jeudi, 25 juin 2020 08:26 Écrit par  CNDD

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD KW’IBISIKANYA RY’UBUTEGETSI RYARAYE RIBAYE MU BURUNDI

Umugambwe CNDD umenyesheje ibi bikurikira kw’ibisikanya ry’ubutegetsi ryaraye ribaye mu Burundi :

1. Umugambwe CNDD umaze imisi ukurikirana ihinduka ry’ubutegetsi ryari ryiharijwe n’umugambwe umwe rudende uri ku butegetsi. Iryo hinduka ryagumije ku butegetsi umugambwe usanzwe wihagiye ubutegetsi kuva mu mwaka wa 2005

2. Iryo hinduka nk’uko Abarundi benshi babibonye ntiryabaye mu nzira ya demokarasi, arico gituma inzego zose zizoba zigizwe n’umugambwe umwe atacamira.

3. Kubw’izo mvo, umugambwe CNDD nta cizere kinini witeze kuri iryo hinduka na rirya umukuru w’igihugu mushasha, we nyene mw’ijambo yashikirije ahejeje kurahira yivugiye yuko azobandaniriza ku migambi yahahora.

4. Ariko naho bimeze uko muri iryo jambo umukuru w’igihugu mushasha yarashikirije imigambi imwe imwe yadushimishije kandi asa n’iyo yabuye mu migambi y’umugambwe CNDD. Muri iyo twovuga nko kwitaho abakukuruke mu kongereza agashara kabo, nko kugarukira ururimi rwacu rw’ikirundi, akaranga n’imico kama, gufata mu mugongo ubushakashatsi……

5. Umugambwe uramaze kumenyera yuko imvugo ya CNDD FDD ari gake ijana n’ingiro, tuzovyemera tubibonye, Nkurunziza ntiyasiba kuvuga ko agiye guhasha ubusuma mu gusohora amasiha mu kigega ca Reta ,ariko ntawutabona yuko intwaro yiwe yagize ubusuma ubuhizi. Amatungo amaze kunyuruzwa kuva CNDD FDD ishitse ku butegetsi agarukanywe mu kigega ca Reta , ya migambi umukuru w’igihugu yatangaje nta nkeka yoca ija mu ngiro. Twumvirije amajambo Deniza Nkurunziza amaze imisi ashikiriza ,Umukuru w’igihugu yohanuza uyo mukenyezi akamwereka iyo abasuma banyonyeje ikigega ca Reta banyegeje ayo matungo

6. Umugambwe CNDD waraguye mu gahundwe mu kumva umukuru w’igihugu mushasha yubahuka kuvuga yuko adashaka kuzosubira kumva abasubira kuvuga yuko hariho abatavuga rumwe na Reta, imvugo nk’iyo ni imburi yerekana ko ataho kagiye agatima ko kugarukana no gukomeza umugambi wahahora ushingiye ku ntwaro y’umugambwe umwe rudende.

7. Vyongeye muri ibi bihe nta kintu na kimwe coza imbere y’amagara y’Abarundi ageramiwe n’ikiza ca Korona, nta ngingo ruhasha twumvise umukuru w’igihugu mushasha yashikirije zo gukingira abanyagihugu no guhasha ico kiza nk’uko mu bindi bihugu bariko barabikora. Uyo mugera wa Korona uzoguma wisasira abantu benshi bivuye ku rwangara rw’abategetsi. Vyongeye n’ibihugu vyinshi rero bikazohava biharira ivomo Uburundi.

8. Kugira imigambi myiza yose umukuru w’igihugu mushasha yaraye atangaje ije mu ngiro, tumusavye yuko yohagarika ingendo yo kurimira ku rwiri maze akemera kugorora ivyagoramye mu gihugu kuva umwaka wa 2005, navyo nivyinshi :

Icambere ni gufata ingingo ruhasha zo gukingira amagara y’abanyagihugu ikiza KORONA
Ica kabiri ni kugarukana ituze mu gihugu, ukwizerana hagati mu banyagihugu. Ivyo navyo bizova ku ngingo atavuze zo kugarukana umutekano mu gihugu cose. Ibimenyetso bizobitwereka ni ibi :
-kurekura abapfungiwe bose ivya poritiki
-Kugarukana umutekano mu gihugu cose
-kwaka ibigwanisho umuhari w’Imbonerakure wegamiye umugambwe uri ku butegetsi
-guhagarika itoteza n’inyuruzwa ry’abatavuga rumwe na Reta
-gusubiza ijambo abarundi nko mu kurekura ibinyamakuru n’amaradiyo yasambuwe muri 2015 bigasubira gukora
-gushiraho urwego rujejwe itohoza no kurondera amatungo yose y’igihugu yanyurujwe na bamwe bamwe mu bahora ku butegetsi, maze ayo matungo akagarukanwa mu kigega ca Reta
-Kugarukana ibwirizwa shingiro ryo muri 2005
-Gutunganya no kugira ibiganiro hagati ya Reta n’imigambwe bitavuga rumwe

9. Ituze rigarutse mu gihugu nta nkeka yuko Abarundi bagorewe mu mahanga, mu makambi y’impunzi bazoca batahuka atan’uwubanje kuja ku barondera, kuko akazuye ntibamurika ; imigambwe izoca isubira gukora, iyitavuga rumwe na Reta ibandanye ikebura Reta.

10. Umugambwe CNDD uzobandanya guterera agacumu k’ubumwe mu gukebura Reta ku neza y’Abarundi bose. Umukuru w’igihugu mushasha arafise inguvu nyishi ahabwa n’amategeko, abishatse ashobora guhindura vyinshi kugira ituze rigaruke mu gihugu. Abarundi benshi bazomufata mu mugongo kuri ico gikorwa tutaravye imigambwe , amadini barimwo canke intara baturukamwo.

Tugire amahoro iteka n’iterambere
Bigiriwe i Bujumbura ku wa 24-06-2020
Ku bwa komite nkuru ya CNDD, Leonardo Nyangoma Prezida

Les dernières actus


Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, 1. Munkundire ntangure kubaramutsa ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINEcontact@dup-international.org communiqué de presse Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
  Après le coup d’État au Niger, la France se retrouve dans une impasse. En tant que mouvement transnational regroupant des organisations ...
En savoir plus
Prev Next