira amahoro n’agateka ka muntu. Kera abazungu baza kurahura ubwenge muri Afrika.Ni ngombwa abanyagihugu bamenye n’icatumye Afrika isubira inyuma. Bamenye kandi yuko n’ubu Afrika mu mwanya muto, yiyunze izosubira ku kibanza cayo ca mbere. Ntitwosiga inyuma n’akarangangamutima twogenderako, kajanye no gusabikanya itunga, akarangamutima gashira imbere ikiremwa muntu, kakubuhahiriza ibidukikije nk’uko ba sokuru babigira.
-Ica gatatu ni uko inani zose ku rugero rw’igihugu, rw’akarere canke Afrika nzima zishigikira urunani mu gihugu kanaka ruriko ruharanira Reta zunze Ubumwe bw’Afrika kugira rushikire ubutegetsi biciye mu matora canke mu zindi nzira
-Ica kane, igihe hazoba habonetse Reta zitanu canke zirenga zishigikiye uyo mugambi, ni ngombwa zishinge mu maguru masha Reta Zunze Ubumwe bw’Afrika. Zice zishiraho Ibwirizwa shingiro rimwe, igisoda kimwe, Ibanki nkuru imwe n’ifranga rimwe, poritike imwe y’imigenderanire n’ibindi gutyo gutyo …. Igikunda kugorana ku mugambi wose nkoramutima nk’uyo ni intango, nta nkeka Reta zunze ubumwe bw’ibihugu vy’Afrika ivutse, n’aho yoba igizwe n’ibihugu bibiri, ibindi bizoca vyiyongerako mu mwanya mutoya. Igihugu kimwe conyene nticokwishoboza umugambi nk’uyo. Kandi uyo mugambi utagiye mu ngiro,nta gihugu na kimwe kizopfa carikukiye muri Afrika, nta na demokarasi izoshoboka, utigaba ntushobora kwishira no kwizana, ntushobora guserura iryo ugona rikubakiye ku mutima, ubanza kubaza sobuja. Reta Zunze Ubumwe bw’Afrika, ni zo zizorangiza ingwano mu bihugu vyacu z’urutavanako mubona hirya no hino muri Afrika. Izo ngwano na zo murazi yuko ari zo zorohereza abanyamahanga kuza gusahura itunga ry’Afrika. Ariko ga, intango ya vyose ihera mu gihugu kimwekimwe cose. Abaco bategerezwa kugikunda ntibemere gucurwa bufuni na buhoro babona, na canecane n’abitwa ngo ni abo bitoreye. Abarongozi bagakunda abanyagihugu babo n’igihugu cabo aho kukinunuza n’ukugisahura igihe bashitse ku butegetsi.

Ndangije nsubira ndabipfuriza umusi mukuru mwiza w’isabukuru igira 61 Uburundi buronse intahe yo kwikukira, nongera ndabararika guharanira umuzo wa Reta Zunze Ubumwe bw’Afrika, no kwiganzura ubutegetsi bw’igikenye, kugira Uburundi buzobe mu bihugu vya mbere bitanguza uyo mugambi.

Ni hahangame Repuburika y’Uburundi,
Abarundi ntidutangwe mu guharanira Reta zunze Ubumwe bw’Afrika, ikazotuma Afrika yikukira vy’ukuri.
Nti Nitugire amahoro, iteka n’iterambere !

Umukuru w’Umugambwe CNDD

Leonarudo NYANGOMA.-

]]>
Déclarations Wed, 05 Jul 2023 09:39:34 +0000
DECLARATION DE LA DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINE EN SOLIDARITE AVEC LA LUTTE HEROÏQUE DU PEUPLE SENEGALAIS http://cndd-burundi.com/actualites/actualites-internationales/948-declaration-dup-solidarite-peuple-senegalais http://cndd-burundi.com/actualites/actualites-internationales/948-declaration-dup-solidarite-peuple-senegalais DECLARATION DE LA DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINE EN SOLIDARITE AVEC LA LUTTE HEROÏQUE DU PEUPLE SENEGALAIS

Réunies en Assemblée Générale Ordinaire le 10 juin 2023 à Paris, les
Organisations membres, expriment, à travers la présente Déclaration :

-Leur solidarité indéfectible et inconditionnelle à la lutte héroïque
du Peuple Sénégalais ;

-Leur condamnation ferme et sans ambages de la féroce répression
qu’abat le régime néocolonial de Macky SALL contre les protestations
démocratiques en cours au Sénégal, sur fond de manipulation
outrancière des Institutions républicaines.

L’Assemblée Générale du 10 juin 2023
de la Dynamique Unitaire Panafricaine

-fait une mise en garde solennelle et personnelle à l’endroit du président
Macky SALL et exige qu’il respecte son engagement pris devant le Peuple
Sénégalais, les Peuples Africains et devant le monde entier, de s’en tenir
strictement à l’exercice de deux mandats, comme le stipule clairement
l’article 27 de la Constitution Sénégalaise, et l’appelle instamment à
mettre fin à sa politique répressive.

-adresse également une mise en garde à toutes les institutions, à tous les
Etats (au premier rang desquels figure l’Etat néocolonialiste français)
contre toutes manœuvres politico-diplomatiques et militaires visant le
maintien à tout prix au pouvoir d’une clique entièrement vouée à des
intérêts économiques en totale contradiction avec les aspirations
légitimes du Peuple Sénégalais. C’est le lieu de dénoncer l’incapacité
notoire, doublée d’une complicité scandaleuse des institutions africaines
telles que la CEDEAO et l’Union Africaine, face au recul démocratique
orchestré avec cynisme par le régime du président Macky SALL.

-exige la libération immédiate de tous les prisonniers politiques et le
rétablissement du droit de manifester ainsi que la restauration d’internet
dont la restriction n’est ni fondée ni légitime.

-salue les Actrices et les Acteurs des mobilisations populaires (parfois
insurrectionnelles) en cours sur le continent africain et dans la Diaspora
pour exiger la souveraineté de l’Afrique et des Peuples africains. Le
vaillant Peuple Sénégalais tient aujourd’hui dignement le flambeau de
ces Luttes émancipatrices.

-rend un vibrant hommage et salue la mémoire des combattantes et des
combattants tombés sur le champ d’honneur de la conquête d’un
véritable Etat de droit au Sénégal et s’engage à faire le plus large écho du
combat héroïque du Peuple Sénégalais au sein de ses Organisations et de
leurs partenaires, et plus globalement dans l’opinion démocratique
internationale.

-appelle toutes ses Organisations membres et toutes les forces
progressistes de par le Monde à faire bloc derrière le Peuple Sénégalais,
aujourd’hui engagé dans un combat à mort contre la Françafrique, ses
valets locaux et leurs maîtres impérialistes.

-Exhorte ses Organisations partenaires, démocratiques et progressistes à
renforcer la convergence de leurs luttes en vue de mettre en échec
toutes les pratiques et les velléités de domination de l’Afrique, plus
particulièrement du Sénégal dans le contexte géopolitique actuel.
-Vive la lutte héroïque du Peuple Sénégalais


Vive les luttes des Peuples d’Afrique, du continent et de la Diaspora
Vive le Panafricanisme de Combat Unitaire

L’Assemblée Générale du 10 juin 2023 de
la Dynamique Unitaire Panafricaine.

]]>
Actualités internationales Sat, 17 Jun 2023 14:40:43 +0000
Motion de soutien au Peuple Congolais http://cndd-burundi.com/actualites/actualites-internationales/947-motion-soutien-peuple-congolais http://cndd-burundi.com/actualites/actualites-internationales/947-motion-soutien-peuple-congolais Motion de soutien au Peuple Congolais

Les participants à l’Assemblée Générale de la Dynamique Unitaire Panafricaine organisée à Paris, le 10 juin 2023, après examen de la situation de crise grave et permanente en République Démocratique du Congo (RDC),

Dénoncent :
• L’invasion de la RDC comme une agression des puissances impérialistes dont les besoins en minerais stratégiques convergent avec les visées expansionnistes des pays voisins, dont le Rwanda est la tête de pont.
• L’infame silence des médias occidentaux devant ce conflit, le plus meurtrier, depuis la deuxième guerre mondiale, avec plus 10 millions de morts et 5 millions de déplacés. Accompagné d’insoutenables atrocités : massacres, viols, mutilations, pillages et déplacements massifs de populations.
Condamnent :
• Ces pogroms comme des crimes de guerre, crimes de génocide et crimes contre l’humanité.
S’inclinent :
• Avec émotion devant la mémoire des millions de martyrs assassinés par cette guerre impérialiste de rapine.
Soutiennent :
• La revendication du Peuple Congolais de poursuivre devant les tribunaux réellement impartiaux les auteurs de ces crimes imprescriptibles.
Constatent que :
• L’oligarchie au pouvoir, issue de la fraude électorale de 2018, n’a jamais été capable d’assurer la protection des populations et du territoire national de la RDC.
• Faisant fi du sort des Congolais victimes de la guerre dans sa partie est, elle s’apprête à organiser des élections, avec l’intention manifeste de les gagner par la fraude.
• Malgré de nombreuses contestations, elle est passée en force et a placé ses hommes de main à la tête de la Centrale électorale et à la Cour Constitutionnelle. Elle espère ainsi s’abriter derrière une nouvelle immunité d’élu à la faveur d’une parodie d’élection.
• Des manifestations de protestation, organisées par l’opposition et de nombreux acteurs de la société civile, pour exiger une réforme consensuelle de l’administration électorale, et dénoncer la dégradation des conditions de vie, la corruption et la guerre d’agression ; ont été brutalement réprimées.
Apportent :
• Leur soutien et leur solidarité au Peuple Congolais, avec une pensée particulière aux populations en lutte dans les zones en guerre.
S’engagent :
• A relayer les luttes du peuple Congolais et en particulier celles des démocrates et des progressistes sur le terrain, contre une bourgeoisie parasitaire préoccupée par la déprédation du patrimoine national.
• A sensibiliser et à mobiliser la diaspora africaine ainsi que les progressistes, les démocrates et les internationalistes Français pour obliger l’impérialisme Françafricain et ses multinationales (comme disait le Pape François) d’ôter leurs mains de la terre congolaise d’Afrique.
• A demander aux élus progressistes, aux démocrates et aux citoyens Français, d’interpeller leur gouvernement sur sa politique africaine, en vue d’obtenir une simple application en RDC, des règles de l’Etat de Droit par les dirigeants en place. Et permettre ainsi au Peuple Congolais de se choisir – dans la transparence et l’apaisement ses dirigeants, lors des élections de décembre 2023.

Fait à Paris, le 10 juin 2023.

]]>
Actualités internationales Sat, 17 Jun 2023 08:45:53 +0000
IJAMBO LEONARUDO NYANGOMA, UMUKURU WA CNDD ASHIKIRIJE ABAGUMYABANGA N’ABARUNDI BOSE KU MUSI RUSAMA 2023 http://cndd-burundi.com/actualites/declarations/946-ijambo-nyangoma-ashikirije-kuwa-mbere-rusama-2023 http://cndd-burundi.com/actualites/declarations/946-ijambo-nyangoma-ashikirije-kuwa-mbere-rusama-2023 IJAMBO LEONARUDO NYANGOMA, UMUKURU WA CNDD ASHIKIRIJE ABAGUMYABANGA N’ABARUNDI BOSE KU MUSI RUSAMA 2023

Bagumyabanga,
Barundi,
Barundikazi,
Banyakazi,
Namwe mutagira akazi,

Ndabaramukije amahoro, iteka n’iterambere !

Kuri uyu musi uri hejuru, ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa vya misi yose, nk’imfungurwa, vyarabaye umurengera. Nk’akarorero, ikiro kimwe c’ibiharage bibayabaye muri rusangi mu mwaka wa 2005 cagurwa mu mafaranga y’amarundi yababa 250, mu 2021 cari ku 1500, umwaka uheze, muri rusangi nyene cari ku 2500, uyu mwaka giteye ku 3500 ! Ni ukuvuga ko mu myaka ibiri gusa iheruka, ico giciro cigwijije incuro zirenga zibiri : Umuceri n’ibindi ni nk’uko nyene. Kuva mu 2005 na ho murabona ko ibiciro vyigwijije incuro zirenga icumi ! Bisobanura ko ubuzima buzimye incuro zirenga icumi ugereranije n’imbere y’umwaka wa 2005 ! N’aho abategetsi babihakana kandi ntitwumva igituma, ubukene mu gihugu, inzara y’inzeragiza ni vyo biramutswa ca gihugu ca ba sokuru c’amata n’ubuki. Erega ntawuhisha umwotsi inzu iriko irasha.

Turasavye rero dushimitse abategetsi bumve yuko igihugu kigeze ahanyerera, na kare uwuja gukira indwara arayirata. Erega si ibintu bisanzwe kubona umwana arangiza amashuri akabura akazi mu gihugu gikeneye abahinga benshi mu bice bitandukanye. Turakeneye abaganga, abafundi b’indimo, abigisha, abanyamyuga n’abandi. Ikibababaje cane, ni uko urwo rwaruka rwacu, ari ryo tunga rya mbere igihugu gifise rwahereye hanze, ruhunga iki ? Ubushomeri, inzara izura inzara, umutekano udashemeye kubera igihugu bose bashonje ntawovuga ngo kiri mu mahoro, kuko burya amahoro ahera mu nda.

Uyu musi rero ku barundi benshi, abakozi nka bose, baba abirimizi, aborozi, abanyakazi ba Reta, abanyakazi mu masosiyete yigenga, abaganga, abaforomo, ...nka bose baratubitse umukanda ! Ku bw’ivyo, aho kuvyinira no gutambira abategetsi, ni bagaragaze mu myiyerekano yabo umubabaro bafise ku mutima kugira ibintu bihinduke.

Ariko n’aho biri uko, reka dusubire kwibukanya gatoya amamuko y’uwu musi mpuzamakungu wahariwe akazi n’abakozi kw’isi, wama wahimbajwe itariki ya mbere Rusama.

Amamuko y’Umusi mpuzamakungu wahariwe akazi n’abakozi

1. Uyu musi si umusi mukuru usanzwe, ni umusi w'ukwibuka abantu, abanyakazi benshi batakaje ubuzima bwabo, bariko baragwanya agacinyizo, bakorerwa n'abakoresha babo ; baba abantu ku giti cabo, canke Reta. Ako gacinyizo kari gahagaze canecane ku masaha y'umurengera abanyakazi bakora ku musi, henshi akaba yarenga 16 ; abakozi bagahembwa intica ntikiza, abakenyezi bagakora ijoro n'umutaga, n'abana b'imicuko barimwo. Akaja nk’ako ko gufata nabi abakozi, ari bo banyagihugu, ntikari i Buraya canke muri Amerika gusa, kari no mu bihugu vyari mu ntwaro za gikoroni.

2. Imbere y’intwaro za gikoroni, Abanyafirika benshi baragizwe abaja, abakoroni babatwara ku nguvu kuja kubarimira, no gucukura ubutare muri Amerika. Muri abo, benshi cane, imiriyoni n’imiriyoni barahasize agatwe. Ivyo ni vyo vyatungishije, ibihugu vy’i Buraya na Amerika. Ariko n’ubu, ibikorwa bigayitse nk’ivyo biracabandanya, mu bihugu vyinshi, canecane muri Afirika, bihagarikiwe na ya masosiyete y’ibihangange mpuzamakungu, bita « multinationales » abifashijwemwo n’abategetsi bakora nk’abacangero babo. Ubwo bukene, inzara, ubushomeri, nta kindi kibitera, atari uko itunga, imari y’igihugu biri mu kagwi k’abantu bari ku rushi, ba mpemayuzuye, bamwe Deniza Nkurunziza yise « abarundarundanya amatungo ». Amatungo basahuye igihugu maze bakayanyegeza, mu mabanki yo hanze, ayandi bakayimbira mu mazu yabo, ayandi ni ivyo bizu vy’amagorofa mubona hirya no hino mu bisagara, canke ku mpinga z’imisozi, na Reta ari Reta idashobora kwiyubakira ! Uko ni ko barya imitsi abakozi, bakanunuza igihugu cotunze abanyagihugu baco bose, kurya kw’inyondwi inunuza amaraso y’inka.

3. Ku wa mbere Rusama 1886, ni ho abakozi biha amabarabara, kugira bagaragaze akababaro kabo, hariya i Chicago, mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ico gihe, Reta yabashuhuriyeko abaporisi, maze birara mu banyagihugu, abantu benshi barahasiga agatwe. Uyu musi rero, ni umusi mu bihugu vyinshi, abakozi bigina intsinzi bashitseko, mu kworoherezwa mu buzima bwabo nko: kuduza imishahara, kuvurwa ku buntu, kugabanura amasaha y'umurengera ku kazi, kubunguruza bagiye ku kazi, kugabanura ikori ku bakozi batobato, gufuta ubugererwa, gufata mu mugongo abarimyi n'aborozi, mu kugabanura ibiciro vy'ibikoreshwa mu ndimo nko kubaronsa amase, kubigisha ubuhinga bwo kurima, no kworora kijambere, tutibagiye kubaronsa imbuto zirobanuye, gukwiza umuyagankuba n'amazi meza ku banyagihugu, kwigisha abana ku buntu gushika iyo biyumva, kugwanya ubushomeri n'ibindi. Abakozi n’abanyakazi, ni bo bagiye imbere y’abandi banyagihugu, mu guharanira ukwikukira kw’ibihugu vya Afrika.

4. Ivyo rero ni vyo abakozi bigina, kandi bashaka kugabisha abo bose ba mpemayuzuye, bashaka kugumiza abanyagihugu mu buja, na bo bujuje inda zabo, abandi bipfumbereje.
Ng’ Uwutambana na mukeba ntakubita urugohe. Uyu musi rero, si umusi wo gutambira abategetsi, ni umusi nyabuna wo kwibutsa, yuko ibibi abategetsi bariko baradukorera, badateshejwe ngo bate, bazoruhira kuvyishura. Kwibutsa kandi ko, no mu bindi bihugu, abacinyiza abanyagihugu batsinzwe n'abo banyagihugu nyene, bafatanye mu nda, kuko burya ngo Inyakamwe inyaga imwe. Abanyagihugu bagiye hamwe, inguvu zabo ntizikangwa n’ibikoho canke za burende.

5. Ng’aha iwacu, muri kahise, na canecane ku ntwaro za Gikoroni, agacinyizo k'abanyagihugu, mu kubakoresha babahemba intica ntikize karigeze. Ikiro c'ibiterwa njabukamazi nk'ikawa, ipampa, icayi, n’ibindi bakabigura intica ntikize. Ku ntwaro z'icami, abanyagihugu nka bose, batobato bari abagererwa, umwanya munini baba bariko bakorera ba sebuja, canke abarongozi babo, bagahembwa ingero idashobora no kumara umwana inzara.

Ariko akamaramaza, ni ivyo turiko turabona iki gihe vyitwa ngo turi mu ntwaro za demokarasi, zategerezwa kurangwa n'isabikanywa ry'itunga ry'igihugu, ata wandya wangura. Ni na co gituma rero, uyu musi wahariwe akazi n'abakozi, ari isango rihambaye cane. Si umusi rero wo, kwiyereka no kuvyinira canke gutambira abategetsi babombotse inda ngaha iwacu, mbere n'ahandi henshi, ni isango ryo kwibutsa akababaro, amagorwa abakozi bo mu Burundi bagowe, benshi ndetse bakaba ari abashomeri, mu ntumbero yo kubakebura no kubagabisha, kuko abo babombotse inda, ni bo nkomoko y'ayo mahano turimwo.

6. Uyu musi kandi, uhuriranye n’uko abarundi benshi muri rusangi, na canecane abakozi, tutavuze abashomeri, abirimizi, bugarijwe n'ubukene butagira izina, bitewe n'abategetsi bazingamitse ubutunzi bw'igihugu, mu busuma, bwabaye ubunyonyezi, ivyo na vyo bigatuma umwimbu mu gihugu wagiye uragabanuka uko umwaka utashe, ifaranga ryacu ritakaza agaciro. Kwiyunguruza bisigaye ari amananiza kubera amabarabara yasivye, ibitoro bikama vyabuze. Aba kera ni bo bayamaze bati Intabarirwa ibarirwa n’uko amaso atukuye.

7. Uyu musi mukuru w’abakozi ushitse kandi, mu gihe hari impunzi z’Abarundi zababa ibihumbi amajana atatu, zikwiragiye kw'isi yose na canecane, ngaha mu karere Uburundi burimwo. Izo mpunzi, zari zisanzwe na zo nyene, ari abakozi imbere yuko bangazwa, n’ubutegetsi bubi buhari ubu.

8. Vyongeye, uyu musi ushitse abanyakazi, canecane ba Reta, basigaye bahembwa intica ntikize kubera imishahara yatitutse, mbere na ka gashirukabute ko ku mwaka ku mwaka bita « annales », kakaba karahagaritswe ku gahotoro. Ibiciro vy'ibintu, vya nkenerwa, kugira ngo umuntu abeho, yongere agire amagara meza, nk'imfungurwa, imiti, uburaro, kwiyunguruza... vyarabaye umurengera. Ehe raba mu mwaka umwe gusa, nk’igiciro c'umuceri, ibiharage, ubududu n’ibindi caduze muri rusangi, incuro zibiri canke zirenga. Nk’ikiro c’ubududu, ibiharage, usanga caduze incuro nka zibiri! Iyumvire nawe kugura Ubududu amafaranga arenga 2000, n’ejo bundi mu mwaka uheze kitarenza 600 ! Ariko Umukuru w’igihugu akirirwa arihayagiza ngo, nta nzara, nta bukene biriho mu gihugu, ngo n’aho amakungu, atodufasha, twebwe turishoboye, ngo dukwiye gufasha abashonje mu bihugu vya Buraya. Kugeza n’aho avuga ngo Imirima isigaye yumira ku misozi kandi ariko aravuga iyiwe gusa canke iy’abandi bategetsi nka we ! Guhimiriza abategetsi kwijukira uburimyi n’ubworozi ni vyiza cane. Ariko kandi twokebura iyo Reta kutanyaga amatongo abanyagihugu bahora birimira, nk’uko hari imyidogo myinshi ibura aho ishikira, dufashe akarorero nko mu Cibitoke !

Agashahara abakozi ba Reta baronka, ntigashobora n’ukuriha inzu baba bapanze, ku buryo benshi babayeho ku Mana, kumwe nyene bavuga ngo, ntawumenye igitunga inyongori.

9. Ako karenganyo abakozi bagirirwa ng’aha mu Burundi, kunyuwe n’uko ubutegetsi buhari ubu, butanga ubuzi kuri nkunzi, ata bibazo bibanje gukorwa, kugira akazi karangurwe n'abagashoboye, mbere n’iyo nkunzi ikaba itegerezwa kuba iri mu mugambwe uri ku butegetsi, aho umuntu atakimenya, gutandukanya ivya Reta, n’ivy’uwo mugambwe nyene, wigize akagaramaruganda mu Burundi.

Muti ivy’amasendika vyo vyifashe gute ?

Barundi, Barundikazi, Banyakazi mwese,

10. Kuri iyi ntwaro yo kuva mu 2005, nta mukozi n’umwe acubahuka kuryogora, kubera yuko amasendika abushitse, yahora yubahuka kuvugira abakozi, yose barayasambuye maze abari bayarongoye benshi, abatahasize ubuzima, barahunze. Reta ica yishiriraho amasendika ya seniryo. Ntawugikura ururimi mu kanwa, ahandi hoho yohasiga agatwe.

11. Uyu musi rero wa mbere Rusama 2023, ni ukwibuka intwari z'abarundi, canecane mu rwaruka n'abakenyezi bagandaguwe muri ya myiyerekano yo mu 2015 yo kugwanya manda ya gatatu ya Nkurunziza, ata kindi bazira, atari ugaharanira ineza y'abarundi n’agateka kabo. N’icerekana ko bari mu kuri, sentare y’Ishirahamwe ry’ibihugu vya Afirika yo mu Buseruko, yaraciye urubanza, Reta iratsindwa. Reta rero yari ikwiye gutanga indishi y’akababaro ku barundi bose bahasize agatwe, ikongera ikarekura abo bose bapfunzwe kubera bariko baragwanya manda ya gatatu ya perezida. Abapfunzwe bose kubera iryo shaka, ni ngombwa ko Reta ibarekure. Kwibutsa abategetsi kandi, yuko intwari n'ubu zagwiriranye, zitazotezura Reta y'igikenye itatuvuye ku mutwe. Ariko kandi, ntibarindire gushika aho abanyagihugu badundubigwa, ni baje barumviriza izo nkebuzo.

12. Kuva iyo Reta ifashe ubutegetsi, abanyeshure, ari bo bakozi b’ejo, barahaboneye amakuba, kubera iyo ntwaro. Reta, aho kwongereza agafashanyo kahora gahabwa abanyeshure, bo muri za kaminuza yaragafuse, muzi namwe ingene igihugu cacu gikenye abakozi benshi b'incabwenge, canke b'abahinga. Mu bihugu bitari bike kw'isi, abana b'igihugu biga ku buntu, kuva mu ya zero, gushika barangize kaminuza. Reta yose yisoneye, umugambi ishira imbere, ni kiremwa muntu, na canecane kwigisha abana bose b'igihugu. Ivyo ni vyo, bituma demokarasi itsimbatara, n'isabikanywa ry'ubutunzi rishoboka. Ariko tweho, umengo kaminuza yemerewe abakire gusa. None abanyagihugu babayabaye babaye aba nde ko Kaminuza za Reta zategerezwa kwakira abo bose bavuye muri ya ma “Lycéés Communales” yakira abanyeshure bari musi y’ibice 30 kw’ijana vy’abamenye ca kibazo ca Reta, abandi baca baba aba nde ko Kaminuza z’abikorera utwabo zizimvye cane?

13. Tubivuge tubisubire, iyo Reta yarananiwe no gukingira abakozi bakorera amasosiyete yigenga ahonyanga uko ashatse amategeko agenga akazi, abatari bake, bafise amatati n’abakoresha babo, ntibakironka aho bitura.

Banyakazi namwe bashomeri mwese, Barundi, Barundikazi,

14. Izo ngorane twagiye turadondagura harimwo n’ubushomeri n’ubukene bwarenze igipimo, zunyuwe n’igurishwa ridatomoye ry’amasosiyete ya Reta. Ayo masosiyete kandi, mumenye ko ari ayanyu. Ni mwebwe nyene mwasohoye imitahe yo kuyashinga mu makori mutanga. None ayo masosiyete nka yose barayagurishije, bayagurisha intica ntikize babanje kuyanyonyeza, akagurishwa ari no mu guhenuka nka za Onatel, Regideso n’izindi ubu zigeze ahamanuka. Izo bamaze gucisha ku wepfo rero ni : COTEBU, ONAPHA, amabanki menshi, OCIBU, Ikivuko… Amatwi adusumira na za SOSUMO, ONATEL, OTB bagiye kuzigurisha ; nta wuzi yuko na Regideso batazohava bayicisha ku wepfo, nk’uko twamaze kubivuga irageramiwe cane. Muraraba neza, n’impwemu muhema bazohava bazigurisha. Ikitavuzwe coco, ni uko ubutare n’agataka bamaze kubigurisha ku masosiyete mpuzamakungu. Turazi ko Umukuru w’igihugu yatangaje icese, haraheze ikiringo kirenga umwaka yuko afuse amasezerano Reta yagiraniye n’ayo masosiyete acukura ubutare. None amahera y’agaciro basahuye mw’igurishwa ry’ubwo butare ari hehe, ko twumva ashobora kuba ari ibihumbi amajana n’amajana y’amadolari? Amakoperative yari atunze abanyagihugu bacukura ubutare barayigaruriye hariya mu Cibitoke n’i Muyinga,

Muti none hakorwe iki ?

Uburundi ni agahugu gatoya, ariko gafise itunga ryinshi : itunga rya mbere ni abanyagihugu bakunda ibikorwa cane, ngira muri Afirika nzima, baza kw’isonga. Uburundi bufise itunga kama ryinshi cane, imvura ikwiye, amazi meza y’umusarara n’isi imera, ubutare bwinshi cane kandi butandukanye n’ibindi. Iryo tunga rirasesagurwa, irindi rigaherera mu mipfuko y’akagwi k’abantu bari ku rushi, biziziye ubutegetsi. Bamwe Deniza Nkurunziza yita « Abarundarundanya », kandi murundikazi avuga abo azi neza ! Hamwe bogarukana amahera n’ubutunzi bamaze gusahura igihugu, nta nkeka, ingorane nyinshi mu gihugu zogabanuka, n’imishahara ikongerezwa, abana bakiga ku buntu koko, kandi baronka ivya ngombwa, bakavugwa ku buntu koko. Kuko aho bigeze ubu, ababishoboye, na bo bakaba bari ku rushi, kugira bavugwe neza baja canke babanza kuja ku Muganga yikorera utwiwe. Mwarigeze kwumva yuko Nkurunziza yanyegeje muri Panama imiriyoni zirenga 465 z’ama Ero, ayo rero ni ayamenyekanye. Ayataramenyekana asumba ayo incuro nyinshi.


1. Harageze rero, nimba hatariko hararengerana, ko abarundi bose bahagurukira rimwe, bagasezera intwaro z’agacinyizo nk’uko babigize mu 1993, maze dushinge intwaro yitayeho mwebwe abakozi, intwaro ibitaho atari iyo kubasambura n’ukubanyonyeza. Muti gute ?

2. Korakoraneko mushigikire umugambwe CNDD wamye uharanira ineza y’abakozi, kandi muri make wiyemeje imigambi nk’iyi ikurikira yo gushayura Uburundi: Kugwanya no gutsinda inzara, ibiturire, ubukene, ubushomeri, mu myaka itanu ukazosanga igihugu kimaze kuhagarara neza, gifise n’ijunja mu makungu; Kugabanura canke gufuta amakori amwamwe arya imitsi abanyagihugu canecane batobato; gushinga no kugwiza amahinguriro atanga akazi ; Kugira poritike y’amasoko ntanganguvu zivuye ku ngomero z’amazi; Kurangura umugambi w’ukwigisha bose gusoma n’ukwandika hanyuma tugarukire indero mu mashure kugira ngo ahinduke koko igikoresho kijana kw’iterambere ; Kugira poritike yerekeye amagara y’abantu itanga uburenganzira ku bantu bose bwo kwivuza uko bibereye; Kworohereza abakenyezi mu bikorwa vya misi yose; Kugira poritike y’uburaro ku buryo umurundi wese aronka uburaro bwiza ku giciro kibayabaye ; Gusezerera ukudahana n’ugusubiza ubwigenge ubutungane; Gusubiza agateka n’ijambo imigambwe, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike na canecane amasendika y’abakozi, abarimyi n’aborozi n’abanyamyuga hamwe n’ayagwanya ibiturire, maze igiturire gisigare ari indahiro mu Burundi; Kunonosora no gutorera inyishu ibibazo vy’amatongo no gutunganya neza umugambi w’ibigwati ; Kugarukana ubutagisubira inyuma amahoro n’umutekano mu mihingo yose y’igihugu no gufuta imigwi yitwaje ibigwanisho; Gutorera inyishu ibereye kandi irama ingorane z’impunzi, abahunguka, abateshejwe izabo n’abasinzikajwe n’ivyago; Guhiga no kugarukana mu kigega ca Reta itunga ryanyurujwe n’abategetsi; Kugarukira Amasezerano y’i Arusha n’Ibwirizwa Shingiro riyakomokako, tutibagiye kurekura abo bose bapfungiwe ivya poritike; Gusubiza umutamana Uburundi n’ishusho nziza mu makungu ; Kunagura akaranga k’abarundi n’Uburundi n’imico kama, Kwunga urunani n’ibihugu vyo muri Afrika bishaka kwubaka Reta zunze ubumwe bw’Afrika zubahiriza abakozi n’akazi. Iyo migambi ntizoja mu ngiro mu gihe tutavavanuye n’intwaro yiziziwe na bampemayuzuye, bamenyereye kurya n’ukurundarunda ivyo batabiriye akuya. Shigikire rero CNDD, ifise abanywanyi n’imboneza zizirana n’akagaye n’akarenganyo, mbere tukaba twiteze cane kugira inani n’amashirahamwe n’imigambwe yanyuzwe koko n’ingendo yo gukorera n’ukuzamura abanyagihugu bose ; twese hamwe n’igihugu cacu, tukagira amahoro yuzuye, Iteka n’Iterambere nk’uko ari indamukanyo yacu.

Mu kurangiza, nagira nsubire kubipfuriza umusi mukuru mwiza. Uwo musi uhambaye ku bakozi, ubabere akandi karyo keza ko kurimbura aho agateka kanyu kageze, kugira ntitureke ngo intambwe ya demokarasi twaharaniye kuva kera, ari yo yubahiriza akazi n’abakozi, ngo igende isubira inyuma nk’ibirenge. Ngo Icerekwa ni ikibona, ikibarirwa na co ni icumva, duhagarare bwuma ntidusubire mu ntwaro y’umugambwe umwe rudende.


Rero, Umugani w’incungu ya Demokarasi, Nyakwigendera Melikiyoro Ndadaye ati « Nabagwanya Demokarasi barayikeneye », Abo bita aba DD na bo nyene, basa n’abagoswe, ntibaherezeyo umutwe, twese hamwe haguruka duhabuze ico twagwaniye, na canecane kuva Ndadaye agandaguwe !

Nti Nitugire amahoro, iteka n’iterambere !

Ku wa mbere Rusama 2023,

Umukuru w’Umugambwe CNDD,

Leonarudo NYANGOMA.-

]]>
Déclarations Thu, 04 May 2023 12:45:54 +0000