dimanche, 23 avril 2017 14:57 Écrit par  Leonardo Nyangoma

IJAMBO NYANGOMA, UMUKURU WA CNDD, ASHIKIRIJE ABARONGOYE ABANDI MU MURI CNDD, ku wa 22-4- 2017.

    Bagumyabanga mugize Komite nkuru y’umugambwe,
    Bagumyabanga murongoye intara
    Bagumyabanga murongoye umuhari w’abagumyabuntu FFD
    Bagumyabanga murongoye umuhari w’urwaruka JPD-INTEBUTSI
    Bagumyabanga muserukira CNDD mu bindi bihugu

    Ndabaramukije amahoro iteka n’iterambere n’umutima wuzuye urukundo n’inkumbu nyishi cane.
    Imbere y’ukugira ikindi ndabashikiriza, ntanguye kubashimira kuba mutataye umurongo muri ibi bihe bigoye cane, igihugu kiri mu ngorane ntangere, tutakironka uko tuzivuga. Umwaka uheze n'uyu twatanguye w'2017, twarabuze abagumyabanga b'imboneza barongoye abandi ku rwego rw'intara, muri abo twovuga Melchior w'i Muyinga, Ndayisaba Daniel wo mu Rutana na Nizigama Jean wo mu gisagara ca Bujumbura, bari abashingantahe, abagumyabanga b'indyamunyu, b'intamuheba tutazokwigera twibagira canke nko tudehe. Ndabasavye mwese ko mwohaguruka umunuta umwe tukabunamira mu gacerere. Murakoze. Inyuma y’ako kajambo k'indamutso no kwibuka abacu twabuze tutanka, reka duce ku mayange amakuru y’irya n’ino na canecane ayajanye n’ubuzima bw’igihugu cacu n’ingene twonagura tugatsimbataza umugambwe wacu CNDD.

    1. Nk’uko mubizi mukama munavyumva ku makuru yo hirya nino na canecane mu binyanyamakuru ngurukanabumenyi nka wotsapu, kubera amaradiyo y'imvugakuri Reta yayasambuye, igihugu cacu kiri mu magume n’ingorane vy’umurengera, sinokwirirwa ndabigarukako, kuko mubibamwo. Ubukene bwarazingamitse igihugu, ubwicanyi aho kugabanuka buguma bwiyongera, nta munsi urangira utihaye ibara, abategetsi barishize hejuru y’amategeko, abarundi barenga ibihumbi 400, barataye izabo barahungira mu bihugu vyo hanze, canecane ibi duhana imbibe, ayo mabi n'amahano ariko arakorerwa abarundi, ntawoyadondagura ngo ayamare.
    Ikibabaje kandi ni uko abo bategetsi bishize ku butegetsi ku nguvu, ubu baratoye ayandi mayeri yo kumara abantu mu gacerere, bakoresheje umugambi wo gusokora kamwekamwe, hanyuma bagaca babakora mu nkovu, bihaya, ngo umutekano ukwiye mu gihugu cose, canke ngo igihugu kirateye imbere, ngo amahoro atemba nk'amazi. Mbe nimba umutekano uriho, ni kuki Nkurunziza iyo afashe urugendo bugara amabarabara yose acamwo, agaherekezwa n'isinzi ry'abasoda ? Ahandi naho bakihaya ngo twarikukiye, dukora ivyo dushaka. Ntawovuga ko yikukiye mu vy’ukuri igihe adashobora no gufungura na rimwe ku munsi. Wikukiye gute igihe imfungurwa nka zose zisigaye ziva hanze ? Wikukiye gute, igihe udashobora kurera abana b'igihugu, mu gufata ingingo zo gufuta agafashanyo kagenewe urwaruka rwiga muri kaminuza ? Tubigereranya no gufuta kazoza k'igihugu cose. Ng’Uwutigaburira ntiyigaba. Wikukiye gute igihe ibice birenga 50% vy’amahera Reta ikoresha ku mwaka biva hanze ? Wikukiye gute igihe mu Burundi tudashobora no guhingura igikwashu canke akihaganyuzo ? Ibikoresho nka vyose vya nkenerwa nk’ impuzu, isima, imodoka, inzembe nka vyose biva hanze. Ukwikukira ntawe guha uburenganzira bwo kwishira hejuru y'amategeko, canke kwica no gutoteza abo mutavuga rumwe, canke mudasangiye ubwoko n'agatumba. Ukwikukira ntawe guha uburenganzira bwo kunyonyeza ubutunzi bw'igihugu.
    Ntiturikukira rero mu gihe umunyagihugu agitotezwa kugeza n’aho agandagurwa ahorwa ivyiyumviro vyiwe, ntiturikukira mu gihe abarundi isinzi bagorewe mu buhungiro, abarundi benshi bataye izabo bagahunga ubutegetsi kumwe bahunga ikimoko c’ababirigi. Ntiturikira mu gihe urwaruka rwacu nka rwose rutagira akazi rwugarijwe n’ubushomeri, abarangiza amashure baca bataha bakaguma i muhira bugatondera kubera ata kazi bafise. Nk’uko Umuganwa Rwagasore yiguze intahe y’ukwikukira yabivuze ati « Tuzokwemera ko twikukiye vy’ukuri, mu gihe hazoba hari ubutegetsi nyabwo …». Muca mwibonera ko impinga ikiri ndende kugira abarundi bashikire ukwikukira nyakuri koko. Ariko vyose bituvako, « Vyose ni ishaka », tuvuze nk’incungu ya demokarasi, nyakwigendera Perezida Ndadaye Melikiyoro!

    2. Bagumyabanga dusangiye ugupfa n’ugukira, naho ibintu bimeze uko, turabona, turumviriza abarundi, ntibarashika ku rugero rwo kwihebura. Murumva ko hirya no hino bacinanata, bakadoma urutoke ku bitagenda neza mu kwiyamiriza intwaro y’umukazo. Mwariyumviye ijambo ry'agakura Patiri Hermenegilde Coyitungiye aheruka gushikiriza abakristu kuri Pasika. Ikindi kidushimisha, ni uko abanyagihugu benshi bimye amatwi abo bose bashaka kutuvangura bakoresheje amacakubiri y'amoko canke y'intara. Birumvikana, kuko ukuri kurazirwa, ariko kugakiza benshi, amaherezo kuruhira gutsinda, na kare kwamye guca mu ziko kugafyuka kudora. Umugambwe wacu nawo nyene urafise ingorane zifatiye ku bukene, ku mwuka uri mu gihugu urangwa n’umutekano muke n’iterabwoba. Mu gihugu nka hose, imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi ntishobora gukora uko vyategerezwa, kubera abategetsi bayiburagiza mu gushuhurira urwaruka rwawo bita imbonerakure kuri benewebo bari mu yindi migambwe. Ariko naho ibintu vyifashe uko nsubiye gushimira cane abagumyabanga ba CNDD, na canecane mwebwe mubarongoye kuko ni bake cane muri bo bataye umurongo. Mwagumye mu muco aho kwiroha mu mwijima kubera amaronko canke ubwoba.
    Naravuganye muri iyi minsi n'abatari bake muri mwebwe canecane abarongoye intara, abagumyabanga bacu baripfuza kandi barasaba ko indongozi za CNDD zohaguruka maze zigatunganya ibikorwa vy’umugambwe, inzego zigasubira gukora, amanama agatunganywa, inzego zo hasi zikanagurwa, mu bwitonzi bwinshi.
    Twaraganiriye n’abatari bake muri mwebwe, twese twaribajije ibikorwa muri ibi bihe twoshimikirako. Twasanze twoshimikira ku bikorwa bitatu kugira tunagure umugambwe : tuzoshimikira ku bikorwa bijanye n’inyigisho za poritike mu mugambwe, tutibagiye kwigisha ivyiyumviro vyo kumenyekanisha umugambwe wacu ; ikindi igikorwa gihambaye tuzoshimikirako cerekeye kugwiza ubutunzi bw'umugambwe, no kwijukira ibikorwa vy'iterambere riciye mu nzira yo gushinga no gutunganya amakoperative ; igikorwa ca gatatu tutosiga inyuma, ni ikijanye no guhanahana amakuru hagati yacu, dukoresheje ubuhinga bwa none, tudasize inyuma igikorwa co kumenyekanisha amakuru tubicishije mu binyamakuru vyacu canke bindi. Ico gikorwa kikazokwunganirwa n'igikorwa cerekeye imigenderanire n'amakungu na canecane imigambwe ducuditse kandi dusangiye ivyiyumviro. Abajejwe imibano n’imico kama, umutekano, eka nta gisata na kimwe cohara tutibagiye abajejwe igikorwa gihambaye cerekeye uguhanahana n’ukumenyesha amakuru.

    3.1. Ni kuki tuzoshimikira ku nyigisho ?
    Umunyaporitike adafise inyigisho zikwiye za poritike na canecane abarongoye abandi, ntabona iy’aja, aba ari mu mwijima kandi ntashobora kuronka n’ico abwira abanywanyi basanzwe. Ni ngombwa ko abagumyabanga na canecane mwebwe murongoye abandi mumenya ivyo igihugu, mumenya ibiba mu makungu kuko kenshi na kenshi birafise ingaruka mbi canke nziza ku gihugu cacu. Utororero ntituri kure nimwirabire namwe indyane zabaye mu Rwanda ingene zagize ingaruka mbi ku gihugu cacu, ingwano zibera mu gihugu ca Kongo zizotuma akarere kacu, eka na Afrika nzima bitagira amahoro arama. Kugira dushobore gutegura imitego yose abakeba badutega dutegerezwa kumenya kuyitegura. Inyigisho rero zirakenewe ku bagumyabanga bose iyo bava bakagera, ku rugero rwose na canecane duhereye ku rwaruka : abanyeshure bo muri kaminuza, abanyeshure bo mu mashure yisumbuye, abanyeshure bo mu mashure matomato, abanyagihugu batize tutibagiye n’abarangije amashure. Inyigisho rero zirahambaye kugira ejo canke hirya yejo tuzobe dufise abanywanyi babona kure, bakunda igihugu n’abanyagihugu, badahahamira amaronko azanwa n’ubutegetsi, bashobora kwerekana ubudasa. Bagenzi, tutabigize, tuzokwama hahandi, umuntu atowe ngo arongore abandi, muri ibi bihe, aba azi ko bamuhaye igihugu canke intara yo kurya, murazi ko aba DD bivugira ngo « kuguguna igihugu, kurya, bakaguguna n’igufa ». Ntitwibagire yuko ca gihe mu 2006 Reta ihejeje kunyuruza ya ndege Falcon 50 yahora irerura umukuru w’igihugu, Karenga Ramadhani akiri umushikiranganji, yivugiye ati : « Mumenye ko twatowe, na gusa twari kuyitanga».
    Uyo mugambi ujanye n’inyigisho mumenye ko uhambaye cane, ni ngombwa tuwutangure, kuko tutabikoze ntawundi azobikora mu kibanza cacu, ataraho tuzozimangana. Noneho amategeko y’umugambwe arabitomora neza.
    Muri ico gikorwa cerekeye inyigisho haramaze kurangurwa ibitari bike : Integuro ya programe y’inyigisho murazi ko yarangiye. Tuzohera ku nyishu z’ibibazo vyerekeye ubuzima bw’igihugu n'umugambwe. Poritike twumva ivugwa kuva kera ni iki ? Izi ngorane zugarije Uburundi ziterwa n'iki ? Umuti wazo ni uyuhe ? Demokarasi ni iki ? Amategeko agenga CNDD ? Umugambwe ni iki ? CNDD ni iki ? Ni igiki kidutandukanya n’iyindi migambwe ? Intwaro tuzi zirangwa na demokarasi ni izihe ? Twokora iki kugira ivyiyumviro vy’umugambwe wacu bishikire abanyagihugu bongere babihurumbire ? Ni igiki gituma demokarasi idashinga imizi iwacu no mu bindi bihugu vyinshi ? Inyigisho zijanye no gutunganya no kuringaniza ibikorwa vy’umugambwe. Koperative ni iki? Bashinga gute ishirahamwe rya koperative? Kumenya amategeko agenga igihugu nk’Ibwirizwa shingiro, irigenga amatora, irigenga amakomine, irigenga amatongo…. Ivyohinduka canke vyokongerwako muri ayo mategeko ni ibihe kugira demokarasi ishinge imizi mu gihugu?
    Ico gikorwa c'inyigisho kizojana n'igikorwa co gushinga no kunagura inzego z'umugambwe, mu gihugu cose.

    3.2. Umugambi ugira kabiri, kandi tuja twaratanguye ni umugambi ujanye n’iterambere biciye mu nzira y’amakoperative. Mboneyeho mbere akaryo ko gushimira bamwebamwe muri mwebwe, bitavye akamo twabateye bagashinga amakoperative atari make mu gihugu, muri abo twoshira imbere umugumyabuntu Makurata yitanga atiziganya kugira ico uyo mugambi ntudindire. Turazi yuko uyo mugambi wahuye n'ingorane zatumye amakoperative menshi ahagarika ibikorwa, ariko ivyo ntibituvune inkokora ngo duhagarike uyo mugambi, turabona ko demokarasi ngaha iwacu yazingamitswe n'ubutegetsi, ariko ntituzokwigera tureka kuyiharanira. Uyu mugambi urahambaye cane, igikorwa co gutunganya amakoperative, kuyayobora novuga ko ari umwimenyerezo uzofasha abagumyabanga bazoterwa iteka bagatorwa kuyobora inzego z’igihugu. Wa mugumyabanga, igihe udashoboye kuyobora ikoperative, ntuzoshobora kurangura neza amabanga y’ubumusitanteri, eka nta n’umutumba ushobora kuyobora. Vyongeye, naho turi mu bihe bigoye vy’ubuzima bw’igihugu, ejo aho bukera Uburundi buzokwogorora, bitebe bitebuke, Reta nsiha izoyonga, hazoboneka Reta yitayeho iterambere ry’abanyagihugu. Iyo Reta bizoyorohera gufata mu mugongo izo koperative, kuko ni yo nzira irashe y’iterembere ku munyagihugu mutomuto, eka mbere n’uwisununuye. Ibihugu vyinshi bitunze vyaciye mu nzira nk’iyo y’amakoperative, kandi n’ubu ni ko bimeze. Amakoperative indwi aramaze kuvuka, twipfuza ko uyu mwaka urangira tumaze gushinga amakoperative 20. Ayo makoperative azokorera mu runani, azoba ari magiriranire: tuvuge nka koperative yo mu Rumonge ishoye amavuta canke indagara mu Mugamba, koperative yo mu Mugamba na yo ikayishorera amata canke ubwishaza, koperative y’i Rwibaga yorora inka zo kubaga, koperative yo mu Kabezi izoba ifise icuniro izogura izo nka izibage igurishe inyama mu makoperative yo mu gisagara canke ahandi, birashoboka muri ico gihe ko hashingwa koperative ihingura ibirato ikoresheje inshato zivuye muri koperative y’icuniro ryo mu Kabezi. Nsavye nshimitse abagumyabanga bacu bari mu mahanga ko bofadikanya na benewabo bari mu gihugu mu gushigikira uyo mugambi.
    Ni vyo, ayo makoperative yose yavutse yaragize ingorane zihagaze ku bintu bikurubikuru bibiri, kandi n’ejo n’ejo bundi, ugatangura umugambi ntuhure n’ingorane, uyo mugambi ntuzoba ari wo:
    -Ingorane ya mbere: Uburyo buke, kugira koperative kanaka ivuke birakenewe ko abajejwe ku rwego rwo hejuru kwigisha uyo mugambi bagendera iyo koperative kugira basigurire abashaka gushinga koperative ingene bigenda, barakenera inahuri n’ibindi. Vyongeye umutahe usabwa kugira winjire muri koperative ni amafaranga 50.000; abanyagihugu barakenye cane, hari benshi bayabura. Imigambi y’iterambere abanywanyi ba koperative bashira imbere isaba imitahe minini.
    -Ingorane ya kabiri: Ubumenyi buke ku bijanye n’umugambi w’amakoperative na canecane kahise kabi kuri uyo mugambi, amareta yagiye arivanga cane mu vy’amakoperative canke amashirahamwe, ni na co catumye koperative zugara.
    Kugira izo ngorane zirangire, nsavye igisata kijejwe iterambere cicare cihweze icatumye ingorane zashikiye amakoperative amaze gushingwa, congere gitorere inyishu ingorane zose zashikiye ayo makoperative. Kugira uburyo buboneke, ni gukomeza umugambi w’ikigega c’iterambere kizohora giha ingurane amakoperative yerekanye umugambi utomoye w’iterambere, abarundi bari mu mahanga bafadikanije n’abari mu gihugu barashobora kubombora iki kigega, tutiriwe turapfukamira abazungu, na kare ngo Ak’imuhana kaza imvura ihise.
    -Ingorane ya gatatu, ni uko bamwe mu barongoye umugambwe badatanga akarorero keza mu kwijukira ayo makoperative, no kuyayobora. Muri bo hari n'abaheraniye amahera menshi urwo runani rw'amakoperative, tukabasaba ko bokwishura ningoga batabanje gushengezwa muri sentare.
    Muri wa mugambi w’inyigisho twavuga, birakenewe ko hategurwa inyigisho zerekeye amakoperative n’amashirahamwe, zikaja mu gatabu gatoya.

    3.3. Umugambi ugira gatatu, ni umugambi werekeye amakuru n'imigenderanire.
    Aha tugomba kuvuga guhanahana amakuru yerekeye umugambwe, ivyo igihugu, hagati y'inzego canecane, ivyo bikadufasha gufata ingingo bikenewe, no kuremeshanya. Tugomba kandi gutangaza mu binyamakuru (Ikete rya CNDD, ikinyamakuru ngurukanabumenyi ca CNDD: site web: www.cndd-burundi.com) vyacu canke ibindi, amakuru igihe bikenewe, amakuru meza canke mabi yerekeye ibiriko biraba mu gihugu. Ico gikorwa gisaba ubukerebutsi mu kwegeranya ayo makuru no kuyatangaza mu binyamakuru. Igisata kijejwe amakuru ni ryo jwi ry’umugambwe, umugambwe utavugwa mu binyamakuru, ku maradiyo uba ugira ushobore kuzimangana. Tugiye kandi gukomeza inani zo guhanahana amakuru biciye muri bwa buhinga bwa none (nka wotsapu), naho tuzi ko hari benshi badashobora gukoresha ubwo buhinga, ariko bizofasha cane ku bagumyabanga bari mu mahanga, eka n’abatari bake bari mu gihugu.
    Umugambi w'imigenderanire n'imigambwe, amashirahamwe, canecane ducuditse haba hagati mu gihugu na canecane hanze, urahambaye. Ngo Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze, kandi ngo Ubwenge burarahurwa. Tugiye kuwijukira, tukomeze ubucuti mu bo dusanganywe twongere tugwize abagenzi mu bihugu vyinshi, vyaba ivyo mu karere canke ivya kure. Dusanzwe dufise ubuserukizi mu bihugu birenga 15. Nkaba mboneyeho n'akaryo ko gushimira amasegisiyo yo hanze yagize akigoro agaterera uburyo bwadufashije gutunganya iyi nama, kugira mushobore kwiyunguruza no guhura.
    Ivyo tutashize muri iri jambo, muraja kubisanga muri uru rwandiko ruje ruherekeje iri jambo.

    4. Bagumyabanga, iyi migambi yose twadondaguye, ntishobora kuja mu ngiro ata buryo bubonetse, uburyo na bwo ntahandi buzova atari muri twebwe nyene. Ng’Umwenge w’inzu umenywa na nyeneyo, kandi ngo Uwubandwa ni we abanda urugi. Turazi ko ubukene bwigize ndanse mu gihugu. Ariko mwomenya ko ku rwego rw'igihugu, eka no ku rw’intara, turakeneye ingoro y’aho dushobora guhurira. Iyo ku rwego rw'igihugu iriho, nkaba nshimiye umunyabigega, umugumyabanga Juvente yama yitaye ku rutare kugira iyo ngoro mwakoraniyemwo uno munsi ntibayugare. Ni na co gituma mwebwe murongoye abandi mwobabera akarorero mukama mwatanze intererano mwemeye ku gihe, kandi mukugurura n'ingoro z'umugambwe ku rwego rw'intara. Uretse abo barongoye abandi rero, umugumyabanga wese nyawe, aterere ico ashoboye kuronka. Ba sokuru barayamaze bati “Isoro rigwirira iyo rija”. Umugambwe ufise abanywanyi benshi uba ufise ubutunzi ntangere. Ivyiyumviro n’imigambi myiza irabura ingene yotera imbere igihe uburyo butabonetse.

    5. Bagumyabanga, muri iki gihe Umukuru w’umugambwe, Icegera ciwe, Umunyamabanga mukuru w’umugambwe batari mu gihugu kubera imvo mutayobewe, ibikorwa vy’umugambwe ntivyodindira ngo mwabuze ababagirisha inama. Umugambwe ni mwebwe, naho tutari hafi turi kumwe mu vyiyumviro, no mu bikorwa bitari bike. Tugiye gushira umurwi uzokwirikirana ibikorwa vy'umugambwe mu bisata vyose.


    Bagumyabanga,
    Mwarumvise ko kuva aho Nkurunziza yihaye manda ya gatatu yo kurongora igihugu ku nguvu, mu mwaka w'2015, abarundi benshi babiteye ivyatsi, barakora imyiyerekano mu mabarabara yo kuvyiyamiriza, Reta ica itangura gukoresha inguvu nyishi ikoresheje n'inkoho. Vyatumye abarundi benshi bomoka bagahunga, harimwo n'indongozi z'imigambwe n'amashirahamwe atavuga rumwe na Reta.
    Benshi baragiye hamwe barashinga urunani bise CNARED, baradutora ngo tururongore, turavyemera, kugira turabe ko vyofasha kugira igihugu kive mu kaga kirimwo. Ntaco tutakoze kugira tumenyekanishe mu makungu ingorane ziterwa n'ubutegetsi mu Burundi, amakungu aho ageza yarakoze ibishoboka mu gufyonda ubutegetsi kugira buhagarike ubwicanyi, gutoteza agateka ka muntu no kugira Reta yemere ize mu biganiro vy'amahoro n’abo batavuga rumwe, bibera hanze. Gushika ubu Reta iguma ikwega amaguru, nta biganiro ishaka, ivuga ngo abayigwanya nta nguvu bafise, ngo nibabanze bazerekane. Ni co gituma mwumva hirya no hino havutse imirwi myishi ivuga ko yitwaje ibigwanisho. Nkurunziza rero akaba arindiriye ko ibanza gukomera kugira yitabe ibiganiro. Ntafyine ku bukera kubera ivyo birashoboka. Ntawari azi ko Kabila yamaze imyaka 30 asa n’uwahevye urugamba rwo kugwanya Reta ya Mobutu yari gusubira kuvyuka. Ibiganiro rero vyaradindiye kubera Reta itabishaka, kandi mu karere na Afrika, amareta ntavuga rumwe ku kibazo c'Uburundi nk’uko twabibonye mu 1998, kuri Reta ya Buyoya, aho mu karere, Afrika nzima, ico gihe bose bavuga rumwe.
    Muri CNARED rero, hari benshi bayinjiyemwo, bazi yuko ibiganiro bizorangira ningoga, maze Reta ya Nkurunziza igaca ivaho bakayisubirira. Baciye batangura kuniganira ibibanza vyo kuyirongora bibaza yuko uwurongoye CNARED, umuhuza azoca amushikiriza igihugu. Gushika n’ubu ni ko bikimeze. Aho gutunganya urugamba, kugira tugondoze Reta yemere ibiganiro, bama bariko baracimbana, mu kwita imbere mu burungozi bwa CNARED, bakibaza ko amakungu ariyo azoza kutabara Uburundi,ntibamenye yuko ata munyamahanga azoza kwigura Uburundi. Ni co gituma CNARED igoyagoya ata ntege isigaranye zo gukirana na Reta y'icaduka ya Nkurunziza. Ivyo ntibidusamaze, burya inani z'imigambwe ihuza ivyiyumviro no kubona kumwe intumbero y'urugamba zizovuka. Izo ngorane kandi ziraterwa no kuba kure na kure, bigatuma abarongoye abandi badashobora guhura kenshi ngo baganire amaso mu yandi.

    6. Bagumyabanga dusangiye ugupfa n’ugukira, ng’Ukuvuga menshi si ko kuyamara, mbaye ndagejeje ngaha. Mu kurangiza nobibutsa ka gani ngo Ubuntu burihabwa. Naho igihugu kiri mu magume nk’uko twama tubivuga, eka n’amaradiyo akama abishikiriza, abantu barakibamwo; barafungura, rimwe na rimwe barinezereza, ari na co gituma nsaba nshimitse ko mwebwe muri imboneza, mutorambirwa, naho urugamba rwabaye rurerure, murazi akahise k’ibihugu vyinshi, kugira vyogorore vyaciye kure cane. Na ANC iri ku butegetsi muri Afrika y’epfo yashinzwe mu 1911, itsinda mu 1994 haheze imyaka irenga 80. Iwacu sinibaza ko ari umushike ugumye cane, kandi ngo Akagumye bagumako. Noneho, uko bimeze iwacu, Akica urugo karuva imbere. Murabona ko n’abo muri Palestine bangajwe kuva mu 1948 babandanya urugamba, kuko bazi ko bari mu kuri naho bahangana n’ibihugu vya rutura. Nta nkeka ubutegetsi bw’igikenye buzosendwa. Mu Burundi, ntawasumvya inguvu wa mugambwe Uprona, twatsinda impaga mu 1993 tuwita “mporona”! Twaratsinze amacakubiri y'amoko n’aho Reta iguma yitwara ku buryo ako gatima k’amacakubiri gashobora kuvyuka, nta kibuza yuko n'uru tutoritsinda. Nsubiye gukebura ubutegetsi bwa Nkurunziza, ko bworeka kwica amatwi, bukemera bukicarana nabo batavuga rumwe, kuko ni abarundi, kugira dutorere umuti ibibazo bibangamye igihugu cacu. Abegereye ubutegetsi badutahura, kandi sinkekeranya bariho, bagume bahanura, na kare uwutosora ifuku yamiza akatsi mu jisho. Ibiganiro niyo nzira yonyene itazimiza.

    Ndasavye nshimitse mwese bagenzi dusangiye urugamba, mukure amaboko mu mpuzu, twigishe umugambwe wacu, dushwabure abanywanyi. Dufise abanyagihugu bakunda ibikorwa, bafise disipirine, urwaruka rwinshi rw’inkerebutsi; hari n’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike akomeye cane kandi na yo aharanira cane demokarasi. Vyose biriho, birakwiye hasigaye kunyiganza gatoya kugira urugamba turutsinde! Nkaba nongeye kubashimira, nti mukomere kw’ibanga.

    Ni hahangame CNDD; Tugire amahoro iteka n’iterambere!
    Umukuru w’Umugambwe CNDD,

    Leonarudo NYANGOMA.

    Les dernières actus

    
    Nouvelles du Burundi
    4e Session du Dialogue inter-burundaisARUSHA, TANZANIE, 27 au 8 décembre 2017 RRESUME DU FACILITATEUR RELATIF À LA 4è SESSION DU DIALOGUE ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Jean de Dieu Momo Fo’o Dzakeutonpoug Douala le 30 Octobre 2017 Source site web de l'Alliance des Forces Progressistes pour ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Coordonnateur de la plateforme «Non aux APE», Guy Marius Sagna est une figure montante de la société civile sénégalaise. Dans cet entretien, il ...
    En savoir plus
    Déclarations
    Bagumyabanga, Bagumyabuntu namwe Ntebutsi za CNDDBarundi, Barundikazi, Ndabaramukije amahoro, iteka n’iterambere. 1. Umuhari CNDD, ...
    En savoir plus
    Actualités internationales
    Le parti CNDD vient d’apprendre l’invalidation de la dernière élection présidentielle du 8 août 2017 au Kenya par la Cour Suprême de ...
    En savoir plus
    Prev Next