mardi, 02 juillet 2019 07:26 Écrit par  Nyangoma

IJAMBO LEONARUDO NYANGOMA, UMUKURU WA CNDD ASHIKIRIJE ABARUNDI N'ABAGUMYABANGA BA CNDD KURI IYI SABUKURU IGIRA 57 UBURUNDI BWIKUKIYE

    Barundi ,
    Barundikazi,
    Bagumyabanga ba CNDD,

    Ntanguye kubaramutsa Amahoro, Iteka n’Iterambere, ndabipfuriza n’umusi mukuru mwiza w’isabukuru igira 57 y’Ukwikukira kw’igihugu cacu!

    Muti none Ijambo kwikukira risigura iki ?

    • Kuri uyu musi uri hejuru, imyaka 57 irarangiye Uburundi bwikukiye, hari kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 1962. Muri ivyo bihe bishira imyaka ya 1960, ni naho kandi ibihugu vyinshi vyo muri Afrika vyashikira intahe yo kwikukira. Mu majambo twagiye turabashikiriza nk’aya mango, twaragiye turabasigurira ico iryo jambo ukwikukira risigura. N’ubu ntitworambirwa kubisubiramwo, reka tuvyibukanye gatoya gusa.

    • Ukwikukira rero si ibendera canke ururirimbo vyo guhayagiza igihugu gusa. Twovuga ko igihugu kanaka cikukiye koko, igihe abanyagihugu bitunze, bashobora kuronka ibibatunga batabanje gusegerereza, canke gutega amashi: ni ukuvuga yuko baba bashobora gufungura ibikwiye bituma bagira amagara meza, bafise uburaro, bashobora kwivuza bose, bakiga bose gushika aho biyumva, ata numwe akumiriwe ku mvo izo ari zo zose.

    • Ukwikukira, ni igihe abanyagihugu baba bafise akaranga kabo karangwa n'imico kama: ururimi ni idini vyabo, igihe koko biyemera, batemera kuganzwa n'abanyamahanga, bemera kugwanira igihugu cabo no kucigura bakacigura bibaye ngombwa. Ikindi cerekana ko igihugu cikukiye, abanyagihugu baba bafise ijambo, n'igihugu kikagira ijambo n'ijunja mu makungu. Ijambo rero ni ikintu gihambaye. Na demokarasi ntishobora gushinga imizi mu gihugu kitarikukira muri iyi nzira tuvuze, abanyagihugu batagira ijambo.

    • Ibindi biranga ukwikukira ni umutima wo gukunda igihugu cabo abanyagihugu berekana mu mikorere yabo igihe cose. Ni ubumwe hagati y'abanyagihugu, hagati y'intara canke amoko aba akigize. Turashimikira kuri iki kibazo c'ubumwe hagati y'abanyagihugu, kuko ibihugu vyahoze birongoye intwaro z'igikoroni, vyarakoresheje cane amacakubiri canecane y'amoko kugira bitugumize mu bukoroni turiko turaryana. No ngaha mu Burundi murabizi ko babikoreyeko, kandi vyadusizemwo imvune n’ubu zitarahera neza.

    • Mu vy’ukuri, imbere yuko abazungu baza, ibihugu vyinshi muri Afrika vyari bifise intahe yo kwikukira yuzuye, Uburundi, igihugu cacu cari igihugu cifashe, gifise imbibe. Abarundi bari bafise imico yabo, intambo zabo, ururimi rwabo, idini ryabo, bari bafise inganda zabo, maze bagacura ibikoresho bakeneye, bagahingura imiti n’ibindi. Ariko intwaro za gikoroni zaradusubije inyuma cane, ziratwambura ubutegetsi n’ubumwe hagati y’abarundi burahungabana, barabiba umugera w’amoko, mu bisanzwe abarundi bari babanye neza. Afrika yose barayigabanganije kurya kw’amagaburanyama bayicamwo uduhugu twinshi, ivyo vyose babikora kugira bagwize amasoko y’ivyo bahingura iwabo, bongere bagwize itunga ryabo mu gusahura itunga ry’ibihugu vyo muri Afrika.

    • Mu myaka ishira 1960, ibihugu vyinshi vyarikuyeko intwaro za gikoroni, birikukira. Mu bihugu bitari bike, abanyagihugu babanje gufata umuheto barahangana n’ingabo z’abazungu imyaka itari mike, twovuga nka Angola, Zimbabwe, Afrika Yepfo, Algeria….

    Intahe yo kwikukira abakoroni barayisubiyeko budakeye na kabiri

    • Ntibwakeye na kabiri, intahe yo kwikukira mu bihugu vyinshi vyo muri Afrika abakoroni barayisubiyeko. Muti gute ? Ubwa mbere hoho, twovuga yuko tutarikukira :
    - Mu gihe Abanyagihugu benshi badashobora no gufungura nka kabiri ku musi;
    - Mu gihe Indwara nka malaria zisinzikaza abanyagihugu birenze urugero, abishoboye bo nyene canke abategetsi banyonyeje ikigega ca Reta ari co c’abanyagihugu, ari bo gusa bashobora kuja kwivuza hanze;
    - Mu gihe Indero n’inyigisho mu mashure vyatitutse, ugasanga abifise canke abo banyonyezi bari ku butegetsi, aho kwitaho indero y’abana b’abarundi bose, barungitse rwabo hanze. Ntawutazi yuko mu myaka yahera indero n’inyigisho mu mashure yo mu Burundi yari igeze ku rugero rw’ibihugu bavugako vyateye imbere;
    - Mu gihe abana nka bose barangije amashure ata kazi baronka, n’uwukaronse agahembwa intica ntikize;
    - Mu gihe ata mahoro n’umutekano birangwa mu gihugu, n’Umukuru w’igihugu akaba atagishobora no gucarukira hanze, iyo asohotse mu nzu n’aho yoba agiye kwugurura ubunywero bw’umunyagihugu asanzwe aherekezwa n’inteko ukamengo igihugu kiri mu ndwano. Aho ntiturinze kuvuga ko n’amabarabara aca yugarwa, abanyagihugu bose bagahinduka abansi, ntihagire agasubira gukacira, aho mu bisanzwe abanyagihugu bakomera amashi umukuru w’igihugu ariko ararengana mu karere baherereyemwo!
    -Mu gihe Abarundi barenga inusu y’umuriyoni bataye izabo bagahungira mu bindi bihugu.
    - Mu gihe umunyagihugu yaniganywe ijambo, uwugoboroye ururimi bagaca bacisha ku buhumba, abashingantahe na bo bakaba baratswe intahe, ataho vyakabonetse;
    - Mu gihe Itunga ry’igihugu ryiziziwe n’akarwi k’abantu bari ku rushi, bamwe Deniza muka Nkurunziza yise kurundarundanya, ariko na we nyene akaba ari mu bagize ako kagwi. Ni na co gituma yanse no kudoma urutoke ku mazina y’abakagize. Ayo matungo y’igihugu bakaba bayatahirije mu ma banki y’ibihugu vya kure, ayandi bayanyegeje mu mazu.
    - Mu gihe mu kwemeza amafaranga Reta izokoresha ku mwaka, amareta menshi yo muri Afrika abanza gusaba uruhusha ca kigega FMI;
    - Mu gihe Ingoro y’amakoraniro b’ibihugu bigize ubumwe bw’Afrika yubatswe n’abanyamahanga;
    - Mu gihe Ibice birenga 80% vy’amafranga Ishirahamwe ry’ubumwe vy’Afrika rikoresha ku mwaka, yose bayasega hanze. Wa wundi ati uwutigaburira ntiyigaba;
    - Mu gihe N'abamenyereza b'imigwi y'umupira w'amaguru mu bihugu nka vyose muri Afrika usanga ari abazungu;
    - Mu gihe tutiyemera ngo dukoreshe twongere duhe agaciro indimi zacu, akaranga n'imico kama vyacu;
    - Mu gihe ata nganda dufise zo guhingura bikwiye ivyo dukenera mu buzima bwa misi yose : imiti, imfungurwa, impuzu n'ibindi, ibikoresho vyo mu nzu n'ivyo kwubaka;
    - Mu gihe tudashobora kwishingira ibiguzi vy’ibiva mu mwimbu wacu nk'ikawa, icayi, ubutare n'ibindi...;
    - Mu gihe ata masoko ntanganguvu dufise akwiye kugira turonke umuyangankuba wotuma igihugu giteza imbere amahinguriro n'ibindi bikorwa bitobito bitunze umunyagihugu;
    - Mu gihe tudashobora guhingura umuheto wo kwirarira twebwe nyene muri Afirika, ingaruka mbi z'ivyo zikaba ari uko ibihugu vya rutura vyiha ububasha n'akagaye kenshi bwo gucungera umutekano mu bihugu vyinshi muri Afirika, bikavamwo n'urwitwazo rwo gushinga amakambi y'inteko mvamahanga mu bihugu vyacu;
    - Mu gihe ibihugu vyacu vyama mu ruhagarara rw'indyane zifatiye ku moko canke ku turere. Muravyihweza neza, ingwano tubona hirya no hino zisinzikaje ibihugu vyikukiye vuba, haba muri Aziya canke Afrika na Amerika y'Epfo. Nimwirabire namwe iwacu, ukuntu ubutegetsi bwa Nkurunziza buriko buradusubiza muri ayo mahano;
    - Mu gihe kandi Ibihugu bikeya, n'abantu bari ku rushi kuri iyi si bigunganye ubutunzi nka bwose bw'isi nzima, abanyagihugu barimbura na bo bagasoroma aho batarimye !
    Twari kudondagura n'ibindi bimenyetso vyinshi vyerekana ko tutarashikira ukwikukira nyakuri. Ariko aha rero, twoshimira Umukuru w'igihugu ca Ghana, Prezida Nana Akufo-Addo aheruka gutangaza yuko igihugu ciwe gihagaritse gusubira gusegereza ca kigega FMI, kandi kuva ico gihe n’umwimbu w’igihugu ca Ghana waciye wongerekana..

    Ubu na ho muti none vyagenze gute kugira Afrika isubire mu ntwaro za Gikoroni ?

    • Ica mbere hoho ni uko twobanza tugashimira ba Sokuru twamukako, kuko tuvyihweje muri kahise Afrika yarababaye cane nubu ikiriko. Kuva ku gihe abazungu batugira abaja baratwaye ku nguvu abanyafrika barenga imiriyoni 100 no ku ntwaro za Gikoroni nta gahengwe baduhaye. Ariko, nimba twararokotse, ni uko hariho intwari z’abanyafrika zagwanije abazungu, ngaha iwacu umwami Mwezi yaragwanije Abadagi hafi imyaka umunani, yaheruka gutsinda abarabu ba Rumariza bari baje kutugira abaja.

    Ingene abazungu batugumije mu ntwaro zagikoroni: Kugira twikukire harabonetse intwari nka Nkrumah wo muri Ghana, Nyerere wo muri Tanzania, Lumumba w’i Kongo, Sekoutouré wo muri Guinée Conakry, Kenyata w’i Kenya, Rwagasore w’i Burundi n’abandi. Barihevye baratuja imbere mu guharanira ukwikukira. Hariho n’ibihugu vyari vyashikiriye intwaro ya Gisosiyarisite nka Cuba canke Ishirahamwe ry’ibihugu vyari bigize Repuburika zunze Ubumwe bwa Gisosiyarisite y’abasoviyete bita Uburusiya, barafashije cane Abanyafirika kwikurako intwaro za gikoroni. Kubera abazungu basanze muri Afrika hari ubutunzi kama bw’umurengera ata n’ahandi buri kuri iyi si, ni ukuvuga isi imera, ubutare buri ku rugero rw’ibice 60% kw’isi nzima, bataburonse ntibashobora gukora indege, ibigwanisho, izo mashini nyabwonko n’ibindi. Bakaba bamenyereye kubusahura ata n’imeya batanze. Ntibatevye baciye bagaruka baciye mu nzira zibiri kandi zose ari magiranire.

    • Inzira ya mbere baciyemwo, barakoresheje inguvu ku rwenge baciye ku banyafrika nyene. Intwari nyinshi mu baharaniye ukwikukira canke uwo wese yubahutse kubandanya iryo ragi ryo kwikukira baramugandaguye. Muri abo twovuga nka Patrice Lumumba , Rwagasore, Ben Barka wo muri Maroc, Sankara muri Burkina Faso, Modibo Keito wo muri Mali, Amilicar Cabral wo muri Guinée Bisao, Khadafi wo muri Libiya, n’abandi. Abo batagandaguye barabatoteje canke barabapfunga imyaka y’umurengera nka Mandela, Bagbo wo muri Cote d’Ivoire. Abandi ni nka, Sekoutouré, Nkrumah, Nyerere wa Tanzania… Benshi mu bo bagandaguye canke bagiriwe kudeta basubirirwa na ba n’iryo nka Mobutu muri Kongo yasubiriye Patrice Lumumba, canke Ouatara muri Cote d’Ivoire . Kongo kikaba ari co gihugu ca mbere kw’isi gifise ubutunzi bwinshi kama. Muca mwumva ko biteye isoni uravye aho ico gihugu kigeze ubu, kuko giharurwa mu bihugu vya mbere vyugarijwe n’ubukene, n’ingwano z’urutavanako eka n’akajagari kadahera, kandi babigira nkana. Ikibi kibishe kandi abakoroni badukoreye, ni kuburagiza ishingwa rya Reta Zunze ubumwe bw’Afrika. Ibihugu vya Afrika bimwe vyagiye ku mohe y’abazungu, birarwanya vyivuye inyuma uyo mugambi, ari wo wonyene wari gutuma Afrika igira inguvu zo gukomeza intahe yo kwikukira. Kandi n’ubu bitagenze uko, Afrika izoguma mu buja n’ubukoroni. Uyo mugambi ni wo wonyene uzosubiza ijambo n’inguvu Afrika. Hageze gushinga ibiciro vy’umwimbu ibihugu vyose bikavuga rumwe ku giciro c’ikawa, Cacao, inzahabu, Coltan, n’ibindi.

    • Inzira ya Kabiri ijanye n’iya mbere. Abategetsi benshi mu bihugu vyo muri Afrika bakora nk’abacangero b’abakoroni. Kenshi abakoroni ni bo baba babafashije gushikira ubutegetsi. Poritike kuri bo ni ingazi yo kurira mu kigega ca Reta c’abanyagihu. Ntimurabire kure, murabona yuko mu Burundi ubutegetsi buhari bwamunzwe n’ibiturire kuva hasi gushika hejuru. Amatungo yose y’igihugu mwabiriye akuya bayarunze mu mabanki yo hanze. Ntawutazi yuko Reta ya Nkurunziza yagurishije ubutare bwose n’agataka vy’igihugu. Amasosiyete ngaho y’abazungu ariko arimba ubutare ararenga 20. Ariko tukibaza irengero ry’amafaranga ava muri ubwo butare. Amasosiyete ya Reta nka yose baragurishije. Ayasigaye na yo nyene nka SOSUMO, REGIDESO canke OTB nta misi myishi agisigaje. Amabanki yose barayacishije ku w’epfo. inzahabu yari mu kigega ca Reta, bayiriye bagishika ku butegetsi muri 2005, murumva ko n’imbuto bayiriye. Ayo mareta rero afatanya n’amahanga mu kunyonyeza ubutunzi bw’ibihugu. Aho hakurya mu gihugu ca Kongo karadereye. Ico gihugu kuva cikukiye nta gahengwe kiragira. Ubu hoho bagisize mu kajagari kadahera bagaca bikika mu kiza. Ni co gituma mu gice ca Kongo cegereye Uburundi usanga huzuye ya masosiyete rutura arenga ijana, indege zirwa ku musi ku musi zije gusehura ubutare ni amajana ‘amajana. Mumenye neza yuko igihe cose Kongo itazoba iraronka amahoro, ni ukuvuga itazoba irikukira, nta mahoro, nta mutekano uzoboneka mu karere, nta Reta zunze ubumwe bw’Afrika zishobora gushingwa.

    • Abakoroni kandi barafadikanije n’abategetsi bamwebamwe ba nsumirinda bo muri Afrika, barabandanya umugambi ugayitse wo kunyinyagura Afrika mu duce twinshi, babanje kuryanisha abanyagihugu. Vyarashitse muri Sudani, muri Libia, Mali, bakaba babifitiye umugambi no ku gihugu ca Kongo.

    Muti none hokorwa iki kugira Afrika, Uburundi budasigaye inyuma kugira ibihugu vyacu vyikukire koko ?

    • Twese tumenye neza yuko kwikukira nyakuri kw’Uburundi, kw’Afrika, atari igikorwa coroshe. Abansi barakaka, ariko vyongeye ubugabo burihabwa. Afrika ihanzwe amaso na benshi kandi ntivyari bibi, iyaba ari amaso ayironderera ineza. Ico gikorwa kandi nta muntu umwe nyamwigendako canke igihugu kimwe conyene covyishoboza. Ariko turizeye cane muri kazoza atari aka kera cane, kubera yuko muri ibi bihe tubona, tukumva hirya no hino abagwanashaka canecane mu rwaruka baharinira kwikukira kwa Afrika, bashaka ikibubahiriza aho bari hose mu makungu, bashaka Ifranga rimwe ry’Afrika, bashaka ko twubaka Reta zunze Ubumwe bw’Afrika nk’uko umuhisi Prezida Nkrumah yari yabiteguye imbere y’ishingwa rya OUA, maze bamwe mu bategetsi b’ibihugu vy’Afrika baja ku mohe y’abazungu b’abakoroni, baraburagiza uyo mugambi. Ivyo rero biri mu vyazingamitse Afrika gushika n’ubu.

    Ivyokorwa rero kugira hashingwe izo Reta Zunze Ubumwe bw’Afrika ni ibi :

    -Ica mbere ni uko amashirahamwe yaba imigambwe, amasendika y’abanyakazi, amashirahamwe y’abirimizi n’aborozi, amashirahamwe y’urwaruka canke y’abakenyezi yiyumvamwo uwo mugambi haba ku rugero rw’igihugu cose, ku rugero rw’uturere no ku rugero rw’Afrika nzima. Maze ayo mashirahamwe akagira inani mu gihugu cose, mu turere dutandukanye no muri Afrika nzima.
    -Ica kabiri cokorwa ni kwigisha abanyagihugu na canecane urwaruka kugira bamenye neza kahise ka Afrika, bamenye ko Afrika itamye ari iya nyuma muri vyose, yuko ahubwo yigeze kuba ari iya mbere muri vyose, mu vy’ubumenyi, mu biharuro, mu kubumbatira amahoro n’agateka ka muntu. Kera abazungu baza kurahura ubwenge muri Afrika.Ni ngombwa abanyagihugu bamenye n’icatumye Afrika isubira inyuma. Bamenye kandi yuko n’ubu Afrika mu mwanya muto, yiyunze izosubira ku kibanza cayo ca mbere. Ntitwosiga inyuma n’akarangangamutima twogenderako, kajanye no gusabikanya itunga, akarangamutima gashira imbere ikiremwa muntu, kakubuhahiriza ibidukikije nk’uko ba sokuru babigira.
    -Ica gatatu ni uko inani zose ku rugero rw’igihugu, rw’akarere canke Afrika nzima zishigikira urunani mu gihugu kanaka ruriko ruharanira Reta zunze Ubumwe bw’Afrika kugira rushikire ubutegetsi biciye mu matora canke mu zindi nzira
    -Ica kane, igihe hazoba habonetse Reta zibiri canke zirenga zishigikiye uyo mugambi, ni ngombwa zishinge mu maguru masha Reta Zunze Ubumwe bw’Afrika. Zice zishiraho Ibwirizwa shingiro rimwe, igisoda kimwe, Ibanki nkuru imwe n’ifranga rimwe, poritike imwe y’imigenderanire n’ibindi gutyo gutyo …. Igikunda kugorana ku mugambi wose nkoramutima nk’uyo ni intango, nta nkeka Reta zunze ubumwe bw’ibihugu vy’Afrika ivutse, n’aho yoba igizwe n’ibihugu bibiri, ibindi bizoca vyiyongerako mu mwanya mutoya. Igihugu kimwe conyene nticokwishoboza umugambi nk’uyo. Kandi uyo mugambi utagiye mu ngiro,nta gihugu na kimwe kizopfa carikukiye muri Afrika, nta na demokarasi izoshoboka, utigaba ntushobora kwishira no kwizana, ntushobora guserura iryo ugona rikubakiye ku mutima, ubanza kubaza sobuja. Reta Zunze Ubumwe bw’Afrika, ni zo zizorangiza ingwano mu bihugu vyacu z’urutavanako mubona hirya no hino muri Afrika. Izo ngwano na zo murazi yuko ari zo zorohereza abanyamahanga kuza gusahura itunga ry’Afrika. Ariko ga, intango ya vyose ihera mu gihugu kimwekimwe cose. Abaco bategerezwa kugikunda ntibemere gucurwa bufuni na buhoro babona, na canecane n’abitwa ngo ni abo bitoreye. Abarongozi bagakunda abanyagihugu babo n’igihugu cabo aho kukinunuza n’ukugisahura igihe bashitse ku butegetsi.

    Ndangije nsubira ndabipfuriza umusi mukuru mwiza w’isabukuru igira 57 Uburundi buronse intahe yo kwikukira, nongera ndabararika guharanira umuzo wa Reta Zunze Ubumwe bw’Afrika, no kwiganzura ubutegetsi bw’igikenye, kugira Uburundi buzobe mu bihugu vya mbere bitanguza uyo mugambi.

    Ni hahangame Repuburika y’Uburundi,
    Abarundi ntidutangwe mu guharanira Reta zunze Ubumwe bw’Afrika, ikazotuma Afrika yikukira vy’ukuri.
    Nti Nitugire amahoro, iteka n’iterambere !
    Umukuru w’Umugambwe CNDD,

    Leonarudo NYANGOMA.

    Les dernières actus

    
    Déclarations
    Le parti CNDD du Burundi, indigné par des actes de violences ces derniers jours perpétrés contre des ressortissants étrangers en République ...
    En savoir plus
    Communiqués
    Après l’annonce du calendrier électoral par la CENI, en date du 14 juin 2019, le Parti Conseil National pour la Défense de la Démocratie ...
    En savoir plus
    Déclarations
    Barundi ,Barundikazi,Bagumyabanga ba CNDD, Ntanguye kubaramutsa Amahoro, Iteka n’Iterambere, ndabipfuriza n’umusi mukuru mwiza ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    La participation des femmes burundaises  aux différentes institutions publiques connaît une très grande disparité des femmes par rapport aux ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Après avoir mené une campagne phénoménale et sociale, le Parti du Travail de Belgique (PTB) confirme sa progression partout dans le pays, avec ...
    En savoir plus
    Prev Next