mercredi, 10 octobre 2018 08:50 Écrit par  Leonardo Nyangoma

IJAMBO UMUKURU WA CNDD, LEONARUDO NYANGOMA, ASHIKIRIJE KW’IGENEKEREZO RYA 24 NYAKANGA 2018, Isabukuru ya 24 CNDD ishinzwe

    Bagumyabanga,

    Barundi, Barundikazi mwese,

    Ndabaramukije amahoro, iteka n’iterambere!

    Ijambo rya mbere na mbere nagomba kubashikiriza indamutso y’urukundo, ndabamenyesha kandi ko ndi muzima nkomeye. Vyongeye, kw’ishaka n’umutima wanje wose, ndacari wawundi, niyemeje ubuzima bwanje bwose kuzoguma ndi Nyangoma azira akagaye n’akarenganyo, iyo biturutse hose.
    Nagomba kandi ndabasabe, muri ibi bihe igihugu gisa n’icasubiye ku ntwaro y’umugambwe umwe, ko mwogumana wa mutima rugabo benshi mwamanye kuva CNDD ikivuka kw’igenekerezo rya 24 Nyakanga 1994 gushika n’ubu; kandi mubandanye mugwanira demokarasi n’agateka ka muntu, kugira ntibigende akagirire.

    1. Bagumyabanga, Barundi, Barundikazi dusangiye ugupfa n’ugukira, uyu musi, imyaka 24 irarangiye CNDD ivutse. Ni ukuvuga ko umwana yavutse ico gihe atahuye n'ingorane, arahejeje ishure kaminuza. Ntihabuze n'abavutse ico gihe bamaze kwubaka izabo. Iyi sabukuru rero ije mu bihe bigoye, igihugu cacu cugarijwe n’amagume, na canecane y’ubukene butagira uko bwovugwa, ubona n’uko amakungu igihugu cacu yagihariye ivomo. Kanatsinda, ubusuma n’ubunyonyezi, ubuhumbu, ububegito n'ibindi bibi vyose na canecane uguhonyanga agateka ka zina n’amabwiriza vyasasiwe indava n'ubutegetsi.

    2. Uyu musi rero si umusi usanzwe, kuko imyaka 24 si mike, ni ikiringo umuntu canke igihugu gishobora kuba caranguye ibikorwa bitari bike. Nico gituma mwompa akanya tugasubira tukibukanya ihangiro nyamukuru ryatumye dushinga CNDD, kuko benshi, na canecane mu rwaruka, ivyo bavyumva nk'umugani, nka kahise. Barakunda kubaza bakuru babo ico twagwanira? Bati umwansi wacu yari nde? Twashitse kuki? Haracariho inzitizi z'ico twaharanira? Hokorwa iki kugira ziranduranwe n'imizi muri ibi bihe? Imigambi dufitiye abarundi ni iyihe kugira igihugu gisubire koko ku ngendo ya Demokarasi?

    3. Bagumyabanga, Barundi, Barundikazi; Nk'uko benshi muri mwebwe babizi, hari nk’aya mango kw’igenekerezo rya 24 z’ukwezi kwa Nyakanga mu mwaka wa 1994, hafi inyuma y’umwaka umwe Ndadaye Melikiyoro agandaguwe, igihe Abarundi bahurikiye mu migambwe myinshi, abandi ku giti cabo, bakorana, bakiyungunganya bagashinga umuhari CNDD ari wo: Inama y’Igihugu Igwanira Demokarasi, hamwe n’ishami ryawo rya gisirikare FDD-Intagoheka. Abo bose bari bashegeshwe n’intwaro z’igikenye n’agahotoro zari zihejeje kunigira mu menshi demokarasi, mu kugandagura Umukuru w’Igihugu Melikiyoro Ndadaye, ku wa 21 Gitugutu 1993, umurundi wa mbere kuva Uburundi bubayeho yari yitorewe n’abanyagihugu kugira arongore igihugu. Umuhari CNDD n'ishami ryawo rya gisirikare FDD, kuva bikivuka rero, waciye wiyemeza kuremesha urugamba rwo guhabuza demokarasi yari ihejeje kunigirwa mu menshi. Abawugize baritanga batiziganya, n’Abarundi isinzi barawuhurumbira, mbere imikangara y’imisore n’inkumi bemera n’ukwitanga kugeza no ku buzima bwabo. Nkako, ico gihe nta kindi cari gisigaye, atari ugushira mu migere, kubera yuko abo twahangana aho kwisunga amategeko bakoresha inguvu n'inkoho; mbere tukaba twisunga intangamarara y’Itangazo mpuzamakungu ryerekeye agateka ka muntu, aho bavuga bati: “Kubera ko ari ngombwa ko agateka ka muntu gakingirwa n’intwaro igendera intahe n’ingingo kugira ngo abanyagihugu ntibarinde gushika aho bagumuka kugira bikureko intwaro y’umukazo n’agacinyizo”. Muribuka yuko n’umuhisi prezida Mandela, intibagirwa mu makungu, tugerageje gusigura mu rurimi rwacu yavuze ati: “Igihe cose, Uwucinyiza ni we yereka uwucinyizwa uburyo yokwigwanira… Ati, Uwucinyiza akoresha igikenye, nta bundi buhinga ku wucinyizwa atari ugukoresha igikenye na we”. Abazi igifaransa yavuze ati “C’est toujours l’oppresseur et non l’opprimé qui détermine la forme de la lutte…Si l’oppresseur utilise la violence, l’opprimé n’a d’autres choix que de répondre par la violence”. Vyinshi muzobisanga mu bitabu n'inzandiko abahinga bari mu bashinze umuhari CNDD bariko barasohora, kugira ukuri kumenyekane. Murabisanga kandi mu masanamu yatangajwe mu kinyamakuru c'umugambwe CNDD gicishwa mu buhinga ngurukanabumenyi: “www.cndd-burundi.com”.

    4. Ivyo vyose rero, babigira kugira Abarundi basubizwe intahe n’ijambo, Uburundi buvavanure n’intwaro z’ivyaduka n’agahotoro kavanze ububegito; ata kindi kiziraza ishinga atari kunyonora no gukandamiza abanyagihugu. Murazi ko twahavuye tubangondoza gushika aho abahora bagwana bemera bakicarana, bakaja mu biganiro gushika aho batera ibikumu ku masezerano y’amahoro hariya i Arusha muri Tanzaniya. Naho hakiri ingorane muri ibi bihe ziterwa n’ubutegetsi bw’iki gihe butitwararitse ineza y’abanyagihugu, twokwemeza ata guhigimanga ko CNDD yagwanye kandi igatahukana intsinzi ihambaye kuko: Abarundi baragize intambwe nini mu nzira ya demokarasi no gusubira kubana neza, badakebana bapfa ubwoko canke intara bavukamwo n’ibindi bitaja ntibize bidusubiza inyuma nk’ibirenge. Si agaseseshwa rumuri, uku guserura ivyiyumviro ata kurya umunwa, ata bwoba, ukwo kudakingira ikibaba abasahura itunga ry’igihugu canke kutemera gutwarwa bunyamaswa, ntimwibaze ngo vyarizanye. Haba namba. Ivyo, Abarundi benshi barabihabiye batako baravyigura n’ubu bakiriko. Ivyo ni vyo twaharaniye kuva dutangura urugamba rwa demokarasi turongowe na Nyakwigendera Perezida Melikiyoro NDADAYE mu myaka ya 1986, no kuva bamugandaguye, ari na ho twibuka imyaka 24 umuhari CNND ushinzwe. Vyongeye, ba sesankuyoze bafadikanije n’abanyamahanga baragerageje kudutesha urwo rugamba bibata ku w’amazi. Mbere bamwe muri bo ni bo bari ku butegetsi none vyagaragaye ko ico baharanira canecane yari amaronko n’ivyubahiro gusa. N’ubu rero ijambo n’umugambi vya CNDD ni vya bindi: mwame maso, murabona ko hari abo bitanejereje kubona amaradiyo n’ibinyamakuru bitakivuga amarongerano ya Reta gusa, kuko ivyo vyarasizwe, uwihenda ni uwibaza ngo bizosubira inyuma. Ni bateshwe bate kuko “Ivyari imagera vyarageruye”.

    5. Bagumyabanga ba CNDD, Banyagihugu mwese; Abarundi barakunda kuvuga bati Imisi irasa ntingana. Turamutse duhimbaza iyi Sabukuru mu bihe bigoye vy’igihugu. Muri iki gihe igihugu kirongowe n’inzego z’inyomekerano na canecane kuva 2015, zishize ku butegetsi zibanje guhonyanga Ibwirizwa shingiro, kandi ari wo mutima w’igihugu. Reta ya CNDD-FDD nk’uko muvyibonera yaratugarukanye mu ntwaro z’umukazo zishimikije umugambwe umwe, zimwe twasezerera kuva mu 1993. Ivyo rero ntibikiri agaseseshwarumuri, vyarigaragaje kuva uyo mugambwe ugiye ku butegetsi mu 2005, urisubiriza mu 2010, tutavuze mu 2015. Murazi ko ata munsi wijana inkumbi itaguye. Abantu benshi baricwa bagahera mazimayongo. Kuva ico gihe abaharurwa mu majana atanu baranyagwa ubuzima bwabo uko umwaka utashe, bakicwa bunyamaswa bamwe bagatabwa mu nzuzi canke mu biyaga, abandi na bo bagatabwa mu mvuto, abandi isinzi baranyuruzwa, abarenga 400 000 barata izabo barahungira mu bihugu bibanyi n’ivyakure. Mwibaze namwe kwumva ababikira b'Abataliyano batatu, bangana na ba nyokuru, bagandagurwa nk'ibikoko ataco bazira, abantu bariko barafasha abakene mu Burundi mu kubavura ku buntu. Abakora ubwo bubisha eka n’abafatanywe itonga baridegemvya, hakaba abari mu nzego z’igihugu, canecane mu rwego rw’iperereza, abandi ni imisoresore bahenze bakayishira mu migwi bita Imbonerakure zisigaye mbere zitagera umutwe abaporisi n’abasoda. Abo rero bakwiragiye mu gihugu cose. Nimba atari bo, ni batwereke abakora ayo mashano maze bahanwe ivy’akarorero. Tuboneyeho akaryo ko guhoza imiryango yose yabuze ababo muri iyo myaka 13 irangiye umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi. Tugatera ivyatsi twivuye inyuma ubwo bwicanyi butagira izina. Igihugu cacu c’Uburundi ubu kikaba gisigaye ari ikibazo giteye umutima uhagaze amakungu. Bikaba bibabaje cane kubona Igihugu cacu cabaye itukisha mu makungu, kugeza aho aduharira ivomo, witwa ko arongoye igihugu ntarenge irembo, ari na ho ubukene buguma bwiyongera ku munsi ku munsi, abantu bakabura ayo bacira n’ayo bamira.

    6. Bagumyabanga, Barundi, Barundikazi; ntawovuga amahano n’amabi Reta ya CNDD-FDD n’imigambwe bacuditse iriko irakorera abanyagihugu ngo ayamare. Ico mwomenya ni uko iyo migambwe yagize ubusuma ubuhizi, ingeso yo gutwaza umukazo bakoresheje inzego z’umutekano n’imirwi bahaye inkoho itahindutse. Iyo ntwaro irazirana n’uwo wese yubahutse kudoma urutoke ku bitagenda neza, uwo wese ayihinyuje canke ayikebuye aca acika umwansi wo gucisha ku buhombo. Iyo ntwaro yarishize hejuru y’amategeko, nta tegeko na rimwe yibanga, ikitavuzwe co ni guhamba Amasezerano y’amahoro ya Arusha yavuye kure cane, n’Ibwirizwa Shingiro riyakomokako. Tuvyihweje neza rero, igihugu gifatiwe amaboko imugongo n’akarwi kishira hejuru y’amategeko, karazwa ishinga n’ubunyonyezi n’amaronko, tutibagiye ivyubahiroimwe birengeje. Noneho ubu vyabaye urudubi. Uretse amatagisi n’amakori y’umurengera n’intererano zo ku nguvu, kandi agashahara ku wagize Imana akaronka akazi kama hahandi, ubu umutegetsi wese aho agiye kwiyamamaza, ubona ko bama mu myiyamamazo, abanyagihugu baho bakubitirwa kugaba izo badafise. Hanyuma ngo “ba Zana amagi zana amasoro” baragiye! Inzego zose z’inyomekerano, yaba Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka canke Urwego rw’ubucamanza, dusanga izo nzego aho kuvugira abanyagihugu n’ugucungera Reta, ahubwo zikingira ikibaba bwa bubisha bukorerwa abanyagihugu. Bisa rero n’uko ata nzego ziriho, kira noneho nta n’uwazitoye. Ni na co gituma dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose muri CNDD, kugira duhabuze demokarasi twahabiye kuva kera kugira igihugu cacu kive mu kaga kirimwo, kandi birashoboka.

    7. Bagumyabanga, Barundi, Barundikazi; twebwe turemera amahoro, turemera demokarasi, ari na co gituma twebwe tubona ko igihugu gishobora kugaruka mu nzira y’amahoro n’umutekano biciye mu biganiro hagati ya Reta, imigagambwe icuditse na Reta n’imigambwe itavuga rumwe na Reta. Birakenewe, kandi birihuta, ko Reta n’imigambwe itavuga rumwe nayo, vyokwicarana maze bagatorera umuti ibibazo nkoramutima biraje ishinga abarundi n’Uburundi imbere yuko uyumwaka wa 2018 urangira; twinjire mu mwaka mushasha wa 2019, abarundi bafise amahoro mu mutima no mu ngo zabo. Ivyo vy’amatora bivugwa ntibishoboka igihe induru ziriko ziravuga, nta matora ashoboka igihe umunyagihugu adashobora guserura iryo agona, canke ngo yidegemvye mu gihugu ciwe, nta matora ashoboka igihe abanyagihugu benshi bagipfungiwe ivyiyumviro vyabo, abandi bataye bakomoka bagahunga, nta matora ashoboka igihe mu gihugu cose hanyagara inkoho zatanzwe na Reta. Amatora nk’ayo yama azana indyane nk’uko tumaze kubibona ngaha mu Burundi kuva mu 1961, canke mu bihugu nka vyose muri Afrika.

    8. Kugira rero ivyo biganiro n'amatora bize bigende neza, ni uko bitangura imitima y’abanyagihugu iri hamwe, hakagaruka icuka ciza mu gihugu, Abarundi bagasubira kwizerana. Ivyo rero tuzobibona mu gihe: Nkurunziza avuye mu gacerere arimwo agatangaza icese ko ubwicanyi buhagarikwa mu gihugu, maze akiyemeza kugarukana icuka ciza mu gihugu. Bitegerezwa kugaragazwa n’uko abapfungiwe ivyiyumviro vyabo barekuwe, imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ishobora gukora ku mugaragaro, ubutegesti buhagaritse itotezwa ry'abatavuga rumwe na bwo, ubutegetsi bwafuse imanza za ngondagonde zikurikirana abarongoye imigambwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hafuswe imirwi yose y'abagwanyi yashinzwe n'umugambwe uri ku butegetsi duhereye ku Mbonerakure, Reta ivavanuye na poritike yo gucacagura imigambwe mu gushinga amashami mu migambwe, ari vyo vya "Nyakuri", amaradiyo yaturiwe asubiye kugururwa.
    9. Ivyo biganiro na vyo bizoshimikira ku bibazo nkoramutima nko gusubiramwo amategeko amwamwe mu ntumbero yo gutsimbataza demokarasi mu Burundi, ibibazo vy’umutekano n’intwaro, vy'ubutungane, ubutunzi, umutekano n'intwaro, na canecane gushiraho inzego zitegura zigatunganya amatora yizigiwe n'abarundi bose kubera bazibonamwo.

    10. Bagumyabanga, Barundi, Barundikazi; Birababaje kubona twibuka iyi sabukuru y’imyaka 24 umuhari CNDD ushingwa, turi mu bihe umunyagihugu rara atubitse uwa vubi, atinya guserura iryo agona ngo ntarizire, mu kabare umuntu akabanza guhweyutsa abo baro kumwe, umwizero mu bajejwe umutekano no mu bucamanza ukagabanuka ku musi ku musi, akazi canke ikindi cose umunyagihugu afitiye uburenganzira, ngo utari mu mugambwe uri ku butegetsi ntihagire ico ubaza, n’uwuri muri mugambwe mbere akabanza kugurisha agatongo! Bose barararira bati none twavuye he tuja he?

    11. Ntawari akeneye gusubira mu bihe nk’ivyo twarimwo, igihe twatanguza urugamba rwo guhabuza demokarasi. Ubuho rero, uwo muhari watevye uba umugambwe wemewe n’amategeko kuva kw’igenekerezo rya 13 Nzero 2005. Nico gituma tubateye akamo mwese aho muri kugira mugume kw’ibanga, mumere magabo mukomeze umugambwe CNND. Turasubiriye kubararika, noneho ni umurimo mwitumo, mwanke mwankirize intwaro, yubakiye ku busuma n’igikenye, tutavuze ukutibanga agateka ka zina muntu, kugeza aho hari abasigaye bavuga ngo jewe nokwica nkaguherana. Iyo ntwaro ntaho itaniye n’izahahora twari twasezereye, ntibaze babahume amaso, bababwira ivyiyumviro vyataye igihe vy’amacakubiri, ayo ari yo yose, yaba ayo agatumba basigaye bitwaza cane ubu, kandi twari twarabisezereye, ay’ubwoko n’imigambwe. Ayo mamiriyaridi basahuye ntibayasahuriye ubwoko kanaka, canke intara kanaka, abarundi bose bo mu ntara zose, baguye ruswi, bugarijwe n’ubukene n’umutekano muke, uhera ku mutekano wo mu nda.

    12. Mwamize ku mutima ko igihugu ari icanyu, Uburundi si ibiti, inzuzi canke amabuye gusa. Uburundi ni wewe wa munyeshure, ni wewe wa murimyi, wewe mworozi canke umunyakazi. Mumenye ko, ata munyamahanga azoza kutwigura. Uruhara rwo guharanira igihugu cacu, ni twebwe vyega imbere ya vyose, kandi ngo “Uwubandwa ni we abanda urugi”.

    13. Umugambwe CNDD urasubiye kwemanga indangu umurango ko utazotezura ku rugamba rwo guharanira demokarasi. Ni ngombwa dusohore amasiha mu kigega ca Reta, ni ngombwa ubutegetsi bw’igikenye ntibusubire kwiganza mu Burundi. Turasavye rero mwese abagumyabanga mube imboneza muri urwo rugamba. Turasavye Abarundi bose, abanyamahanga bakunda Uburundi, bahagurukire rimwe, maze twanke ko Uburundi buguma butemba, buja mu manga tubona, abategetsi baguma bahuma amaso abanyagihugu ngo ejo ni heza.

    14. Naho turi mu bihe bigoye, uwuramutse amahoro arakeneye kubaho, gufungura, kwikiza inyota tutibagiye ukwiteza imbere n’uguteza imbere igihugu. Ni na co gituma nsubiye kubararika nkuko nama nabibabwiye ko mwokwijukira ibikorwa vyo kwiteza imbere aho muba, ntimurindire iyo Reta y’inyomekerano ngo hari ico izobamarira atari ukubambura n’utwo mwirondereye. Ndasavye nshimitse mwese mwijukire umugambi wo kuja mu mashirahamwe na canecane umugambi w’amakoperative.

    15. Bagumyabanga namwe Barundi mwese mukunda ivyiyuumviro dukunda gushikiriza, mu kurangiza nagomba nshimire abagumyabanga bose kuko muri ibi bihe mwaragumije ibanga, mwaririnze icoza kibavangura, turazi ko babagerageje kugira mute umurongo ariko mukabankira, murariryamako na kare, ngo “Uheza kugoka ibigori bikera”. Bitebe bitebuke, tuzokwogorora kuko ngo “Nta mvura idahita”.

    16. Mboneyeho ndetse n’akaryo, ko kubasaba ngo mukomeze, ubumwe hagati yanyu, mushwabura n’abandi banywanyi benshi, bicuza kubona barakurikiye uwo mugambwe uri ku butegetsi, bakaba bamaze kwicuza babonye iyo uriko urajana igihugu. Abo na bo ni benshi bashaka kugaruka, tutavuze abandi bo hirya no hino, bagomba kudufasha gukomeza CNDD, kugira tuwubake nk’uko twabigize kuva ku wa 24 Nyakanga 1994. Tubasavye rero ko mwokwama mushira imbere imigambi y’iterambere muri demokarasi abarundi basubire kwiruhutsa, intsinzi ya demokarasi twari tumaze gushikako ntisubire inyuma nk’ibirenge turorera.

    Niharambe umugambwe CNDD, abagumyabanga, Abarundi n’Abarundikazi.
    Niharambe Uburundi buharanira agateka n’izina mu makungu,
    Nti Ni mugire Amahoro, Iteka n’Iterambere, n’ukwibuka iyo sabukuru mushira imbere gutera imbere nk’umuzinga mu nzira ya Demokarasi twaharaniye kuva kera!
    Ku bw’Umugambwe CNDD,
    Umushingamateka Leonarudo NYANGOMA,

    Les dernières actus

    
    Déclarations
    LES FAITS. 1. En date du 11 Octobre 2018, le Ministre de la Santé publique et de la lutte contre le SIDA, Thaddée NDIKUMANA accompagné des agents ...
    En savoir plus
    Déclarations
    Bagumyabanga, Barundi, Barundikazi mwese, Ndabaramukije amahoro, iteka n’iterambere! Ijambo rya mbere na mbere nagomba kubashikiriza ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Avant l’adoption de la charte de l’OUA le 24 mai 1963, Nkwame N'krumah dira « nous devons nous unir maintenant ou périr ». Message de ...
    En savoir plus
    Déclarations
    I. INTRODUCTION La Médiation/Facilitation dans la crise burundaise vient d’inviter le CNARED-GIRITEKA, pour des consultations, après sa ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Par l’Alliance des Forces Progressistes pour l’Afrique (AFPA) Juillet 2018 L'évolution démographique du continent africain est-elle ...
    En savoir plus
    Prev Next