samedi, 01 juillet 2017 10:20 Écrit par  CNDD

Ijambo Leonardo Nyangoma, umukuru wa CNDD, ashikirije Abarundi kuri iyi sabukuru igira 55 Uburundi bwikukiye

    Barundi,
    Barundikazi,
    Bagumyabanga ba CNDD,

    Mu myaka ishira 1960, ni ho ibihugu vyinshi vya Afrika vyasubira guhabuza intahe yavyo yo kwikukira, vyari vyaranyazwe n'ibihugu vy'iburaya kuva mu kinjana ca 15.

    Kuri uyu munsi uri hejuru itariki ya 1 Mukakaro 2017, turamutse twibuka isabukuru igira 55 Uburundi busubiye kwikukira, kuko turazi twese yuko kuri Mwezi Gisabo, Uburundi cari igihugu cikukiye.
    Abarundi benshi rero aho bari, baribaza bati : n’ayo tugowe, ubwo birakwiriye koko ko duhimbaza iyi sabukuru tuvuga ngo twarikukiye ?
    Kugira twishure ico kibazo, reka dusubire twibukanye, nk'uko twama tubigira mu bihe nk'ibi, insiguro y'iryo jambo « ukwikukira ». Hirya no hino mu bihugu bitari bike, abantu baridoga na canecane duhereye iwacu. Henshi twumva bavuga bati intahe yo kwikukira irageramiwe, none intambamyi zigeremiye iyo ntahe, mu gihugu cacu n’ahandi muri Afirika ni izihe ? Inkingi zishigikira intahe y’ukwikukira kugira ntitirigane ni izihe? Hokorwa iki mu maguru masha kugira Abarundi , Abanyafirika bagarukire intahe yabo y’ukwikukira ?

    1. Insiguro y'ijambo ukwikukira?

    Muri ibi bihe, abantu benshi, abakuru n'abato, muzokwumva bavuga ngo Uburundi bwarikukiye itariki imwe mukakaro 1962. Kugira twese tuvyumve kumwe, na canecane urwaruka rwacu, reka tuvyibukanye.
    Dutangure twemeranye ko, Ukwikukira atari ibendera ,canke ururirimbo vyo guhayagiza igihugu gusa. Twovuga ko, igihugu kanaka cikukiye koko, igihe abanyagihugu bitunze, bashobora kuronka ibibatunga batabanje gusegerereza canke gutega amashi. Ni ukuvuga ko baba bashobora gufungura neza bagahaga, kandi imfungurwa zikaba zikwije ivya ngombwa kugira umuntu agire amagara meza, bafise uburaro bwiza, bashobora kwivuza bose, bakiga bose gushika iyo biyumva. Igihe bafise akaranga kabo karangwa n'imico kama: ururimi n’idini vyabo, igihe koko biyemera, batemera kuganzwa n'abanyamahanga, bemera kugwanira igihugu cabo no kucigura bakacigura bibaye ngombwa.

    Ikindi cerekana ko igihugu cikukiye koko, abanyagihugu baba bafise ijambo, n'igihugu kikagira ijunja n’ ijambo mu makungu. Ijambo rero ni ikintu gihambaye cane. Na demokarasi ntishobora gushinga imizi mu gihugu kitarikukira muri iyi nzira tuvuze, aho abanyagihugu batagira ijambo, ntibagire ico biha mbere n'uruvugiro. Nkako, barayamaze bati, « Uwutigaburira ntiyigaba ».

    Ibindi biranga ukwikukira ni umutima wo gukunda igihugu cabo, abanyagihugu bakerekana mu mikorere yabo, igihe cose, ubumwe hagati y'abanyagihugu, hagati y'intara canke hagati y’amoko aba akigize.

    Turashimikira kuri iki kibazo c'ubumwe hagati y'abanyagihugu, kuko ibihugu vyahoze birongoye intwaro z'igikoroni, vyarakoresheje cane amacakubiri, canecane ay'amoko, kugira bitugumize mu bukoroni turiko turaryana. No ngaha mu Burundi, murazi ko babikoreyeko cane, kandi vyadusizemwo imvune n’ubu zitarahera neza.
    Igihugu cikukiye rero, kiba gifise ingabo zaco zishobora gukingira imbibe zaco, ari na co gituma kitemera yuko ingabo z'ibindi bihugu ziza kugicumbikamwo, zikahashinga amakambi. Naho gishira umukono ku masezerano y'ugufashanya mu vyrekeye kwivuna umwansi, kiguma cisunga kandi kigashira imbere ubwigenge bwaco no gukingira beneco.
    Dufatiye rero kuri iyo nsiguro kandi ihurizwako na benshi, ni ibiki bikomeza intahe yo kwikukira ?

    2. Inkingi z'ukwikukira.

    Mu nsiguro twatanze, tuyigarutseko gatoyi, inkingi zishigikira intahe y’Ukwikukira, benshi bazi yuko ari inzego za Reta gusa zigizwe n'abenegihugu, zitegura zikemeza amategeko, zikongera zigafata ingingo. Ariko, ico conyene ntigihagije kugira intahe y’ukwikukira irame. Twovuga yuko kugira iyo ntahe ntitirigane, yubakira ku nkingi nyamukuru zitatu :

    a. Inkingi ya poritike

    Inkingi ya poritike na yo ishigikiwe na demokarasi idakumira, ubumwe n'umutekano.
    -Tuvuze demokarasi, iryo jambo benshi bazi ko ari amatora gusa. Haba namba. Turazi yuko, mu bihugu vyinshi abarongozi batorwa, ariko bakaba ari bo ba mbere, bacinyiza abanyagihugu nk'uko mubibona iwacu n'ahandi henshi muri Afirika. Iyo demokarasi tuvuga, yubahiriza agateka ka muntu, igasubiza iteka n'ijambo umunyagihugu. Iyo demokarasi, abanyagihugu bategerezwa kuyiyumvamwo ,aho bari hose, haba ku kazi canke mu mihana iwabo. Abanyagihugu rero, ntibarindira amatora gusa, kugira bashobore kugira uruhara, mu gufata ingingo zerekeye igihugu, akazi n'ibindi. Ikindi kiranga Demokarasi, ni uko ituma itunga ry'igihugu risabikanywa neza, ata wandya wangura, ata mwana n'ikinono. Umunyagihugu ni we, agenzura koko ingene abategetsi barangura amabanga, abanyagihugu babatumye. Naho uba watowe, nta burenganzira ufise bwo gukoresha itunga ry’igihugu mu vyawe, mu vy’umugambwe wawe, canke muri make, mu vyo wishakiye vyose. Kugurisha itunga ry'igihugu nka ya ndege Falcon 50 bagurisha ngo na gusa bari kuyitanga kubera batowe, ni ibara ku mutemere. Demokarasi kandi igendera ku butungane kuri bose, ubutungane bwigenga, butagendera ku gitsure c'abarongoye, inzego nshingwantwaro.

    -Turakeneye kandi Ubumwe, ugufatana mu nda hagati y'abanyagihugu bose, no hagati y'ibihugu bigize Afirika. Ahatari ubumwe, amahoro ntarama. Murazi aho vyatugejeje mu Burundi, kuko ahatari ubumwe, harangwa uruhagarara, n'indyane z'urutavanako. Kenshi, ubutegetsi bw'imburakimazi burateranya, abonse rimwe bwitwaje amacakubiri, yaba ay’amoko canke ay'intara, mu ntumbero yo gushikira, canke kwihagira ubutegetsi. Aha iwacu ni ko n’ubu bikimeze. Igihugu gifise ubumwe, ntawugitera ngo aheze agitsinde. Gitewe, abanyagihugu bose bahagurukira, rimwe mu kwivuna umwansi.
    Ubumwe kandi burakenewe, no ku rugero rw'ibihugu bigize Afrika. Ibihugu vya Afirika vyogira Reta zunze ubumwe bwa Afrika, vyogira inguvu nyinshi, bikagira iteka n'ijambo mu makungu. Ntawosubira kuza, gusahura itunga ry'Afrika uko yishikiye, canke ngo agandagure umukuru w'igihugu kanaka, nk'uko vyagenze muri Libiya, igihe bagandagura Kadhafi, ntihagire n'umukuru w’igihugu ca Afrika n'umwe aryogora, muzi mwese ivyiza Kadhafi yakoreye Afirika. Amasezerano mu vy’ ubutunzi, mu rudandazwa kw'isi, Afrika iterako igikumu yoba ari amasezerano, yubahiriza agateza imbere Afrika. Tumaze iminsi twumva yuko, ibihugu vyinshi vyo muri Afrika, bifise inyifato ya nyamwigendako, mu gusinya ya masezerano, bise APE muvyo urudandazwa. Ayo masezerano arimwo ubugunge bwinshi, buzotuma Afrika itakaza amahera menshi. Harageze nimba hatararengerana, kwiyamiriza ayo masezerano kugira asubirwemwo ku neza y'impande zose.

    -Inkingi ya poritike ni ngombwa kandi ko, ishigikirwa n'umutekano, umutekano ubungabungwa n'abanyagihugu bose bafadikanije n'inzego z'umutekano, abanyagihugu biyumvamwo. Inzego z'umutekano zicungera, umutekano w'abanyagihugu bose, zitabanje kwisunga ivy’amoko, intara canke imigambwe, nk’uko bimeze ubu mu Burundi, no mu bihugu vyinshi vy'Afirika. Izo nzego zicungera imbibe z'igihugu, si inzego za prezida, canke umutegetsi uwo ari we wese. Ni inzego z'igihugu. No ku rugero rwa Afrika , hategerezwa kuba ingabo za Afrika, zifise ibikwiye vyo gucungera umutekano wa Afrika, zishobora kwivuna umwansi aturutse hanze, kandi ibihugu vya Afirika bigatunganya, urwo rwego bitabanje gusega uburyo hanze. Bitagenze uko, hazogera n'igihe ibihugu vya rutura bizosubira kwigarura, Afrika nko mu bihe vya gikoroni.

    b. Inkingi igira kabiri ni Ubutunzi

    Birababaza kubona itunga kama, Uburundi canke Afrika bifise, hanyuma tukaguma twumva ngo, Uburundi buri mu bihugu ,vya nyuma mu butunzi, Afrika na yo nyene ikaba, ikiyago mu makungu. Afrika ifise amasoko ntanganguvu angana 40 % kw'isi, ifise ibice 65 % vy'isi ndimwa kw'isi,ubutare bw'imboneka rimwe (inzahabu, Coltan, Nickel...) ibice 80 %, none bigenda gute ngo abana, abanyafrika birirwe barapfa n'inzara, abandi bangara, bagahera mw'ibahari Mediterane, kandi ibihugu vyose vya Afirika vyarikukiye ? Ico kumenya ni uko, Afrika iteje imbere uburimyi bwonyene, ishobora kugaburira isi yose.
    Ubutunzi rero bwubakiye ubwa mbere na mbere, ku burimyi n'ubworozi. Ukwikukira guhera mu nda, na kare nk’uko twamaze kubivuga, ngo « Uwutigaburira ntiyigaba ». Mu gihe ata muyagankuba ukwiye, tuzoba dufise, ngo dushobore guhingura, ivyo twimbura, igihe tuzoba tugura hanze imfugurwa, igihe ata mahinguriro n'inganda tuzoba turubaka, kugira twirinde kugura hanze ico dukeneye cose, gushika no ku gikwashi, igihe ata migenderanire ishemeye iri, hagati y'ibihugu vy'Afrika mu vyerekeye urudandazwa canke imico kama, amashure n'ibindi, ntituzoba turikukira. Muri ibi bihe birashika yuko, uvuye mu bihugu vyo mu Buseruko uja mu bihugu vyo mu Burengero bwa Afirika, ubanza guca i Buraya. Birababaje.
    Itunga ryose muri ibi bihe rya Afrika, rigenda riherera hanze. N'amahera yasahuwe n'abategetsi, bayabitsa mu bihugu vyo hanze, agaca abandanya atungisha ivyo bihugu nyene.

    c. Inkingi igira gatatu ni imico kama n'imibano

    Murazi yuko, imico kama yacu yatitutse, kubera intwaro za gikoroni. Iyo na yo yari ishingiye, ku ndimi n'amadini vyacu. Ivyo bigasubiza cane, inyuma iterambere n'ubuhinga, kubera ko ivyo dukora vyose twisunga abanyamahanga, ivyacu tukabishira iruhande.

    Murazi kandi yuko, ata gihugu gishobora gutera imbere igihe, kidashobora gutanga indero ikwiye mu mashure, indero ituma abana, abanyagihugu bashobora gutandukanya icatsi n'ururo, indero yubakiye, ku gatima ko kwikukira. Urwaruka rugakura rwumva yuko, rutegerezwa kwibako rutabanje gusega, rugakura rwiyemera. Ntitugire isoni, mu gukoresha indimi zacu, twibaza ngo abandi botugaya, canke baradusumba.

    Nta gihugu covuga ko cikukiye, abanyagihugu batagira amagara meza, basinzikazwa n'ingwara, bakabura ingene bivuza. Ni akamaramaza kwumva yuko, abarundi barenga imiryoni 8, bagwaye malariya muri ibi bihe. Ni akamaramaza, kubona abategetsi ata kindi bakoze, atari gusahura itunga ry'ibihugu vyabo, iyo banishe bagaca baza kwivuza hanze, kubera batitayeho ikibazo ca guteza imbere ubuvuzi, ntibiteho amagara y'abanyagihugu.
    Ivyo vyose rero bica bitwereka ko intahe y’ukwikukira igeramiwe. Muti gute ?

    3. Intahe y’ukwikukira irageramiwe iwacu no muri Afrika kubera intambamyi zikurikira :

    a. Intambamyi zituruka hagati mu bihugu

    Mu ncamake, mu bihugu vyinshi vya Afrika, za nkingi zose twavuga zishigikira intahe y’ukwikukira, zarasituwe, ibihugu vyacu bikaba, biri hasi cane. Abanyagihugu bavuga bati, twaragiye mu matora, twaratoye hamwehamwe mu mwidegemvyo, ariko tubona ata cahindutse, ahubwo n'ivyahuha vyarahuhutse.

    Abategetsi batowe uhereye mu Burundi no mu bindi bihugu bitari bike, nta ho bataniye n'abazungu b’abakoroni. Ubutegetsi burangwa n'intwaro z'igikenye, umukazo n'umutekano muke, bigatuma abantu benshi bicwa bazira ubusa, abandi bagapfungwa, canke bakanyuruzwa, abandi bakayanyaga bagahungira hanze. Nk’ubu, abarundi bamaze guta izabo, baguhunga bararenga ibihumbi 400, abamaze kwicwa barenga 2000, abapfunzwe ibihumbi barenga ibihumbi 8. Aho rero ni kuva mu 2015, igihe Nkurunziza yiyongera ku nguvu, ikiringo ca gatatu, atagifitiye uburenganzira. Ubwo butegetsi burangwa, no gusahura, kwuzuza imipfuko y'akarwi kari ku rushi, no kwubaka amazu y'akataraboneka mu gihugu. Ingaruka mbi ni, ubukene bw'agakengereza, tutavuze indwara, n’inzara izura inzara. Indero mu mashure yaratitutse, bimwe biteye ubwoba. Ubutunzi bwarasubiye inyuma nk'ibirenge. Nta mwimbu mu gihugu ukiboneka, vyose biva hanze. Eka abanyagihugu baratubitse umukanda, naho baguma babasiga inkore ku maso ngo ejo ni heza, kandi inzira yotuma bizigira, barayizibiye bo nyene. Ukwo kuyizibira, si ukundi ni ukudadaza mu kwanka kuganira, kandi ari yo ntsinzi, ya mbere twari twakuye i Arusha, bakibagira n’uko ukwo kuganira, ari na kwo kwatumye bashika ku butegetsi.
    Ikindi kibabaje gusumba, ni uko bibagira ko icatumye abarundi bafata ibirwanisho, atari ikindi atari ukwiyamiriza akarwi, kamatarara ku butegetsi, abandi kakabakumira, kabita « abansi b’igihugu ». Mu ncamake, intambamyi nyamukuru zituruka hagati mu bihugu, twovuga ko ari Intwaro z'igikenye n'umukazo, ukutiyemera kw’umunyagihugu, ubusuma bwabaye ubunyonyezi, amacakubiri, ubukunzi bw’inda n'ubundi bubegito.

    b. Intambamyi ziva hanze.

    -Kutugumiza mu bukoroni : Ibihugu vya rutura, kugira bigumize ibihugu vya Afrika, mu bukoroni inyuma y’ukwikukira, ntivyigeze bivanaho akarenge. Vyarisutse cane muri poritike y'ivyo bihugu, mu gushira ku butegetsi ba niryo, bibanje kugandagura intwari nka Rwagasore, Lumumba, Sankara, Kadhafi, Ben Barkha, n’abandi. Bongera baraburagiza abandi bose, baharanira gutsimbataza intahe y’ukwikukira, nka ba Nyerere canke Sekoutouré n'abandi. Isenyurwa ry’ubutegetsi (bita « coup d’état » mu gifaransa), nka zose mwumvise, ivyo bihugu vya rutura, biba bizifisemwo uruhara. Ivyo bihugu kandi, ni vyo bitegeka ibihugu vya Afrika kwisunga poritike, zivyorohereza mu gusahura itunga rya Afrika. Ni vyo bishinga ibiciro, vy'intica ntikize vy'umwimbu canecane, kama. Ibiciro vy'ikwawa, icayi, inzahabu, ipampa, n’ibindi, bishingirwa hanze . Hari abavuga bati, Afrika yimbura ivyo idafungura canke idakoresha, igafungura canke igakoresha ivyo itimbura. Abandi bati Afrika igurisha hanze ubutunzi bwayo, ikagura hanze ubukene. Afrika, nk'uko twabivuze, nta mfungurwa ikeneye kugura hanze, ahubwo ishobora kugaburira, ibihugu vyinshi vya kure, hamwe yoteza imbere uburimyi. Yoca yunguka imiyiyardi 35 z’amadorari, ikoresha ku mwaka mu kugura imfungurwa zo hanze, nk’ibigori, umuceri, ivyamwa, imboga n'ibindi vyose, kandi ata na kimwe muri ivyo kitamera iwacu.

    -Imico kama yacu yaratitutse. Ubu Abarundi, Abanyafrika ntibaciyemera, bemera ibivuye hanze, intambo, imvyino, indirimbo, imiti, imfungurwa, n’ibindi vya nkenerwa, vyose vyo hanze. Ndibuka yuko ihinguriro COTEBU ryahingura impuzu nziza cane, ibitenge vyiza biteye igomwe. Ariko ugasanga abarundikazi babinebagura, bakivugira ng'urya none yambaye COTEBU hari ico amaze ? Hari n'abanndi benshi bafashe akageso ku kwiyanka, bagahindura urukoba rwabo n'bindi.
    None twogarukira intahe y’Ukwikukira gute ?

    4. Abarundi, Abanyafirika haguruka tugarukire intahe yacu y'ukwikukira

    Tuvyihweje, mu vy’ukuri, ibi bihe si ivyo gutamba no kunezerwa, ngo twarikukiye, twohava twibagira umugambi wo kwikukira vy'ukuri. Kandi ivyo birashoboka, hariho icizere n'ibimenyamenya vyinshi. Novuga nk'ibi :

    -Twumvirije hirya no hino mu bakuru, mu bato, mu bahinga, agatima ko kwikukira kariko karavyuka. Ejo bundi numvirije Prezida Idriss Deby wa Tchad, ariko aravuga ivyo ntaziga, ati Birakenewe ko tugira ifranga ryacu. Ikindi gihe naho, numvirije Prezida wa Guinée Conakry, Alpha Condé avuga ati, Tutavavanuye n'ibihugu vyatugumije mu bukoroni, ntituzopfa twarateye imbere. Ati Kandi, ntidushobora kuvuga yuko, twikukiye amahera yose, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, UA, ikoresha tuyasega hanze. Abandi, canecane abakenyezi Aminata Traoré wo mu gihugu ca Mali, birirwa barasigura yuko, Afrika yasubijwe inyuma n'intwaro za gikoroni, kuko n’ubu ataho zagiye. Abanditsi, nk'umwigisha w'umuhanga Théophile Obenga, wewe amenera inda ku rutoke, ati Mbe aho mwama murindiriye imfashanyo zo hanze, abazungu bobafasha kubera iki ? Prezida Magufuri wa Tanzania, ati Tanzania iratunze cane,nta mfashanyo ikeneye ahubwo ikwiye gufasha abandi. Kuva Magufuri agiye ku butegetsi, muri Gitugutu 2015 aramaze kugarukana, mu kigega ca Reta amamiriyaridi y'amadorari menshi, yasahuwe imbere yuko ashikira ubutegetsi.

    -Afrika ifise itunga kama umurengera. Birababaje, kubona urwaruka rwacu rubura akazi, rukabura ico rufungura, rukirirwa rurangara ngo rugiye, i Buraya guhanzura, benshi bagatakariza ubuzima bwabo, mu nzira bariko bajabuka ikiyaga Mediterane.

    Twisuzume, twisubireko kuko birateye isoni n'agahinda. Muti none, Dukore iki ? Hashoboka iki ?

    -Ubwa mbere na mbere, tuvavanure n'agatima ka nyamwigendako, maze tugire urunani mu gihugu cose, no ku rugero rw'Afrika mbere, rw'abo bose baharanira gushinga, Reta zunze ubumwe bwa Afirika, kugira tubandanye iragi rya Nkrumah na Kadhafi. Afrika igire ibanke nkuru yayo, ifaranga ryayo, ingabo zayo, poritike y'imigenderanire yayo, umugambi w'iterambere wayo, kandi iterambere ry'abanyagihugu. Abanyafirika tugenderanire, tumenyane. Ivyo navyo bisaba ko : hashingwa amakompanyi y'indege n'ayo ubwato vy'Afirika yunguruza abantu n'ibintu, hubakwa amabarabara y'imigenderanire hagati y'ibihugu, hubakwa ingomero z'umuyagankuba, hanyuma umunyafirika wese akaronka uburengazira (visa) bwo gutembera mu gihugu cose ashaka. Ariko rero dutangurire urunani rw’abafise iryo shaka, mu gihugu cacu, hanyuma mu karere, hanyuma gutyo gutyo, gushika ku rwego rwa Afrika, kandi birashoboka, igikuru ni ishaka.

    -Ubwa kabiri, gusubiramwo inyigisho mu mashure, zizofasha kugurura imitwe y'abanyagihugu n'imitima yabo kugira basubire biyemere, babone ko atari ibicibwa, birinde gusamazwa n'ivyo hanze, tumenye twumve neza yuko, ukwikukira guhera mu mitwe. Mu vyigwa vya kahise, ni ngombwa abana bacu bakure bazi, intwari zitangiye Uburundi na Afrika, nka Ntare Rugamba, Mwezi Gisabo, Inamujandi, Rwagasore Rudoviko, Ndadaye… Nkrumah, Amilcar Cabral, Nasser, Kadhafi, Sankara, Nyerere… Aho gufatira akarorero, kuri ba Mpemukendamuke, ba Ntirumveko, ba Ndiyobwana, ubona ko ari vyo vyeze, ngaho iwacu ! Mu mazu y'isomero, ibitabu vy'abahinga, abanditsi baharanira ukwikukira kwa Afrika ntibihare, ibitabu vya Cheik Anta Diop, vya Obenga Theophile, Samir Amin n'abandi.

    -Mu gihugu cose, nko mu Burundi, abanyagihugu bashaka kwikukira ni benshi, bakwiye kwunga urunani, urunani rwo kuvyura, za nkingi zose zo kwikukira, kuko ubu ziri hasi nk’amateke. Ubutegetsi buriko butwambura intahe y’ukwikukira, mu gushira uruhumyi ku banyagihugu, babamenyereza gusaba uwimye, aho kureka umunyagihugu ngo yisanzure, abone kure, yiteze imbere, n’igihugu kikaboneraho.

    Abarundi rero, ntibazoguma bihanganira abagomba kubasubiza, mu ntwaro z’umugambwe umwe, z’umukazo nk’umwe w’abakoroni, hari ndiyobwana gusa, ata waryogora. Ibimenyetso ni vyinshi, irabire namwe ingene aho uciye hose, womengo n’ibibanza vy’umugambwe wiganje ku butegetsi. No ku bibanza vy’isoko, ku makona yose y’amabarabara, ivyibutso vy’uwo mugambwe, no kw’irembo ry’umuntu aho abantu bateramira, ku nama ! Uko ni ukunyaga, ukwikura kw’igihugu n’abanyagihugu, ntitworeka gusubira gukebura mbere n’ukugabisha, abagitsimbataye kuri ako gatima ko, kugumiza abanyagihugu n’igihugu mu buja, ni bateshwe bate, bave i buzimu baje ibuntu. Iciza gitsinda ikibi, nayo intahe y’ukwikukira iragwanirwa, nk’ivyo vyiza vyose umuntu aba yipfuza gushikako, kandi ngo « Ubuntu burihabwa » !

    Ni hahangame intahe nyakuri y’ukwikukira kw'Uburundi na Afrika
    Tugire amahoro, Iteka n’iterambere kuri twese !

    Leonardo Nyangoma
    Umukuru wa CNDD

    Les dernières actus

    
    Actualités internationales
    Déclaration de la Commission Afrique du Parti de Gauche Le Burundi connaît une crise sans précédent depuis l’arrivée au pouvoir en 2005 ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    Barundi,Barundikazi,Bagumyabanga ba CNDD, Mu myaka ishira 1960, ni ho ibihugu vyinshi vya Afrika vyasubira guhabuza intahe yavyo yo kwikukira, vyari ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    Le Burundi célèbre ce 1er juillet 2017 son 55ème anniversaire d’indépendance. Comme ses prédécesseurs et autres dictateurs, le président ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    CONSEIL DES DROITS DE L’HOMME Trente-cinquième session Dialogue interactif sur le Burundi Genève, le 14 juin 2017 Monsieur le Président, ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    Dans le dictionnaire Hachette de la langue française, un aveugle se définit comme quelqu'un qui est privé du sens de vue. Et dans le monde entier, ...
    En savoir plus
    Prev Next