dimanche, 24 mai 2015 19:23 Écrit par  CNDD

Itangazo ry'umugambwe CNDD ryerekeye kwiyamiriza ubwicanyi bukorwa n'intwaro ya Nkurunziza

    Umugambwe CNDD, wihweje ubwicanyi bubandanya bukorwa n'intwaro ya Nkurunziza kuva ifashe ubutegetsi mu mwaka wa 2005, umenyesheje ibi bikurikira :

    A. Umwuka uri mu gihugu ibi bihe.

    1. Umugambwe CNDD hamwe n'abarundi bose waraye wumvise n'umubabaro mwinshi inkuru mbi y'igandagurwa ry'umukuru w'umugambwe UPD Zedi Feruzi ku rugo iwe mu Ngagara, akaba yagandaguwe urwo agashinyaguzo n'abantu bataramenyekana ariko bakekwa ko boba batumwe n'ubutegetsi.
    2. Umugambwe CNDD ntiwibagiye yuko mw'ijoro rya hirya yejo akarwi k'abicanyi batamenyekanye bateye ibombe abakenyezi bariko barigwanako mu rudandazwa kugira baronke ico bagaburira abana babo baguye ruswi, ubwo bwicanyi bukaba bwabereye hafi y'ikibanza c'isoko nkuru ya Bujumbura nayo nyene yaturiwe kumvo tutaramenya gushika n'ubu.
    3. Kuva abanyagihugu isinzi bashwaye amabarabara biyamiriza ingingo Nkurunziza yafashe yo gusubira kwitoza ubugira gatatu, ivyo navyo bikaba biteye kubiri n'ibwirizwa shingiro n'amasezerano y'i Arusha, Bitomora neza yuko mu Burundi ata mukuru w'igihugu arekuriwe kurenza ibiringo bibiri ayobora igihugu, Abarundi benshi baramaze kugandagurwa bazira ivyiyumviro vyabo. Abanyagihugu bashwaye amabarabara kugira biyamirize intwaro yubakiye k'ubusuma n'ubwicanyi bitagira izina, intwaro yabashize mu bukene n'ubushomeri, intwaro yagize ubusuma ubuhizi. Abanyagihugu kandi bariko biyamiriza umurwi CENI ujejwe gutunganya amatora, nawo ukaba wegamiye umugambwe uri ku butegetsi kuva muri 2010. Noneho vyaraye bigaragaye aho Nkurunziza ubwiwe yihaye ububasha adafise bwo guhindura ikirangamisi c'amatora, akayungururiza ku kiringo yishakiye kandi ico gikorwa cega CENI nayo ikaba itakuye ururimi mu kanwa. Abanyagihugu bariyamiriza na ya sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa shingiro, nayo nyene aho kurangura imirimo ihabwa n'ibwirizwa shingiro isigaye ari igikoresho c'umugambwe uri ku butegetsi. Ivyo vyaragaragaye igihe iyo sentare yashirisoni ikemeza izuba riva, ko Nkurunziza afise uburenganzira bwo kurongora Uburundi ikindi kiringo kigira gatatu. Mukaba mwumva neza yuko umukinyi w'umupira adashobora gukina ngo yongere ahagarikire urukino.
    4. Kuva kandi iyo myiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi itanguye, iterabwoba rikorerwa abatavuga rumwe na Reta, abari mu migambwe canke mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike ryararenze urugero. Iryo terabwoba rikorwa canecane n'abagize umurwi w'imbonerakure wegamiye umugambwe uri ku butegetsi, bafadikanije na bamwe bamwe mu bagize inzego z'umutekano no kwivuna abansi. Uwo murwi ukaba witwaje ibigwanisho bicira umiriro n'amahiri akwikiye imisumari. Urica, uratoteza abo bose badasangiye umugambwe uhagarikiwe n'abagize inzego z'umutekano bamwe bamwe. Abarundi barenga 30 baramaze gutakaza ubuzima bwabo bagandaguwe n'izo Mbonerakure n'abaporisi kandi aribo bategerezwa kubakingira umutekano. Ivyo bikaba vyatumye Abarundi barenga 150 000 bata izabo bagahungira mu bihugu vy'ibibanyi canke hagati mu gihugu. Abandi barenga 600 bari mu mabohero, abandi benshi barakomerekejwe n'izo Mbonerakure n'abaporisi.
    5. Umugambwe CNDD umenyesheje yuko ayo mabi n'amahano akorerwa abanyagihugu ata na kimwe gisemerera kubera Intwaro ya Nkurunziza iheruka gusambura no guturira amaradiyo yigenga yahora aja arasemerera avuga ibitagenda neza.

    B. Umugambwe CNDD uhagaze hehe ?

    1. Umugambwe CNDD urahojeje imiryango y'abo bose bamaze kubura ababo, umuryango wa Zedi Feruzi n'abandi, bagandaguwe bazira ukuri n'umutima w'urukundo bafitiye igihugu cabo, mu guharanira demokarasi. Abarundi ntibazokwigera babibagira, batubereye incungu za demokarasi.
    2. Umugambwe CNDD urashimiye cane abarundi bose na canecane urwaruka n'abakenyezi bateye iteka igihugu, eka ndetse Afrika nzima mu kwiyamiriza abo bose bashaka kutugarukana mu ntwaro z igikenye twasezeye kuva 1993, abo rero bamenye ko ivyari imagera vyarageruye.
    3. Umugambwe CNDD rero usubiye kwibutsa abarundi n'incuti z'Uburundi zose yuko urugamba turimwo si urwo Umuhutu, si urwo Umututsi canke Umutwa, ni urugamba rw'umurundi wese, umuntu wese ashaka gusubiza agateka abarundi bose, kiremwa muntu wese na canecane muri Afrika.
    4. Umugambwe CNDD uriyamirije wivuye inyuma abo bose canecane bari mu ntwaro vyaburiye bagashaka kuryanisha amoko, bamenye ko bihora ubusa ata barundi bazokwemera kuryana bapfa ivyo amoko, abarundi barazi gutandukanya icatsi n'ururo : « Bapfana iki barutwa na bamaraniye iki ». Umwansi wabo ni abo bampemayuzuye bashaka kurya imitsi abandi babicayeko, abo bameze nk'amasiha yogeje ikigega ca Reta, iyo bahimvye baca baririmba ngo Abarundi bose barahaze.
    5. Umugambwe CNDD urasavye ushimitse inzego z'umutekano no kwivuna abansi, abaporisi n'abasoda ko zokubahiriza umutekano muri ibi bihe w'Abarundi bose n'abanyamahanga bari mu gihugu, bakagambararira abo bose babatuma kwica benewabo b'abanyagihugu bakoresheje inkoho babaguriye. Bamenye ko abanyagihugu aribo babahemba, babambika, bakabagaburira, naho vyinshi abategetsi babinyuruza. Bamenye kandi ko ijambo rya nyuma ari iryo umunyagihugu.
    6. Umugambwe CNDD urasubiye kurarika abarundi bose mu gihugu hagati ; mu bisagara, eka n'abari hanze, abagabo n'abakenyezi, imisore n'inkumi, abanywanyi b'imigambwe n'amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, abasoda n'abaporisi mwese mushware amabarabara, muze muhave Reta ya Nkurunziza yeguye. Umugambwe kandi ubasavye ko hakorwa ibishoboka vyose amatora Nkurunziza yamaze kwiba bugica ntaze abe, kanatsinda nta matora ashoboka ata mwidegemvyo uri mu gihugu, igihugu kirimwo urwimo n'umudugararo, igihe abarundi isinzi bariko barahunga igihugu cabo, abandi bari mu munyororo. Dusavye dushimitse abari muri ya mirwi ya CENI kuva ku rwego rw'igihugu gushika ku nzego z'amakomine bose ko botanga imihoho, abihebeye imana bo mw'ishengero rya Katorika bari baramenyesheje ko atagihindutse bazoca bidohora bakava muri iyo mirwi, batabigize bazobibazwa n'abanyagihugu, kandi uherekeje umusuma ufatwa nk'umusuma. Ayo matora ntawuzoyitaba, nta numwe azoyemera. Dushaka amatora azira igitsure n'agahotoro.
    7. Umugambwe CNDD usavye Reta ya Nkurunziza guhagarika ubwicanyi no kureka abanyagihugu bagaserura mu myiyerekano akababaro bafise ku mutima, nkuko babirekuriwe n'amategeko y'Uburundi na mpuzamakungu.
    8. Umugambwe CNDD uboneyeho akanya ko gushimira bimwe bivuye ku mutima, ibihugu bimwe bimwe bicuditse n'Uburundi, ishirahamwe ry'ubumwe bw'Afrika ku nyifato ibereye vyerekanye mu kwemanga ku mugaragaro ko bishigikiye Abarundi mu rugamba barimwo mu kwerekana ko ata matora ashoboka iki gihe c'urwimo mu Burundi, ko icihutitrwa atari amatora, ariko ari ibiganiro vyo kugarukana ituze mu gihugu.
    9. Umugambwe CNDD usubiye kwibutsa yuko igikorwa cihutirwa iki gihe ari ibiganiro hagati ya Reta n'imigambwe itavuga rumwe nayo, n'amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike akazotumirwa muri ivyo biganiro ka burorerezi. Ivyo biganiro bikazohagarikirwa n'umuntu yumvikanyweko n'impande zose, akongera akaba ari umuntu yemera kandi yaharaniye demokarasi mu gihugu ciwe.
    10. Ibiganiro bizoshimikira kuri ibi :-Ingingo zihutirwa zo gusubiza agateka umurundi.-Kwemeza imigambi y'ikiringo mfatakibanza kitorenza imyaka ibiri.-Ishirwaho ry'inzego mfatakibanza.
    11. Tugumeko, akagumye bagumako, nta butegetsi bw'igikenye bwigeze butsinda igihe abanyagihugu babuhagurukiye n'ishaka ryinshi.

    Bigiriwe i Bujumbura itariki 24 Rusama 2015

    Kw'izina ry'umugambwe CNDD
    Leonardo Nyangoma prezida

    Les dernières actus

    
    Actualités internationales
    Jean de Dieu Momo Fo’o Dzakeutonpoug Douala le 30 Octobre 2017 Source site web de l'Alliance des Forces Progressistes pour ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Coordonnateur de la plateforme «Non aux APE», Guy Marius Sagna est une figure montante de la société civile sénégalaise. Dans cet entretien, il ...
    En savoir plus
    Déclarations
    Bagumyabanga, Bagumyabuntu namwe Ntebutsi za CNDDBarundi, Barundikazi, Ndabaramukije amahoro, iteka n’iterambere. 1. Umuhari CNDD, ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Le parti CNDD vient d’apprendre l’invalidation de la dernière élection présidentielle du 8 août 2017 au Kenya par la Cour Suprême de ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Déclaration de la Commission Afrique du Parti de Gauche Le Burundi connaît une crise sans précédent depuis l’arrivée au pouvoir en 2005 ...
    En savoir plus
    Prev Next