dimanche, 31 décembre 2017 09:39 Écrit par  NYANGOMA LEONARD

IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUKURU W’UMUGAMBWE CNDD, Leonarudo NYANGOMA RYO KWIPFURIZA ABARUNDI UMWAKA MWIZA MUSHASHA WA 2018

    Bagumyabanga ba CNDD
    Bagumyabuntu ba FFD
    Namwe Ntebutsi za JPD
    Barundi,
    Barundikazi,
    Bagenzi mwese, ncuti za CNDD,

    Ubwa mbere na mbere, munkundire ndabature indamutso y’urukundo ivuye ku mutima: Nti ni musangwe amahoro, iteka, itekane n’iterambere kuri bose!

    1. Nagira rero, kw’izina ry’umugambwe wacu CNDD, ku ry’umuryango wanje, eka no kw’izina ryanje nyene, ndabipfurize mwese, Inweri nziza cane, n’umwaka mwiza muhire mushasha wa 2018. Muze muwugiremwo amagara meza, amahoro n’iterambere mu ngo zanyu, eka n'igihugu cacu kibonereho kuva mu magume, ubukene butagira izina n’intwaro z’inguvu n’agacinyizo, gisubire kuramutswa iteka kuri bose na Demokarasi.

    Bagumyabanga mwese, Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Umugambwe wacu CNDD,

    2. Muri bene bino bihe, vyo kwipfurizanya umwaka mushasha mwiza, ntawosiga inyuma kwirimbura, no gukubitiza akajisho aho umuntu ageze, na canecane ivyo igihugu cacu, tukaboneraho gutereza amaso imbere, kuri kazoza kacu. Munkundire rero, tubice ku mayange.
    Turazi yuko, uwu mwaka urangiye, nk’uko tuguma tubibona kuva mu mwaka wa 2005, ubuzima bw'abarundi bwagumye butituka; haba mu vy’imibano, ubutunzi canke ivya poritike y’igihugu. Twobibutsa uturorero dukeya gusa. Nko mu vy’ubutunzi, murazi yuko kw’isi yose, bagereranya ifaranga ry’igihugu n’amafaranga bita y’agaciro azwi nk’idorari. Mu 1990, idorari ryavunjwa hafi FBU 170, mu 2000, hafi FBU720, mu 2005 hafi BU1080. Uyu munsi, idorari rigeze ku mafaranga y’amarundi 1750 mw’ibanki, kurironka akaba ari umuzi w’ibuye, kw’isoko akaba isanzwe ari mu 2700! Ubukene rero bw’agakengereza, ni bwo busigaye bwigize ndanse mu gihugu. ikibabaza kigasonga, ukabona amagorofa aduzwa hirya no hino, iminsi mikuru y’urutavanako igatunganywa n’ubutegetsi, hamwe n’umugambwe ugomba kwigarurira ivy’igihugu cose, buririmba ngo ejo ni heza, bakama mu myiyamazo n'imyiyerekano, abanyagigugu batubitse uwa vubi; n’iminsi mikuru nk’iyi ya Nweri, n’ukwigina umwaka mushasha, igashika nka bose baganya, ico bazohereza umuryango. Ubuzima rero bwaratitutse, kuko ata mwimbu wotuma ubutunzi bw’igihugu butera imbere uriho, utubonetse na two tugaherera mu mipfuko y’akagwi gatoyi. Kukaba nka ko, Uburundi buharurwa kw’isonga ry’ibihugu, vyo muri Afrika y’ubuseruko mu kurya ibitutire. Amatohoza yerekeye ingene abantu babaho, yerekana ko abarundi barenga ibice 70%, bari munsi y’uko umukene asanzwe abaho, bisobanura ko, benshi turi ico bita mu kirundi “abafafara”, mu gihe benshi baronka utwo bahendesha umunwa, rimwe gusa ku munsi, batazi n’ikizorirenza bukeye! Hafi ibice 60% vy’abarundi bageze gukora akazi, na canecane urwaruka, barashomereye. Amakori yarabaye umurengera, igisongera isibe muri ino minsi, akaba ari uko ubutegetsi buriko butangisha ku nguvu, abanyagihugu ikori, ridategekanijwe muri rya bwirizwa rigenga, amafaranga Reta ikoresha ku mwaka. Aho tugomba kuvuga, ya ntererano y’amatora, bakitiranya ugutsimbataza ubwigenge, n’ukwikumira mu makungu. Mu vy’imibano, tuvuze nko mu gisata c’indero, kubera ko, ubutegetsi bufise ingendo y’uguhindagura, ibintu bitabanje kwigwa neza, na canecane abo vyega ubwa mbere, babanje kubigishwako inama, naho ubwo butegetsi nyene buguma bwihaya kumwe kwa wa mugani w’igikere, ngo abana biga ku buntu, bisigaye vyigaragaza ko abo bana bo Burundi bw’ejo “biga ubusa, bakigira ubusa”, kuko n’iyo barangije amashure ata n’akazi baronka, akanovera k’inyigisho kakaba karatitutse, ku rugero ruteye ubwoba, bose basemerera. Abanyeshure, canke amasendika, ntagifise n'uburenganzira bwo kugaragaza ahabona, mu mvugo canke mu myiyerekano, akababaro bafise ku mutima. Ubu bose batekewe n’ubwoba, nta wudyogora.

    3. Mu vya poritike n'agateka ka muntu, ico twovuga giteye ubwoba , kandi kizotuma dusubira inyuma, mu ntwaro ya demokarasi, ni uko umugambwe uri ku butegetsi, ugomba kwigira nk’umugambwe umwe rudende, ugafatira amaboko i mugongo imigambwe itavuga rumwe na wo. Abarundi bose, batemeye gushigikira ububisha Reta ikorera abanyagihugu, bagahirwa buhongo, ikitavuzwe ngo ugiye gusaba iki na kiriya, utari muri uwo mugambwe. Abategetsi barishize hejuru y’amabwirizwa n’amategeko. Sinirirwe ndarandira kuri ibi bibi, ubutegetsi bukorera igihugu, kuko murabizi, ingaruka zose mbi, ni mwebwe muziremetse. Ariko, igihambaye kandi kidutera intege, ni uko abarundi, bamaze kumenya ingene basubiriza mu nkoko ubutegetsi nk’ubwo, kuko ingendo ya demokarasi, n’uguharanira agateka kabo, yamaze kubanyura. Bati rero “Burira ntibutera ku mpeshi”, ivyo vyose birafise igihecavyo bimara, nta mvura irwa idahita. Ariko rero, agahebuza mu Burundi, ivy’ ihonyangwa ry'agateka ka muntu bikorwa na Reta, ifadikanije n'umurwi w'imbonerakure, wegamiye umugambwe uri ku butegetsi, ntibikigira urugero n'urupimo. Nta munsi wijana hatabaye inkumbi, ku mwaka wose kuva 2005, haragandagurwa abantu barenga 500, bikaba vyarunyutse kuva 2015, igihe Nkurunziza yiyongera ku nguvu, manda ya gatatu adafitiye uburenganzira. Abatishwe baranyuruzwa, ntumenya irengero ryabo, abandi bagafatwa bagapfungwa, ababishoboye barataye izabo, bahungira mu bindi bihugu, ubu bakaba bararenga 450.000. Uburundi busigaye bumeze nk'ibohero, kuko ubu ata muntu ahirahira ngo, aragoboroye ururimi, iradiyo na tereviziyo vy’igihugu vyigaruriwe, n’umugambwe wigaruriye vyose n’ubutegetsi nyene, bakama mu myiyamazo n’ukwinjira ingoro, n’ivyibutso vy’uwo mugambwe, aho uciye hose, haba mu matongo y’abanyagihugu, canke mu bibanza bigenwe bose, ku mabarabara, ku masoko, imbere y’ibitaro n’ahandi, nta na kimwe bacibanga.

    4. Muti none twobifata gute?

    Muri uwu mwaka mushasha wa 2018, twokomeza ibikorwa vyose vyotuma ibintu bihinduka, kugira Uburundi bugaruke busubire mu nzira ya demokarasi, buve mu mwijima bugaruke mu muco, kandi birashoboka. Vyongeye, ngo uwubandwa, ni we abanda urugi. Nta we dusiganya ngo, azoza kubikora avuye hanze, nta munyamahanga azoza kubohoza abarundi n'Uburundi.
    Ivyo bisaba kwitanga cane, hamwe no kurya umutima amenyo, kuko ntacizana. Umwe wese muri twebwe, arafise uruhara rwo, gusanura iyo nzu ya demokarasi, tutibagiye n’abitwa ngo, bari muri uwo mugambwe nyene. Nk’uko Ndadaye yakunda kubivuga, abiyerekana ko bagwanya demokarasi, ni bo usanga bayikeneye gusumba, na barya usanga biyerekana ko, bayiharanira. Akarorero: guterera ku bushake ntivyari bibi wagomba, ariko bakubwiye gutanga ku nguvu ukwezi kwose, aho ntituvuze abarundi benshi bugarijwe n’ubukene, n’amadeni batazi n’ingene bazomara ukwezi, uca ubona ko intwaro z’agahotoro, zidahotora gusa abatavuga rumwe na zo… Aho murahakanurira. Ikindi gitanga umwizero, ni ukuntu abanyagihugu bose barikanuye. Nk’akandi karorero kigaragaza kakaba ukuntu twese, twarahiye tukarengwa tukiyamiriza ko, ubwo butegetsi butigeze bugomba kumenya ko, Amasezerano y’amahoro yateweko igikumu i Arusha mu 2000, buvuga ngo ntabaraba, kuko batari mu bayateyeko ibikumu, kandi ari yo yabashikanye aho bicaye ubu. Twaviriye hasi rimwe twese rero turanka ko, batohirahira ngo bayacishemwo umurongo, mu kuzana Ibwirizwa Shingiro ryabo, mu ntumbero yo kwimika Nkurunziza kugira abe umwami, kandi twari twagwaniye intwaro ya demokarasi, ituma haba ibisikanya ku butegetsi, ibintu ntibigume bizingamitswe n’umuntu umwe n’akagwi kiwe, mukaba mwese mwibonera aho, bitugeze nk’uko twatanze uburorero bwinshi kuva mu ntango. Yaba rero amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, yaba imigambwe itari ku butegetsi, eka ndetse n’abanywanyi benshi, bari mu mugambwe uri ku butegetsi, barashaka kwitaba aka kamo tubateye, baze mu rugamba duhindishe IKIBIRI, dutuze ako kagwi, duhagarike uku kuguma dusubira inyuma nk’ibirenge, maze tuze tuzoshobore no gutegura neza amatora , azobe mu mutekano, mu mwidegemvyo no mu mahoro Uburundi bubone kwogorora. Nta kwama hahandi, ikitavuzwe co, ni ukugendera kw’iterabwoba, ngo “Atari jewe igihugu coja mu kaga”, bakagomba kuduhatira ku ngendo zataye igihe, n’ubwo uburorero bw’intwari muri Afrika, no kw’isi yose nka Mandela, Sankara, Rwagasore, Ndadaye, Chavezi n'abandi, umengo ntibabubona, bakarindira ko, abanyagihugu barinda kugumuka, ibintu bikayogera, tukaguma twisamburirako nk’impene, ibindi bihugu biriko biratera imbere.

    5. Mu vy’ukuri rero, nta butegetsi na bumwe kuri iyi si, bushobora guhangana n’abanyagihugu, igihe abanyagihugu bamaze kumenya ko, ari bo babutanga kandi bashobora kubwaka, uwo wese aza yigira akagaramaruganda, ashaka gusubiza inyuma demokarasi. Twarabibonye mu bihugu vya Burkina Faso, Cuba, Vietnam, mu Burundi iwacu, muri Afrika y’epfo ya Mandela twamaze kuvuga, muri Amerika y’epfo n’ahandi. Uburundi si izinga, n’uwudafise inka arabona aho zirisha.

    6. Ni co gituma, ku neza y’Uburundi n’abarundi, nsubiye gukebura abategetsi b’iki gihe, ko bokwikebuka, bagahindura ingendo, bareke gukoresha ubutegetsi mu gucura bufuni na buhoro abanyagihugu n'aho ari ubwo basahuye. Ni bashire ubwoba, bareke abanyagihugu bisanzure, nk’uko babiharaniye. Benshi, benshi cane bariguze igihugu, nta gusubira inyuma nk’ibirenge. Abo banyagiguhu bakeneye kurongorwa, bafise uburenganzira bwabo bwose, uwo bazoshima ni we bazoshira ku butegetsi ata gitsure, ata gahotoro, na canecane bakavavanura n’ako gatima ko kwigumiza ku butegetsi, ukamengo nta wundi yoshobora gutwara igihugu, kandi babona ko igihe imigenderanire, hagati y’abanyagihugu mbere, na canecane hamwe n’ayandi makungu imaze gutituka, nta terambere rishoboka na gato. Vyose bica bisaba ko, haba ihinduka ku neza y’igihugu, ari na co ciza intwaro ya demokarasi itegekanya. Dukeneye rero ibimenyetso bikurikira:

    a. Kugarukana umwuka mwiza mu gihugu. Ivyo tukazobibona, igihe Reta ihagaritse ubwicanyi n'itoteza ry'abatavuga rumwe na yo, igihe izorekura abo bose bapfungiwe ubusa, na canecane abapfunzwe bahowe ivyiyumviro vyabo vya poritike; bahagarike amarementanya atagira mvura n’ifatiro. Bareke imigambwe, amashirahamwe adaharanira ivya poritike, bikore ku mugaragaro, bahagarike aka kageso ko, gusambura imigambwe mu kuyicamwo ivyibare vyabo, ari vyo vy’ivyo vya “Nyakuri” vyigize ndanse; bahagarike ubusuma n’ubunyonyezi mu gihugu, bafute imirwi y’iterabwoba yigize surivu mu gihugu, ari zo za mbonerakure, zishira hejuru y’ubutegetsi, kuko aho ibintu bigeze, Musitanteri canke Buramatari, eka mbere n’Ubutungane, ntaco bavuga imbere y’umukuru w’imbonerakure. Ni akamaramaza!

    b. Kwemera ata guhigimanga, ibiganiro n’ugushira mu ngiro ivyabivuyemwo, ari vyo vyotuma, abarundi basubira kubana neza, umutima uri hamwe. Na vyo ni nk’ibi vyerekeye isubirwamwo ry’amabwirizwa amwamwe kugira demokarasi ishinge imizi, itsimbatare mu Burundi: Ibwirizwa shingiro, kandi bitiziziwe n’umugambwe umwe rudende, ibwirizwa rigenga amatora, ibwirizwa rigenga imigambwe, ibwirizwa rigenga amakomine, ibwirizwa rigenga ivyerekeye kumenyesha amakuru, ibwirizwa rigenga itandukanirizo ry’ivya poritike n’ivy’ubuhinga. Muri ivyo biganiro, ntihosigara inyuma ibibazo vyerekeye umutekano mu gihugu, ikibazo cerekeye Reta n'inzego zoshingwa igikorwa co gushira mu ngiro ivyapfunditswe mu biganiro, no gutegura amatora, nk’uko bimaze kwigaragaza neza ko, ataworekerana izo nzego z'inyomekerano, zigenza nko ku ntwaro y’umugambwe umwe, kwizizira ibijanye n’amatora ata camira. Ikitavuzwe co, ni kugomba guhindura Ibwirizwa Shingiro mu ntumbero, y’ukwiyongera ibiringo, muzi n’aho ica gatatu kitugejeje! Umuntu umwe n’akagwi kiwe, barashobora gutuma igihugu kiguma kigenda amazimayongo, abantu basemerera nk’uko bayamaze bati “Agasozi kari amarere kahiye abagabo babona”?

    c. Dusavye dushimitse ko, umugambwe CNDD, ufadikanije n’iyindi migambwe n'amashirahamwe bisangiye ivyiyumviro vyo guhabuza agateka k'abarundi, ko yubaka urunani rw'intamenwa, maze ihindishe IKIBIRI, ko yokora itiziganya, ijoro n’umutaga, kugira ivyo vyose bishoboke. Birakenewe rero ko, umugambwe CNDD ukomeza inzego zawo mu gihugu cose. Abagize inzego z’umugambwe bose eka n’abanywanyi, ni ngombwa bashinge bongere bijukire amashirahamwe y’iterambere, na canecane amakoperative kugira bivane mu bukene, basangire amakuru biciye mu kinyamakuru cabo IKETE RYA CNDD, bijukire inyigisho za poritike, kugira bashobore gutegura imitego yose, yotuma demokarasi izingama, bamenye gutandukanya icatsi n’ururo. Abagumyabanga ba CNDD, biyungunganye begeranye intererano y’umugambwe, kugira bashobore gushira mu ngiro iyo migambi yose, bagire n’ico baterereye kigaragara. Dusavye kandi ko, urwaruka, nk’uko bimeze mu makungu, rwoba imboneza muri urwo rugamba rwo kugarukira demokarasi igeramiwe. Uyu mwaka mushasha ; ni ngombwa urangire urwaruka rubona neza kazoza keza karwo. Twiyemeje kurufata mu mugongo, mu kururonsa ivyo vyose bikenewe, kugira ruhagurukire rimwe, maze Abarundi bahabuze intwaro ya demokarasi. Ikigwanisho ca mbere gihambaye, gusumvya ibindi vyose, ni inyigisho za poritike zifasha umunyagihugu, gutandukanya urwamfu n'ururo. Ni ngombwa ko, mu vyo dukora vyose, duha umuco urwaruka, kugira rubone neza iyo dushaka kuja. Aho na ho si ahandi, ni ukwubaka Uburundi buzira akarenganyo, buzira ibiturire, burangwa n’agateka n’ubuntu, Uburundi abana biga neza bakamenya, bagafungura neza bagahaga, Uburundi butotahaye, Uburundi buzirana n'ubushomeri n'inzara, Uburundi buzirana n’intwaro z’igikenye. Ni ugusubiza Uburundi, intahe yo kwikukira koko. Nta kigwanisho na kimwe, gishobora gutsinda ivyiyumviro bishigikiwe n’abanyagihugu.

    Ndangije nsubira kubipfuriza Inweri nziza, n’umwaka muhire wa 2018. Uze urangire bose bikubise agashi, bose bibuke ingene twaharaniye intwaro ya Demokarasi, izirana n’intwaro z'igikenye, hagaruke icuka ciza mu vya poritike n’ubuzima bwose bw’igihugu, maze Uburundi bugaruke mu nzira y’amahoro na demokarasi.

    Ni hahangame Uburundi, Ni hahangame umugambwe CNDD.

    Umukuru w’Umugambwe CNDD

    Umushingamateka Leonarudo Nyangoma

    Les dernières actus

    
    Actualités internationales
    Publié:16 janvier 2017 Seuls huit hommes détiennent autant de richesses que les 3,6 milliards de personnes qui représentent la moitié la plus ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Que dire en plus après le torrent de réactions réprobatrices suscitées par les propos du président des États-Unis qualifiant certains pays de ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, Ubwa mbere na mbere, munkundire ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    4e Session du Dialogue inter-burundaisARUSHA, TANZANIE, 27 au 8 décembre 2017 RRESUME DU FACILITATEUR RELATIF À LA 4è SESSION DU DIALOGUE ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Jean de Dieu Momo Fo’o Dzakeutonpoug Douala le 30 Octobre 2017 Source site web de l'Alliance des Forces Progressistes pour ...
    En savoir plus
    Prev Next