Nouvelles du Burundi

Barundi, Barundikazi
Rwaruka mwese
Bagumyabanga mwese ba CNDD

  1. Kuri uno munsi, igenekerezo rya 13 Gitugutu umwaka wa 2016, turamutse twibuka isabukuru igira 55, Umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore agandaguwe, akaba ari we ncungu y'ukwikukira kw'igihugu cacu c'Uburundi. Twisuzume, twibukanye ibituma imyaka yose twama duhimbaza iyo sabukuru. Mu myaka ishira 1960, indongozi nyinshi zaharaniye ukwikukira kw'ibihugu vyabo zaragandaguwe bunyamaswa. Muribuka yuko kw'igenekerezo rya 17 Nzero, umwaka wa 1961 bagandaguye Patrice Lumumba, indongozi yatumye igihugu kibanyi ca Kongo cikukira, ivyo bikaba vyaratumye ico gihugu gifise itunga kama ry'umurengera kizingamikwa n'ubukene butagira izina gushika n'ubu. Patrice Lumumba yari n'umugenzi wa Rwagasore, muribuka yuko n'umunsi Kongo yashikira intahe yo kwikukira, kw’igenekerezo rya 30 ruheshi 1960, Rwagasore yari yarungitse i Kongo intumwa zari zirongowe n’iyindi ntwari Paul Mirerekano.
  2. Igihe cose rero, mu bihe nk'ibi, birakenewe ko abakurambere bokwama bibukije kandi, bakama basiguriye abanyagihugu, na canecane Urwaruka, iragi izo ntwari zateye iteka ntangere Afrika nka Kwame Nkrumah muri Ghana Rwagasore Rudoviko mu Burundi, Patrice Lumumba muri Kongo, Mwalimu Nyerere muri Tanzaniya, Modibo Keita muri Mali…., benshi muri bo bariguze ibihugu vyabo kugira bishikire intahe yo kwikukira. Turavyibutsa kubera kandi ko, no mu mashure abantu nk’abo bavugwa gake muri kahise ka Afrika kandi bashobora kubera akarorero keza abakiri bato. Kubera izo mvo, dusavye dushimitse yuko mu mashure, icigwa cerekeye kahise ka Afrika coronka ikibanza gihambaye. Tubivuga kubera abateguye ico cigwa, mu bitabu banditse, usanga birimwo akagaye kenshi, kerekana yuko Afrika yamye iri hasi, kandi Afrika yari ifise abahinga muri vyose, haba mu vyo ubumenyi nk'ibiharuro, canke ubundi buhinga. Uwubishoboye azosome ibitabu vyanditswe n'umuhinga w'umwigisha wo mu gihugu ca Sénégal, umuhisi Cheik Anta Diop.
  3. Igihugu muri Afrika y'abirabure cikukiye ubwa mbere ni Ghana. Umukuru w'ico gihugu, nyakwubahwa Kwame Nkrumah, yaritanze cane kugira ibihugu vyose vya Afrika bishikire intahe yo kwikukira. Yongera arahanira ishingwa rya Reta Zunze ubwumwe bwa Afrika. Akaba ari na co gituma ata n'umwaka urahera Ghana yikukiye, Nkrumah yatumyeko inama y'ibihugu vyose vyari bimaze kwikukira bitarenga 8, atibagiye n'indongozi nka Patrice Lumumba, Amilcar Cabral wo muri Guine Bisao bariko baraharanira kwikukira no guhabuza ibihugu vyabo. N'abatashoboye kuza muri iyo nama baramenye ivyavuyemwo nka Mugabe na Nkomo bo muri Zimbabwe, Mondlane wo muri Mozambique, Mandela musanzwe muzi wo muri Afrika y’epfo, Rwagasore n'abandi. Ntibatevye baciye batanguza urugamba rwo kwiganzura intwaro z'igikoroni.
  4. Hano iwacu mu Burundi, umuganwa Rudoviko Rwagasore, afadikanije n’izindi ntwari nka Paul Mirerekano, ntibatanzwe muri urwo rugamba rwo guhabuza no guharanira ukwikukira kw'igihugu cacu c'Uburundi. Baciye bashinga umugambwe Uprona, abazungu na bo mu kumugwanya bafashije gushinga utundi tudumbidumbi tw'imigambwe twinshi tubegamiye, baraduha n'amahera menshi kugira bajuragize abanyagihugu. Rwagasore baramuburagije, no kumupfunga baramupfungira i Bururi. Amatora ya bamusintanteri yo mu 1961 barayivye bakoresheje iterabwoba, ariko kubera yakomye induru ico gihe ONU iramwumvira amatora y'abashingamateka yagenze neza mu mutekano ntangere aca arayatsinda kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga 1961. Twobigereranya na ca gihe co mu mwaka wa 2010, aho Reta ya Nkurunziza yiba amatora y'abajenama ba komine indangu umurango. Murumva ko kwiba amatora no kugira imigambwe ya "nyakuri ihengamiye ku butegetsi bwimye" atari ivy'ubu gusa!
  5. Ijambo yashikirije Abarundi, umugambwe wiwe UPRONA uhejeje gutsinda amatora ryari agakura, ntituzokwigera turideha. Nk’uko mwama mwaryumvirije, ryari ijambo rikatsuye ry'ihumure, rishira imbere ubumwe bw'abarundi, iteka n'itekane, intwaro ibereye, iterambere ry'Abarundi bose, ata mwana n’ikinono. Yavuze ati : « …Uyu musi hatsinze amahoro, hatsinze iteka n'itekane, kuko nyene, ahatagira ubukuru nyabwo, ntihagira iteka, ntihagira n'itekane. Ahatagira ubukuru nyabwo, ntihaboneka amajambere. Igitsinze uyu munsi kandi, ni demokarasi y'ukuri. Demokarasi nk’uko abarundi bayumva kandi bayipfuza. Namwe murazi ko ico abarundi bipfuza ari ubutungane bw'ukuri... » : ….Iryo jambo rishira imbere ubumwe bw'Abarundi, iteka n'itekane, intwaro ibereye, nyayo, iterambere ry'Abarundi n'ubutungane. Ntivyatevye, Rwagasore yaciye ashinga Reta yizigiwe n'abarundi bose, igizwe n'Abarundi baturuka mu bwoko bwose , mu mpande zose, kandi igizwe n'abantu bakeya kubera yazirana no gusesagura itunga ry'igihugu.
  6. Nk'uko twamaze kubivuga, abantu rero baharaniye ukwikukira koko baragwanijwe cane n'ubu bakiriko; benshi barabagandaguwe, abandi baraburagizwa, twababwiye ba Lumumba, Amilcar Cabral, n’abandi. Eka n'abandi bose baje kuyobora ibihugu vya Afrika bafise ako gatima, abo batagandaguye nka Sankara, canke Kadafi, barababuragije nka Mandela yapfunzwe imyaka 27 yose, avayo amugaye, ata nguvu n'imbaga nyinshi agisigaranye zo guharanira ukwikukira kwa Afrika nzima, bagaca bimika ku butegetsi ba ndiyo bwana.
  7. Na Rwagasore, Abazungu bafadikanije n'abarundi bagiye ku mohe ya ba sesankuyoze baruhiye kumugandagura kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 1961, imyaka 55 irarangiye uno musi. Yaramaze imyaka 29 gusa. Rwagasore yazize iki? Abazungu ntibazanywe muri Afrika n'urukundo bari badufitiye. Ukwikukira kwari ukubakura amata n'amasoro mu kanwa.
    Murazi ko umwimbu bavana muri Afrika ari mwinshi: ubutare bwa gusa, imfungurwa, yaba ikawa n'ibindi muhora mwumva vya zana inkoko zana amasoro. Ibihugu vy'Abazungu vyahoze ku ntwaro z'ubukoroni vyatungishijwe n'amatungo vyasahuye mu bihugu vyari vyikebeye. Muribaza namwe ivyo basahuye mu gihugu ca Kongo ingene bingana canke muri Amerika y’epfo. Nubu kandi mwame maso, barashoboye gushira ku butegetsi ibikoresho vyabo.
  8. Rwagasore rero Kuri twebwe abarundi, ni urumuri rw'Abarundi, yerekanye ubutwari ntangere mu kwihebera igihugu, aracigura akiri muto cane, mwibaze namwe imyaka 29 gusa. Kwihanga abazungu ico gihe nticari igikorwa coroshe, jewe ndibuka igihe bamufata bakaza kumupfungira i Bururi, twese ntawegera ibarabara bamucishijemwo. Tumwibuka kuko yari intwari, yihebera abandi. Naho bamugandaguye, ivyiyumviro vyiwe biracari bishasha, bizokwamaho, vyarabananiye gufuta mu mitwe y'abantu. Na vyo si ibindi ni ivyiyumviro vy'Ubumwe, kwihanganirana, kwikukira no kwitaho abandi na canecane abanyagihugu batobato.
  9. Twagomba kwibutsa Abarundi, na canecane urwaruka, ko rukwiye rero kumenya intwari zaharaniye ukwikukira kwa Afrika n'Uburundi burimwo, kugira ruzifatireko akarorero. Kumenya iragi rya Rwagasore N'krumah, Mandela, Nyerere, Lumumba, Sankara, Amilical Cabral, Um Nyobe, Ben Barkha n'abandi. Ko urwaruka ari rwo kazoza k'Uburundi na Afrika. Bamenye iyo bavuye, bazocudika kuruta n'abo bangana, harimwo n'abo bazungu nyene bagize ivyo twavuze. Ikintu nyamukuru rero twari dukwiye gushimangira uno munsi, ni kumenya kahise, urugamba izo ntwari zagize rwo kwiganzura uwatuganje, ariko si uguhimiriza ukwihora. Ni ukugaya kahise kabi kugira twubake bizima bishasha n'abashaka, Abazungu b'abagenzi n'abandi. Kuko ubu isi isigaye ari nk’ikigwati kimwe. Kwikukira bituma twese tubana mu mahoro kandi twubahana. Ahandi ho tuzoguma turi nk'udukoko two mw'ishamba turyana hagasigara iciganje. Abahinga bacu mu vya kahise basabwe kwandika neza kahise k'ibihugu vyacu, tumenye neza n'ingene izo ntwari zabayeho, zikongera zigatotezwa, zimwe zikagandagurwa. Kahise keza ka Afrika kariho, ni ko dukwiye gufatirako akarorero.
  10. Ni co gituma tudakwiye gusinzira umukondorazosi, intahe yo kwikukira irageramiwe na canecane muri ibi bihe mu gihugu cacu c'Uburundi. Abihagiye ubutegetsi babanje guhonyanga amabwirizwa y'igihugu bigize akagaramaruganda. Batanguye kwitiranya ukwikukira n’ukwizibirirako nk’imfuku, aho baca bahiga buhongo canke bakirukana uwo wese adoma urutoke ku bunyonyezi bwabo, ku guhonyanga agateka ka muntu, hari nabahaye bibaza yuko isi yabagiye, bazohava bimurira igihugu ku zindi nyenyeri mubona hejuru, ariko ntabuhinga babifitiye. Igihe umunyagihugu asigaye yicwa nk'akanyegeri, bamwe mbere ntihagire n’uwumenya irengero ryabo, kugira abiwe bashobore kumufobana iteka ribereye kiremwa muntu, igihe uwutari mu mugambwe uri ku butegetsi afatwa nk’umwansi w’igihugu, agahirwa buhongo kandi ukwikukira bisigura kandi kwidegemvya mu kuja mu mugambwe canke mw’ishirahamwe ushaka, intahe yo kwikukira iba igeramiwe.
    Murumva rero ko, ako karwi kanyaze abarundi intahe yo, kwikukira Rwagasore yaturaze. Abarundi bose, basabwe guhagurukira rimwe, nk’uko babigize mu 1961, kugira twikureko intwaro z'igikenye ubutagisubira inyuma, kandi tumenye ko, ahanini ari twebwe tuzovyikorera, nimba dushaka kugumana intahe yo kwikukira Rwagasore yaturaze, na kare abakurambere barayamaze bati : Umwenge w'inzu umenywa na nyeneyo. Harageze, nimba hatararengerana ko, twikura mu buja bw'intwaro nk'izo z'agahotoro, z'imburabugirire, tugarukane ubutegetsi nyabwo bwubahiriza umunyagihugu wese, igihugu kikagira iijunja n’ijambo mu makungu aho guharirwa ivomo, kuko nk’uko Rwagasore yabivuze, «Ahatagira ubukuru nyabwo, ntihaboneka amajambere ».
  11. Ico gikorwa rero c'iteka CNDD ifadikanije n’abo bose banyuzwe n’ingendo ya demokarasi yaracemanze, bitebe bitebuke tuzosubiza iteka n'itekane Uburundi.

Après un exposé de la ministre de la Justice suivi d'un débat parfois houleux, l'Assemblée nationale burundaise a adopté mercredi la loi sanctionnant le retrait du Burundi de la Cour pénale internationale (CPI).

Le Burundi a entrepris de se retirer de la Cour pénale internationale (CPI), une semaine après l'ouverture d'une enquête de l'ONU sur les violations des droits de l'Homme commises dans le pays depuis avril 2015, a-t-on appris ce vendredi.

Une manifestation téléguidée par le régime contre la Résolution HRC33-L31 sur le Burundi votée le 28 septembre 2016 a été organisée en Mairie de Bujumbura ce samedi le 8 octobre 2016 à partir de la place de l’Indépendance jusqu’à l’avenue Makamba située tout près de l’Université du Burundi.Tous les conducteurs des taxi-vélo, tous les motards, tous les conducteurs des touktouks, les chauffeurs des bus, les femmes portants les bébés sur leurs dos,d'autres enceintes, tous étaient forcés de se rassembler à la place de l’indépendance ce matin à 9 heures.

Résumé

Ceci est le rapport final de l'enquête indépendante des Nations Unies sur le Burundi (EINUB) mise en place en vertu de la résolution S-24/ 1 du Conseil des droits de l’homme. Le rapport porte sur les violations et les abus des droits de l'homme commis du 15 avril 2015 au 30 juin 2016. Les experts ont constaté que des violations graves des droits de l'homme ont été et sont commises principalement par des agents de l'État et ceux qui sont liés à eux. Ces violations graves sont systématiques et constantes et l'impunité est omniprésente.

Les Forces de la Défense Nationale, FDN en sigle, sont progressivement transformées actuellement en une milice au service du parti au pouvoir comparables à la milice de type fasciste d'Hitler d'avant la deuxième guerre mondiale. une longue guerre civile et à l'issue des négociations d'Arusha, le Burundi avait pu se doter d'une armée nationale dont la composition ethnique était un reflet authentique de la société burundaise. Les FDN ont été initialement construites conformément à la constitution et à l'Accord d'Arusha et comprenait des Ex Forces Armées Burundaises, FAB en sigle, les ex Militaires des Partis et Mouvements Politiques Armés, PMPA en sigle. Les FDN comme la PNB ne doivent pas compter plus de 50 % de membres appartenant à un groupe ethnique particulier. La fascisation des FDN devient de plus en plus une réalité matérialisée par l'entrée massive des Imbonerakure au sein de l'armée. Ces informations nous parviennent régulièrement de certains officiers indistinctement de leur ethnie ou de leurs origines régionales.

Les miliciens Imbonerakure, branche armée du parti CNDD-FDD au pouvoir ont entravé les activités des commerçants au marché du quartier de Ruziba, zone Kanyosha, commune de Muha en Mairie de Bujumbura. Ils ont illégalement forcé les commerçants et toute la population de cette localité de cesser leurs activités quotidiennes pour aller manifester contre la réunion du Conseil des droits de l'homme des Nations Unies à Genève sur le Burundi de jeudi le 29 septembre 2016 jusqu’au 1er octobre 2016.

Une semaine après la rentrée scolaire, les cours n'ont pas encore commencé dans les premières années du post-fondamental tant technique que général. Les mouvements d'élèves demandant des places se poursuivent encore, surtout dans les premières années post-fondamentales. Mais les subsides sont disponibles pour la restauration des élèves internes.

Période du 26 avril au 11 décembre 2015.

Au début des manifestations de contestation du troisième mandat illégal de Nkurunziza en 2015, les relations entre les jeunes candidats officiers de l'ISCAM étaient bonnes et fraternelles. Mais, malheureusement, suite au discours de haine ethnique véhiculé par les autorités du régime de Bujumbura, la division ethnique des Hutus et des Tutsi a commencé à se manifester et la situation continue à se détériorer dans nos jours. Nous avons recueilli ces témoignages de certains élèves officiers de l'ISCAM qui ont bien voulu se confier à nous dimanche le 1er octobre 2016. Pour des raisons de leur sécurité, nous n'allons pas divulguer leurs noms.

Les justifications apportées par les services de l'Etat sur le cas de l'assassinat de l’Adjudant Eddy Claude Nyongera sont contradictoires. Alors que la police et le gouvernement burundais parlent d'un cas de suicide, le ministère de la santé publique, autorité de tutelle de l'hôpital Roi Khaled évoque un ‘décès à domicile’.

Page 4 sur 55

Les dernières actus


Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, 1. Munkundire ntangure kubaramutsa ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINEcontact@dup-international.org communiqué de presse Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
  Après le coup d’État au Niger, la France se retrouve dans une impasse. En tant que mouvement transnational regroupant des organisations ...
En savoir plus
Prev Next