mardi, 31 décembre 2019 11:38 Écrit par  Nyangoma Leonardo

Ijambo Rishikirijwe n'Umukuru w'Umugambwe CNDD, Leonardo Nyangoma Ryo Kwipfuriza Umwaka Mwiza Mushasha wa 2020

Bagumyabanga ba CNDD
Bagumyabuntu ba FFD
Namwe Ntebutsi za JPD
Barundi,
Barundikazi,
Bagenzi mwese, ncuti za CNDD,

Munkundire mbanze ndabaramutse n’igishika cinshi, ndabature urukundo n’inkumbu mfise ku mutima nti Nimusangwe amahoro, urweze n’imigisha mu banyu no mu vyanyu. Nimusangwe iteka, itekane n’iterambere muri demokarasi.

2. Umwaka wa 2019 urarangiye, buca twinjira mu mwaka mushasha wa 2020. Abarundi batari bake turamaze kumenyera ko ku bunani ababanyi batumiranirana, bagasangira icicaro n’inzimano. N’aho turi mu bukene buzura inzara, ndabipfurije mwese rero gusanganira n’uguhimbaza umwaka mushasha mu rweze n’amahoro, mwiginane kandi musangire ivyo mufise mudakebaguzwa, mugamije n’ukuwuranguramwo imigambi ikomeye, ube umwaka wo guhabuza n’ugutsimbataza demokarasi.

Bagumyabanga mwese, Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Umugambwe wacu CNDD,
Nk’uko tumaze kubigira umugenzo mu mugambwe wacu CNDD, ibihe nk’ibi vyo kwipfurizanya umwaka mushasha mwiza, ni ibihe vyo kwirimbura, no gukubitiza akajisho aho umuntu ageze, na canecane ivyo ubuzima bw’igihugu cacu, tukaboneraho gutereza amaso imbere, kuri kazoza kacu. Munkundire rero, tubice ku mayange.

1.Iki gihe gishitse umugambwe uri ku butegetsi ukwije imyaka 15 ushikiriye ubutegetsi kuva mu mwaka wa 2005. Ico gihe Abarundi benshi bari basubiye kwizera ko bagiye kuruhuka induru n’amarira, bagasezerera ubukene n’izindi ngorane zasinzikaje igihugu mu myaka iheze, nk’ukwigungirako ubutegetsi n’ugukumirana bigirwa n’akagwi k’abantu bishimikije umugambwe umwe rudende mu gihugu kizima.

Mu ncamake rero, uretse ivyo kwihaya nka wa musambi; ibintu vyarayangaye, haba mu vy’imibano, ubutunzi canke ivya poritike y’igihugu. Kugeza n’aho n’Umukuru w’igihugu asigaye apfungiwe ic’amaso mu gihugu ciwe ntarenge irembo, eka no muri ico gihugu nyene, avuye aha aja ahandi, amabarabara arugarwa,ukamengo ighugu catewe, maze tukaguma twizibirako nk’ifuku. Ibi na vyo bikaba bifise ingaruka mbi ku buzima bw’igihugu n’abanyagihugu. Twobibutsa uturorero dukeya gusa. Nko mu vy’ubutunzi, ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa vya misi yose nk’imfungurwa, impuzu, uburaro, amazi, imiti, ibikoresho vyo kwubaka nk’isima vyarabaye umurengera. Ibitari bike vyaduze incuro 5. Ari nk’abatunzwe n’agashahara, agahembo kabo kagumye ari kakandi, umwimbu wagumye ugabanuka kubera n’amahinguriro makeya igihugu cari gifise bayacishije ku wepfo. Ntitwokwibagira iturirwa ry’isoko nkuru ya Bujumbura yari itunze abantu barenga 100.000 ryabaye nk’akamizwe n’inda y’ingoma, inyuruzwa ry’indege y’umukuru w’gihugu Falcon 50 ryaribagiwe kandi itohoza ryakozwe n’inama Nshingamateka ryaradomye urutoke ku banyuruje irya ndege bikagaragara yuko umukuru w’igihugu abizi. Ubukene bw’agakengereza ni bwo busigaye bwigize ndanse mu gihugu; ikibabaza kigasonga, ukabona amagorofa aduzwa hirya no hino, imisi mikuru y’urutavanako harimwo n’ibikorane vyo guhuma amaso abanyagihugu bigatunganywa n’ubutegetsi hamwe n’umugambwe ugomba kwigarurira ivy’igihugu vyose, buririmba ngo ejo ni heza, bakama mu myiyamazo, abanyagigugu batubitse uwa vubi; n’iminsi mikuru nk’iyi ya Nweri n’ukwigina umwaka mushasha, igashika nka bose baganya ico bazohereza umuryango. Ubuzima rero bwaratitutse kuko nta mwimbu wotuma ubutunzi bw’igihugu butera imbere uriho, utubonetse na two tugaherera mu mipfuko y’akagwi gatoyi, nk’uko umutambukanyi wa Nkurunziza we nyene, yabitangaje ku mugaragaro yuko hari akarwi k’abantu banyonyeje ubutunzi bw’igihugu baguma “barundarundanya” ubwo butunzi. Turindiriye yuko abadomako urutoke kuko arabazi, maze bakarenguka imbere ya sentare. Atabigize azoba akingiye ikibaba abasuma. Kukaba nka ko, Uburundi buharurwa kw’isonga ry’ibihugu vyose, vyo muri Afrika y’ubuseruko mu kurya ibitutire. Amatohoza yerekeye ingene abantu babaho yerekana ko abarundi barenga ibice 70% bari musi y’uko umukene asanzwe abaho, bisobanura ko benshi turi ico bita mu kirundi “abafafara”, mu gihe benshi baronka utwo bahendesha umunwa rimwe gusa ku musi, batazi ikizorirenza bukeye! Hafi ibice 60% vy’abarundi bageze kuronka akazi, na canecane urwaruka, barashomereye. Mu vy’imibano; nko mu gisata c’indero, kubera ko ubutegetsi bufise ingendo y’uguhindagura ibintu bitabanje kwigwa neza, na canecane abo vyega ubwa mbere babanje kubigishwa inama, naho ubwo butegetsi nyene buguma bwihaya kumwe kwa wa mugani w’igikere, ngo abana biga ku buntu, bisigaye vyigaragaza ko abo bana bo Burundi bw’ejo “biga ubusa, bakigira ubusa” kuko n’iyo barangije amashure ata n’akazi baronka, akanovera k’inyigisho kakaba karatitutse ku rugero ruteye ubwoba, bose basemerera. Ahanini bikava ku kuntu aho gushira imbere abasumvya abandi ubumenyi mu gutanga akazi, bashira imbere ukuba uri umunyamugambwe uri ku butegetsi, ayo akaba ari rya kumira ryama ryakweze icuka kibi mbere n’intambara mu gihugu. Reta, aho kwongereza agafashanyo kahora gahabwa abanyeshure bo muri za kaminuza yaragafuse, muzi namwe ingene igihugu cacu gikenye, abakozi benshi b'incabwenge, canke b'abahinga. Abanyeshure bashoboye kuja mu ndaro akaba ata n’akayi bakironka mu gitondo, kandi ariko kabaha inguvu.

2. Mu vya poritike, ico twovuga giteye ubwoba kandi cashubije cane inyuma intwaro ya demokarasi, ni uko umugambwe uri ku butegetsi ugomba kwigira nk’umugambwe umwe rudende, ugafatira amaboko i mugongo imigambwe itavuga rumwe na wo, abarundi bose batemeye gushigikira ububisha ukorera abanyagihugu bagahirwa buhongo, ikitavuzwe ngo ugiye gusaba iki na kiriya utari muri uwo mugambwe. Abategetsi barishize hejuru y’amabwirizwa n’amategeko. Sinirirwe ndarandira kuri ibi bibi ubutegetsi bukorera igihugu, kuko murabizi, ingaruka zose mbi ni mwebwe muziremetse. Twovuga canecane nk’itotezwa ry’abatavuga rumwe na Reta, kubagandagura, kubanyuruza, abandi bagata bakomoka bagahungira mu bindi bihugu. Guteranya Abarundi bafatiye ku vy’amoko canke intara, kwiyugarirako nk’ifuku, guhonyanga amabwirizwa n’amategeko nk’Amasezerano y’i Arusha n‘ayandi ubutegetsi bwo nyene buba bwishiriyeho… Ariko igihambaye kandi kiduteye iteka, ni uko abarundi bamaze kumenya ingene basubiriza mu nkoko ubutegetsi nk’ubwo, ingendo ya demokarasi n’uguharanira agateka kabo ikaba imaze kubanyura, bati “Burira ntibutera ku mpeshi”.

Muri ibi bihe rero haravugwa amatora y’inkinamico: Nk’uko mubikurikirana canecane muri ino misi, haravugwa ivy’amatora yimirije muri uyu mwaka wa 2020. Tudasiganye inkore ku maso, nta matora y’ukuri ariko arategurwa, twovyita inkinamico. Nkaba ndabasavye ko mutosinzira umukondorazosi, mwame maso, mumenye neza yuko umugambwe uri ku butegetsi ugejeje kure igikorwa co kwiba amatora wishimikije umurwi CENI kuko na wo ukora nk'urwego rwa CNDD-FDD.
Vyongeye ntitwibagiye ko ubusuma bw'agahomerabunwa muri aya matora bwakozwe igihe co gutanga karangamuntu n'igihe c'iyandikwa ry'abageze gutora. Twarasemereye ko uwo mugwi ukwiye kuba ugizwe n’abo imigambwe yose yiyumvamwo atari uwuri ku butegetsi gusa. None vyabananiye kwirengera ngo berekane ko bakorera igihugu cose n’abahiganwa bose na canecane imigambwe. Hari n'ibindi ibibazo rero bihambaye bitegerezwa kuva mu nzira kugira tuje mu matora imitima iri munda, muri ivyo twovuga nk'ibi: iterabwoba n'umutekano muke biterwa n'Imbonerakure, zigira surivu kugeza n’aho bishira hejuru y’umutegetsi uwo ari we wese; ikitavuzwe ni Musitanteri canke Buramatari kuko n’abajejwe umutekano canke ubutungane zitabagera umutwe. Hari abanyaporitike bapfungiwe ubusa n'abandi bahunze, abandi nabo bakurikiranwa n'imanza zitagira ifatiro kugira ntibaze bashobore kwitoza, aho ntituvuze amabwirizwa n'amategeko atorohereza umwidegemvyo mu matora n'ibindi. Ivyo bitavuye mu nzira ayo matora azoba ari ayo kudusiga inkore ku maso gusa, ya demokarasi twaharanira kuva kera ikaguma isubira inyuma nk’ibirenge. Nk’uko mubizi mwese, kuva Uburundi bwikukiye amatora yose amaze kuba, nta kindi yatuzaniye atari umudugararo mu gihugu kubera ubutegetsi bwaba bwayateguye nabi. None mubona twobireka uko? Oya namba. Turasubiye gukebura Reta, n’abandi bose vyega, ntituze twibuke kuyora twasheshe. Ibitosi nk’ivyo ntitwobigenderako, kuko na ba sokuru barayamaze bati “ntawisigira ku buhoma canke ngo arimire ku rwiri”.

3. Muti none twobifata gute? Muri uwu mwaka mushasha wa 2020, twokomeza ibikorwa vyose vyotuma ibintu bihinduka kugira Uburundi bugaruke mu nzira ya demokarasi, buve mu mwijima bugaruke mu muco, kandi birashoboka. Vyongeye, uwubandwa ni we abanda urugi. Nta we dusiganya ngo azoza kubikora avuye hanze, kuko nta munyamahanga azoza kubohoza abarundi. Kandi ga, urwo rero ni urugamba rutegerezwa gukorwa mu nzira y’amahoro. Aka kamo tugateye abarundi bose bemera demokarasi bo mu bwoko bwose: abahutu, abatutsi n' abatwa, bemera ko abarundi bangana, bazi ko ubwoko atari bwo bubi, ahubwo ko ububi ari ubutegetsi bw'abo ba "mpemayuzuye", bigaruriye ubutunzi bwose bw'igihugu. Tugateye abantu bazi ko ata ntara mbi ibaho, nta n'umwe muri twese yasavye kuvukira mu ntara kanaka, intara zose zirafise abantu benshi bemera bakagendera demokarasi n'abandi bari ku rushi ba "sesankuyoze". Mu myaka iheze twagwanije umugambwe warimwo akagwi k'abantu bahenda abandi ngo batwarira ubwoko bwabo. N'ubu tuzobandanya tugwanya ivyiyumviro vy'amacakubiri ayo ari yo yose aho yoba aturutse hose.

4. Ivyo bisaba kwitanga cane, kuko ntacizana. Umwe wese muri twebwe arafise uruhara rwo gusanura iyo nzu ya demokarasi, bikaba mbere bitanga umwizero ukuntu abanyagihugu bose barikanuye. Yaba rero amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, yaba imigambwe itari ku butegetsi, eka ndetse n’abanywanyi benshi bari mu mugambwe uri ku butegesti barashaka kwitaba aka kamo tubateye. Bitebe bitebuke Uburundi buzokwogorora. Nta kwama hahandi, ikitavuzwe co ni ukugendera kw’iterabwoba ngo “Atari jewe igihugu coja mu kaga”, bakagomba kuduhatira ku ngendo zataye igihe, n’ubwo uburorero bw’intwari muri Afrika no kw’isi yose nka Mandela, Chavezi n'abandi, umengo ntibabubona.

5. Mu vy’ukuri rero, nta butegetsi na bumwe kuri iyi si, bushobora guhangana n’abanyagihugu, igihe abanyagihugu bamaze kumenya ko ari bo babutanga kandi bashobora kubwaka uwo wese aza yigira akagaramaruganda ashaka gusubiza inyuma demokarasi. Ivyo tumaze imisi tubibona mu bihugu vya Sudani, Algeria, Iraki, muri Amerika y’epfo n’ahandi. Uburundi si izinga, n’uwudafise inka arabona aho zirisha.

6. Ni co gituma, ku neza y’Uburundi n’abarundi, nsubiye gukebura abategetsi b’iki gihe, ko bokwikebuka, bagahindura ingendo bakareka gukoresha ubutegetsi nk’ico umusuma yasahuye. Dukeneye rero ko Reta igaragaza ibimenyetso bikurikira:

a. Kugarukana umwuka mwiza mu gihugu. Ivyo tukazobibona igihe Reta izorekura abo bose bapfungiwe ubusa, na canecane abapfunzwe hafatiwe ku vyiyumviro vyabo vya poritike; bahagarike gutoteza abo bose batavuga rumwe n’ubutegetsi, amarementanya atagira mvura n’ifatiro, imbonerakure zigira surivu zigahashwa bimwe biboneka.

b. Uko biri kwose, ibiganiro n’ugushira mu ngiro ivyabivuyemwo biguma ari vyo vyotuma abarundi basubira kubana neza umutima uri hamwe, maze igihe c’amatora atari inkinamico kikazogera umutima uri mu nda, hari umwidegemvyo mu gihugu cose.

7. Ku vyerekeye umugambwe CNDD, dusavye dushimitse ko:

-Umugambwe CNDD ufadikanije n’iyindi migambwe wokora ijoro n’umutaga kugira ivyo vyose bishoboke. Birakenewe rero ko umugambwe wobandanya igikorwa co gukomeza no kuremesha inzego zawo mu gihugu cose. -Abagize inzego z’umugambwe bose eka n’abanywanyi, ni ngombwa bashinge bongere bijukire amashirahamwe y’iterambere na canecane amakoperative kugira bivane mu bukene, basangire amakuru biciye mu kinyamakuru cabo IKETE RYA CNDD, bijukire inyigisho za poritike kugira bashobore gutegura imitego yose yotuma demokarasi izingama, bamenye gutandukanya icatsi n’ururo.
-Abagumyabanga ba CNDD biyungunganye begeranye intererano y’umugambwe kugira bashobore gushira mu ngiro iyo migambi yose tugumane n’igihagararo ciza mu gihugu. Kandi n’aho tuzi hari ubukene buzura inzara, muri rusangi umunywanyi wese ahebeye umugambwe ku kwezi ku kwezi n’imiburiburi icupa rimwe ry’urwarwa canke iry’ikiyeri canke irya Amstel bivanye n’ico umuntu asanzwe yihereza, ngo isorosoro rigwirira iyo rirora, turavye uko tungana, ikigega c’umugambwe cokwama gishobora kurangura ibikorwa vy’inkoramutima nk’inyigishocanke ibinyamakuru vy’umugambwe, ibikoresho vy’umugambwe, kuriha ingoro dukoreramwo n’ibindi.
-Dusavye kandi ko urwaruka, nk’uko bimeze mu makungu, rwoba imboneza muri urwo rugamba rwo kugarukira demokarasi igeramiwe. Uyu mwaka mushasha ni ngombwa urangire urwaruka rubona neza kazoza keza karwo. Twiyemeje kurufata mu mugongo mu kururonsa ivyo vyose bikenewe kugira ruhagurukire rimwe maze Abarundi bahabuze intwaro ya demokarasi. Ikigwanisho ca mbere gihambaye gusumvya ibindi vyose ni inyigisho. Ni ngombwa ko mu vyo dukora vyose, duha umuco urwaruka kugira rubone neza iyo dushaka kuja. Naho si ahandi ni kwubaka Uburundi buzira akarenganyo, buzira ibiturire, burangwa n’agateka n’ubuntu. Uburundi abana biga neza bakamenya, bagafungura neza bagahaga, Uburundi butotahaye, Uburundi buzirana n’intwaro z’igikeneye. Ni ugusubiza Uburundi intahe yo kwikukira koko. Nta kigwanisho na kimwe gishobora gutsinda ivyiyumviro bishigikiwe n’abanyagihugu.
Ndangije nsubira kubipfuriza umwaka muhire wa 2020. Uze urangire Uburundi bwagarutse mu nzira y’amahoro na demokarasi
Ni hahangame Uburundi, Ni hahangame umugambwe CNDD – Tugire Amahoro – Iteka n’Iterambere!

Bigiriwe I Bujumbura igenekereo rya 31 Kigarama,2019

Umukuru w’Umugambwe CNDD

Umushingamateka Leonarudo Nyangoma

Les dernières actus


Déclarations
Bagumyabanga ba CNDDBagumyabuntu ba FFDNamwe Ntebutsi za JPDBarundi,Barundikazi,Bagenzi mwese, ncuti za CNDD, 1. Munkundire ntangure kubaramutsa ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
DYNAMIQUE UNITAIRE PANAFRICAINEcontact@dup-international.org communiqué de presse Depuis le renversement du pouvoir de Mohamed BAZOUM au Niger par ...
En savoir plus
Actualités internationales
En tant que mouvement transnational regroupant des organisations africaines et afro-descendantes de la Diaspora et de l’ensemble du continent, ...
En savoir plus
Actualités internationales
  Après le coup d’État au Niger, la France se retrouve dans une impasse. En tant que mouvement transnational regroupant des organisations ...
En savoir plus
Prev Next