vendredi, 05 mai 2017 14:01 Écrit par  Leonardo Nyangoma

Ijambo rishikirijwe na Nyangoma, umukuru wa CNDD, ku munsi mpuzamakungu wahariwe akazi n'abakozi kw’isi.

    Barundi
    Barundikazi
    Banyakazi ,
    Namwe mutagira akazi,

    Ndabaramukije amahoro, iteka n’iterambere !

    Abatari bake muri mwebwe barazi amamuko y'uyu munsi w'itariki ya mbere Rusama, wahariwe akazi n'abakozi kw'isi yose. Reka tuvyibutsanye akanya gatoya kugira abarutse vuba nabo babimenye.

    1. Uyu munsi si umunsi mukuru usanzwe, ni umunsi w'ukwibuka abantu, abanyakazi benshi batakaje ubuzima bwabo bariko baragwanya agacinyizo bakorerwa n'abakoresha babo, baba abantu ku giti cabo, canke Reta. Ako gacinyizo kari gahagaze canecane ku masaha y'umurengera abanyakazi bakora ku munsi, henshi yararenga 16, abakozi bagahembwa intica ntikiza, abakenyezi bakora ijoro n'umutaga, n'abana b'imicuko barimwo.

    2. Ku wa mbere Rusama 1886, ni ho abakozi biha amabarabara kugira bagaragaze akababaro kabo, hariya i Chicago mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ico gihe, Reta yabashuhuriyeko abaporisi, maze birara mu banyagihugu, abantu benshi barahasiga agatwe. Uyu munsi rero ni umunsi mu bihugu vyinshi abakozi, bigina intsinzi bashitseko mu kworohereza ubuzima bwabo nko: kuduza imishahara yabo, kuvurwa ku buntu, kugabanura amasaha y'umurengera ku kazi, kubunguruza bagiye ku kazi, kugabanura ikori ku banyanyagihugu batobato, gufuta ubugererwa, gufata mu mugongo abarimyi n'aborozi mu kugabanura ibiciro vy'ibikoresho vyo mu ndimo nko kubaronsa amase, kubigisha ubuhinga bwo kurima no kworora kijambere tutibagiye kubaronsa imbuto zirobanuye, gukwiza umuyagankuba n'amazi meza ku banyagihugu bose, kwigisha abana ku buntu gushika iyo biyumva, kugwanya ubushomeri n'ibindi…..

    3. Ivyo ni vyo abakozi bigina, kandi bashaka kugabisha abo bose bampemayuzuye, bashaka kugumiza abanyagihugu mu buja nabo bujuje inda zabo, abandi bipfumbereje. Ngo uwutambana na mukeba ntakubita urugohe. Uyu munsi rero si umunsi wo gutambira abategetsi na canecane nk’abo b’iwacu, uhereye ku mukuru wabo, yamaze kwigira ikigirwamana, mbere umunsi mukuru nk’uwo, ukagaragaza ukuntu intwaro ya Nkurunziza yadushubije mu ntwaro z’umugambwe umwe. Ni umunsi rero wo kwibutsa yuko ibibi bariko baradukorera bazovyishura badahagaritse, kwibutsa kandi ko no mu bindi bihugu abacinyiza abanyagihugu batsinzwe n'abo banyagihugu nyene.

    4. Ng’aha iwacu, muri kahise, na canecane ku ntwaro za Gikoroni, agacinyizo k'abanyagihu mu kubakoresha babahemba intica ntikize karigeze. ikiro c'ibiterwa njabukamazi nk'ikawa, ipampa, icayi, n’ibindi bakabigura intica ntikize. Ku ntwaro z'icami, abanyagihugu nka bose batobato bari abagererwa, umwanya munini baba bariko bakorera abarongozi babo, bagahembwa ingero idashobora no kumara umwana inzara. Ariko akamaramaza , ni ivyo turiko turabona iki gihe vyitwa ngo turi mu ntwaro za demokarasi, zategerezwa kurangwa n'isabikanywa ry'itunga ry'igihugu, ata wandya wangura. Ni na co gituma rero, uyu munsi wahariwe akazi n'abakozi ari isango rihambaye cane. Si umunsi rero wo kwiyereka no kuvyinira canke gutambira abategetsi babombotse inda ngaha iwacu, mbere n'ahandi henshi, ni isango ryo kwibutsa akababaro, amagorwa abakozi bo mu Burundi bagowe, benshi ndetse bakaba ari abashomeri, mu ntumbero yo kubakebura no kubagabisha kuko ni bo nkomoko y'ayo mahano turimwo.

    5. Uyu munsi rero uhuriranye n’uko abarundi benshi muri rusangi, na canecane abakozi, tutavuze abashomeri, abadafise n'akaberere ko kurima bugarijwe n'ubukene butagira izina, bitewe n'abategetsi bazingamitse ubutunzi bw'igihugu, mu busuma, bwabaye ubunyonyezi, mu kwiyugaranirako nk'ifuko, ingaruka yavyo ikaba ari ugutuma imigenderanire dusanganywe n'ibindi bihugu ducuditse isubira inyuma canke itosekara kubera ububegito bw'intwaro izira guhanurwa. Aba kera ni bo bayamaze bati Intabarirwa ibarirwa n’uko amaso atukuye, kandi ngo Agasozi kari amarere kahiye abagabo banini. Kubera kandi hari umutekano muke, umuntu ararima ntiyimbure, canke akarima dukeya agira turamukwiye wenyene, kuko ataba azi yuko azobishikira, akaguma yicura ko ashobora guturatuzwa gushika n’aho ahunga. Canke naho abandi abashonje bakisoromera.

    6. Uyu munsi mukuru w’abakozi ushitse kandi, mu gihe hari impunzi zababa ibihumbi amajana atanu, zikwiragiye kw'isi yose na canecane, ngaha mu karere Uburundi burimwo. Izo mpunzi, zari zisanzwe na zo nyene ari abakozi imbere yuko bangazwa nubutegetsi bubi buhari ubu.

    7. Vyongeye, uyu munsi ushitse abanyakazi, canecane ba Reta, basigaye bahembwa intica ntikize kubera imishahara yatitutse, mbere na ka gashirukabute ko, ku mwaka ku mwaka bita « annales » kakaba karahagaritswe, ku gahotoro, ata n’inama abakozi bagirishijwe. Ibiciro vy'ibintu, vya nkenerwa kugira ngo umuntu abeho, yongere agire amagara meza, nk'imfungurwa, imiti, uburaro, kwiyunguruza... vyarabaye umurengera. Ehe raba mu mwaka umwe gusa, nk’igiciro c'umuceri, ibiharage, ubududu n’ibindi caduze muri rusangi, incuro zibiri canke zirenga. Nk’ikiro c’ubududu bwafasha abantu benshi, ubu kigeze ku mafaranga 1500, kare cagurwa F500, ni ukuvuga ko, caduze incuro zitatu ! Ariko Nkurunziza akirirwa arihayagiza ngo, ejo ni heza, ngo n’aho amakungu atodufasha, twebwe turishoboye. Ntagire n’akagongwe ko, kwaka ku kwezi ku kwezi F2000 umutagisivero, canke kumutegeka kugura iparati ya F8000, ata na hamwe iparati itegekanijwe, gushirwa kw’ikinga. N’ibindi n’ibindi tutarinze kudonda. Agashahara abakozi ba Reta baronka, uretse ko inzu baba bapanze, ipanzwe ayarengeye ako gashahara, nta n’iminsi icumi kuri benshi koshobora kumara. Ni hamwe nyene bavuga ngo Ntawumenye igitunga inyongori.

    8. Ako karenganyo, abakozi bagirigwa ng’aha mu Burundi, kunyuwe n’uko, ubutegetsi buhari butanga ubuzi kuri nkunzi, ata bibazo bibanje gukorwa, kugira akazi karangurwe n'abagashoboye, mbere n’iyo nkunzi ikaba itegerezwa, kuba iri mu mugambwe, aho umuntu atakimenya, gutandukanya ivya Reta n’ivy’uwo mugambwe wiganje, wigize akagaramaruganda mu Burundi.

    Barundi
    Barundikazi
    Banyakazi mwese,

    9. Haraheze imyaka ibiri, abakozi batari bake, abakorera Reta canke abigenga badashobora kugira amahoro mu mitima, bitumwe n’uko, abakoresha babo baguma, barondera kubadodobereza canke kubaka ubuzi bwabo.

    10. Kuva aho Petero Nkurunziza, yihagiye ubutegetsi, nta mukozi n’umwe acubahuka kuryogora, kubera yuko amasendika y'imvugakuri, yahora yubahuka kuvugira abakozi, yose barayasambuye, abayarongoye benshi, abatahasize ubuzima barahunze. Reta ica yishiriraho, amasendika ya seniryo. Ntawugikura ururimi mu kanwa, ahandi hoho yohasiga agatwe. Ikitavuzwe coco, ni kuja mw'ibarabara, kugaragaza akababaro. Mwarabonye, igihe abanyagihugu isinzi, biha amabarabara mukwezi kwa Ndamukiza 2015, ingene bafashwe bunyamaswa, bariko biyamiriza manda ya gatatu ya Nkurunziza, ata kindi igamije, atari gucinyiza abarundi n'abarundikazi, manda yo guhishira ibibi, ubusuma n’ubwicanyi. Ivyo Reta ya Nkurunziza, iriko irakorera abarundi, na canecane abakozi n'abashomeri, bitebe bitebuke azobibazwa.

    11. Uyu munsi rero wa mbere Rusama 2017, ni ukwibuka intwari z'abarundi, canecane mu rwaruka n'abakenyezi bahasize agatwe n'ubu bakiriko, ata kindi bazira, atari ugaharanira ineza y'abarundi n’agateka kabo. Kwibutsa abategetsi kandi, yuko intwari n'ubu zagwiriranye, zitazotezura Reta y'igikeneye itatuvuye ku mutwe.

    12. Kuva aho, akagwi ka Nkurunziza kihagiye ubutegetsi, abanyeshure, ari bo bakozi b’ejo, barahaboneye amakuba, kubera iyo ntwaro isanzwe izirana n'abakozi b'inkerebutsi kandi b'incabwenge. Reta, noneho muri ino minsi, aho kwongereza agafashanyo, kahora gahabwa abanyeshure bo muri za kaminuza yaraye igafuse, muzi namwe ingene igihugu cacu gikenye abakozi benshi b'incabwenge canke b'abahinga. Mu bihugu bitari bike kw'isi, abana b'igihugu biga ku buntu, kuva zero gushika barangize kaminuza. Reta yose yisoneye, umugambi ishira imbere, ni kiremwa muntu, na canecane kwigisha abana bose b'igihugu. Ivyo ni vyo, bituma demokarasi itsimbara, n'isabikanywa ry'ubutunzi rishoboka.

    13. Tubivuge tubisubire, iyo Reta y'icaduka yarananiwe, no gukingira abakozi, bakorera amasosiyete yigenga, ahonyanga uko ashatse amategeko agenga akazi, abatari bake, bafise amatati n’abakoresha babo, ntibakironka aho bitura. Akamaramaza gaheruka kwibonekeza, mw’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru, bita Smart Mobile, aho abakozi bakurubakuru, bihaye imishahara y’umurengera, ishika mbere ku miriyoni mirongo, abandi bakabura ico bahembwa, mbere bagaheraho birukanwa, ata mvo ziboneka zihari.

    14. Umugambwe CNDD, warababajwe kandi, n’ukuntu abakozi bakorera amaradio, nk’Isanganiro bafatwa nabi, ku buryo bamwe birukanwa ata mvo, abandi bagaterwa ubwoba n’abakozi b’iperereza. Twibukije Reta ya Nkurunziza ko, kumenyesha amakuru ari uburenganzira, kandi ari akazi nk’akandi.

    15. Umugambwe CNDD, urahagaritswe umutima, n’ukuntu Reta iguma iduza ibiciro, ku munsi ku munsi. Isukari, igitoro, inyobwa n'imfungurwa, biguma biduga, ku munsi ku munsi, maze abakozi bakabura uko batunga imiryango yabo. Ni isoni kubona ibiharuro vyerekana ko, mu kwezi kumwe gusa, ivyo kurya bishobora kuduga, ku bice birenga 20%. Kandi ivyo, nta kindi bivako atari ukubera, ubutegetsi bubi. Kumwe Umuganwa atari umugani, yiguze intahe y’ukwikukira yavuga ati « Ahatari ubutegetsi nyabwo, ntihashobora kuba, iteka n’itekane »… Kuvuga ngo, ubu mu Burundi ni amahoro, ni nyabagendwa, ni nk’ukugereranya umutekano, wo mw’itongo ry’abapfuye, ngo ni sawa nta gakacira… Abanyagihugu bapfiriye hejuru, ata n’uwucubahuka kuryogora !

    Banyakazi namwe bashomeri mwese
    Barundi
    Barundikazi

    16. Umugambwe wacu CNDD uratewe amakenga, n’inyifato y’ubutegetsi bwa Nkurunziza, bubandanya gusambura amashirahamwe y’abakozi, ari na yo yobafashije gushikiriza ivyiyumviro. Ico kikaba ari kimwe, mu biranga intwaro z’igitugu mwisi. Amashirahamwe ahari, usanga ata nguvu afise zo kuvugira abakozi, kubera abakuru bayo baca bashaka, kwumvira uyo mugambwe gusumba ababatumye.

    17. Umugamwe CNDD urateye ivyatsi, imigambi yose igayitse ya Reta ya Nkurunziza yo gutoteza abakozi, harimwo n’abadandaza, basanzwe ari abakozi binjiriza Reta amafaranga menshi. Abadandaza batari bake,kuva mu mwaka wa 2010, barayanyaze bahungira mu bihugu vya Zambia, Malawi, Mozambike na Afrika y’epfo, kandi bagenda batwaranye imitahe yabo. Vyarunyutse kuva aho, Reta ituririye isoko nkuru ya Bujumbura.

    Muti none hakogwe iki ?
    1. Harageze ko, abarundi bose bahagurukira rimwe, bakava inyuma y’ako kagwi ka Petero Nkurunziza, amazi atararenga inkombe.
    2. Uyo mugambwe wihagiye ubutegetsi, ntaho utaniye ni ya ntwaro karyanishamiryango yo muri Afrika y’epfo, ninaco gituma twese , na canecane abakozi dutegerezwa kuwuhagurukira tukawugwanya twivuye inyuma, ata bwoba, kuko ntawundi azobikora mu kibanza cacu.
    3. Ni ngombwa turugwane gushika intwaro yubahiriza abakozi, ikabavugira kandi atari iyo kubasambura, n’ukubasahura ishinga imizi mu Burundi.
    4. Iyo na yo ntahandi izova atari muri mwebwe abakozi, muhaye muhimbaza umunsi wanyu kuri uno munsi uri hejuru.

    Ngo Kuvuga menshi si ko kuyamara, n’ubwo bimeze bityo, sinorangiza, ntasubiye kubipfuriza umunsi mukuru mwiza, murimbura aho agateka kanyu kageze, kugira ntitureke ngo intambwe ya demokarasi ari yo yubahiriza akazi n’abakozi, ngo igende amazimayongo turorera !

    Nti nitugire amahoro, iteka n’iterambere.

    Umukuru w’Umugambwe CNDD,

    Leonarudo NYANGOMA.-

    Les dernières actus

    
    Actualités internationales
    Déclaration de la Commission Afrique du Parti de Gauche Le Burundi connaît une crise sans précédent depuis l’arrivée au pouvoir en 2005 ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    Barundi,Barundikazi,Bagumyabanga ba CNDD, Mu myaka ishira 1960, ni ho ibihugu vyinshi vya Afrika vyasubira guhabuza intahe yavyo yo kwikukira, vyari ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    Le Burundi célèbre ce 1er juillet 2017 son 55ème anniversaire d’indépendance. Comme ses prédécesseurs et autres dictateurs, le président ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    CONSEIL DES DROITS DE L’HOMME Trente-cinquième session Dialogue interactif sur le Burundi Genève, le 14 juin 2017 Monsieur le Président, ...
    En savoir plus
    Nouvelles du Burundi
    Dans le dictionnaire Hachette de la langue française, un aveugle se définit comme quelqu'un qui est privé du sens de vue. Et dans le monde entier, ...
    En savoir plus
    Prev Next